Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE CA 13

“Ivyagezwe vy’Uhoraho Biratunganye Rwose”

“Ivyagezwe vy’Uhoraho Biratunganye Rwose”

1, 2. Ni kubera iki usanga abantu benshi bubaha buhoro amategeko, yamara twoshobora gutsimbataza gute ivyo gukunda amategeko y’Imana?

“AMATEGEKO ni nk’inyenga, . . . ararotsa ibintu vyose.” Ayo majambo tuyasanga mu gitabu casohowe kera mu 1712. Uwacanditse yanebagura uburyo bwo guca imanza aho wasanga imanza ziteba mu masentare zikamara imyaka n’imyaka zitaracibwa, zigasiga zatembeje abarondera ubutungane. Mu bihugu vyinshi, ivy’amategeko be n’ivyo guca imanza usanga ari amayobera, vyuzuye akarenganyo, umwikeko be n’ukwivuguruza, ku buryo ugusuzugura amategeko gusigaye kwarakwiye henshi.

2 Ibinyuranye n’ivyo, rimbura aya majambo haciye imyaka nk’2.700 yanditswe: “Ewe kuntu nkunda [“amategeko yawe,” NW]!” (Zaburi 119:97) Ni kubera iki umwanditsi wa Zaburi yumva ayakunda cane gutyo? Ni ukubera yuko amategeko yashimagiza atari ayava ku ntwaro yo mw’isi, ahubwo yari ayava kuri Yehova Imana. Igihe utohoza ivyagezwe vya Yehova, ushobora gusanga uza urarushiriza kumererwa nk’ukwo kw’umwanditsi wa Zaburi. Mwene iryo tohoza rizotuma ugira ubumenyi bw’ivy’amategeko buhambaye kuruta ubundi bwose kw’isi.

Umutanzi w’Amategeko Aruta Bose

3, 4. Ni mu buryo ubuhe Yehova yagaragaje ko ari Umutanzi w’amategeko?

3 Bibiliya itubwira iti: “Ūshinga [“amategeko,” NW], ari we mucamanza, n’[U]mwe gusa.” (Yakobo 4:12) Kukaba nkako, Yehova ni we Mutanzi w’amategeko wenyene w’ukuri. Mbere n’ibisyo vyo mu kirere mu kuzunguruka biyoborwa n’‘amategeko aganza ijuru.’ (Yobu 38:33) Amasinzi y’abamarayika beranda ba Yehova na yo nyene ayoborwa n’amategeko y’Imana, kubera yuko batunganijwe mu migwi izwi kandi bakaba basukura bisunze ibwirizwa Yehova abaha bwa basuku biwe.Zaburi 104:4; Abaheburayo 1:7, 14.

4 Yehova n’abantu yarabahaye amategeko. Umwe wese muri twebwe arafise ijwi ryo mu mutima, rikaba ari ikintu kigaragaza umutima  Yehova afise w’ubutungane. Kubera ko ijwi ryo mu mutima ari nk’ibwirizwa riri mu mitima yacu, rirashobora kudufasha gutandukanya ikibi n’iciza. (Abaroma 2:14) Abavyeyi bacu ba mbere bari barahawe ijwi ryo mu mutima ritunganye, ari co gituma bari bakeneye amabwirizwa makeyi gusa. (Itanguriro 2:15-17) Ariko rero, umuntu adatunganye arakeneye amabwirizwa menshi yo kumuyobora mu gukora ivyo Imana igomba. Ba se b’imiryango nka Nowa, Aburahamu be na Yakobo barahawe amabwirizwa avuye kuri Yehova Imana, baraheza bayashikiriza imiryango yabo. (Itanguriro 6:22; 9:3-6; 18:19; 26:4, 5) Yehova yaratumye ubwiwe acika Umutanzi w’amategeko mu buryo bw’akataraboneka igihe yaha ihanga rya Isirayeli urutonde rw’Ivyagezwe (Amategeko) abicishije kuri Musa. Urwo rutonde rw’amategeko ruraduha ubumenyi bwinshi bwerekeye ukuntu Yehova abona ubutungane.

