Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwigishe abana bawe

 ICIGWA CA 11

Baranditse ibijanye na Yezu

Baranditse ibijanye na Yezu

Urabona abo bagabo kuri iyi foto?— Ni Matayo, Mariko, Luka, Yohani, Petero, Yakobo, Yuda be na Paulo. Abo bagabo bose babayeho mu gihe kimwe na Yezu, kandi baranditse ibijanye na Yezu. Reka turabe ibiberekeye.

Abo bagabo bakoze iki?

Batatu muri bo zari intumwa zakoranye na Yezu mu gikorwa co kwamamaza. None abo batatu ni bande?— Ni Matayo, Yohani be na Petero. Intumwa Matayo na Yohani bari bazi Yezu neza cane, kandi umwe wese muri bo yaranditse igitabu kivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu.  Intumwa Yohani yaranditse kandi igitabu citwa Ivyahishuwe hamwe n’amakete atatu yitwa Yohani wa mbere, Yohani wa kabiri be na Yohani wa gatatu. Intumwa Petero yaranditse amakete abiri yo muri Bibiliya. Rimwe ryitwa Petero wa mbere irindi Petero wa kabiri. Mw’ikete ryiwe rya kabiri, Petero yaranditse ibijanye n’igihe Yehova yavuga ari mw’ijuru yerekeza kuri Yezu ati: ‘Uyu ni umwana wanje. Ndamukunda kandi arampimbara.’

Abo bandi bagabo bari kuri iyo foto na bo nyene baratwigisha ivyerekeye Yezu mu bitabu banditse. Umwe muri bo ni Mariko. Ashobora kuba ari ho yari igihe Yezu yafatwa kandi ashobora kuba yarabonye ibintu vyose vyabaye. Uwundi ni Luka. Yari umuganga kandi ashobora kuba yabaye umukirisu inyuma y’aho Yezu apfiriye.

Abandi banditsi ba Bibiliya babiri ubona kuri iyo foto bari batoyi ba Yezu. None bitwa bande?— Amazina yabo ni Yakobo na Yuda. Mu ntango, ntibemera Yezu. Mbere bibaza ko asara. Ariko mu nyuma baremeye Yezu maze baracika abakirisu.

Umwanditsi wa Bibiliya wa nyuma ubona kuri iyo foto ni Paulo. Imbere y’uko aba umukirisu yitwa Sauli. Yaranka cane abakirisu. Ni igiki none catumye Paulo aba umukirisu?— Umusi umwe, Paulo yariko araja i Damasiko maze bukwi na bukwi yumva ijwi ry’umuntu amuvugisha ari mw’ijuru. Yari Yezu! Yabajije Paulo ati: ‘Kubera iki wanka cane abanyizera?’ Inyuma y’ivyo, Paulo yarahindutse araba umukirisu. Paulo yanditse ibitabu 14 vyo muri Bibiliya, kuva ku Baroma gushika ku Baheburayo.

Turasoma Bibiliya buri musi, si vyo none?— Biciye ku gusoma Bibiliya, turamenya vyinshi ku vyerekeye Yezu. Urashaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Yezu?—