Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE C’9

‘Kirisitu, Ubushobozi bw’Imana’

‘Kirisitu, Ubushobozi bw’Imana’

1-3. (a) Ni ibintu ibihe biteye ubwoba vyashikiye abigishwa ku Kiyaga c’i Galilaya, kandi Yezu yaciye akora iki? (b) Ni kubera iki Yezu yitwa mu buryo bukwiriye ‘Kirisitu, ubushobozi bw’Imana’?

INTUMWA zari zatekewe n’ubwoba. Bari mu bwato bajabuka Ikiyaga c’i Galilaya igihe igihuhusi cabazako giturumbuka. Nta gukeka yuko bari barabonye ibihuhusi kuri ico kiyaga imbere y’aho. Nakare, bamwebamwe muri abo bagabo bari abarovyi babimazemwo igihe kinini. * (Matayo 4:18, 19) Mugabo iyo yari “inkūbi ikomeye y’umuyaga,” kandi yatumye mu kiyaga haca hazamwo umukuba ukomeye. Nya bagabo barakoze umutima utari mu nda kugira ngo bayobore ubwo bwato, mugabo ico gihuhusi kibarusha inguvu. Imikuba yaza iriterera hejuru “yisuka mu bgato,” butangura kwuzura amazi. Naho hari urwamo rwinshi, Yezu yari yiryamiye umukondorazosi mu gihande c’inyuma y’ubwo bwato, yari yarushe rwose kuko yari yiriwe arigisha isinzi ry’abantu. Kubera yuko abo bigisha bari batinyiriye amagara yabo, baramukanguye bashimitse bati: “Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa?”Mariko 4:35-38; Matayo 8:23-25.

2 Yezu ntivyari bimuteye ubwoba. Abigiranye umutima mu nda, yarakankamiye uwo muyaga n’ico kiyaga ati: “Hora, utekereze.” Ubwo nyene nya muyaga na nya kiyaga bica biramwumvira, ca gihuhusi kiraca, ya mipfunda irazimangana haratekana, “haba agahwekere rwose.” Buno ubwoba budasanzwe butekera abo bigishwa. Barivugana bati: “Mbeg’uyu n’umuntu ki?” Kukaba nkako, ni umuntu nyabaki yari gushobora gukankamira umuyaga be n’ikiyaga nk’aho yoba ariko arakosora umwana w’intumva?—Mariko 4:39-41; Matayo 8:26, 27.

 3 Erega ni ko Yezu ntiyari umuntu asanzwe. Ububasha bwa Yehova bwaragaragarijwe kuri we be no muri we mu buryo budasanzwe. Ahumekewe n’Imana, Intumwa Paulo yashoboye kuvuga bikwiriye ko Yezu ari ‘Kirisitu, ubushobozi bw’Imana.’ (1 Ab’i Korinto 1:24) Ni mu buryo ubuhe ububasha bw’Imana bugaragarizwa muri Yezu? Kandi ukuntu Yezu akoresha ububasha bishobora kugira iyihe ngaruka kuri twebwe?

Ububasha Umwana w’Ikinege w’Imana Afise

4, 5. (a) Ni ububasha be n’ubukuru ubuhe Yehova yahaye Umwana wiwe w’ikinege? (b) Uwo Mwana yaronkejwe gute ibikenewe kugira ngo ashitse imigambi ya Se yo kurema?

4 Rimbura ububasha Yezu yari afise imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Yehova yarakoresheje “ubushobozi bg[iwe] budashira” igihe yarema Umwana wiwe w’ikinege, uwahavuye aba Yezu Kirisitu. (Abaroma 1:20; Ab’i Kolosayi 1:15) Mu nyuma, Yehova yarahaye Umwana wiwe ububasha buhambaye be n’ubukuru buhambaye, mu kumushinga igikorwa co gushitsa imigambi yiwe yo kurema. Ku vyerekeye uwo Mwana, Bibiliya igira iti: “Vyose vyaremwe [biciye muri] we, nta na kimwe caremwe atarimwo.”Yohani 1:3, UB.