Duce ku Masonga Ivyagezwe vya Musa

5. Ivyagezwe vya Musa rwoba rwari urutonde rw’amategeko y’amananiza kandi agoye? Ni kubera iki wishuye gutyo?

5 Benshi basa n’abiyumvira ko Ivyagezwe vya Musa vyari bigizwe n’urutonde rw’amategeko y’amananiza kandi agoye. Ico ciyumviro si co na gato. Urwo rutonde rwose uko rungana rwarimwo amabwirizwa 600. Ayo ukwo uyumva womenga ni menshi, mugabo niwiyumvire gatoyi: Mu mpera z’ikinjana ca 20, amategeko y’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yuzuye impapuro zirenga 150.000 z’ibitabu vy’amategeko. Uko haheze imyaka ibiri, bongerako ayandi mategeko ashika ku 600! Tuvuze rero ivy’ukuntu angana, ico kirundo c’amategeko y’abantu nta ho gisa gisana n’Ivyagezwe vya Musa. Yamara Ivyagezwe vy’Imana vyararongoye Abisirayeli mu mice y’ubuzima aho usanga amategeko yo muri iki gihe ataruha agira ico avuze. Reka tuyace ku masonga.

6, 7. (a) Ni igiki gitandukanya Ivyagezwe vya Musa n’urundi rutonde rwose rw’amategeko, kandi ibwirizwa risumba ayandi mabwirizwa yose muri nya Vyagezwe ni irihe? (b) Abisirayeli bashobora gute kwerekana ko bemera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova?

6 Ivyagezwe vyarashira hejuru ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Kubera ico, nta kindi cegeranyo c’amategeko gishobora kugereranywa n’Ivyagezwe vya Musa. Ibwirizwa ryasumba ayandi mabwirizwa yose ryari iri: “Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene; kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi  zanyu zose.” None abasavyi b’Imana bari kugaragaza gute urukundo bayifitiye? Bategerezwa kuyikorera, bakayobokera ukugaba n’ukuganza kwayo.Gusubira mu Vyagezwe 6:4, 5; 11:13.

7 Umwisirayeli wese yarerekana ko yemera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova mu kuyobokera ababa bamufiseko ubukuru. Abavyeyi, ba kizigenza, abacamanza, abaherezi mbere n’umwami, bose bari bahagarariye ubukuru bw’Imana. Umuntu wese agararije abahawe ubukuru, Yehova yabona yuko ari we agararijwe. Ku rundi ruhande, abari bahawe ubukuru barahakwa kurakirwa na Yehova igihe bakoreye abantu biwe ivy’akarenganyo canke ivy’ubwishime. (Kuvayo 20:12; 22:28; Gusubira mu Vyagezwe 1:16, 17; 17:8-20; 19:16, 17) Gutyo, abahawe ubukuru be n’abatwarwa bose basabwa gushigikira ukugaba n’ukuganza kw’Imana.

8. Ivyagezwe vyashigikira gute ingingo mfatirwako ya Yehova yerekeye ubweranda?

8 Ivyagezwe vyarashigikira ingingo mfatirwako ya Yehova y’ivy’ubweranda. Mu rurimi vyanditswemwo ubwa mbere, amajambo ‘ceranda’ n’“ubweranda” aboneka incuro zirenga 280 mu Vyagezwe vya Musa. Ivyagezwe vyarafasha abasavyi b’Imana gutandukanya ibidahumanye n’ibihumanye, ibityoroye n’ibidatyoroye, mu kudondagura ibintu nka 70 bitandukanye vyashobora gutuma Umwisirayeli ahumana. Ayo mategeko yaravuga ivy’isuku ryo ku mubiri, ivy’ibiribwa, mbere n’ivy’uguta umwanda. Mwene ayo mategeko yaratuma bagira amagara meza bimwe vyibonekeje. * Mugabo yari afise intumbero ihambaye kuruta, ikaba yari iyo gutuma abantu baguma batonye kuri Yehova, bitandukanije n’imigenzo irangwa n’icaha yagirwa n’amahanga yononekaye yari abakikuje. Rimbura akarorero.

9, 10. Isezerano ry’Ivyagezwe ryarimwo amategeko ayahe ajanye n’uguhuza ibitsina be n’ukuvyara, kandi ni inyungu izihe zava kuri mwene ayo mategeko?

9 Amateka yo mw’isezerano ry’Ivyagezwe yavuga yuko uguhuza ibitsina be n’ukuvyara, mbere no mu bantu babiranye, vyatuma bamara igihe bahumanye. (Abalewi 12:2-4; 15:16-18) Ayo mateka  ntiyasuzugura izo ngabirano zidahumanye ziva ku Mana. (Itanguriro 1:28; 2:18-25) Ahubwo riho, yarashigikira ubweranda bwa Yehova, agatuma abamwambaza batandura. Biri n’ico bivuze kubona amahanga yari akikuje Isirayeli yari afise impengamiro yo kuvanga ugusenga hamwe n’imihamuro ijanye n’ivy’uguhuza ibitsina be n’ivy’irondoka. Idini y’Abanyakanani yarimwo n’ivy’ugushurashura kw’abagabo n’abagore. Ivyo vyatuma abantu bononekara kandi iyo ngeso igakwira hose. Ivyagezwe vyovyo vyatuma ugusenga Yehova gutandukana rwose n’ivyo guhuza ibitsina. * Hariho kandi n’izindi nyungu.

