Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE CA 27

“Ewe Ukuntu Ukumera Neza Kwiwe Ari Kwinshi!”

“Ewe Ukuntu Ukumera Neza Kwiwe Ari Kwinshi!”

1, 2. Ukumera neza kwa Yehova gushika hehe, kandi Bibiliya ishimika gute kuri iyo kamere?

ABAGENZI nka bangahe bari bamaze igihe kirekire batabonana bariko barihereza imfungurwa bicaye hanze hamwe, ku gaco k’ikirengazuba, batwenga bongera baganira mu gihe bitegereza ukwo kuntu izuba ririko rirarenga. Kure cane y’aho, umurimyi aravye hanze mu mirima yiwe maze aramwenyura anezerewe kubera yuko ibicu vy’imvura birundanye mu kirere hanyuma amama ya mbere y’imvura akaba atanguye kugwa ku biterwa vyari binyotewe. Ahandi hantu na ho, umugabo n’umugore barahimbawe kubona umwana wabo atanguye kugerageza gutambuka.

2 Baba babizi canke batabizi, abantu mwene abo bose baba bariko barungukira ku kintu kimwe, ni ukuvuga ku kumera neza kwa Yehova Imana. Abanyamadini kenshi baravuga ngo “Imana ni nziza.” Bibiliya irashimika rwose kurusha aho. Ivuga iti: “Ewe ukuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi!” (Zekariya 9:17, NW) Mugabo bisa n’uko bakeyi muri iki gihe ari bo vy’ukuri bazi ico ayo majambo asobanura. None ukumera neza kwa Yehova Imana mu bisanzwe ni iki, kandi iyo kamere y’Imana igira ico ikoze gute kuri umwumwe wese muri twebwe?

Umuce Wibonekeje w’Urukundo rw’Imana

3, 4. Ukumera neza ni iki, kandi ni kubera iki ukumera neza kwa Yehova kwoshobora kudondorwa neza yuko ari uburyo aseruramwo urukundo rwiwe?

3 Nk’uko ijambo ukumera neza riboneka muri Bibiliya, ryerekeza ku kumera neza guhebuje kwo mu mutima. Mu buryo bumwe rero, twoshobora kuvuga yuko Yehova yuzuye ukumera neza. Kamere ziwe zose, dushizemwo n’ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe, ni nziza muri vyose. Yamara, ukumera neza kwoshobora kudondorwa neza yuko ari uburyo Yehova aseruramwo urukundo rwiwe. Kubera iki?

 4 Ukumera neza ni kamere ikora, ibonekera mu bikorwa. Intumwa Paulo yerekanye yuko mu bantu iyo kamere mbere ikwegera kuruta ubugororotsi. (Abaroma 5:7) Umuntu w’umugororotsi arashobora kwizigirwa yuko ashitsa adahemuka ibisabwa n’amategeko, mugabo umuntu w’umugwaneza we ntagarukira aho. Aribwiriza, akarondera uburyo bwo kwungura abandi ashirutse ubute. Nk’uko tuza kubibona, ni muri ubwo buryo Yehova ameze neza. Biratomoye, mwene ukwo kumera neza kuva mu rukundo rwa Yehova rutagira aho rugarukira.

5-7. Ni kubera iki Yezu yanse kwitwa “Mwigisha mwiza,” kandi ni ukuri gushika kure ukuhe yemeje ico gihe?

5 Yehova kandi ni ntangere mu kumera neza kwiwe. Ata gihe kinini gisigaye ngo Yezu apfe, umugabo umwe yaramwegereye kugira ngo amubaze ikibazo, amuhamagara ngo “Mwigisha mwiza.” Yezu yishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza, atar’umwe, ni we Mana.” (Mariko 10:17, 18) Urabona ko iyo nyishu ishobora kugutangaza. Ni kubera iki Yezu yakosoye nya mugabo? None, ubundi hoho Yezu ntiyari “Umwigisha mwiza”?

