Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE CA 12

‘Mbega Imana Iragabitanya?’

‘Mbega Imana Iragabitanya?’

1. Akarenganyo gashobora gute kugira ico kadukozeko?

UMUPFAKAZI ageze mu zabukuru aranyazwe uduhera twiwe yari yaraziganije. Akana katagira gitabara gatawe n’umuvyeyi w’imburakigongwe. Umugabo umwe aratawe mw’ibohero ahorwa icaha atakoze. Izo nkuru uzakira gute? Kumbure imwimwe yose irakubabaza, kandi ivyo birumvikana. Twebwe abantu turiyumvamwo bimwe bikomeye ko ikintu ari ciza canke yuko ari kibi. Iyo habaye akarenganyo, turumva dushegeshwe. Dushaka yuko nyene kugirirwa nabi ashumbushwa kandi nyene gukora iryo kosa agakubitwa intahe mu gahanga. Iyo ivyo bitabaye, hari aho twibaza duti: ‘Ubwo Imana irabona ibiriko biraba? Ni kubera iki ataco ikora?’

2. Habakuki yabonye gute ivy’akarenganyo, kandi ni kubera iki Yehova atamutatiye ku bw’iyo nyifato?

2 Muri kahise kose, abasavyi ba Yehova b’abizerwa barabajije ibibazo nk’ivyo. Nk’akarorero, umumenyeshakazoza Habakuki yasenze Imana ati: “Ni kubera iki utuma ndorera mwene ako karenganyo gateye ubwoba? Ni kubera iki ureka ubukazi, ubugarariji, ubugizi bwa nabi, n’ibikorwa vy’ubunyamaswa bigakwiragira hose?” (Habakuki 1:3, Contemporary English Version) Yehova ntiyatatiye Habakuki ku bw’ivyo bintu yabajije atarya umunwa, kubera ko Yehova ari we yashize mu bantu iciyumviro nyene c’ubutungane. Egome, Yehova yaraduhezagiye mu kuduhako agace gatoyi ku kuntu we akunda ubutungane bimwe bihanitse.

Yehova Aranka Akarenganyo

3. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko Yehova atahura ivy’akarenganyo kuruta uko tubitahura?

3 Yehova ntiyirengagiza akarenganyo. Arabona ibiriko biraba. Ku vyerekeye imisi ya Nowa, Bibiliya itubwira iti: “Nuk’Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora  ibibi gusa na ntaryo.” (Itanguriro 6:5) Rimbura ico ayo majambo asigura. Akenshi ukuntu dutahura ivyerekeye akarenganyo kuba gushingiye ku bintu bikeyi twumvise canke ku bintu bikeyi ubwacu twiboneye. Yehova we arazi akarenganyo kaba kw’isi yose. Nta kintu na kimwe c’akarenganyo kimucika! Ikirushirije, arashobora kumenya ivyo umutima uhengamiyeko, ni ukuvuga ivyiyumviro bibi bituma umuntu akora ibintu vy’akarenganyo.Yeremiya 17:10.

4, 5. (a) Bibiliya yerekana gute yuko Yehova ababara abagiriwe ivy’akarenganyo? (b) Yehova ubwiwe yarenganijwe gute?

4 Ariko Yehova ntabona gusa akarenganyo ngo bibe biheze. Aranababara abo kagirira nabi. Igihe abasavyi biwe bafatwa bunyamaswa n’amahanga y’abansi, Yehova yaratuntujwe n’“iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.” (Abacamanza 2:18) Kumbure warabonye yuko uko abantu bamwebamwe barushiriza kubona akarenganyo ari kwo barushiriza gukomantaza umutima. Ukwo si ko bimeze kuri Yehova! Haraheze imyaka nk’6.000 abona akarenganyo kose kagirwa, yamara ntiyigeze agabanya ukuntu akanka. Ahubwo riho, Bibiliya idukura amazinda yuko yanka mwene ibi bintu nk’“ururimi rw’ibinyoma,” “amaboko avisha amaraso y’aberanda,” be “n’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ubuhūmvyi.”Imigani 6:16-19.