10 Ayo mategeko yari agenewe kwigisha ukuri guhambaye. * Nakare, ni gute icaha ca Adamu cagiye kirahererekanwa kiva kw’iyaruka rimwe kija ku rindi? Mbega none nticaciye mu vy’uguhuza ibitsina no kuvyara? (Abaroma 5:12) Egome, Ivyagezwe vy’Imana vyaributsa abasavyi bayo ukuri kwo kuva kera na rindi kwerekeye icaha. Kukaba nkako, twese tuvukira mu caha. (Zaburi 51:5) Turakeneye kugirirwa ikigongwe be no gucungurwa kugira ngo twiyegereze Imana yacu nyeranda.

11, 12. (a) Ivyagezwe vyashigikira ingingo ngenderwako ihambaye iyihe y’ubutungane? (b) Ni amategeko ayahe yabuza kugoreka ubutungane yari mu Vyagezwe?

11 Ivyagezwe vyarashigikira ubutungane buzira agasembwa bwa Yehova. Ivyagezwe vya Musa vyarashigikira ingingo ngenderwako y’ivy’uburinganire canke uburimbane, mu vyerekeye ubutungane. Ni co gituma Ivyagezwe vyavuga biti: “Ubugingo buze buhōrwe ubundi, ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi.” (Gusubira mu Vyagezwe 19:21) Rero mu gihe haba hari imanza z’ubugizi bwa nabi, igihano categerezwa kuba gikwiranye na nya caha. Uwo muce w’ubutungane bw’Imana  waboneka mu Vyagezwe vyose, kandi gushika muri iki gihe ni ntahara kugira ngo umuntu atahure inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, nk’uko Ikigabane ca 14 kivyerekana.1 Timoteyo 2:5, 6.

12 Ivyagezwe vyarimwo amategeko yabuza kugoreka ubutungane. Nk’akarorero, kugira ngo hemezwe ko ikirego gifise ishingiro hasabwa n’imiburiburi ivyabona bibiri. Uwasura ibinyoma yarahanwa bimwe bikomeye. (Gusubira mu Vyagezwe 19:15, 18, 19) Ibiturire n’ibipfukamunwa na vyo nyene vyari bibujijwe bimwe bikomeye. (Kuvayo 23:8; Gusubira mu Vyagezwe 27:25) Mbere no mu bikorwa vyabo vy’urudandaza, abasavyi b’Imana bategerezwa gushigikira ingingo mfatirwako ihanitse Yehova yashinze igenga ubutungane. (Abalewi 19:35, 36; Gusubira mu Vyagezwe 23:19, 20) Urwo rutonde ruhanitse rw’amategeko kandi ata we rurenganya rwari umuhezagiro uhambaye ku Bisirayeli!

Amabwirizwa Ashira Ahabona Ikigongwe n’Ukutarenganya mu Bijanye n’Imanza

13, 14. Mu buryo igisuma be na nyene kwibwa bafatwa, ni gute Ivyagezwe vyaremesha ukutarenganya?

13 Ivyagezwe vya Musa vyoba vyari umuganda w’amategeko agoye kandi atarangwamwo ikigongwe? Habe na mba! Umwami Dawidi yarahumekewe kwandika ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose.” (Zaburi 19:7) Nk’uko yari abizi neza, Ivyagezwe vyararemesha ikigongwe be n’ukutarenganya. Ivyo vyabigira gute?

