Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

Utujambo two ku mpera

Utujambo two ku mpera

1 YEHOVA

Izina ry’Imana ni Yehova, bikaba vyiyumvirwa ko risobanura ngo “Atuma biba.” Yehova ni Imana Mushoboravyose, kandi ni we yaremye vyose. Arafise ububasha bwo gukora ikintu cose ashatse.

Mu giheburayo, izina ry’Imana ryandikwa mu ndome zine. Mu kirundi ryaturwa ngo Yehova. Mu gisomwa ca Bibiliya co mu giheburayo co mu ntango, izina ry’Imana riboneka nk’incuro 7.000. Hirya no hino kw’isi, abantu batura iryo zina mu buryo butandukanye bivanye n’ururimi rwabo.

Ikig. 1, ing. 15

2 BIBILIYA “[YA]HUMETSWE N’IMANA”

Bibiliya ikomoka ku Mana, ariko Imana yakoresheje abantu mu kuyandika. Ni nka kurya umutama yosaba umwuzukuru wiwe ngo amwandikire ikete. Imana yarakoresheje impwemu yayo nyeranda mu kuyobora abanditse Bibiliya kugira bandike ivyiyumviro vyayo. Impwemu y’Imana yabayoboye mu buryo butandukanye, nko mu kubereka ibintu mu ndoto, na bo bagaca bavyandika.

Ikig. 2, ing. 5

3 INGINGO NGENDERWAKO

Ni inyigisho zo muri Bibiliya zisigura ukuri kw’ishimikiro. Nk’akarorero, ingingo ngenderwako ivuga ngo “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza,” iratwigisha ko abo tugendana bashobora kutugirako ingaruka mbi canke nziza. (1 Abakorinto 15:33) Iyivuga ngo “ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura,” iratwigisha ko tudashobora guhunga ingaruka z’ivyo dukora.Abagalatiya 6:7.

Ikig. 2, ing. 12

  4 UBUHANUZI

Ni ubutumwa buva ku Mana. Bushobora kuba ari inyigisho yerekana ukuntu twokwigenza, ibwirizwa, urubanza canke uguhishura ivyo Imana igomba. Burashobora kandi kuba ari ubutumwa buvuga ibizoba muri kazoza. Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi bumaze kuranguka.

Ikig. 2, ing. 13

5 UBUHANUZI BWEREKEYE MESIYA

Yezu ni we yashikije ubuhanuzi bwinshi buvugwa muri Bibiliya bwerekeye Mesiya. Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya.”

Ikig. 2, ing. 17, akajambo k’epfo

 

6 UMUGAMBI YEHOVA AFITIYE ISI

Yehova yaremye isi ngo ibe iparadizo ibako abantu bamukunda. Umugambi wiwe ntiwahindutse. Vuba, Imana igiye gukuraho ubukozi bw’ikibi maze ihe ubuzima budahera abasavyi bayo.

Ikig. 3, ing. 1

7 SHETANI UMUBESHERANYI

Shetani ni umumarayika yatanguye kugarariza Imana. Yitwa Shetani (bisobanura “Umurwanizi”) kubera ko arwanya Yehova. Yitwa kandi Umubesheranyi. Yahawe iryo zina kubera ko abeshera Imana kandi agahenda abantu.

Ikig. 3, ing. 4

  8 ABAMARAYIKA

Yehova yaremye abamarayika imbere cane y’uko arema isi. Baremwe ngo babe mw’ijuru. Hari abamarayika barenga imiliyoni ijana. (Daniyeli 7:10) Barafise amazina kandi ntibateye kumwe. Kubera yuko bicisha bugufi, Abamarayika b’intahemuka ntibemera ko abantu babasenga. Bagabuye mu mice itandukanye kandi bafise ibikorwa bitandukanye. Muri ivyo harimwo gukorera imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova, gushikiriza ubutumwa bwiwe, gukingira no kuyobora abasavyi biwe bo kw’isi, gushitsa imanza ziwe no gushigikira igikorwa co kuvuga inkuru nziza. (Zaburi 34:7; Ivyahishuwe 14:6; 22:8, 9) Muri kazoza, bazofadikanya na Yezu mu kurwana ya ntambara ya Harumagedoni.Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:14, 15.

Ikig. 3, ing. 5; Ikig. 10, ing. 1

9 IGICUMURO

Ni ikintu cose twiyumvira canke dukora kinyuranye n’ivyo Yehova agomba. Yehova yaraduhaye amategeko n’ingingo ngenderwako biturinda gucumura n’ibigirankana, kubera yuko igicumuro conona ubucuti dufitaniye na we. Mu ntango, ivyo Yehova yaremye vyose vyari bitunganye. Ariko igihe Adamu na Eva bahitamwo kugambararira Yehova, baracumuye baca bacika abadatunganye. Barashaje hanyuma barapfa. Kubera ko baturaze igicumuro, na twebwe turasaza hanyuma tugapfa.

Ikig. 3, ing. 7; Ikig. 5, ing. 3

10 HARUMAGEDONI

Ni intambara y’Imana yo gukuraho isi ya Shetani n’ububisha bwose.

Ikig. 3, ing. 13; Ikig. 8, ing. 18

 11 UBWAMI BW’IMANA

Ni intwaro Yehova yashinze mw’ijuru. Yezu Kristu ni we Mwami wabwo. Muri kazoza, Yehova azokoresha ubwo Bwami mu gukuraho ububisha bwose. Ubwami bw’Imana buzotegeka isi yose.

