Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE CA 16

‘Kurikiza Ubutungane’ mu Kugendana n’Imana

‘Kurikiza Ubutungane’ mu Kugendana n’Imana

1-3. (a) Ni kubera iki dufitiye umwenda Yehova? (b) Umurokozi wacu munyarukundo natwe adusaba iki?

NIWIHE ishusho uri mu bwato buriko buranyika kandi ukaba udashobora kubuvamwo. Ugitangura kwiyumvira ko ivyawe birangiye, ukaza ubona umurokozi ahaserutse maze akagukura muri ubwo bwato, akagushira ahatagira inkomanzi. Ese ukuntu wumva utabawe igihe umurokozi wawe agukuye muri ako kaga agaheza akakubwira ati: “Ntugipfuye”! Mbega none ntiwokwumva ufitiye umwenda uwo muntu? Mu vy’ukuri koko, ubuzima bwawe woba ubukesha nya muntu.

2 Mu buryo bunaka, ivyo biragereranya ico Yehova yatugiriye. Nta mazinda yuko tumufitiye umwenda. Nakare, yaratanze incungu, atuma bidushobokera kuzorokoka tukava mu migozi y’icaha n’urupfu. Twumva dutekaniwe kuba tuzi yuko magingo tugaragaza ukwizera muri iyo nkuka y’agaciro, duharirwa ivyaha, kandi kazoza kacu k’ibihe bidahera kakazoba atari umugani. (1 Yohana 1:7; 4:9) Nk’uko twabibonye mu Kigabane ca 14, incungu ni uburyo ntangere Yehova agaragarizamwo urukundo rwiwe be n’ubutungane bwiwe. None dukwiye kuvyakira gute?

3 Birakwiriye ko turimbura ico Umurokozi wacu munyarukundo ubwiwe adusaba. Biciye ku mumenyeshakazoza Mika, Yehova avuga ati: “Ko yakweretse iciza ic’ari co, ga yewe muntu: mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugu [“kurikiza ubutungane,” NW], no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?” (Mika 6:8) Urabona ko kimwe mu bintu Yehova adusaba ari uko ‘dukurikiza ubutungane.’ None twobukurikiza gute?

Nidukurikirane ‘Ukugororoka kw’Ukuri’

4. Tuzi dute yuko Yehova yiteze yuko tubaho twisunga ingingo mfatirwako ziwe zigororotse?

4 Yehova yiteze yuko tubaho twisunga ingingo mfatirwako  ziwe zerekeye iciza n’ikibi. Kubera yuko ingingo mfatirwako ziwe zitunganye kandi zigororotse, turakurikirana ubutungane n’ubugororotsi igihe duhuza na zo. Muri Yesaya 1:17 hagira hati: “Mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye.” Ijambo ry’Imana riduhimiriza ‘kurondera ubugororotsi.’ (Zefaniya 2:3) Riduhimiriza kandi “[kw]ambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka . . . kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:24) Ubugororotsi bw’ukuri, ni ukuvuga ubutungane nyakuri, buririnda ubukazi, uguhumana be n’ubushegabo, kubera yuko ivyo bihonyanga icitwa ko ari ceranda.Zaburi 11:5; Abanyefeso 5:3-5.

5, 6. (a) Ni kubera iki atari umutwaro kuri twebwe guhuza n’ingingo mfatirwako za Yehova? (b) Bibiliya yerekana gute yuko gukurikirana ubugororotsi ari igikorwa kibandanya?

5 Mbega none kwisunga ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova woba ari umutwaro kuri twebwe? Oyaye. Umutima ukwegerewe kuri Yehova ntiwumva ko uremerewe n’ivyo asaba. Kubera yuko dukunda Imana yacu be n’ukuntu imeze, dushaka kubaho mu buryo buyihimbara. (1 Yohana 5:3) Ibuka yuko Yehova “akunda ivyo kugororoka.” (Zaburi 11:7) Nimba dushaka vy’ukuri kwigana ubutungane bw’Imana canke ubugororotsi bwayo, dutegerezwa gukunda ivyo Yehova akunda kandi tukanka ivyo yanka.Zaburi 97:10.

6 Gukurikirana ubugororotsi ntivyoroshe ku bantu b’abanyagasembwa. Dutegerezwa kwiyambura wa muntu wa kera hamwe n’ibikorwa vyiwe vy’icaha tugaheza tukambara umushasha. Bibiliya ivuga yuko nya muntu mushasha “ahindurwa musha” biciye ku bumenyi nyakuri. (Ab’i Kolosayi 3:9, 10) Amajambo yo mu rurimi rwo mu ntango yahinduwe ngo “ahindurwa musha” agaragaza ko kwambara umuntu mushasha ari igikorwa kibandanya, kimwe gisaba akigoro gakomeye. Naho nyene tugerageza gute bimwe bitoroshe gukora ibigororotse, hariho ibihe usanga ukuba turi abanyagasembwa gutuma dutsitara mu vyiyumviro, mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora.Abaroma 7:14-20; Yakobo 3:2.