14 Mu bihugu bimwebimwe muri iki gihe, amategeko asa n’ayatezurira abagizi ba nabi kuruta uko ababara bene gukorerwa ivyaha. Nk’akarorero, ibisuma bishobora kumara igihe mw’ibohero. Muri uwo mwanya, ba nyene kwibwa bashobora kuba batararonka ivyo bibwe, yamara ugasanga bategerezwa kuriha amakori atangwa ku bw’amabohero no ku bwo kugaburira mwene izo mbohe. Muri Isirayeli ya kera, nta mabohero yariho nk’uko bimeze muri iki gihe. Harashirwaho uturimbi ntarengwa ku kuntu igihano catangwa be no ku kuntu cabwirizwa kungana. (Gusubira mu Vyagezwe 25:1-3) Igisuma categerezwa kuriha ivyo nya muntu yaba yibwe. Vyongeye, ico gisuma categerezwa kugira ibindi kiriha. None categerezwa kuriha ibindi bingana iki? Ntivyama ari bimwe. Biboneka yuko abacamanza bahabwa uburenganzira bwo kurimbura ibintu bitari bike, nk’ukwigaya kwa nyene gukora icaha. Ivyo vyosigura igituma ivyo  igisuma casabwa kuriha nk’uko biboneka mu Balewi 6:1-7 ari bikeyi cane ku vyavuzwe mu Kuvayo 22:7.

15. Ni gute Ivyagezwe vyakurikirana ikigongwe be n’ubutungane mu gihe umuntu yaba yishe uwundi biturutse kw’isanganya?

15 Mu buryo bwo kugira ikigongwe, Ivyagezwe vyaremera icese yuko amakosa yose ataba yakozwe n’ibigirankana. Nk’akarorero igihe umuntu yaba yishe uwundi biturutse kw’isanganya, ntiyabwirizwa kuriha ubugingo buhorwa ubundi igihe yaba agize ibibereye mu guhungira muri kimwe mu bisagara vy’ubuhungiro vyari bikwiragijwe muri Isirayeli. Abacamanza babijejwe bamaze kwihweza ivy’uwo muntu, yategerezwa kuguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye. Maze yararonka umwidegemvyo wo kuba ahantu hose ahisemwo. Gutyo yaba yungukiye ku kigongwe c’Imana. Muri ico gihe nyene, iryo tegeko ryaba ryerekanye rwose yuko ubuzima bw’umuntu bufise agaciro kanini.Guharūra 15:30, 31; 35:12-25.

16. Ivyagezwe vyubahiriza gute uburenganzira umuntu yaba afise?

16 Ivyagezwe vyarakingira uburenganzira umuntu yaba afise. Rimbura uburyo vyakingira ababa bafitiye abandi imyenda. Ivyagezwe vyarabuza umuntu kwinjira mu nzu y’uwumufitiye umwenda ngo yihe ikintu atunze kimubera ingwati. Ahubwo nyabuna, nyene kumugurana yategerezwa kuguma hanze maze akareka uwumufitiye umwenda akamuzanira nya ngwati. Gutyo inzu y’umuntu yaba irinzwe kwinjirwamwo ku nguvu. Mu gihe nyene kugurana yaba atwaye ingwati y’impuzu y’uwo yaguranye, yategerezwa kuyigarukana ku mugoroba, kubera ko kumbure nyene kuguranwa yaba ayikeneye kugira ngo ayipfuke mw’ijoro.Gusubira mu Vyagezwe 24:10-14.

17, 18. Mu bijanye n’intambara, Abisirayeli bari batandukanye gute n’ayandi mahanga, kandi kubera iki?

17 Mbere n’intambara yarashirirwaho amabwirizwa ayigenga hisunzwe Ivyagezwe. Abasavyi b’Imana bategerezwa kurwana intambara, atari ku bwo guhaza icipfuzo gusa co gutwara canke kuronka intsinzi, mugabo kugira ngo bakore bwa bakozi b’Imana mu “Ntambara z’Uhoraho.” (Guharūra 21:14) Mu bihe vyinshi, Abisirayeli bategerezwa kubanza gutanga akaryo ko kugira ngo abansi babo bishire mu maboko yabo. Igihe abo mu gisagara banse kuvyemera, ni ho Abisirayeli bashobora kukiziguza, mugabo bakabigira bisunze amategeko Imana yabahaye. Abo mu ngabo za Isirayeli ntibari bameze nk’abasoda benshi bagiye barabaho gushika  ubu, kubera ko abo mu ngabo za Isirayeli bo batari barekuriwe gufata abagore ku nguvu canke ngo baje mu vyo gupfa kugandagura abanyagihugu. Bategerezwa mbere no kwubahiriza ibidukikije, bakirinda kuririka ibiti vy’umwansi vyama ivyamwa. * Abasoda bo mu yandi mahanga ntibari bafise amategeko yo kubabuza kugira ibintu nk’ivyo.Gusubira mu Vyagezwe 20:10-15, 19, 20; 21:10-13.

