Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwiyegereze Yehova

 IKIGABANE CA 4

‘Yehova Afise Ububasha Bwinshi’

‘Yehova Afise Ububasha Bwinshi’

1, 2. Ni ibintu nyabaki bitangaje Eliya yari yarabonye mu buzima bwiwe, ariko ni ibintu ibihe vy’igitangaza yiboneye ari mw’isenga ku Musozi Horebu?

ELIYA yari yaramaze kubona ibintu bitangaje. Yari yarabonye ibikona bimuzanira imfungurwa kabiri ku musi, ca gihe yaba ahantu yinyegeje. Yari yarabonye ifu mu gaseke n’amavuta mu gakarabo bidahera mu gihe c’amapfa yamaze igihe kirekire. Yari yaranabonye umuriro utibuka uvuye mw’ijuru bivuye kw’isengesho yatuye. (1 Abami, ikigabane ca 17 na 18) Naho ari ukwo, Eliya ntiyari bwigere abona ikintu na kimwe nk’ivyo tugiye kubona aha hepfo.

2 Igihe yari yitunye iruhande y’urwinjiriro rw’isenga ku Musozi Horebu, yariboneye urukurikirane rw’ibintu vy’agatangaza. Ubwa mbere haje umuyaga. Utegerezwa kuba warahuhuse cane bikamumena amatwi kubera yuko wari ukaze cane ku buryo wasataguye imisozi ukamenagura n’ibitandara. Ubukurikira haje ikinyamugigima, kiranyiganyiza isi bimwe bikomeye. Hanyuma haza umuriro. Igihe wariko urayogeza ako karere, nta gukeka yuko Eliya yumvise ubushuhe bwawo buturira.1 Abami 19:8-12.

“Ako kanya Uhoraho arahaca”

3. Eliya yiboneye ikimenyamenya c’iyihe kamere y’Imana, kandi ni hehe dushobora kubona ikimenyamenya c’iyo kamere nyene?

3 Ivyo bintu bitandukanye vyose Eliya yiboneye vyari bifise ikintu kimwe bihuriyeko. Bwari uburyo butari bumwe bwo kugaragaza ububasha buhambaye bwa Yehova Imana. Birumvikana, ntidutahura yuko Imana ifise iyo kamere ari uko turinze kwibonera igitangaro. Si agaseseshwarumuri. Bibiliya itubwira yuko ivyaremwe bitanga ikimenyamenya c’‘ububasha bwa Yehova budahera n’Ubumana bwiwe.’ (Abaroma 1:20) Iyumvire gatoyi imiravyo imena amaso n’imituragaro imena amatwi vyo mu mvura y’isegenya, isumo rikomeye ry’akaroruhore, ubwaguke buteye akoba bw’ijuru ryuzuye inyenyeri! Mbega none muri ivyo bintu  vyigaragaza ntubonamwo ububasha bw’Imana? Yamara, abantu bakeya mw’isi ya kino gihe ni bo bemera icese ububasha bw’Imana. Mbere ni na bake gusumba babubona mu buryo bubereye. Ariko rero, gutahura iyo kamere y’Imana biraduha imvo nyinshi zituma turushiriza kwiyegereza Yehova. Muri iki gihimba, tugiye kwihweza ido n’ido ububasha ntangere bwa Yehova.

Imwe Muri Kamere Nyamukuru za Yehova

4, 5. (a) Ni isano nyabaki riri hagati y’izina rya Yehova be n’ububasha bwiwe? (b) Ni kubera iki bibereye kuba Yehova yarahisemwo ikimasa ngo abe ari co kigereranya ububasha bwiwe?

4 Yehova nta we banganya ububasha. Muri Yeremiya 10:6 hagira hati: “Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’uhambaye, kand’izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ububasha bgawe.” Urabona yuko ububasha bufitaniye isano n’izina rya Yehova. Biboneka yuko iryo zina risobanura ngo “Atuma Biba.” None ni igiki gishoboza Yehova kurema ikintu cose ashatse no kuba ico ashatse cose? Kimwe mu bituma abishobora ni ububasha. Emwe, ubushobozi Yehova afise bwo gukora ibintu, ari bwo bwo gushitsa ukugomba kwiwe, ntibugira uko bungana. Ububasha nk’ubwo ni imwe muri kamere ziwe nyamukuru.