5 Dushobora gutahura akantu gatoya gusa ku kuntu ico gikorwa gihambaye. Niwiyumvire ububasha bwakenewe mu kurema amamiliyoni n’amamiliyoni y’abamarayika b’abanyenkomezi, ikirere kiboneka hamwe n’ibigwibigwi vy’inyenyeri bikirimwo, tutibagiye isi be n’ibinyabuzima binyuranye vyinshi biyiriko. Kugira ngo uwo Mwana w’ikinege arangure ivyo bikorwa, yari afise inguvu y’inyabubasha kuruta izindi, iyo na yo ikaba ari impwemu yera y’Imana. Uwo Mwana yararonkera agahimbare kenshi mu kuba Umukozi w’Umuhanga, Yehova akaba yaramukoresheje mu kurema ibintu vyose.Imigani 8:22-31.

6. Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, yahawe ububasha be n’ubukuru ubuhe?

6 Mbega uwo Mwana w’ikinege yari gushobora mbere n’uguhabwa ubundi bubasha hamwe n’ubundi bukuru? Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, yavuze ati: “Na[haw]e ubukuru bwose kw’isi no mw’ijuru.” (Matayo 28:18, UB)  Egome, Yezu yarahawe ubushobozi n’uburenganzira bwo gukoresha ububasha bwiwe kw’isi no mw’ijuru. Bwa “Mwami w’abami, [a]ganza abaganza,” yarahawe uburenganzira bwo “gukūrah’ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose,” ububoneka n’ubutaboneka butavuga rumwe na Se. (Ivyahishuriwe 19:16; 1 Ab’i Korinto 15:24-26) Imana “nta co yishigarije itamuhaye kukiganza,” uretse Yehova ubwiwe.Abaheburayo 2:8; 1 Ab’i Korinto 15:27.

7. Ni kubera iki dushobora kudakeka yuko Yezu atazokwigera akoresha nabi ububasha Yehova yamuhaye?

7 Twoba dukwiye gutinya yuko Yezu yohava akoresha nabi ububasha afise? Habe namba! Yezu arakunda vy’ukuri Se kandi ntiyokwigera akora ikintu na kimwe kimubabaza. (Yohana 8:29; 14:31) Yezu arazi neza yuko Yehova atigera akoresha nabi ububasha bwiwe bushobora vyose. Yezu yariboneye ubwiwe yuko Yehova arondera uturyo two “[kw]erekan[a] ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.” (2 Ngoma 16:9) Kukaba nkako, Yezu afitiye abantu urukundo nk’urwo Se abafitiye, ari co gituma dushobora kwizigira yuko azokwama nantaryo akoresha ububasha bwiwe ku bw’iciza. (Yohana 13:1) Yezu yarakoze ibintu bitagira amahinyu muri ivyo. Reka turimbure ububasha yari afise igihe yari kw’isi be n’ukuntu yavyurirwa umutima wo kubukoresha.

‘Umunyabushobozi Bwinshi . . . mu vyo Yavuga’

8. Yezu amaze gusigwa impwemu yera, yahawe ububasha bwo gukora iki, kandi yakoresheje gute ububasha bwiwe?

8 Biboneka ko ata bitangaro Yezu yakoze igihe yari acaruka i Nazareti. Mugabo ivyo vyarahindutse inyuma y’aho abatirijwe mu 29 G.C., akaba yari afise nk’imyaka 30 y’amavuka. (Luka 3:21-23) Bibiliya itubwira iti: ‘Imana yamusutseko impwemu yera n’ubushobozi, agenda agirira abantu neza, akiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kuko Imana yari kumwe na we.’ (Ivyakozwe 10:38) Mbega none ‘kugirira abantu neza’ ntibigaragaza yuko Yezu yakoresheje ububasha bwiwe mu buryo bubereye? Amaze gusigwa impwemu yera, ‘yabaye umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga.’Luka 24:19.

9-11. (a) Ni hehe Yezu yatangira nyinshi mu nyigisho ziwe, kandi yahangana n’urugamba uruhe? (b) Ni kubera iki amasinzi y’abantu yatangazwa n’uburyo Yezu yigisha?