6 Biraboneka yuko nya mugabo yariko arakoresha amajambo ngo “Mwigisha mwiza” nk’izina ry’icubahiro ryo kumusiga inkore ku maso. Yezu abigiranye ukwifata ruto, yerekeje ukuninahazwa mwene ukwo kuri Se wo mw’ijuru, we ameze neza mu buryo bw’agaheta. (Imigani 11:2) Ariko hariho kandi ukuri gushika kure Yezu yariko aremeza. Yehova wenyene ni we ndorerwako y’iciza. Ni we wenyene afise uburenganzira bwo gushinga iciza n’ikibi ico ari co. Igihe Adamu na Eva bagarariza bakarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, bashaka kwiha ubwo burenganzira. Yezu ntiyabaye nka bo, yaricisha bugufi, ivy’ugushinga ingingo ngenderwako akabirekera Se.

7 Vyongeye, Yezu yari azi yuko Yehova ari we soko ry’ikintu cose ciza koko. Ni we Mutanzi w’ ‘ingabirano nziza itunganye yose.’ (Yakobo 1:17) Nimuze twihweze ingene ukumera neza kwa Yehova kugaragarira mu kuntu atanga atitangiriye itama.

Ibimenyamenya vy’Ukumera Neza Kwinshi kwa Yehova

8. Yehova abantu bose yabagiriye neza gute?

8 Umuntu wese yigeze kubaho yarungukiye ku kumera neza  kwa Yehova. Muri Zaburi 145:9 hagira hati: “Uhoraho agirira neza bose.” (Ni twe tubihiritse.) Ni uturorero tumwetumwe utuhe tw’ukumera neza kwiwe gushika kuri bose? Bibiliya ivuga iti: “Ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.” (Ivyakozwe 14:17) Woba urigera wumva uryohewe igihe uriko wihereza imfungurwa zifise akanovera? Iyo hataba ku bw’ukumera neza kwa Yehova ngo atunganye isi be n’inzinguzingu ituma haba amazi meza be n’ “ibihe vy’ivyimburo vyiza” kugira ngo haboneke imfungurwa nyinshi, emwe, nta wobukuye mu cibo. Yehova ntiyagiriye neza abamukunda gusa, mugabo yagiriye neza abantu bose. Yezu yavuze ati: “Atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.”Matayo 5:45.

Yehova “abaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza”

9. Icamwa c’ipome gitanga ikigereranirizo c’ukumera neza kwa Yehova gute?

9 Ubutanzi bwa cane busesekazwa ku bantu, usanga abenshi  babufata ibisanzwe kubera ko izuba ribandanya kwaka, imvura ikabandanya kugwa, n’ibiringo vy’ivyimburo vyiza bikaguma bihaba. Nk’akarorero, rimbura icamwa citwa ipome. Gikunze kuboneka mu ntara z’isi ziri hagati na hagati mu vy’ubushuhe n’ubukanye. Yamara, kiraryoheye ijisho, kikaryoha, kikaba kandi cuzuye amazi azimya inyota kikabamwo n’intungamubiri zihambaye. Wari uzi yuko kw’isi hariho ubwoko bw’ivyo vyamwa butandukanye bushika nko ku 7.500, bukagira amabara atandukanye: uri iritukura, irisa n’inzahabu, irisa n’umuhondo n’irisa n’urwatsi rutoto, mu bunini na ho kikaba gishobora gusumba urutomati gatoyi? Iyo ufashe mu minwe akabuto gatoyi k’ico camwa c’ipome, usanga gasa n’akataco kavuze. Mugabo  muri ako kabuto havamwo kimwe mu biti vyizavyiza kuruta ibindi vyose. (Indirimbo ya Salomo 2:3, NW) Uko impeshi ije igiti c’ipome kirashurikako ibigwibigwi vy’amashurwe meza; uko agatasi kaje nya giti kirama ivyamwa. Ku mwaka ku mwaka—mu kiringo c’imyaka 75, igiti kigereranye ca nya giti c’ipome kirama ivyamwa vyokwuzura amakarato 20 y’ibiro 19 imwimwe!