5 Kubera yuko tutoshobora kwigera dutahura ububasha bwiwe bimwe bishitse, Yehova akoresha ibigereranirizo kugira ngo adufashe. Nk’uko twabibonye, akoresha ikimasa mu kugereranya ububasha bwiwe. (Ezekiyeli 1:4-10) Iryo hitamwo rirabereye kubera yuko n’ikimasa c’igitungano ari ikiremwa amahanga gikomeye cane. Abantu bo muri Palesitina yo mu bihe vya Bibiliya, wasanga ari gake cane bahura n’ikintu gikomeye kuruta ikimasa, canke ntivyigere bishika. Mugabo bari bazi ubwoko bw’ikimasa buteye ubwoba kuruta, ico na co kikaba cari ikimasa co mw’ishamba ari yo mbogo, ubu ikaba imaze guhona muri ico gihugu. (Yobu 39:9-12) Umwami w’Abami w’Umuroma Jules César yarigeze kuvuga yuko izo mbogo zahakwa kungana n’inzovu. Yanditse ati: “Zifise inguvu nyinshi kandi ziranyaruka cane.” Ibaze ingene wokwiyumva uri ubusa, ukumva mbere ata n’inguvu ufise, hamwe woba uhagaze iruhande y’ikiremwa nk’ico!

6. Ni kubera iki Yehova wenyene ari we yitwa ‘Mushoboravyose’?

 6 Nk’ukwo nyene, umuntu ni ubusa kandi nta bubasha afise tumugereranije n’Imana y’ububasha Yehova. Kuri we, mbere n’amahanga akomakomeye ameze nk’umukungugu ufashe ku munzane. (Yesaya 40:15) Nta kiremwa na kimwe kimeze nka Yehova, we afise ububasha ntangere, na kare ni we wenyene yitwa ‘Mushoboravyose.’ * (Ivyahishuriwe 15:3) Yehova ari n’“ububasha bg’ubushobozi” kandi arafise “inkomezi . . . nyinshi.” (Yesaya 40:26) Ni we soko ridakama ry’ububasha. Ntiyisunga inkomezi zivuye ahandi kubera yuko “Inkomezi zegukira Imana.” (Zaburi 62:11, NW) Ariko none, Yehova akoresha ubuhe buryo mu kugaragaza ububasha bwiwe?

Uburyo Yehova Akoresha Ububasha Bwiwe

7. Impwemu yera ya Yehova ni iki, kandi amajambo yo mu ndimi zo mu ntango yakoreshejwe muri Bibiliya atanga ikihe ciyumviro?

7 Impwemu yera irashwara ivuye kuri Yehova, ku rugero rutagira uko rungana. Ni ububasha bw’Imana buba buriko burakora. Kukaba nkako, mw’ Itanguriro 1:2 (NW) Bibiliya ivuga ko ari “inguvu ikora” y’Imana. Amajambo yo mu ntango y’Igiheburayo n’Ikigiriki yahinduwe ngaha ngo “impwemu,” mu bindi bihe ashobora guhindurwa ngo “umuyaga,” “impemu,” n’“uguhuha.” Dukurikije abanditsi b’inyizamvugo, amajambo yo mu rurimi rw’intango atanga iciyumviro c’inguvu itaboneka iriko irakora. Nka kumwe kw’umuyaga, impwemu y’Imana ntibonwa n’amaso yacu, mugabo turamenya ko hari ivyo ikora koko.