 9 Yezu yari umunyabubasha gute mu vyo yavuga? Kenshi yigishiriza hanze, nko ku nkengera z’ibiyaga, ku misozi hamwe no ku nzira be no mu tuguriro. (Mariko 6:53-56; Luka 5:1-3; 13:26) Iyo amajambo yiwe aza kuba adakwegera ubwenge bw’abamwumviriza, bari guca bikurira meza. Mu gihe ibitabu bitari bwatangure kwandikwa, abumviriji baha agaciro inyigisho za Yezu bategerezwa kuzigama amajambo yiwe mu bwenge be no mu mitima yabo. Ni co gituma vyari bikenewe ko inyigisho za Yezu ziba izikwegera cane, zigatahurika bimwe bishitse kandi zikoroha kwibuka. Mugabo urwo rugamba nta ngorane rwatera Yezu. Nk’akarorero, rimbura ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi.

10 Umusi umwe mu gitondo mu ntango z’umwaka wa 31 G.C., abantu isinzi bari bakoraniye ku nkike y’umusozi hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya. Bamwe bari baturutse i Yudaya n’i Yeruzalemu, hakaba hari urugendo rw’ibirometero biri hagati y’100 gushika 110. Abandi bari baje baturutse ahahereranye n’inkengera y’ikiyaga c’i Tiro n’i Sidoni, ahagana mu buraruko. Abantu benshi bari barwaye begera Yezu kugira ngo bamukoreko, maze arabakiza bose. Igihe hatari hagisigaye umuntu n’umwe arwaye bikomeye muri bo, atangura kubigisha. (Luka 6:17-19) Haciye nk’akanya, ahejeje kuvuga, batangazwa n’ivyo bari bumvise. Kubera iki?

11 Haciye imyaka, umwe mu bari barumvise iyo nsiguro yanditse ati: “Ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’ūfise ububasha.” (Matayo 7:28, 29) Yezu yavugana ububasha bashobora kwiyumvamwo. Yaravugira Imana kandi inyigisho ziwe akazishigikiza ubukuru bw’Ijambo ryayo. (Yohana 7:16) Ivyo Yezu yavuga vyari bitomoye, yahimiriza mu buryo bukwegera, ivyiyumviro vyiwe na vyo bikaba vyari ibidashobora kuvuguruzwa. Amajambo yiwe yarashika ku muzi w’ibibazo, bikanashika ku mitima y’abamwumviriza. Yarabigishije uburyo bwo kuronka agahimbare, uburyo bwo gusenga, uburyo bwo kurondera Ubwami bw’Imana, be n’uburyo bwo kwubakira kuri  kazoza karangwa n’umutekano. (Matayo 5:3–7:27) Amajambo yiwe yarakangura imitima y’abari bafitiye inzara ukuri n’ubugororotsi. Abantu mwene abo bari n’umutima ukunze wo ‘kwiyanka’ be no guheba ikintu ico ari co cose kugira ngo bamukurikire. (Matayo 16:24; Luka 5:10, 11) Mbega ikimenyamenya c’uko amajambo ya Yezu yari n’ububasha!

‘Umunyabushobozi Bwinshi mu vyo Yakora’

12, 13. Ni mu buryo ubuhe Yezu yari ‘umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora,’ kandi ibitangaro yakoze vyari binyuranye gute?

12 Yezu kandi yari ‘umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora.’ (Luka 24:19) Injili zirigana ibitangaro birenga 30 Yezu yakoze, ivyo vyose abikora mu ‘bushobozi bw’Umwami Imana.’ * (Luka 5:17) Ibitangaro Yezu yakoze vyaragize ico bikoze ku buzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi. Ibitangaro bibiri gusa, ni ukuvuga kwa kugaburira abantu 5.000 maze mu nyuma akagaburira abandi 4.000 “ukūyemw’abagore n’abana,” yabikoreye amasinzi y’abantu bategerezwa kuba barashika nko ku 20.000!Matayo 14:13-21; 15:32-38.

“Babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga”

13 Ibitangaro Yezu yakoze vyari binyuranye cane. Yari afise ububasha ku mashetani, yarayirukana bitamugoye. (Luka 9:37-43) Yari afise ububasha ku vyo Imana yaremye, agahindura amazi umuvinyu. (Yohana 2:1-11) Abigishwa biwe baratangajwe no kubona agendera ku Kiyaga c’i Galilaya cazungazungishwa n’umuyaga mwinshi. (Yohana 6:18, 19) Yari n’ububasha ku ndwara, yarakiza ibihimba vy’umubiri vyaba bimugaye, indwara zidakira, be n’indwara zikomakomeye. (Mariko 3:1-5; Yohana 4:46-54) Yagenda arakiza mwene izo ndwara mu buryo butandukanye. Hari abo Yezu yakiza bari kure, abandi na bo akabakiza abakozeko. (Matayo 8:2, 3, 5-13) Bamwebamwe baca ubwo nyene bakira, abandi bagakira intambwe ku yindi.Mariko 8:22-25; Luka 8:43, 44.

14. Ni ryari Yezu yagaragaje yuko yari afise ububasha bwo gutuma abapfuye basubira kuba bazima?

14 Mu buryo bwibonekeje, Yezu yari afise ububasha bwo guhindura  ubusa urupfu. Mu vyanditswe haravugwa incuro zishika zitatu aho yazuye abapfuye, arasubiza agakobwa k’imyaka 12 abavyeyi bako, arasubiza umwana w’ikinege nyina wiwe yari umupfakazi, eka aranasubiza umuvukanyi mukundwa bashiki biwe. (Luka 7:11-15; 8:49-56; Yohana 11:38-44) Nta kintu na kimwe camubera amananiza. Yarazuye agakobwa k’imyaka 12 y’amavuka kari ku buriri gahejeje gupfirako. Yarazuye umuhungu w’umupfakazi yari ku nderuzo bamujanye kumuhamba, bigasa n’uko hari ku musi yapfiriyeko nyene. Yarazuye kandi Lazaro amukura mu mva yari amazemwo imisi ine.

Ikoreshwa ry’Ububasha Rizira Ubwikunzi, Rirangwa n’Ubushingantahe be n’Ukwubahiriza Abandi

15, 16. Ni ibimenyamenya ibihe vy’uko Yezu atari umwikunzi mu kuntu yakoresha ububasha bwiwe?

15 Woshobora kwiyumvira ukuntu ububasha Yezu yari afise bwari gushobora gukoreshwa nabi iyo bushirwa mu minwe y’umutegetsi w’umunyagasembwa? Mugabo Yezu we nta caha yari afise. (1 Petero 2:22) Yaranse kwoshwa n’ubwikunzi, uguhahamira ubukuru, be n’umunoho bimwe bituma abantu badatunganye bakoresha ububasha mu kugirira nabi abandi.

16 Yezu yazira ubwikunzi mu kuntu yakoresha ububasha yari afise, ntiyigera na rimwe abukoresha ku bw’inyungu ziwe bwite. Igihe yari ashonje, yaranse kwihindurira amabuye imitsima. (Matayo 4:1-4) Utuntu dukeyi yari atunze ni ikimenyamenya c’uko atigeze akoresha ububasha bwiwe ngo yironkere inyungu zo mu buryo bw’umubiri. (Matayo 8:20) Hariho ibindi bimenyamenya vy’uko ibikorwa vyiwe vy’ububasha atabikora abitumwe n’ubwikunzi. Igihe yakora ibitangaro, ntihaburamwo ukwibabaza kunaka. Igihe yakiza umurwayi, ububasha bwaramuvamwo. Yaramenya yuko ububasha bumuvuyemwo, no mu gihe nyene haba hakize umuntu umwe gusa. (Mariko 5:25-34) Naho vyari ukwo, yararetse amasinzi y’abantu baramukorako, kandi barakira. (Luka 6:19) Ese ukuntu kari agatima kazira ubwikunzi yemwe!

17. Yezu yagaragaje gute yuko yakoresha ububasha bwiwe mu buryo butegereka?

17 Yezu yakoresha ububasha bwiwe burangwa n’ubushingantahe.  Ntiyigera na rimwe akora ibikorwa bihambaye kugira gusa yiyerekane canke ngo agire ibikino bitagira shinge na rugero. (Matayo 4:5-7) Ntiyashatse gukora ibimenyetso kugira gusa amare Herode urusaku. (Luka 23:8, 9) Aho kurata ububasha bwiwe, kenshi Yezu yarasaba abo yaba akijije kutagira umuntu n’umwe babibwira. (Mariko 5:43; 7:36) Ntiyashaka ko abantu bashika ku vyiyumviro bimwerekeye bishimikije inkuru z’ishwashwa.Matayo 12:15-19.