Muri aka kabuto kangana urwara havamwo igiti gishobora kugaburira abantu no kubanezereza mu myaka mirongo

10, 11. Ubushobozi budufasha kumenya ibidukikije bugaragaza gute ukumera neza kw’Imana?

10 Mu kumera neza kwiwe kutagira aho kugarukira, Yehova yaraduhaye umubiri “[w]aremwe uburyo buteye ubgoba,” hamwe n’ubushobozi budufasha kumenya ibidukikije bwategekanirijwe kudufasha kumenya ibikorwa vyiwe be no kubinezerererwa. (Zaburi 139:14) Subira wiyumvire vya bintu vyavugwa mu ntango y’iki kigabane. Ni ibintu tubona ibihe bitera umunezero kuri mwene ivyo bihe? Amatama y’umwana anezerewe. Imvura iriko iragwa ku mirima. Amabara atukura, ayasa n’inzahabu, ay’umutugutu aboneka iyo izuba ririko rirarenga. Ijisho ry’umuntu ryahinguwe ku buryo ribona amabara arenga 300.000 atandukanye! Kandi ubushobozi bwacu bwo kwumva burumva itandukaniro ry’urugero rw’ijwi mw’ijwi ryiza cane, agahwa k’umuyaga mu biti, agatwengo k’umwana mutoyi yishwe n’umunezero. Ni kubera iki dushobora kwinovora mwene ivyo bintu vyiza bibonwa n’amaso be na mwene ayo majwi? Bibiliya ivuga iti: “Ugutwi kwumva n’ijisho ribona Uhoraho ni we yabiremye vyompi.” (Imigani 20:12) Mugabo ubwo ni bubiri gusa muri bwa bushobozi dufise bwo kumenya ibidukikije.

11 Ukumoterwa ni ikindi kimenyamenya c’ukumera neza kwa Yehova. Izuru ry’umuntu rirashobora gutandukanya utumoto dutandukanye dushika nk’10.000. Iyumvire dukeyi muri two: Imfungurwa ukunda, amashurwe, amababi yahungurutse, akotsi kayengera kava ku gacanwa. Ubushobozi bw’ukwumva ikigukozeko buragushoboza kwumva ukuntu akayaga kaguhuhera mu maso, ukumva uwo ukunda akugumbira bimwe bigusubiriza umutima mu nda, ukumva ugufyondeka gushimishije kw’icamwa uba ufise mu minwe. Iyo uriyeko gatoyi, ubushobozi bwo kwumva akanovera buca bukora. Ubwoko butandukanye bw’akanovera bugiye hamwe buragutera akamwemwe igihe  uduhimba two kwumviriza akanovera tw’ururimi dutumye wumviriza uburyohe bw’ico camwa. Egome, turafise imvo zumvikana zo kwikugura ku vyerekeye Yehova tuti: “Ereg’[“ukumera neza,” NW] kwawe ni kwinshi, ukwo wabīkiye abakwubaha” (Zaburi 31:19) Ariko none, Yehova “[y]abikiye” gute ukumera neza abamwubaha?

Ukumera Neza Kuzana Ivyiza Vyamaho

12. Ni intunganyo izihe ziva kuri Yehova zihambaye kuruta ibindi bintu, kandi kubera iki?

12 Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:4) Kukaba nkako, intunganyo za Yehova zo mu vy’impwemu zirashobora kutugirira mbere ivyiza kuruta ibintu vy’umubiri, kubera yuko zijana mu buzima budahera. Mu Kigabane c’8 c’iki gitabu, twarabonye yuko Yehova yakoresheje ububasha bwiwe bwo gusubiza ibintu mu buryo muri iyi misi y’iherezo kugira ngo ashireho iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Umuce nyamukuru w’iyo paradizo ni umuyoro w’imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu.