8. Muri Bibiliya, impwemu y’Imana yitwa gute mu mvugo ngereranyo, kandi ni kubera iki ivyo bigereranyo bibereye?

8 Impwemu yera y’Imana irangura ibintu bitandukanye mu buryo butagira aho bugarukira. Yehova arashobora kuyikoresha kugira ngo ashitse umugambi uwo ari wo wose afise mu muzirikanyi. Mu buryo bubereye rero, muri Bibiliya impwemu y’Imana yitwa mu mvugo ngereranyo “urutoke” rwiwe, “ukuboko kw’inkomezi” kwiwe, canke “ukuboko . . . kubanguye” kwiwe. (Luka 11:20; Gusubira mu Vyagezwe 5:15; Zaburi 8:3) Nk’uko nyene umuntu yoshobora gukoresha ukuboko kwiwe kugira arangure  ibikorwa vyinshi bisaba inguvu canke ubuhinga ku rugero rutari rumwe, ni ko n’Imana ishobora gukoresha impwemu yayo kugira ngo irangure umugambi uwo ari wo wose. Nk’akarorero, mu kurema agahimba inzatsa kitwa atome, canke mu gucamwo kabiri Ikiyaga Gitukura, cabure mu gushoboza Abakirisu bo mu kinjana ca mbere kuvuga mu ndimi z’amahanga.

9. Ububasha Yehova ategekesha bushika ku rugero rungana iki?

9 Yehova aranakoresha ububasha biciye mu bukuru bwiwe bwo kuba Segaba w’Ibiriho Vyose. Woba ushobora kwiha ishusho ufise amamiliyoni n’amamiliyoni y’ibiremwa bifise ubwenge n’ubushobozi bishashaye gukora ivyo ubitegetse? Yehova arafise ubwo bubasha bwo gutegeka. Arafise abantu bamusukurira, mu Vyanditswe bakaba kenshi bagereranywa n’ingabo. (Zaburi 68:11; 110:3) Ariko rero, umuntu agereranijwe n’umumarayika ni ikiremwa kigoyagoya. Uti gute? Igihe ingabo z’Abanyasiriya zatera igisata c’Imana, umumarayika umwe rudende yishemwo abasoda 185.000 mw’ijoro rimwe! (2 Abami 19:35) Abamarayika b’Imana ni “abanyenkomezi nyinshi.”Zaburi 103:19, 20.

10. (a) Ni kubera iki Mushoboravyose yitwa Yehova nyen’ingabo? (b) Ni nde afise ububasha kuruta mu vyo Yehova yaremye vyose?

10 Hari abamarayika bangahe? Umuhanuzi Daniyeli yareretswe mw’ijuru aho yabonye ibiremwa vy’impwemu birenga imiliyoni 100 biri imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova, mugabo nta kigaragaza yuko yabonye abamarayika bose Yehova yaremye. (Daniyeli 7:10) Rero, hashobora kuba hariho abamarayika amamiliyoni amajana. Ni co gituma Imana yitwa Yehova nyen’ingabo. Iryo zina ry’icubahiro riradondora ikibanza c’ububasha afise co kuba Kizigenza w’umugwi munini kandi utunganijwe w’abamarayika b’abanyenkomezi. Ivyo biremwa vy’impwemu vyose, yashinze ko biganzwa n’ikiremwa kimwe, ari we Mwana wiwe bwite mukundwa, “imfura mu vyaremwe vyose.” (Ab’i Kolosayi 1:15) Kubera yuko Yezu ari we mukuru w’abamarayika, ni ukuvuga kizigenza w’abamarayika basanzwe, w’abaserafi n’uw’abakerubi, ni we afise ububasha kuruta mu vyo Yehova yaremye vyose.

11, 12. (a) Ijambo ry’Imana rigira ububasha mu buryo butari bumwe ubuhe? (b) Yezu yerekanye gute aho ububasha bwa Yehova bugera?

11 Yehova arafise kandi ubundi buryo akoresha ububasha bwiwe. Mu Baheburayo 4:12 hagira hati: “Ijambo ry’Imana [n]i  rizima, rifise ubukuba.” Woba warabonye ububasha butangaje ijambo ry’Imana rifise canke ubutumwa bwahumetswe n’impwemu bwazigamwe muri Bibiliya? Burashobora kudukomeza, bukubaka ukwizera kwacu, bukanadufasha kugira amahinduka akomeye mu buzima bwacu. Intumwa Paulo yaragabishije abo basangiye ukwizera, ngo birinde abantu bisuka mu ngeso z’ubuhumbu mu buzima bwabo. Hanyuma yongeyeko ati: “Bamwe muri mwebge ni ko mwari muri.” (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Emwe, “ijambo ry’Imana” ryarabagizeko ububasha rirongera rirabafasha guhinduka.