5 Rimbura kandi ukuntu Yehova yanebaguye bimwe bikomeye indongozi zarangwa n’akarenganyo zo muri Isirayeli. Yahumekeye umumenyeshakazoza wiwe ngo ababaze ati: “Mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?” Yehova amaze kudondora mu majambo akomeye ukuntu bakoresha nabi ububasha, yarabuye ivyoshikiye abo bagabo bononekaye ati: “Muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.” (Mika 3:1-4) Mbega ukuntu Yehova yanka urunuka akarenganyo! Na kare we ubwiwe ni we yabanje kurenganywa! Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi Shetani atuka Yehova ku karenganyo. (Imigani 27:11) Vyongeye, Yehova yarababajwe rwose n’ikintu c’agacavutu kuruta  ibindi c’akarenganyo igihe Umwana wiwe “[a]ta caha yakoze” yicwa nk’umugizi wa nabi. (1 Petero 2:22; Yesaya 53:9) Birumvikana, Yehova ntazindwa canke ngo abe sindabibazwa ku kuntu abarenganywa bamerewe.

6. Bishoboka ko twifata gute igihe turenganijwe, kandi kubera iki?

6 Yamara rero, igihe twitegereje akarenganyo kagirwa, canke igihe ubwacu dufashwe nabi ku kabonero, ni ibisanzwe yuko tuvyakira nabi cane. Twaremwe mw’ishusho y’Imana, kandi akarenganyo karahushanye rwose n’ivyo Yehova ashima vyose. (Itanguriro 1:27) None ni kubera iki Imana yemera ko habaho akarenganyo?

Ikibazo c’Ukugaba n’Ukuganza kw’Imana

7. Dondora ingene ukugaba n’ukuganza kwa Yehova kwahigishijwe.

7 Inyishu y’ico kibazo ifitaniye isano n’ikibazo c’ukugaba n’ukuganza. Nk’uko twabibonye, Umuremyi arafise uburenganzira bwo kuganza isi be n’abayirimwo bose. (Zaburi 24:1; Ivyahishuriwe 4:11) Ariko rero, mu ntango y’ukubaho kw’umuntu, ukugaba n’ukuganza kwa Yehova kwarahigishijwe. Ivyo vyashitse gute? Yehova yategetse umugabo wa mbere Adamu kutarya ku giti kimwe co mw’itongo ryiza ryari Iparadizo uwo mugabo yabamwo. Hanyuma agambaraye vyogenze gute? Imana yamubwiye iti: “Uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:17) Itegeko ry’Imana ntiryari iryo kuzanira amagume Adamu canke umukenyezi wiwe Eva. Ariko, Shetani yajijuye Eva yuko Imana yari yarengeje urugero mu vyo yababujije. Vyogenze gute mu gihe Eva yoriye kuri ico giti? Shetani yabwiye Eva mu buryo bweruye ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.”Itanguriro 3:1-5, ni twe tubihiritse.

8. (a) Shetani yumvikanishije iki mu vyo yabwiye Eva? (b) Shetani yahigishije iki ku bijanye n’ukugaba n’ukuganza kw’Imana?

8 Muri ayo majambo Shetani ntiyumvikanishije gusa yuko Yehova yari yarimye Eva amakuru ahambaye, mugabo kandi yuko Yehova yari yaramuhenze. Shetani yariyubaye ntiyaharira  ivy’uko Imana ari yo Segaba. Mugabo yarahigishije ivy’uko Imana yoba ari yo ifise uburenganzira bwo kuba Segaba, ko yoba ari yo ibikwiriye, be n’uko vyoba vyumvikana. Mu yandi majambo, Shetani yavuga yuko Yehova atariko akoresha ukugaba n’ukuganza kwiwe mu buryo bugororotse be no ku nyungu z’ibiremwa vyiwe.

9. (a) Ku vyerekeye Adamu na Eva, ingaruka z’ukugambarara zabaye izihe, kandi ni ibibazo bihambaye ibihe vyavyutse? (b) Ni kubera iki Yehova ataciye yica abo bagarariji buno nyene?

