Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubona gute Bibiliya?

Ubona gute Bibiliya?

Woba wovuga ko ari . . .

  • igitabu c’ubukerebutsi bw’abantu?

  • igitabu c’imigani n’ibitito?

  • Ijambo ry’Imana?

 IVYO BIBILIYA IVUGA

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.”2 Timoteyo 3:16, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Uraronka inyishu zishimishije z’ibibazo bihambaye mu buzima.Imigani 2:1-5.

Uraronka ubuyobozi bwo kwizigirwa bugufasha mu buzima bwa misi yose.Zaburi 119:105.

Uragira icizigiro nyakuri ku vyerekeye kazoza.Abaroma 15:4.

 TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zitatu:

  • Ibiri muri yo birahuza mu buryo butangaje. Bibiliya yanditswe n’abantu batandukanye nka 40 mu kiringo c’imyaka 1.600. Benshi muri bo ntibigeze babonana. Yamara, ibiri muri ico gitabu vyose birahuza, bikaba bihuriye ku ciyumviro nyamukuru kimwe!

  • Inkuru ya kahise irangwa n’ukuri. Abahinga mu vya kahise barakunda guhisha amakosa yakozwe n’abantu bo mu bihugu vyabo. Abanditse Bibiliya bobo baranditse ata guhisha amakosa yabo n’ay’ibihugu vyabo.2 Ngoma 36:15, 16; Zaburi 51:1-4.

  • Ubuhanuzi bwo kwizigirwa. Bibiliya yaravuze ibijanye n’ugutikizwa kw’igisagara ca kera ca Babiloni hagisigaye imyaka nka 200 ngo bibe. (Yesaya 13:17-22) Ntiyahishuye gusa ukuntu Babiloni yotemvye, ariko yaravuze n’izina ry’uwoyigaruriye!—Yesaya 45:1-3.

    Hariho n’ubundi buhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bwarangutse gushika no ku tuntu dutoduto cane. Ivyo none si vyo twokwitega kw’Ijambo ry’Imana?2 Petero 1:21.

 ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Ijambo ry’Imana rishobora gute gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza?

Bibiliya irishura ico kibazo muri YESAYA 48:17, 18 no muri 2 TIMOTEYO 3:16, 17.

Raba n'ibindi

Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?

Ni ibiki bitwemeza ko ubutumwa bwo muri Bibiliya bukomoka ku Mana?