12 Ububasha bwa Yehova ni bwinshi kandi abukoresha mu buryo ngirakamaro ku buryo ata kintu na kimwe gishobora kumubuza kubukoresha. Yezu yavuze ati: “Ku Mana vyose birashoboka.” (Matayo 19:26) None Yehova yerekeza ububasha bwiwe ku yihe migambi?

Ububasha Bukoreshwa ku bw’Umugambi Kanaka

13, 14. (a) Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Yehova atari isoko ntanganguvu ritagira ubwenge? (b) Yehova akoresha ububasha bwiwe mu buhe buryo butari bumwe?

13 Impwemu ya Yehova ni ikintu kiruta kure n’iyo inguvu iyo ari yo yose ituruka ku bidukikije; vyongeye Yehova si inguvu itagira ubwenge, si isoko busoko ritanga inguvu. Ni Imana iri n’ubwenge ikoresha uko yipfuza, ububasha bwayo bwite. Ariko none, ni igiki kimusunikira kubukoresha?

14 Nk’uko tuza kubibona, Imana ikoresha ububasha mu kurema, mu gusangangura, mu gukingira, mu kunagura, mu ncamake mu gukora ikintu ico ari co cose gihuye n’imigambi yayo itunganye. (Yesaya 46:10) Mu bihe bimwebimwe, Yehova arakoresha ububasha bwiwe mu guhishura imice ihambaye ya kamere yiwe n’ingingo mfatirwako ziwe. Ikiruta vyose, arakoresha ububasha bwiwe mu kurangura ukugomba kwiwe, na kwo akaba ari kwemeza ubusegaba bwiwe no kwerandisha izina ryiwe ryera biciye ku Bwami bwa Mesiya. Nta kintu na kimwe gishobora kwigera kimubuza gushitsa uwo mugambi.

15. Yehova akoresha ububasha bwiwe ku bw’uwuhe mugambi mu bijanye n’abasavyi biwe, kandi ivyo vyagaragajwe gute mu vyashikiye Eliya?

15 Yehova akoresha kandi ububasha bwiwe kugira umwumwe wese muri twebwe agire ico yunguka. Ehe raba ico mu 2 Ngoma  16:9 havuga: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.” Ivyo Eliya yabonye, vyavuzwe mu ntango, ni akarorero k’ivyo. None ni kubera iki Yehova yamweretse ivyo bintu biteye akoba bigaragaza ububasha bwiwe? Urabona, Umwamikazi w’umubisha Yezebeli yari yararahiye ararengwa ko azokwicisha Eliya. Uwo muhanuzi yariko arayanyaga, ahunga kugira arokore igufa. Yumva afise irungu, ubwoba kandi yihebuye, nk’aho igikorwa gikomeye yari yarakoze cose cari impfagusa. Kugira ngo Yehova ahumurize uwo mugabo yari yataye umutwe, yaribukije Eliya bimwe bikomeye ububasha bwiwe. Wa muyaga, ca kinyamugigima be na wa muriro vyerekanye yuko Umunyabushobozi kuruta ibiriho vyose yari kumwe na Eliya. Ni igiki yari gutinya kuri Yezebeli kandi ari kumwe n’Imana Mushoboravyose?1 Abami 19:1-12. *

16. Ni kubera iki dushobora guhumurizwa no kuzirikana ku bubasha buhambaye bwa Yehova?

16 Naho nyene iki atari igihe ca Yehova co gukora ibitangaro, kuva mu misi ya Eliya ntiyigeze ahinduka. (1 Ab’i Korinto 13:8) No muri iki gihe nyene, aracashashaye gukoresha ububasha bwiwe ku neza y’abamukunda. Ego niko, aba mu karere k’impwemu kari hejuru cane, mugabo ntari kure yacu. Ububasha bwiwe ntibugira urugero, naho ari kure nta ngorane bitera. Ahubwo “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose.” (Zaburi 145:18) Igihe umuhanuzi Daniyeli yasaba Yehova ngo amufashe, umumarayika yaserutse imbere y’uko Daniyeli anaheza gusenga! (Daniyeli 9:20-23) Nta na kimwe gishobora kubuza Yehova gufasha no gukomeza abo akunda.Zaburi 118:6.