7. Ni mu buryo ki dukwiye kubona ugusubira inyuma mu twigoro tugira two gukurikirana ubugororotsi?

7 Dukwiye kubibona gute iyo dusubiye inyuma mu twigoro  tugira two gukurikirana ubugororotsi? Birumvikana, ntitwokwipfuza gufatira mu rwara uburemere bw’icaha. Muri ico gihe nyene, dutegerezwa kutigera tudebukirwa, twiyumvira yuko agasembwa kacu gatuma tuba abadakwiriye gukorera Yehova. Imana yacu y’inyabuntu yarashizeho intunganyo yo gusubira kuraba ryiza abigaya babikuye ku mutima. Rimbura aya majambo adusubiriza umutima mu nda intumwa Yohani yavuze: “Mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha.” Mugabo yaciye yongerako ata kwibesha ati: “Kandi ni hagira umuntu akora icaha [bitumwe n’agasembwa twarazwe], dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi.” (1 Yohana 2:1) Ego cane, Yehova yaratanze inkuka y’incungu ya Yezu kugira ngo dushobore gukorera Yehova mu buryo bwemewe naho turi abanyagasembwa. None ivyo ntibituvyurira umutima wo gushaka gukora uko dushoboye kugira ngo duhimbare Yehova?

Inkuru Nziza be n’Ubutungane bw’Imana

8, 9. Iyamamazwa ry’inkuru nziza ryerekana gute ubutungane bwa Yehova?

8 Turashobora gukurikiza ubutungane, mu vy’ukuri tukigana ubutungane bw’Imana, mu kugira uruhara rwuzuye mu gikorwa co kuyagira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ni isano irihe riri hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’inkuru nziza?

9 Yehova ntazozana umuhero kuri uru runkwekwe rw’ibintu atabanje gutuma imburizi isamirizwa. Mu buhanuzi bwiwe bwerekeye ivyobaye mu gihe c’iherezo, Yezu yavuze ati: “Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose.” (Mariko 13:10; Matayo 24:3) Ikoreshwa ry’ijambo “kubanza” ryumvikanisha yuko hariho ibindi bintu bizokurikira ico gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Muri ivyo bintu harimwo na ya marushwa ahambaye yaburwa, kukazoba ari ugusangangurwa kw’abanyakibi, ivyo bikazocira inzira isi nshasha irangwa n’ukugororoka. (Matayo 24:14, 21, 22) Nta nkeka yuko ata n’umwe azoba afise uburenganzira bwo kwagiriza Yehova ngo yarenganije abanyakibi. Mu gutuma imburizi isamirizwa, Yehova ariko araha mwene abo bantu akaryo gakwiriye ko guhindura inzira zabo, babone gukira isangangurwa.Yona 3:1-10.

Turagaragaza ubutungane bw’Imana iyo tubwira abandi inkuru nziza tutagira nkunzi

10, 11. Ukugira uruhara kwacu mu kwamamaza inkuru nziza bigaragaza gute ubutungane bw’Imana?

 10 Ukwamamaza inkuru nziza kwacu kugaragaza gute ubutungane bw’Imana? Ubwa mbere na mbere, birabereye koko yuko dukora ivyo dushoboye kugira ngo dufashe abandi kuronka ubukiriro. Subira urimbure ca kigereranirizo co kurokorwa mu bwato buriko buranyika. Ukiriye mu bwato bw’ugutabara, nta mazinda yuko wokwipfuza gufasha abandi bakiri mu mazi. Nk’ukwo nyene, hari ico tubwirizwa gukorera abakiriko bararwana n’ “amazi” y’iyi si mbi. Ego ni ko, benshi baratera akagere ubutumwa tubashikiriza. Ariko magingo Yehova abandanije kwihangana, turi n’ibanga ryo kubaha akaryo ko “[kw]ihana” maze bakaba mu murongo w’abazorokoka.2 Petero 3:9.