18 Vyoba bigutera ikinya kwumva yuko mu bihugu bimwebimwe abana batoya bigishwa igisirikare? Muri Isirayeli ya kera, nta muntu atarashikana imyaka 20 y’amavuka yashirwa mu gisoda. (Guharūra 1:2, 3) Mbere n’umugabo ntiyashirwa mu gisoda mu gihe yaba afise ubwoba burenze urugero. Umugabo arongoye vuba ntiyasabwa kuja mu gisoda; yabanza kurindira umwaka wose ugahera kugira ngo ashobore kubona agahungu kazomusubirira, akabona kuja muri uwo murimo washobora no kumutwara agatwe. Muri ubwo buryo Ivyagezwe vyasigura yuko nya mugabo acubaka yoshoboye ‘kunezereza’ umugore wiwe mushasha.Gusubira mu Vyagezwe 20:5, 6, 8; 24:5.

19. Ni intunganyo izihe zari mu Vyagezwe zashiriweho ugukingira abagore, abana, ingo, abapfakazi be n’impfuvyi?

19 Ivyagezwe kandi vyarakingira abagore, abana be n’imiryango, vyongeye bikabitwararika. Vyarategeka abavyeyi kwama bitwararika abana babo no kubigisha ibintu bijanye n’ivy’impwemu. (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Vyarabuza ubwoko bwose bw’ukugoka, uwagoka akaba yategerezwa kwicwa. (Abalewi, ikigabane ca 18) Vyaranabuza ukurenga ibigo, bimwe usanga akenshi bisenyura ingo kandi bigatuma zitakaza umutekano n’agateka. Ivyagezwe vyaritwararika abapfakazi n’impfuvyi, kandi bikiyamiriza rwose ukubafata nabi.Kuvayo 20:14; 22:22-24.

20, 21. (a) Ni kubera iki Ivyagezwe vya Musa vyarekura uguharika mu Bisirayeli? (b) Mu bijanye no kwahukana, ni kubera iki Ivyagezwe vyari binyuranye n’ingingo mfatirwako Yezu yaje gusubizaho mu nyuma?

20 Ariko rero ku bijanye n’ivyo, hari abohava bibaza ngo ‘Ni  kubera iki Ivyagezwe vyareka hakaba uguharika?’ (Gusubira mu Vyagezwe 21:15-17) Turakeneye kurimbura ayo mabwirizwa tuyafatiye mu gihe cayo. Abafata Ivyagezwe vya Musa bakabirimbura bafatiye ku bihe vya none no ku mico kama ya none ntibobura kubitegera ukutari kwo. (Imigani 18:13) Ingingo mfatirwako ya Yehova yashinzwe kera muri Edeni, yatuma umubano w’ababiranye uba ubumwe buramba hagati y’umugabo umwe n’umugore umwe. (Itanguriro 2:18, 20-24) Ariko rero igihe Yehova yaha Ivyagezwe Abisirayeli, imigenzo imwimwe nk’uguharika hari haciye ibinjana n’ibindi ishinze imizi. Yehova yari azi neza yuko abo “bantu batagonda izosi” bogiye baranka mbere no kugamburuka amategeko ngenderwako kuruta yabuza ugusenga ibigirwamana. (Kuvayo 32:9) Rero abigiranye ubukerebutsi, ico si co gihe yahisemwo kugira ngo asubiremwo imigenzo yabo yose ijanye n’ivyo mu mubano w’ababiranye. Ariko, uramiza mu muzirikanyi yuko Yehova atari we yashizeho ivyo guharika. Ariko rero yarakoresheje Ivyagezwe vya Musa kugira ngo ashinge ingingo zokwisungwa igihe habaye uguharika mu basavyi biwe, be n’ukugira ngo ababuze kuriramwo mbege muri uwo mugenzo.

21 Cokimwe n’ivyo, Ivyagezwe vya Musa vyaremerera umugabo kwahukana n’umugore wiwe ku mvo zisa na nyinshi zikomakomeye. (Gusubira mu Vyagezwe 24:1-4) Ivyo Yezu yavyise yuko ari ikintu Imana yari yararekeye ubwoko bw’Abayuda “kukw imitima ya[bo yari] ikomantaye.” Ariko rero, mwene ivyo bintu yabibarekeye mu gihe gitoyi. Ku bayoboke biwe, Yezu yarasubijeho ingingo mfatirwako Yehova yari yashiriyeho umubano w’ababiranye mu ntango.Matayo 19:8.