Mbega Ububasha bw’Imana Bwoba Butuma Tudashobora Kuyegera?

17. Ni mu buryo nyabaki ububasha bwa Yehova butuma dutinya, mugabo kandi ntibudutera gutinya mu buryo bumeze gute?

17 Mbega ububasha bw’Imana bwoba bukwiye gutuma  tuyitinya? Ku ruhande rumwe, turakwiye kwishura ko bukwiye gutuma tuyitinya, ku rundi na ho ntituyitinye. Ubwo bubasha bukwiye gutuma tuyitinya mu buryo iyo kamere iduha imvo yumvikana yo gutinya Imana, tukagira ka koba n’icubahiro bishika kure twaca ku masonga mu kigabane c’imbere y’iki. Bibiliya itubwira yuko ugutinya mwene ukwo ari “itanguriro ry’ubgenge.” (Zaburi 111:10) Bukwiye no gutuma tutayitinya, mu buryo butaduha imvo n’imwe yo gutinya kuyegera canke kugira isoni zo kuyegera.

18. (a) Ni kubera iki benshi batizigira abantu bari n’ububasha? (b) Tuzi dute yuko Yehova adashobora kwononwa n’ububasha bwiwe?

18 Mu 1887, umutohozakahise w’Umwongereza Lord Acton yanditse ati: “Ububasha burakunda kwonona, kandi ububasha ntayegayezwa buronona mu buryo ntangere.” Amajambo yiwe yarasubiwemwo kenshi, kumbure kubera yuko abantu benshi cane babona ko ari ukuri kudaharirwa. Akenshi abantu b’abanyagasembwa bakoresha nabi ububasha, nk’uko kahise kagiye karavyerekana incuro n’izindi. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Kubera iyo mvo, benshi ntibizigira abari n’ububasha, maze bakabaca kure. Yehova we ni gute? Yehova ari n’ububasha ntayegayezwa. Bwoba bwaratumye yononekara mu buryo na bumwe? Nta na gato! Nk’uko twabibonye, ni uwera, nta kintu na kimwe comwonona. Yehova ntameze nk’abagabo n’abagore b’abanyagasembwa bari n’ububasha muri iyi si yononekaye. Ntiyigeze akoresha nabi ububasha bwiwe, kandi ntazokwigera abukoresha nabi.

19, 20. (a) Yehova yama akoresha ububasha bwiwe yisunze izihe zindi kamere, kandi ni kubera iki ivyo bidusubiriza umutima mu nda? (b) Woshobora kugereranya gute ukwigumya kwa Yehova, kandi ni kubera iki ivyo bigukwegera?

19 Ibuka yuko ububasha atari yo kamere yonyene ya Yehova. Dutegerezwa kandi kwiga ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe n’urukundo rwiwe. Mugabo ntidukwiye kwiyumvira yuko kamere za Yehova zigaragara mu buryo bukomeye kandi butaranga ukwiyumvira nk’aho umengo yagaragaza gusa kamere imwe ukwayo. Ahubwo, mu bigabane bikurikira tuzobona yuko Yehova yama nantaryo akoresha ububasha bwiwe mu buryo buhuje n’ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe, be  n’urukundo rwiwe. Zirikana ku vyerekeye iyindi kamere Imana ifise, kamere y’imbonekarimwe ku bategetsi bo mw’isi. Iyo na yo akaba ari ukwigumya.

20 Niwihe ishusho uhuye n’umugabo munini cane kandi ari n’ububasha ku buryo wumva ujugumiye, ariko rero mu nyuma ukabona yuko afise umutima mwiza. Yama yiteguye, kandi arashashaye gukoresha ububasha bwiwe kugira ngo afashe abantu yongere abakingire, canecane abatagira gitabara n’abakunze kugirirwa nabi. Ntiyigera akoresha nabi inkomezi ziwe. Uramubona ariko aratukwa ahorwa ubusa, yamara akigumya atekereje, yifata rupfasoni mbere no mu buryo burangwa ubuntu. Uribaza nimba woshobora kugaragaza umutima mwiza nk’uwo n’ukwigumya nk’ukwo, na canecane mu gihe woba wari ukomeye nk’uwo mugabo! None mu gihe ushitse ku kumenya mwene uwo mugabo, ntiwotangura kwumva ushatse kumwiyegereza? Turi n’imvo ihambaye kuruta yotuma twiyegereza Mushoboravyose Yehova. Rimbura iryungane ryose umutwe w’iki kigabane ushimikiyeko ari ryo ry’iri: “Uhoraho ateba kuraka, kand’afise ububasha bginshi.” (Nahumu 1:3, ni twe tubihiritse.) Yehova ntiyihutira gukoresha ububasha bwiwe kugira arwanye abantu, naho baba ari ababisha. Ariyoroheje kandi ni umunyabuntu. Yaragaragaje yuko “ateba kuraka” naho yagiye arasomborotswa kenshi.Zaburi 78:37-41.