11 Mu kwamamaza inkuru nziza ku bo duhura bose, tuba tugaragaje ubutungane mu bundi buryo buhambaye: Tuba twerekanye ko tutarobanura abantu ku butoni. Ibuka yuko “Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Nimba dushaka kwigana ubutungane bwayo, dutegerezwa kutavuga abantu uko batari. Ahubwo dukwiye kubwira abandi inkuru nziza tutaravye ubwoko bwabo, ikibanza bafise mu kibano canke ukuntu ubutunzi bwabo bwifashe. Gutyo abazokwumviriza bose tuba tubahaye akaryo ko gutega amatwi inkuru nziza no kuyitabīra.Abaroma 10:11-13.

Ingene Dufata Abandi

12, 13. (a) Ni kubera iki tudakwiye kwihutira gucira abandi urubanza? (b) Impanuro Yezu yatanze yo ‘kureka guhinyurira mu mitima’ no ‘kureka gucira abandi rubi’ isobanura iki? (Raba akajambo k’epfo.)

12 Dushobora kandi gukurikiza ubutungane mu gufata abandi nk’uko Yehova adufata. Biroroshe cane gucira abandi urubanza, mu kunebagura amakosa yabo no mu gukekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. Mugabo ni nde muri twebwe yokwipfuza yuko Yehova asesangura imvo zituma dukora ibintu be n’udusembwa dufise akabigira ata mbabazi? Ukwo si ko Yehova adufata. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3) Ntidukura ubwatsi none kuba Imana yacu igororotse kandi y’inyembabazi ihitamwo kudahagarara  ku bugoyagoye bwacu? (Zaburi 103:8-10) None dukwiye gufata gute abandi?

13 Nimba dukenguruka ukuba ubutungane bw’Imana burangwa n’imbabazi, ntituzokwihutira gucira abandi urubanza mu bintu bitaturaba koko canke bidahambaye cane. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu yashikiriza, yagabishije ati: ‘[“Nimureke,” NW] guhinyurira mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa.’ (Matayo 7:1) Dukurikije inkuru ya Luka, Yezu yongeyeko ati: ‘[“Nimureke,” NW] gucira abandi rubi, niho mutazorucirwa.’ * (Luka 6:37, UB) Yezu yarerekanye yuko yari azi ko abantu b’abanyagasembwa bafise impengamiro yo gucira abandi urubanza. Uwo wese mu bamwumviriza yari afise akamenyero ko kwama acira abandi urubanza yategerezwa kubireka.

14. Ni ku bw’imvo izihe dutegerezwa ‘kureka guhinyurira abandi mu mitima’?

14 Ni kubera iki dutegerezwa ‘kureka guhinyurira mu mitima’ abandi? Kimwe coco, ubukuru dufise buri n’aho bugarukira. Umwigishwa Yakobo atwibutsa ati: “Ūshinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n[i U]mwe gusa,” ni ukuvuga Yehova. Ni co gituma Yakobo abaza atarya umunwa ati: “Wewe ur’iki, uhinyura mugenzawe?” (Yakobo 4:12; Abaroma 14:1-4) Vyongeye, ukuba turi abanyavyaha gushobora gutuma vyoroha cane ko dutuma imanza duca ziba izirenganya. Hariho inyifato nyinshi be n’imvo nyinshi, dushizemwo ukuvangura, ubwishime, ishari be n’ukwibona ubugororotsi, bishobora kugoreka ukuntu tubona abantu nka twe. Hari n’ibindi bintu usanga turi n’aho tugarukiriza, kandi kubizirikanako birakwiye gutuma twirinda kwihutira gutora abandi amahinyu. Ntidushobora gusoma ibiri mu mitima; eka mbere ntitunashobora kumenya uko ivy’abandi vyose vyifashe. None, turi bande kugira ngo twiyumvire nabi abo  dusangiye ukwizera, canke ngo tunebagure utwigoro bagira mu gikorwa barangurira Imana? Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza twiganye Yehova mu kurondera ivyiza mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu ha kubatora amahinyu!

15. Ni amajambo ayahe be n’inyifato iyihe bidafise ikibanza mu basavyi b’Imana, kandi kubera iki?

15 Tuvuge iki ku bo mu ngo zacu? Ikibabaje, mw’isi ya none usanga uguhinyura gukaze kuruta ukundi kwose kugenda kurabera ahari hakwiye kuba ubwugamo burangwamwo amahoro, ni ukuvuga i muhira. Usanga ari ibisanzwe kwumva abagabo b’inkazi, abagore canke abavyeyi basa n’aho “bacira urubanza” abo mu ngo zabo rwo kubamizako ibitutsi n’inkoni vy’urudaca. Mugabo amajambo aranga ubukazi, ukunebagurana kubabaza be n’ugukubitana nta kibanza bifise mu basavyi b’Imana. (Abanyefeso 4:29, 31; 5:33; 6:4) Impanuro Yezu yatanze yo ‘kureka guhinyurira mu mitima’ no ‘kureka gucira abandi  rubi’ ntica ireka gukora iyo turi i muhira. Ibuka yuko kugaragaza ubutungane harimwo no gufata abandi nk’uko Yehova adufata. N’Imana yacu ntiyigera ituryagagura canke ngo idufate bunyamaswa. Ahubwo riho, “yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.” (Yakobo 5:11) Ese ukuntu ari akarorero utoraba twokwigana!