13, 14. (a) Umumenyeshakazoza Ezekiyeli yabonye iki nko mu ndoto, ivyo bikaba bidufitiye insobanuro iyihe muri iki gihe? (b) Ni ibiki vyatunganijwe mu vy’impwemu bitanga ubuzima Yehova ashiriraho abasavyi biwe b’abizerwa?

13 Muri bumwe mu buhanuzi bwa Bibiliya buhambaye bwerekeye ugusubiza ibintu mu buryo, umumenyeshakazoza Ezekiyeli yareretswe nko mu ndoto urusengero rwasubijwe umutamana kandi rwaninahajwe. Umugezi watemba uva muri urwo rusengero, ukaguma waguka kandi ukagenda uba uwimbitse gushika aho ucika “uruzi.” Aho urwo ruzi rwatembera hose rwarahazana imihezagiro. Ku nkengera zarwo hariho ibiti vyinshi vyatanga imfungurwa bikongera bigakiza. Urwo ruzi mbere rwaranatuma mu Kiyaga c’Umunyu kitarimwo ubuzima habamwo ubuzima n’ukurondoka! (Ezekiyeli 47:1-12) Ariko none ivyo vyose vyasobanura iki?

14 Iryo yerekwa ryasobanura yuko Yehova yosubijeho indinganizo yo kugira ngo habe ugusenga gutyoroye, nk’uko vyagereranijwe n’urusengero Ezekiyeli yabonye. Cokimwe n’urwo ruzi yeretswe, ibintu Imana yatunganije ku bw’ubuzima vyosesekaye  ku basavyi bayo bikagenda birushiriza kugwirirana. Kuva aho ugusenga gutyoroye gusubirijwe umutamana mu 1919, Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu kubatunganiriza ibintu bizotuma baronka ubuzima. Uti gute? Emwe, Bibiliya, ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, amakoraniro be n’amahwaniro vyose vyarafashije mu gutuma abantu amamiliyoni baronka ukuri kwa nkenerwa. Biciye kuri mwene ubwo buryo, Yehova yarigishije abantu ivyerekeye ibintu bihambaye kuruta ibindi yatunganije ku bw’ubuzima, ni ukuvuga inkuka y’incungu ya Kirisitu, ino ikaba ituma bishoboka kugira impagararo itanduye imbere ya Yehova be n’icizigiro c’ubuzima budahera ku bantu bose bakunda Imana kandi bakayitinya koko. * Kubera ico, muri iyi misi y’iherezo, mu gihe isi yose yicwa n’inzara yo mu vy’impwemu, abasavyi ba Yehova barinovora amazimano yo mu vy’impwemu.Yesaya 65:13.

15. Ni mu buryo ubuhe ukumera neza kwa Yehova kuzosesekara ku bantu b’abizerwa mu gihe c’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi?

15 Mugabo uruzi rwo mw’iyerekwa rya Ezekiyeli ntirureka gusesekara igihe uru runkwekwe rw’ibintu rushaje ruheze. Ahubwo riho, ruzosesekara mbere cane kuruta mu gihe c’Ingoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. Maze biciye ku Bwami bwa kimesiya, Yehova azokoresha agaciro kuzuye k’incungu ya Yezu, buhorobuhoro agende arashikana abantu ku kutagira agasembwa. Mbega ukuntu tuzoheza tukigina ukumera neza kwa Yehova!

Iyindi Mice y’Ukumera Neza kwa Yehova

16. Bibiliya yerekana gute yuko ukumera neza kwa Yehova kurimwo n’izindi kamere, kandi zimwezimwe muri izo kamere ni izihe?

16 Ukumera neza kwa Yehova si ugutanga atitangiriye itama gusa. Imana yabwiye Musa iti: “[“Ukumera neza kwanje,” NW] kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’Uhoraho nd’imbere yawe.” Mu nyuma iyo nkuru ivuga iti: “Uhoraho aca imbere yiwe, arīvuga ati Nd’Uhoraho, nd’Uhoraho, Imana  yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’umwizigirwa.” (Kuvayo 33:19; 34:6) Rero ukumera neza kwa Yehova kurimwo kamere nziza nyinshi. Nimuze turimbure zibiri gusa muri izo.