18-20. (a) Ni ibiki vyosha Yezu mu kuntu yakoresha ububasha bwiwe? (b) Wumva umerewe gute ku vyerekeye uburyo Yezu yakijije umugabo umwe w’igipfamatwi?

18 Uwo mugabo w’umunyabubasha Yezu, yari atandukanye cane na ba batware bakoresha ububasha mu kudaha nirwere abandi mu vyo bakeneye be no mu gucumukura barimwo. Yezu yari ababaye abantu. Igihe gusa akubise ijisho abababaye vyaramukora ku mutima cane ku buryo vyatuma agira umutima wo kubakiza. (Matayo 14:14) Yaritwararika inyiyumvo zabo n’ivyo bari bakeneye, kandi ukwo kubitwararikana ikibabarwe cinshi ni kwo kwosha ukuntu yakoresha ububasha bwiwe. Akarorero gakora ku mutima tugasanga muri Mariko 7:31-37.

19 Ico gihe, ishengero ryinshi ryarabonye Yezu hanyuma rimuzanira abantu benshi bari barwaye, araheza arabakiza bose. (Matayo 15:29, 30) Mugabo Yezu yararobanuyemwo umugabo umwe kugira ngo amwitwararike bimwe bidasanzwe. Nya mugabo yari igipfamatwi, kandi ntiyari ashoboye kuvuga atobora. Yezu ashobora kuba yarabonye yuko uwo mugabo yari afise umutima uhagaze be n’uko yabuze ico afata n’ico areka. Abigiranye ubwitonzi, Yezu yatwaye nya mugabo ku ruhande, kure y’iryo shengero, aramwihereranya. Maze Yezu akoresha ibimenyetso binaka kugira ngo amenyeshe uwo mugabo ico yari agiye kugira. “Agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi.” * (Mariko 7:33) Ubukurikira, Yezu araba hejuru hanyuma  ariruhutsa mu gusenga. Ivyo bintu yari akoze vyabwira uwo muntu biti: ‘Ivyo ngiye kukugirira, bishoboka ku bw’ububasha buvuye ku Mana.’ Amaherezo, Yezu yavuze ati: “Zibūka.” (Mariko 7:34) Avuze ivyo, uwo mugabo arazibuka amatwi, abona gushobora kuvuga nk’uko bisanzwe.

20 Ese ukuntu bikora ku mutima wiyumviriye yuko mbere n’igihe Yezu yaba ariko arakoresha ububasha yahawe n’Imana mu gukiza abababaye, yagaragaza ko ababaye inyiyumvo zabo! None ntibidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko Yehova yashize Ubwami bwa Kimesiya mu maboko ya mwene uwo Mutware w’umunyakibabarwe kandi yubahiriza abandi?

Integuza y’Ibintu Biraririye Gushika

21, 22. (a) Ibitangaro Yezu yakoze vyateguza iki? (b) Kubera ko Yezu ategeka inguvu z’ibiriho, dushobora kwitega iki mu gihe c’ubutware bw’Ubwami bwiwe?

21 Ibikorwa bikomeye Yezu yaranguye kw’isi vyari iranguka ry’akantu gatoya kerekana imihezagiro ihambaye kuruta iraririye kuza mu gihe c’ubutware bwiwe. Mw’isi nshasha y’Imana, Yezu azosubira gukora ibitangaro, mugabo ico gihe akazobikora kw’isi yose! Rimbura bimwebimwe mu bintu bishimishije twiteze.

22 Yezu azosubiza amategeko agenga ibidukikije ku burimbane butunganye. Ibuka yuko yagaragaje ko ategeka inguvu z’ibiriho mu guhwamika umuyaga w’igihuhusi. Nta mazinda rero yuko mu gihe c’ubutware bw’Ubwami bwa Kirisitu, abantu batazokwirirwa baratinya ko bohava bagirirwa nabi n’ibivumbuzi, ibinyamugigima, ibirunga canke ibindi vyago vy’ivyaduka. Kubera yuko Yezu ari Umukozi w’Umuhanga, Yehova akaba ari we yakoresheje mu kurema isi be n’ibintu vyose biyiriko, arazi neza ibintu bigize isi. Arazi uburyo bwo gukoresha ubutunzi bwayo mu buryo bubereye. Mu gihe c’ubutware bwiwe, iyi si yose uko ingana izohinduka Iparadizo.Luka 23:43.

