Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

 IKIGABANE CA 11

Kubera iki hari imibabaro myinshi?

Kubera iki hari imibabaro myinshi?

1, 2. Ni igiki abantu benshi bibaza?

IGIHUHUSI gisize igisagara ari umusaka. Umuntu yitwaje inkoho atanguye kurasagura abantu mu rusengero, bamwe bagakomereka abandi bagapfa. Kanseri irahitanye inabibondo, agasiga abana batanu.

2 Igihe habaye ivyago nk’ivyo, abantu benshi baribaza bati: “Kubera iki?” Benshi baribaza igituma isi yuzuyemwo urwanko n’imibabaro. Nawe woba umaze kuvyibaza?

3, 4. (a) Ni ibibazo ibihe Habakuki yabajije? (b) Yehova yamwishuye gute?

3 Bibiliya iratwereka ko n’abantu bari bafise ukwizera gukomeye, babajije mwene ivyo bibazo. Nk’akarorero, umuhanuzi Habakuki yabajije Yehova ati: “Kubera iki unyereka ibintu bibabaza, ukaguma witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana?”Habakuki 1:3.

4 Muri Habakuki 2:2, 3, haratwereka inyishu Imana yahaye Habakuki n’umuhango yatanze w’uko igiye guhindura ibintu. Yehova arakunda cane abantu. Bibiliya ivuga iti: ‘Arakubabaye.’ (1 Petero 5:7) Kanatsinda, Imana iranka imibabaro kuruta uko twebwe tuyanka. (Yesaya 55:8, 9) Ku bw’ivyo, reka turimbure iki kibazo: Kubera iki kw’isi hari imibabaro myinshi?

 KUBERA IKI HARI IMIBABARO MYINSHI?

5. Abigisha b’amadini benshi bavuga iki ku bijanye n’ingorane zidushikira? Bibiliya yigisha iki?

5 Abapasitori, abapatiri n’abandi bamenyeshamana kenshi bavuga ko iyo umuntu ashikiwe n’ingorane aba ari igomba ry’Imana. Bamwe bavuga ko ibintu vyose bidushikira, ushizemwo n’ivyago, biba ari ivyo Imana yatwandikiye kandi ko tudashobora gutahura igituma. Abandi bavuga ko abantu bapfa kugira baje mw’ijuru kubana n’Imana, ushizemwo n’abana batoyi. Ariko ivyo si vyo. Yehova ntiyigera aduteza ivyago. Bibiliya ivuga iti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!”Yobu 34:10.

6. Kubera iki abantu benshi begeka ku Mana ingorane zose ziba kw’isi?

6 Abantu benshi begeka ku Mana ingorane zose ziba kw’isi kubera bibaza ko ari yo iganza isi. Ariko nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, Shetani ni we mutware w’iyi si.

7, 8. Ni imvo izihe zituma kw’isi haba imibabaro myinshi?

7 Bibiliya itubwira ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Shetani umutware w’iyi si ni umwicanyi. Ni we “azimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:9) Abantu benshi baramwigana. Iyo ni imwe mu mvo zituma isi yose yuzuramwo ububeshi, urwanko n’ubwicanyi.

8 Hariho izindi mvo zituma kw’isi haba imibabaro myinshi. Aho Adamu na Eva bamariye kugarariza, barandukije igicumuro abana babo. Kubera yuko abantu ari abacumuzi, baragirira nabi abandi. Akenshi usanga bashaka kwishira hejuru. Baratata, baraja mu  ntambara bakongera bagatoteza abandi. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Rimwe na rimwe abantu barashikirwa n’imibabaro kubera “ibihe be n’ibishika giturumbuka.” (Umusiguzi 9:11) Abantu barashobora kugira isanganya canke ibindi vyago kubera bihuriranye n’uko bari ahantu izo ngorane zabereye.

9. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko hariho igituma Yehova areka ingorane zikabandanya?

9 Yehova ntiyigera aduteza ivyago. Si we ateza intambara, ubwicanyi n’agatotezo. Imana si yo ituma haba ivyago nka vya nyamugigima, ibihuhusi n’imyuzure. Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Ko Yehova ata n’umwe banganya ububasha kw’isi no mw’ijuru, kubera iki atabuza izo ngorane ngo ntizibe?’ Turazi ko Imana itwitwararika cane. Hategerezwa rero kuba hariho igituma ireka izo ngorane zikabandanya.1 Yohani 4:8.

IGITUMA IMANA IREKA TUGASHIKIRWA N’IMIBABARO

10. Ni ibiki Shetani yagirije Yehova?

10 Shetani yarahenze Adamu na Eva muri rya tongo rya Edeni. Yagirije Imana ko ari Umutware mubi. Yavuze ko Imana yimye Adamu na Eva ibintu vyiza. Shetani yashaka ko Adamu na Eva bemera yuko ari we yobatwara neza gusumba Yehova kandi ko badakeneye Imana.Itanguriro 3:2-5; raba akajambo ko ku mpera ka 27.

11. Ni ikibazo ikihe dukeneye kuronkera inyishu?

11 Adamu na Eva baragambarariye Yehova maze baramugarariza. Biyumviriye ko bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi. None Yehova yari kwerekana gute ko abo bagarariji bari bihenze be n’uko ari we azi icotubera ciza?

12, 13. (a) Kubera iki Yehova ataciye yica Adamu na Eva? (b) Kubera iki Yehova yaretse Shetani agatwara isi, akareka n’abantu bakitegeka?