17. Ubuntu ni iki, kandi Yehova yabugaragarije gute abantu badatunganye?

17 “Yuzuye . . . ubuntu.” Iyo kamere iratubwira vyinshi ku vy’ukuntu Yehova afata ibiremwa vyiwe. Aho kuba uwuryagumbana, uwutagira igishika canke uwutwaza umukazo nk’uko bimeze ku bantu b’abanyabubasha, Yehova aritonda kandi akaba umunyabuntu. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Aburahamu ati: “[“Ndakwinginze,” NW], unamura amaso yawe, uhēre ah’uhagaze aho, witegereze i burārūko n’i bumanuko n’i burasirazuba n’i burengerazuba.” (Itanguriro 13:14) Impinduro nyinshi zirakuramwo ijambo “ndakwinginze.” Mugabo abahinga benshi mu vya Bibiliya bavuga yuko amajambo yo mu Giheburayo co mu ntango arimwo n’agahimba k’ijambo gatuma iryo ryungane rihinduka rikava kw’itegeko rikaba iryungane ryo gusabana urupfasoni. Hariho n’ahandi hantu hameze nk’aho. (Itanguriro 31:12; Ezekiyeli 8:5) Umve ntuze, Segaba w’ibiriho vyose akabwira abantu buntu ngo “ndakwinginze”! Mw’isi usanga yezemwo ukuryagagurana, ugusotorana be n’ukutubahana, wumva none bitaruhura kwihweza ubuntu bw’Imana yacu Yehova?

18. Ni mu buryo ubuhe Yehova ahora ari “umwizigirwa,” kandi ni kubera iki ayo majambo adusubiriza umutima mu nda?

18 “Mpora nd’umwizigirwa.” Ubugunge bureze mw’isi ya kino gihe. Mugabo Bibiliya iratwibutsa iti: “Imana s’umuntu ngw ibeshe.” (Guharūra 23:19) Kukaba nkako, Muri Tito 1:2 havuga yuko “Imana itazi kubesha.” (Ni twe tubihiritse.) Ukumera neza kwa Yehova kurarengeye ibintu nk’ivyo. Gutyo, imihango Yehova yatanze ni iyo kwizigirwa bimwe biherejeko; ivyo avuga vyama nantaryo biranguka ata kabuza. Yehova mbere yitwa “Imana y’ukuri.” (Zaburi 31:5) Si uko gusa yirinda kuvuga ibinyoma, mugabo aratanga ukuri kw’umukimba. Si uwigunga atagira akajambo womwumvako canke ngo abe uwugira akantu kose ibanga; ahubwo riho abigiranye ubutanzi bwa cane araboneshereza abasavyi biwe b’abizerwa mu kubaha ku bukerebutsi afise  butagira aho bugarukira. * Mbere arabigisha uburyo bwo kubaho bisunga ukuri atanga, kugira ngo bashobore “[k]ugendera mu kuri.” (3 Yohana 3) None muri rusangi, ukumera neza kwa Yehova gukwiye kugira ico kudukozeko gute kuri twebwe umuntu umwumwe ukwiwe?

“Sayangana ku bw’Ukumera Neza kwa Yehova”

19, 20. (a) Ni gute Shetani yarondeye gusenyura ukwizigira Eva yari afise mu kumera neza kwa Yehova, kandi ingaruka yabaye iyihe? (b) Ukumera neza kwa Yehova gukwiye kutugirako akosho akahe, kandi kubera iki?