23. Yezu azoshitsa gute ivyo abantu bakeneye igihe azoba ari Umwami?

23 Tuvuge iki ku vyo abantu bakenera? Ubushobozi Yezu afise bwo kugaburira abantu ibihumbi ivyo kurya umukimba akoresheje udufungurwa dukeyi, buradukura amazinda yuko ubutware bwiwe buzokuraho inzara. Ni ivy’ukuri, imfungurwa  umurengera, izizogabanganywa ata mwana n’ikinono, zizotuma inzara ata wuzosubira kumenya n’iyo yaciye. (Zaburi 72:16) Ububasha afise ku ndwara buratwereka yuko abarwayi, impumyi, ibipfamatwi n’ibimuga bazokira ata gahaze kandi ubutagisubira kurwara. (Yesaya 33:24; 35:5, 6) Ubushobozi afise bwo kuzura abapfuye buradukura amazinda yuko ububasha afise bwa Mwami wo mw’ijuru burimwo n’ububasha bwo kuzura abantu amamiliyoni adaharurika Se ahimbarwa no kwibuka.Yohana 5:28, 29.

24. Uko turimbura ububasha Yezu afise, dukwiye kwamiza iki mu muzirikanyi, kandi kubera iki?

24 Uko turimbura ububasha Yezu afise, nimuze twamize mu muzirikanyi yuko uwo Mwana yigana Se neza na neza. (Yohana 14:9) Gutyo ingene Yezu akoresha ububasha biraduha ishusho itomoye y’ukuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe. Nk’akarorero, niwiyumvire ingene Yezu yakijije umunyamibembe umwe n’ikibabarwe cinshi. Abitumwe n’akagongwe, Yezu yarakoze kuri uwo muntu maze avuga ati: “Ndakunze.” (Mariko 1:40-42) Biciye ku nkuru nka mwene iyo, mu vy’ukuri Yehova aba ariko aravuga ati ‘Kuriya ni ko jewe nkoresha ububasha bwanje!’ None ntiwumva uvyuriwe umutima wo gushemeza Imana yacu Mushoboravyose be no gukenguruka ukuba ikoresha ububasha bwayo muri mwene ubwo buryo buranga urukundo?

^ ing. 1 Ibihuhusi biza bukwi na bukwi birakunda gushika ku Kiyaga c’i Galilaya. Bitumwe n’uko urugero rw’ico kiyaga ruri hasi (nko ku metero 200 munsi y’urugero rw’ibahari), akayaga usanga gashuha kuruta mu turere tuhakikije, maze ivyo bigatuma ikirere kiza kiravurungana. Imiyaga ikomeye ivuye ku Musozi Herumoni iza irisuka ku Kiyaya ca Yorodani, uhereye mu buraruko. Iyo haciye akanya hatekanye, mu kandi kanya hashobora kwaduka igihuhusi gitema kigatongora.

^ ing. 12 Ikindi kandi, izo Njili hari igihe ibitangaro vyinshi zibidondora mu buryo bumwe gusa, zikabivugira hamwe. Nk’akarorero hari igihe “igisagara cose” caje kumuraba, maze akiza abarwaye “benshi.”Mariko 1:32-34.

^ ing. 19 Gucira amate bwari uburyo canke ikimenyetso co gukiza cari cemewe n’Abayuda be n’Abanyamahanga, kandi gukoresha amate mu kuvura biravugwa mu nyandiko z’abarabi. Yezu ashobora kuba yaciriye amate kugira gusa yereke uwo mugabo yuko yari agiye gukizwa. Ivyo ari vyo vyose, Yezu ntiyariko akoresha amate yiwe bwa kintu gisanzwe kivura.

Raba n'ibindi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA)

“Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?

Ni kubera iki twokwizigira ko Umwami yarobanuwe n’Imana agiye kugira ibindi bintu akoze kugira ngo ukugomba kw’Imana gukorwe kw’isi bimwe bishitse?