Ivyagezwe Vyararemesha Urukundo

22. Ni mu buryo ubuhe Ivyagezwe vya Musa vyaremesha urukundo, kandi urwo rukundo rwagaragarizwa bande?

22 Woba ushobora kwiyumvira uburyo bwo gukurikiza amategeko bwo muri iki gihe buremesha urukundo? Ivyagezwe vya Musa vyararemesha urukundo kuruta ikindi kintu cose. Erega, mu gitabu  co Gusubira mu Vyagezwe honyene, ijambo “urukundo” ribonekamwo mu buryo butandukanye incuro zirenga 20. Ibwirizwa rya kabiri rihambaye kuruta ayandi mu Vyagezwe ryagira riti: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Abalewi 19:18; Matayo 22:37-40) Abasavyi b’Imana ntibategerezwa kugaragarizanya gusa urwo rukundo, ariko kandi bategerezwa no kurugaragariza abanyamahanga baba muri bo. Abisirayeli baribuka yuko na bo nyene bari barigeze kuba ahantu ari abanyamahanga. Bategerezwa kugaragariza urukundo abakene n’abagowe, bakabafashisha ibintu vy’umubiri kandi bakirinda kubariramwo mbege mu ntege nke zabo. Washaka bari barategetswe gufata neza no kwubahiriza ibikoko bakoresha akazi k’inguvu.Kuvayo 23:6; Abalewi 19:14, 33, 34; Gusubira mu Vyagezwe 22:4, 10; 24:17, 18.

23. Uwanditse Zaburi y’ 119 yavyuriwe umutima wo kugira iki, kandi dushobora kwiyemeza kugira iki?

23 Ni ihanga irihe rindi ryahawe mwene urwo rutonde rw’amategeko? Ntibitangaje kuba umwanditsi wa Zaburi yaranditse ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!” Ariko rero, urukundo rwiwe ntirwari urwo mu kanyengetera gusa. Rwatumye agira ico akoze, kubera ko yihatiye kugamburuka iryo bwirizwa no kubaho aryisunga. Mu nyuma, yarabandanije ati: “[Ivyagezwe vyawe] ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.” (Zaburi 119:11, 97) Egome, yama afata umwanya akiga ivyagezwe vya Yehova. Nta mazinda ashobora kuhaba yuko uko yabirimbura ariko urukundo yabikunda rwaza rurongerekana. Muri ico gihe nyene, urukundo yakunda wa Mutanzi w’amategeko ari we Yehova Imana na rwo nyene rwarongerekana. Uko ubandanya kwiga ivyagezwe vy’Imana, ese na wewe nyene worushiriza kwiyegereza Yehova, wa Mutanzi w’amategeko Mukuru akaba n’Imana y’ubutungane.

^ ing. 8 Nk’akarorero, amabwirizwa yasaba ko umwanda mukuru uzikwa, ko abarwaye bashirwa ukwabo, be n’uko umuntu wese akoze ku kiziga yiyuhagira, yari ayateye imbere ico gihe ku buryo ayandi mahanga yagiye kumenya ivyo bintu haciye ibinjana vyinshi.Abalewi 13:4-8; Guharūra 19:11-13, 17-19; Gusubira mu Vyagezwe 23:13, 14.

^ ing. 9 Mu gihe amasengero y’Abanyakanani yarimwo ivyumba vyategekanirijwe ivy’ubushurashuzi, Ivyagezwe vya Musa vyavuga yuko abahumanye batashobora mbere no kwinjira mu rusengero. Gutyo rero, kubera ko ivyerekeye uguhuza ibitsina vyatuma umuntu amara ikiringo kinaka ahumanye, nta n’umwe yari yemerewe kugira ivy’uguhuza ibitsina umuce w’ugusenga ku nzu ya Yehova.

^ ing. 10 Kwigisha yari yo ntumbero nyamukuru y’Ivyagezwe. Kukaba nkako, igitabu kimwe (Encyclopaedia Judaica) kivuga yuko ijambo ry’Igiheburayo rihindurwa ngo “icagezwe,” ari ryo toh·rahʹ, risigura ngo “inyigisho.”

^ ing. 17 Ivyagezwe vyabaza bidakikiriza biti: “Non’igiti co ku musozi mbega na co kibaye umuntu, vyotuma mugitera nk’ico gisagara?” (Gusubira mu Vyagezwe 20:19) Uwitwa Filo, akaba yari incabwenge w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere, yasubiyemwo iryo tegeko mu gusigura yuko Imana yiyumvira ko “ari ivy’akarenganyo kuba ishavu rigiriwe abantu ryotabwa ku bintu bidafise ikibi na kimwe vyagirizwa.”