19 Igihe Shetani yagerageza Eva mu busitani bwa Edeni, ibigiranye urwenge, yatanguriye ku gusenyura ukwizigira yari afise mu kumera neza kwa Yehova. Yehova yari yabwiye Adamu ati: “Igiti cose co mur’iryo tongo ukiryek’uk’ugomba.” Ku biti ibihumbi n’ibihumbi bitegerezwa kuba vyari vyuzuye muri iryo tongo, igiti kimwe gusa ni co Yehova yari yabujije umuntu kuryako. Yamara, raba ukuntu Shetani yabajije Eva ikibazo ciwe ca mbere: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?” (Itanguriro 2:9, 16; 3:1) Shetani yaragoretse amajambo ya Yehova kugira ngo atume Eva yiyumvira yuko Yehova hari ikintu ciza yari yababujije. Ikibabaje, urwo rwenge rwarashitse aho ashaka. Cokimwe n’abagabo benshi be n’abagore benshi babayeho inyuma yiwe, Eva yatanguye gukekeranya ku kumera neza kw’Imana, iyari yaramuhaye ikintu cose yari afise.

20 Turazi intuntu n’umubabaro vyazanywe n’ukwo gukekeranya ingene bibabaje. Nimuze rero dushire ku mutima amajambo ya Yeremiya 31:12 (NW) agira ati: “Bazosayangana ku bw’ukumera neza kwa Yehova.” Ukumera neza kwa Yehova gukwiye vy’ukuri gutuma twuzura umunezero. Dukwiye kutigera tugira amakenga ku mvo Imana ikorana ikintu kanaka, yo yuzuye ukumera  neza. Turashobora kuyizigira tugaherezako, kubera ko ishakira iciza abayikunda.

21, 22. (a) Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe wipfuza kugira ico ukoze ku kumera neza kwa Yehova? (b) Ni kamere iyihe turimbura mu kigabane gikurikira, kandi itandukanye gute n’ukumera neza?

21 Vyongeye, igihe turonse akaryo ko kubwira abandi ivyerekeye ukumera neza kwa Yehova, biraduhimbara. Ku vyerekeye abasavyi ba Yehova, muri Zaburi 145:7 hagira hati: “Bazokwibukiriza [“ukumera neza,” NW] kwawe kwinshi.” Umusi wose tumara, turungukira mu buryo kanaka ku kumera neza kwa Yehova. Ni kubera iki gukengurukira Yehova ku bw’ukumera neza kwiwe tutobigira akamenyero ku musi ku musi, tukagerageza gutomora uko bishoboka kwose? Kuzirikana kuri iyo kamere, gukengurukira Yehova ku musi ku musi ku bw’iyo kamere be no kuyibwira abandi, bizodufasha kwigana Imana yacu irangwa n’ukumera neza. Kandi uko turondera uburyo bwo gukora ivyiza nk’uko Yehova abikora, tuzorushiriza kumwiyegereza. Intumwa Yohani yari igeze mu zabukuru yanditse iti: “Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana.”3 Yohana 11.

22 Ukumera neza kwa Yehova kandi gufitaniye isano n’izindi kamere. Nk’akarorero, Imana “yuzuye [“ubuntu-mvarukundo,” NW] ari rwo rukundo rudahemuka. (Kuvayo 34:6) Iyo kamere irafise aho igarukira kuruta ukumera neza, kubera yuko Yehova ayigaragariza canecane abasavyi biwe b’abizerwa. Mu kigabane gikurikira, turaza kuraba ukuntu ivyo abigira.

^ ing. 14 Nta karorero k’ukumera neza kwa Yehova kariho gahambaye kuruta incungu. Mu biremwa vy’impwemu amamiliyoni n’amamiliyoni yari gutoranyamwo, Yehova yarobanuyemwo Umwana wiwe mukundwa kandi w’ikinege kugira ngo adupfire.

^ ing. 18 Birakwiriye kuba Bibiliya ishira hamwe ukuri n’umuco. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe.” (Zaburi 43:3) Yehova arakiriza umuco wo mu buryo bw’impwemu mwinshi cane abafise umutima ukunze wo kwigishwa na we, ari kwo kumurikirwa na we.2 Ab’i Korinto 4:6; 1 Yohana 1:5.