21. Ni kubera iki Yehova yirinda guhatira abantu ku gukora ivyo agomba, kandi ivyo bitwigisha iki ku bimwerekeye?

 21 Rimbura ukwigumya kwa Yehova mu bundi buryo. Iyo uza kuba wari ufise ububasha ntangere, wiyumvira yuko rimwe na rimwe woshoboye kugira agatima ko guhatira abantu gukora ibintu nk’uko uvyipfuza? Yehova, n’ububasha bwose tuzi afise, ntahatira abantu kumukorera. Naho nyene gukorera Imana ari bwo buryo rudende bujana mu buzima budahera, Yehova ntaduhatira kuri ico gikorwa. Ahubwo, abigiranye ubuntu araha umwumwe wese umwidegemvyo wo guhitamwo. Aratugabisha ku vyerekeye ingaruka zo guhitamwo nabi akanavuga impera ziva ku guhitamwo neza. Mugabo aratureka tukihitiramwo. (Gusubira mu Vyagezwe 30:19, 20) Tubivuze mu buryo butomoye, Yehova ntashimishwa n’umurimo uranguwe ku gahato canke ku gutinya birenze urugero ububasha bwiwe buteye akoba. Arondera abazomukorera n’umutima ukunze, babitumwe n’urukundo.2 Ab’i Korinto 9:7.

22, 23. (a) Ni igiki kigaragaza yuko Yehova ahimbarwa no guha ububasha abandi? (b) Mu kigabane gikurikira tuza kurimbura iki?

22 Reka twihweze imvo ya nyuma ituma bidakenerwa yuko tubaho twiyumvamwo iterabwoba ku biraba Imana Mushoboravyose. Abantu b’abanyabubasha bari n’impengamiro yo gutinya gusangira ububasha n’abandi. Ariko rero, Yehova arahimbarwa no guha ububasha abasavyi biwe b’intahemuka. Arashinga abandi ubukuru. Nk’akarorero, yarabuhaye Umwana wiwe. (Matayo 28:18) Yehova araha kandi ububasha abasavyi biwe mu bundi buryo. Bibiliya isigura iti: “Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ivyawe; . . . mu kuboko kwawe harimw’ububasha n’inkomezi; kandi ni wewe ushobora guha bose icubahiro n’inkomezi.”1 Ngoma 29:11, 12.

23 Egome, Yehova azonezerezwa no kuguha inkomezi. Mbere araha “ubushobozi buhebuje” abashaka kumusukurira. (2 Ab’i Korinto 4:7) None wumva udashaka kwiyegereza iyo Mana y’inkomezi, ikoresha ububasha bwayo muri mwene ubwo buryo burangwa urukundo n’ingingo? Mu kigabane gikurikira, turaza kwibanda ku kuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe mu kurema.

^ ing. 6 Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo ‘Mushoboravyose,’ urudome ku rundi risobanura “Umutware wa Vyose, Uwuri n’Ububasha Bwose.”

^ ing. 15 Bibiliya ivuga yuko ‘Yehova atari muri uwo muyaga, muri ico kinyamugigima, no muri uwo muriro.’ Abasavyi ba Yehova ntibameze cokimwe n’abasaba imana zo mu migani zitirirwa ibidukikije, ntibamuronderera mu nguvu z’ibidukikije. Arahambaye kuruta kure n’iyo, ku buryo atoba mu kintu na kimwe yaremye.1 Abami 8:27.