Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwigishe abana bawe

 ICIGWA CA 4

Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova

Yaranezereje se wiwe hamwe na Yehova

Ni igiki Yefuta ariko aremerera Yehova?

Ntivyari vyoroshe, ariko umukobwa wa Yefuta yarakoze ivyo se wiwe yari yaremeye

Urabona ako gakobwa kari kuri iyo foto?— Ni agakobwa k’umugabo umwe yitwa Yefuta. Bibiliya ntitubwira ingene ako gakobwa kitwa, ariko turazi ko kanezereje se wako hamwe na Yehova. Reka turabe ibikerekeye be n’ivyerekeye se wako Yefuta.

Yefuta yari umuntu ameze neza kandi yaramara umwanya munini ariko arigisha agakobwa kiwe ivyerekeye Yehova. N’ikindi kandi yari umuntu w’inguvu akaba n’indongozi nziza. Rero Abisirayeli baramusavye ngo abayobore igihe bagira baje kurwana n’abansi babo.

Yefuta yarasenze asaba Imana ngo imufashe gutsinda. Yefuta yemeye ko atsinze yoca aha Yehova umuntu wa mbere yosohotse mu nzu yiwe aje kumwakira igihe  yobaye atashe. Uwo muntu yari guca amara ubuzima bwiwe bwose aba kw’itaberenakulo y’Imana kandi akahakorera. Kw’itaberenakulo hari ahantu abantu baja gusengera Imana ico gihe. Emwe, Yefuta yaratsinze! Urazi umuntu wa mbere yasohotse mu nzu igihe yari atashe?—

Ni umukobwa wa Yefuta! Ni we mwana wenyene Yefuta yari afise, kandi ico gihe akaba yabwirizwa kumutanga. Ivyo vyaramubabaje cane. Ariko wibuke ko ari ikintu yari yaremereye Yehova. Ubwo nyene, uwo mukobwa wiwe yaciye avuga ati: ‘Papa, waremereye Yehova, rero utegerezwa gushitsa ivyo wemeye.’

Buri mwaka, abagenzi b’umukobwa wa Yefuta baraja kumuramutsa

Uwo mukobwa wa Yefuta na we nyene yarababaye cane. Ari aho kw’itaberenakulo, ntiyari kurongorwa kandi ntiyari kuvyara. Ariko yarashaka cane gushitsa ivyo se wiwe yemeye no kunezereza Yehova. Ivyo ni vyo vyari bihambaye cane kuri we kuruta kurongorwa canke kuvyara. Rero yaravuye iwabo aja kuba kw’itaberenakulo ubuzima bwiwe bwose.

Wibaza ko ivyo yakoze vyanezereje se wiwe hamwe na Yehova?— Vyarabanezereje! Niba ugamburuka kandi ukaba ukunda Yehova, urashobora kumera nk’umukobwa wa Yefuta. Na wewe uzonezereza abavyeyi bawe hamwe na Yehova.