Abakurambere Barakora “ku bw’Ubutungane Ubwabwo”

16, 17. (a) Yehova yiteze iki ku bakurambere? (b) Hategerezwa gukorwa iki igihe umucumuzi yanse kugira ukwigaya nyakuri, kandi kubera iki?

16 Twese turi n’ibanga ryo gukurikiza ubutungane, mugabo abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu mu buryo budasanzwe bari n’ibanga bajejwe muri ivyo. Ehe raba indondoro menyeshakazoza Yesaya akoresha ku “baganwa,” ari bo bakurambere: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa [“bazotwara bwa baganwa ku bw’ubutungane ubwabwo,” NW].” (Yesaya 32:1) Egome cane, Yehova yiteze ko abakurambere bakora bisunga ubutungane. Ivyo bashobora kubikora gute?

17 Abo bagabo bakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu barazi neza yuko ubutungane canke ubugororotsi, busaba yuko ishengero riguma ridahumanye. Rimwe na rimwe, biraba ngombwa ko abakurambere baca imanza zerekeye ibibi bikomeye biba vyakozwe. Igihe ivyo babigira, baribuka yuko ubutungane bw’Imana burondera kugira imbabazi nimba bishoka. Gutyo baragerageza gushikana umucumuzi ku kwigaya. Ariko tuvuge iki nk’igihe uwo mucumuzi yanse kugira ukwigaya nyakuri naho haba hagizwe mwene utwo twigoro two kumufasha? Mu butungane butagira agahonzi, Ijambo rya Yehova ritegeka ko haterwa intambwe ishikamye riti: “Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.” Ivyo bisobanura kumuca mw’ishengero. (1 Ab’i Korinto 5:11-13; 2 Yohana 9-11) Birababaza abakurambere gutegerezwa gukora ikintu mwene ico, mugabo baribuka yuko bikenewe kugira ngo ishengero baririnde uguhumana mu vyo kwigenza runtu no mu vy’impwemu. No muri ico gihe nyene, baba bizigiye yuko umusi uri izina nya mucumuzi azokubita agatima mpembero agaheza akagaruka mw’ishengero.Luka 15:17, 18.

18. Abakurambere bamiza iki mu muzirikanyi igihe baha abandi impanuro zishingiye kuri Bibiliya?

 18 Gukora ku bw’ubutungane birimwo no gutanga impanuro zishingiye kuri Bibiliya igihe bikenewe. Ego ni ko, abakurambere ntibarondera gutora udukosa mu bandi. Nta n’ubwo baguma bamerereje ku gakosa kose kugira ngo bakosore umuntu. Mugabo hari aho uwo dusangiye ukwizera “yobonekakw icaha.” Kwibuka yuko ubutungane bw’Imana atari ubutagira ikigongwe canke imbabazi, bizotuma abakurambere ‘batunganya umeze atyo, bamuhanurishe umutima w’ubugwaneza.’ (Ab’i Galatiya 6:1) Kubera ico, abakurambere ntiboryagumba uwakoze ikosa canke ngo bakoreshe amajambo amuryagagura. Ahubwo impanuro itanganywe urukundo iraremesha uwuriko arayihabwa. N’igihe nyene abakurambere bariko barakangira umuntu ata gucisha iruhande, ni ukuvuga berekana badakikiriza ingaruka z’ingendo itaranga ubukerebutsi, baramiza mu muzirikanyi yuko uwo muntu basangiye ukwizera yakoze ikosa ari intama yo mu mukuku wa Yehova. * (Luka 15:7) Mu gihe biboneka ko impanuro canke igikangiro bitanzwe bishingiye ku rukundo kandi kigatanganwa urukundo, bisa n’uko kizorushiriza kubogora nyene gukora ikosa.