9 Amaherezo, Adamu na Eva baragambarariye Yehova mu kurya ku giti cari kibujijwe. Ukugambarara kwabo kwatumye bahabwa igihano c’urupfu, nk’uko nyene Imana yari yararivumereye. Ikinyoma ca Shetani caravyuye ibibazo nka bingahe bihambaye. Ubwo koko Yehova arafise uburenganzira bwo gutegeka abantu, canke umuntu ni we akwiye kwitegeka? Yehova yoba akoresha ukugaba n’ukuganza kwiwe mu buryo bwiza kuruta bushoboka? Yehova aba yarashoboye gukoresha ububasha bwiwe bushobora vyose mu kwica abo bagarariji ubwo nyene. Mugabo ivyo bibazo vyavyuwe vyari ivyerekeye ubutware bw’Imana, ntivyari vyerekeye ububasha bwayo. Rero, gukuraho Adamu, Eva na Shetani ntivyari kuba vyemeje uburenganzira Imana ifise bwo gutwara. Ahubwo, vyari gutuma havyuka ibindi bibazo vyerekeye ugutwara kwiwe. Uburyo bumwe rudende bwo kumenya nimba abantu bari gushobora kwitegeka bakererwa batisunze Imana, kwari ukureka hagaca igihe.

10. Kahise kahishuye iki ku vyerekeye ubutware bw’abantu?

10 None igihe cahaciye cerekanye iki? Mu myaka ibihumbi ihaciye, abantu baragerageje ubwoko bwinshi bw’intwaro, harimwo otokarasi (ubutegetsi usanga ububasha bwegukira umuntu umwe), demokarasi, ubusosiyalisita be n’ubukomunisita. Ico izo ntwaro zose zavuyemwo kirerekanwa muri aya majambo Bibiliya ivuga idakikiriza iti: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Umumenyeshakazoza Yeremiya yavuze bikwiriye rero ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we  ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.”Yeremiya 10:23.

11. Ni kubera iki Yehova yaretse abantu bagacumukura?

11 Kuva mu ntango Yehova yari azi yuko ukwigenga kw’abantu canke ukwitwara kwabo kwovuyemwo ubucumukure bwinshi. None, koba kabaye akarenganyo kureka ivyo bintu bibi bikaba? Habe n’intete! Tubitangire akarorero: Tuvuge yuko ufise umwana akeneye kubagwa kugira ngo akire indwara ibangamiye ubuzima bwiwe. Uratahura ko ukubagwa kuzotuma umwana wawe ababara ku rugero runaka, kandi ivyo bikakubabaza rwose. Muri ico gihe nyene, uba uzi yuko ubwo buryo buzotuma umwana wawe mu nyuma ashobora kugira amagara meza mu buzima. Muri ubwo buryo nyene, Imana yari izi, kandi washaka yari yaravuze yuko ukureka ubutegetsi bw’abantu bukabaho vyozanye urugero runaka rw’umubabaro n’ubucumukure. (Itanguriro 3:16-19) Ariko yari izi kandi yuko ugutabarwa kuramba kandi guhambaye kwoshobotse mu gihe gusa iretse abantu bose bakibonera ivyamwa bibi biva ku kugarariza. Muri ubwo buryo nyene ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza kw’Imana cotorewe umuti ubutakigaruka, rimwe rizima.

Ikibazo c’Ukutadohoka kw’Umuntu

12. Nk’uko vyagaragariye kuri Yobu, ni ikirego ikihe Shetani yareze abantu?

12 Hariho uwundi muce w’ico kibazo. Mu guhigisha ivy’uko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo gutwara be n’uko vyoba bibereye, Shetani ntiyacokoye gusa Yehova ku vyerekeye ukugaba n’ukuganza kwiwe, yaranacokoye abasavyi b’Imana ku bijanye n’ukutadohoka kwabo. Nk’akarorero, raba ivyo Shetani yabwiye Yehova ku vyerekeye wa muntu w’umugororotsi Yobu: “Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko  yiwe kand’itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.”Yobu 1:10, 11.

13. Shetani yumvikanishije iki mu birego yareze Yobu, kandi ivyo vyerekeye abantu bose gute?

13 Shetani yavyuye amahane yuko ngo Yehova yariko akoresha ububasha bwiwe bwo gukingira mu kugura ukuyoboka kwa Yobu. Ivyo na vyo vyumvikanishije ko ukudahemuka kwa Yobu kwari ukw’uburyarya gusa, yuko yasenga Imana abitumwe gusa n’ivyo yashobora kuhakura. Shetani yemeje yuko mu gihe Imana yokura umuhezagiro wayo kuri Yobu, ngo uwo mugabo n’ukuvuma Umuremyi wiwe yomuvumye. Shetani yari azi yuko Yobu yari ‘umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi’ bimwe bidasanzwe. * Iyo rero Shetani ashobora gusenyura ukutadohoka kwa Yobu, vyari kugendera gute abandi bantu? Gutyo Shetani yariko araharira ukudahemuka kw’abo bose bashaka gukorera Imana. Si ivy’imbeshere, mu kwagura ico kibazo Shetani yabwiye Yehova ati: “Ivy’umuntu [si Yobu gusa] atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.”Yobu 1:8; 2:4, ni twe tubihiritse.