 12 Yehova ntiyaciye yica Adamu na Eva. Yarabaretse baribaruka abana. Gutyo, Yehova yari ahaye abakomoka kuri Adamu na Eva akaryo ko kwihitiramwo uwobabera umutware. Yehova yari afise umugambi w’uko isi yuzurako abantu batunganye. Uwo mugambi wari kuranguka naho Shetani yari yagerageje kuwutoba.Itanguriro 1:28; Yesaya 55:10, 11.

13 Shetani yarwanije Yehova imbere y’abamarayika amamiliyoni. (Yobu 38:7; Daniyeli 7:10) Ku bw’ivyo, Yehova yarahaye Shetani umwanya wo kwerekana nimba ivyo yamwagirije ari vyo. Yarahaye kandi abantu umwanya wo kwishiriraho intwaro zabo bayobowe na Shetani kugira berekane ko boshobora kuroranirwa Imana itabafashije.

14. Ni ibiki vyagaragaye?

14 Haraheze imyaka ibihumbi abantu bagerageza kwitegeka, ariko vyarabataye ku w’amazi. Vyaragaragaye ko Shetani ari umubeshi. Abantu barakeneye gufashwa n’Imana. Ivyo umuhanuzi Yeremiya yavuze ni ukuri kuzima. Yavuze ati: “Ewe Yehova, ndazi neza yuko inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu atari iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”Yeremiya 10:23.

IGITUMA YEHOVA ATARAKURAHO IMIBABARO

15, 16. (a) Kubera iki Yehova yaretse abantu bakamara igihe kirekire bari mu mibabaro? (b) Kubera iki Yehova adaca atorera umuti ingorane ziterwa na Shetani?

15 Kubera iki Yehova yaretse abantu bakamara igihe kirekire bari mu mibabaro? Kubera iki atazitangira ngo  ntizishike? Vyarafashe igihe kugira biboneke ko intwaro ya Shetani yananiwe. Abantu baragerageje intwaro zitandukanye, ariko nta cavuyemwo. Akarenganyo, ubukene, ubwicanyi n’intambara biguma vyongerekana naho abantu bateye imbere mu vy’ubuhinga. Ntidushobora kwitegeka neza tudafashijwe n’Imana.

16 Yamara rero, Yehova ntaca atorera umuti ingorane ziterwa na Shetani. Hamwe yobigira, yoba ariko arashigikira ubutegetsi bwa Shetani, kandi ivyo ntazokwigera abikora. N’ikindi kandi, abantu boca biyumvira yuko bashoboye kwitegeka. Ariko ivyo si vyo, kandi Yehova ntiyokwigera akora ikintu na kimwe cotuma biyumvira ko bashoboye kwitegeka. Ntiyigera abesha.Abaheburayo 6:18.

17, 18. Yehova azokora iki ku bijanye n’amabi yose Shetani yateje?

17 None Yehova yoba ashoboye gukuraho amabi yose yatewe n’ubugarariji bwa Shetani hamwe n’abantu? Ego cane. Ku Mana vyose birashoboka. Yehova arazi igihe vya birego vya Shetani vyose bizoba vyishuwe neza. Ico gihe, azoca ahindura isi iparadizo nk’uko vyari mu mugambi wiwe. Abari “mu mva” bose bazozuka. (Yohani 5:28, 29) Abantu ntibazosubira kurwara canke gupfa. Yezu azokuraho amabi yose yatewe na Shetani. Yehova azokoresha Yezu kugira “asambure ibikorwa vya Shetani.” (1 Yohani 3:8) Turakenguruka kubona Yehova yaratwihanganiye tukamumenya tukongera tugahitamwo ko atubera Umutware. (Soma 2 Petero 3:9, 10.) N’igihe dushikiwe n’ingorane, aradufasha kuzihanganira.Yohani 4:23; soma 1 Abakorinto 10:13.

18 Yehova ntaduhata ngo twemere ko atubera Umutware. Yaraduhaye ingabire y’uburenganzira bwo kwihitiramwo.  Reka turabe akamaro k’iyo ngabire y’agaciro.

UZOKORESHA GUTE UBURENGANZIRA BWO KWIHITIRAMWO?

19. Ni ingabire nziza cane iyihe Yehova yaduhaye? Kubera iki dukwiye kuyikenguruka?

19 Ingabire nziza cane Yehova yaduhaye y’uburenganzira bwo kwihitiramwo iradutandukanya cane n’ibikoko. Ibikoko bigenza itima, ariko twebwe turashobora kwihitiramwo ukuntu tubaho. Turashobora kandi guhitamwo guhimbara Yehova. (Imigani 30:24) Vyongeye, ntitumeze nk’imashini ikora gusa ivyo yagenewe. Turafise uburenganzira bwo guhitamwo uko dushaka kumera, abo twogira abagenzi hamwe n’ukuntu twokoresha ubuzima bwacu. Yehova ashaka ko duhimbarirwa ubuzima.

20, 21. Ni ikintu ciza ikihe wohitamwo?

20 Yehova yipfuza ko tumukunda. (Matayo 22:37, 38) Ameze nk’umuvyeyi ahimbarwa no kubona umwana wiwe amwereka ko amukunda, akabigira abikuye ku mutima, ata wamuhase. Yehova yaraduhaye uburenganzira bwo guhitamwo kumukorera canke kutamukorera. Shetani, Adamu na Eva bahisemwo gutera akagere Yehova. None wewe uzokoresha gute uburenganzira bwawe bwo kwihitiramwo?

21 Nuhitemwo gukorera Yehova. Hariho abandi bantu amamiliyoni bahisemwo guhimbara Imana aho guhimbara Shetani. (Imigani 27:11) Ni ibiki wokora ubu kugira uzobe uri mw’isi nshasha igihe Imana izoba yakuyeho imibabaro yose? Ikigabane gikurikira kirishura ico kibazo.