19. Ni ingingo izihe abakurambere basabwa gufata, kandi mwene izo ngingo bategerezwa kuzishingira ku ki?

19 Abakurambere kenshi bategerezwa gufata ingingo zigira ico zikoze ku bo basangiye ukwizera. Nk’akarorero, uko igihe kinaka kihaciye, abakurambere barahura kugira ngo barabe nimba abandi bavukanyi bo mw’ishengero bakwije ibisabwa kugira baratwe ngo bazobe abakurambere canke abakozi b’ishengero. Abakurambere barazi ko ukutagira nkunzi bihambaye. Barareka ivy’Imana isaba bijanye n’ayo magena bikaba ari vyo bibarongora mu gufata ingingo, ntibiheke ku nyiyumvo zabo bwite.  Gutyo baba bakoze ‘ata guca urw’umwe, ata gukora ivyo guca urwa nkunzi.’1 Timoteyo 5:21.

20, 21. (a) Abakurambere bihatira kuba iki, kandi kubera iki? (b) Abakurambere bashobora gukora iki kugira ngo bafashe “abarandutse imitima”?

20 Abakurambere barakoresha ubutungane bw’Imana no mu bundi buryo. Yesaya amaze kubura yuko abakurambere bokoze “ku bw’ubutungane ubwabwo,” yabandanije ati: “Uw’ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:2) Abakurambere rero barihatira kuba amasoko y’impumurizo be n’induhuro ku bo bafatanije ugusenga.

21 Muri iki gihe, uravye ingorane zose zisa n’izivuna umutima, benshi barakenera indemesho. Yemwe bakurambere, mwokora iki kugira ngo mufashe “abarandutse imitima”? (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Nimubatege ugutwi mubigiranye impuhwe. (Yakobo 1:19) Hari aho boba bakeneye kubwira umuntu bizigira “amaganya”  ari mu mutima wabo. (Imigani 12:25) Nimubasubirize umutima mu nda yuko bakenewe, bahabwa agaciro, be n’uko bakundwa na Yehova hamwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo. (1 Petero 1:22; 5:6, 7) Vyongeye, murashobora gusenga muri kumwe na mwene abo bantu, mugasenga mubasabira. Kwumva umukurambere ariko aratura isengesho rivuye ku mutima ku bwabo, birashobora kubabera impumurizo ntangere. (Yakobo 5:14, 15) Utwigoro mugirana urukundo two gufasha abihebuye, ntituzobura kubonwa na ya Mana y’ubutungane.

Abakurambere bagaragaza ubutungane bwa Yehova iyo baremesha abavunitse imitima

22. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana ubutungane bwa Yehova, kandi bivamwo ingaruka iyihe?

22 Vy’ukuri, turarushiriza kwiyegereza Yehova mu kwigana ubutungane bwiwe! Iyo dushigikira ingingo mfatirwako ziwe zigororotse, iyo tubwira abandi ya nkuru nziza irokora ubuzima, be n’iyo duhitamwo kwibanda ku vyiza tubona mu bandi ha kubatora amahinyu, tuba turiko turagaragaza ubutungane bw’Imana. Yemwe bakurambere, igihe mukingira ishengero kugira ngo ntirihumane, igihe mutanga impanuro ziremesha zishingiye ku Vyanditswe, iyo mufata ingingo mutagira nkuzi be n’iyo muremesha abavunitse umutima, muba muriko mugaragaza ubutungane bw’Imana. Ese ukuntu bitegerezwa kuba binezereza umutima wa Yehova iyo aravye kw’isi ari mw’ijuru maze akabona abasavyi biwe bagerageza kugira ivyo bashoboye vyose ngo “bakurikize ubutungane” mu kugendana n’Imana yabo!

^ ing. 13 Impinduro zimwezimwe zivuga ngo “ntimugahinyurire mu mitima” na “ntimucire abandi rubi.” Mwene izo mpinduro zishaka kuvuga ngo “ntimutangure guhinyurira mu mitima” na “ntimutangure gucira abandi rubi.” Ariko rero, abanditse Bibiliya mu rurimi rwo mu ntango ngaha bakoresha itegeko rihakana muri kubu (gaserura igikorwa kibandanya). Gutyo rero ibikorwa bivugwa ngaho vyariko birakorwa, mugabo vyategerezwa guhagarikwa.

^ ing. 18 Muri 2 Timoteyo 4:2, Bibiliya ivuga yuko abakurambere bategerezwa rimwe na rimwe ‘guhana, kwihaniza no guhanura.’ Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo ‘guhanura’ (pa·ra·ka·leʹo) rishobora gusobanura “kuremesha.” Ijambo ry’Ikigiriki rifitaniye isano n’iryo, ari ryo pa·raʹkle·tos, rishobora kuvuga umushingwamanza aburanira uwundi mu rubanza. Gutyo, naho nyene abakurambere bakangira umuntu bashikamye, ni abo gufasha abakeneye gusahirizwa mu vy’impwemu.