14. Kahise kahishuye iki ku vyo Shetani yareze abantu?

14 Kahise karerekanye yuko abantu benshi, cokimwe na Yobu, bagumye ari intahemuka kuri Yehova igihe bahanganye n’ibigeragezo, ivyo bikaba binyuranye n’ivyo Shetani yavuze. Baranezereje umutima wa Yehova biciye mu ngendo yabo y’ubwizerwe, kandi ivyo vyaratumye Yehova aronka ico yishura ikirego ca Shetani cuzuye ubwishime c’uko ngo abantu bohagarika gukorera Imana igihe boshikirwa n’amagume. (Abaheburayo 11:4-38) Emwe, abantu b’imitima igororotse baranse gutera Imana ibitugu. Mbere n’igihe baba bari mu bihe bigoye rwose, baranarushiriza kwiheka kuri Yehova  kugira ngo abahe inkomezi zo kwihangana.2 Ab’i Korinto 4:7-10.

15. Ni ikibazo ikihe coshobora kuvyuka ku bijanye n’ukuntu Imana yaciye imanza muri kahise be n’ukuntu izozica muri kazoza?

15 Mugabo ukuba Yehova akoresha ubutungane ntivyerekeye gusa ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza kwiwe be n’ic’ukudahemuka kw’umuntu. Bibiliya iraturonsa inkuru zigana imanza Yehova yaciye zijanye n’abantu be n’amahanga uko anganangana. Irimwo kandi ubuhanuzi bw’imanza azoca muri kazoza. Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Yehova yamye kandi azokwama ari umugororotsi mu manza?

Igituma Ubutungane bw’Imana Ari Kaminuza

Yehova ntazokwigera ‘arandurana abagororotsi n’abanyavyaha’

16, 17. Ni uturorero utuhe twerekana ko ukuntu abantu babona ivyerekeye ubutungane nyakuri kuri n’aho kugarukira?

16 Ku bijanye na Yehova, umuntu yoshobora kuvuga atihenze ati: “Inzira ziwe zose ziragororotse.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Nta n’umwe muri twebwe ashobora kwivugako nk’ivyo, kubera ko kenshi na kenshi ugutahura kwacu kuri n’aho kugarukira gutuma tudategera neza ibigororotse. Nk’akarorero, rimbura ivya Aburahamu. Yaringinze Yehova ngo ntasangangure Sodomu, naho ububisha bwaho bwari bwimonogoje. Yasavye Yehova ati: “Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha?” (Itanguriro 18:23-33) Birumvikana ko inyishu yari oya. Igihe Loti n’abakobwa biwe bashika mu gisagara ca Sowari badora ni ho gusa Yehova ‘yatiburira umuriro n’amazuku’ kuri Sodomu. (Itanguriro 19:22-24) Ibinyuranye n’ivyo, Yona ‘yararatse’ igihe Imana yagirira imbabazi abantu b’i Ninewe. Kubera yuko Yona yari yamaze gutangaza ko bazosangangurwa, yari gushimishwa no kubona batikiye, n’iyo bobaye bigaya bimwe bivuye ku mutima.Yona 3:10–4:1.

17 Yehova yarasubirije umutima mu nda Aburahamu yuko ukuntu we akoresha ubutungane bitarimwo gusa ugusangangura abanyakibi mugabo kandi ko birimwo n’ugukiza abagororotsi. Ku rundi ruhande, Yona yategerezwa kwiga yuko  Yehova ari umunyakigongwe. Iyo abanyakibi bahinduye inzira zabo, aba “[a]gabirije guharira.” (Zaburi 86:5) Yehova ntameze nk’abantu bamwebamwe b’abanyabwoba, kubera ko we adaca urubanza rubi kugira gusa yerekane ububasha bwiwe, eka mbere ntiyanka kugira imbabazi ku bw’ugutinya yuko yohava abonwa nk’uwugoyagoya. Inzira yiwe ni iyo kugira ikigongwe igihe cose hari ishingiro ryo kukigira.Yesaya 55:7; Ezekiyeli 18:23.

18. Niwerekane muri Bibiliya yuko Yehova adakora ibintu yisunze akanyengetera gusa.

18 Ariko rero Yehova ntahumwa amaso n’akanyengetera gusa. Igihe abasavyi biwe bivobeka mu vy’ugusenga ibigirwamana, Yehova yaratangaje ashikamye ati: “[Nzogucira] urubanza ruhwanye n’ingeso zawe; kand’ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe. Ijisho ryanje ntirizokuziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: arikw ingeso zawe nzozigusubiza ku mutwe.” (Ezekiyeli 7:3, 4) Igihe rero abantu bakomantaye mu ngendo yabo, Yehova abacira urubanza ruhuye na vyo. Mugabo urubanza aca ruba rushingiye ku bimenyamenya bikomeye. Ni co gituma igihe Yehova yumva “induru” nyinshi ku vyerekeye Sodomu na Gomora, yavuze ati: “Ndamanutse ndābe yuko bakora ibihwanye rwose n’ukw induru zaho zanshikiriye.” (Itanguriro 18:20, 21) Ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi kuba Yehova atameze nk’abantu benshi bapfa gushoka baca imanza batabanje kwumviriza ivyabaye vyose! Vy’ukuri nk’uko Bibiliya imwerekana, Yehova ni “Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya.”Gusubira mu Vyagezwe 32:4.

Niwizigire Ubutungane bwa Yehova

19. Dushobora gukora iki mu gihe dufise ibibazo bitesha umutwe vyerekeye ukuntu Yehova akoresha ubutungane?

19 Bibiliya ntiyishura ikibazo cose umuntu yobaza ku bijanye n’ivyo Yehova yakoze muri kahise; eka mbere ntitubwira akantu kose kerekeye ukungene Yehova azocira urubanza abantu n’imigwi y’abantu muri kazoza. Igihe tuzazaniwe n’inkuru canke ubuhanuzi bwo muri Bibiliya aho usanga  utuntu mwene utwo atatwo, turashobora kugaragaza ukudahemuka nk’ukwo umumenyeshakazoza Mika yagaragaje, we yanditse ati: “Nzokwitega Imana y’agakiza kanje.”Mika 7:7.

20, 21. Ni kubera iki dushobora kwizigira ko Yehova azokwama nantaryo akora ibigororotse?

20 Turashobora kwizigira yuko mu bihe vyose Yehova azokora ibigororotse. No mu gihe bisa n’uko umuntu yirengagiza ibintu vy’akarenganyo bigirwa, Yehova atanga umuhango ugira uti: “Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko.” (Abaroma 12:19) Nimba tugaragaza agatima ko kurindira, natwe tuzovugana ukujijuka nk’intumwa Paulo duti: ‘Mbega Imana iragabitanya? Eka na mba!’Abaroma 9:14.

21 Muri iki gihe, tubayeho mu “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Akarenganyo be n’“agahahazo” vyatumye hakorwa amabi menshi ateye ikigongwe. (Umusiguzi 4:1) Ariko rero, Yehova ntiyahindutse. N’ubu aracanka urunuka akarenganyo, kandi arababaye rwose abarenganywa. Nitwaguma turi intahemuka kuri Yehova no ku kugaba n’ukuganza kwiwe, azoduha inkomezi zo kwihangana gushika ku gihe yashinze, aho azokosora ibintu vyose vy’akarenganyo, igihe Ubwami bwiwe buzoba buganza.1 Petero 5:6, 7.

^ ing. 13 Yehova yavuze ku bijanye na Yobu ati: “[N]ta wuhwanye na we mw isi.” (Yobu 1:8) Bisa rero n’uko Yobu yabayeho inyuma y’urupfu rwa Yozefu be n’imbere y’uko Musa agenwa ngo arongore Isirayeli. Ni co gituma muri ico gihe vyashobora kuvugwa yuko ata muntu n’umwe yari intadohoka nka Yobu.