Ikig. 3, ing. 14

12 YEZU KRISTU

Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema ibindi bintu vyose. Yehova yararungitse Yezu kw’isi kugira apfire abantu bose. Yezu yarishwe hanyuma Yehova aramuzura. Ubu Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana mw’ijuru.

Ikig. 4, ing. 2

13 UBUHANUZI BW’AMAYINGA 70

Bibiliya yari yaravuze igihe Mesiya yobonekeyeko. Yobonetse haciye ikiringo c’amayinga 69. Ico kiringo catanguye mu mwaka wa 455 M.K. kirangira mu mwaka wa 29 N.K. *

Tuzi gute ko carangiye mu 29 inyuma ya Kristu? Ayo mayinga 69 yatanguye mu 455 imbere ya Kristu igihe Nehemiya yashika i Yeruzalemu maze agasubira kwubaka ico gisagara. (Daniyeli 9:25; Nehemiya 2:1, 5-8) Ijambo “iyinga” rica ritwibutsa igitigiri 7. Amayinga avugwa muri ubu buhanuzi si amayinga agizwe n’imisi indwi, ahubwo ni amayinga agizwe n’imyaka indwi, twisunze ubuhanuzi buvuga ko “umusi uhwana n’umwaka.” (Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6) Ivyo bisobanura ko iyinga rimwe ringana n’imyaka indwi, amayinga 69 na yo akangana n’imyaka 483 (69 x 7). Duharuye imyaka 483 kuva mu 455 imbere ya Kristu bidushikana ku mwaka wa 29 inyuma ya Kristu. Uwo ni wo mwaka nyene Yezu yabatijwemwo aca aba Mesiya!Luka 3:1, 2, 21, 22.

 Ubwo buhanuzi nyene bwaravuze ibijanye n’irindi yinga, ni ukuvuga iyindi myaka indwi. Muri ico kiringo, ni ukuvuga mu mwaka wa 33 inyuma ya Kristu, Mesiya yokwishwe. Kuva mu 36 na ho, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe mu mahanga yose, atari mu Bayuda gusa.Daniyeli 9:24-27.

Ikig. 4, ing. 7

 14 INYIGISHO Y’IKINYOMA Y’UBUTATU

Bibiliya yigisha ko Yehova Imana ari we Muremyi be n’uko yaremye Yezu imbere y’ibindi bintu vyose. (Abakolosayi 1:15, 16) Yezu si Imana Mushoboravyose. Ntiyigeze avuga ko angana n’Imana. Ahubwo yavuze ati: ‘Data aranduta.’ (Yohani 14:28; 1 Abakorinto 15:28) Ariko hari amadini yigisha Ubutatu, akavuga ko Imana igizwe n’abaperesona batatu: Data, na Mwana, na Mutima mweranda ari yo mpwemu nyeranda. Ijambo “Ubutatu” ntiriboneka muri Bibiliya. Iyo ni inyigisho y’ikinyoma.

Impwemu nyeranda ni inguvu z’Imana, ububasha butaboneka ikoresha mu gushitsa ivyo igomba. Si umuntu. Nk’akarorero, abakirisu bo mu ntango ‘barujujwe impwemu nyeranda.’ Vyongeye, Yehova yavuze ati: “Nzosuka igice c’impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose.”Ivyakozwe 2:1-4, 17.

Ikig. 4, ing. 12; Ikig. 15, ing. 17

15 UMUSARABA

Abakirisu b’ukuri ntibakoresha umusaraba mu gusenga. Kubera iki?

  1.  Umusaraba uramaze igihe kirekire ukoreshwa n’amadini y’ikinyoma. Kera wakoreshwa mu vyo gusenga ibidukikije no mu mihamuro y’abapagani ijanye n’ivy’igitsina. Abakirisu batanguye gukoresha umusaraba haciye imyaka 300 Yezu apfuye. Umwami w’Umuroma Konsitantino ni we yashinze ko umusaraba uba ikimenyetso kiranga abakirisu. Ico kimenyetso cari gifise intumbero yo gutuma abapagani bahurumbira ubukirisu. Ariko umusaraba nta sano na rimwe ufitaniye na Yezu Kristu. Igitabu kimwe kivuga giti: “Umusaraba warakoreshwa mu mico kama y’abantu b’imbere y’ubukirisu no mu mico kama y’abatari abakirisu.”—The New Catholic Encyclopedia.

  2.    Yezu ntiyapfiriye ku musaraba. Amajambo y’ikigiriki ahindurwa ngo “umusaraba” mu bisanzwe asigura “urumambo,” “urubaho” canke “igiti.” Bibiliya imwe (The Companion Bible) ivuga iti: “Mu rurimi rw’ikigiriki rwo [mw’Isezerano Rishasha], nta ciyumviro na kimwe cerekeye imbaho zibiri kirimwo.” Yezu yapfiriye ku giti gihagaze.

  3.  Yehova ntashaka ko dukoresha ibishusho mu gusenga.Kuvayo 20:4, 5; 1 Abakorinto 10:14.

Ikig. 5, ing. 12

16 ICIBUTSO

Yezu yategetse abigishwa biwe guhimbaza Icibutso c’urupfu rwiwe. Bama babigira buri mwaka ku wa 14 Nisani, ya tariki nyene Abisirayeli bahimbarizako Pasika. Ku Cibutso haratemberezwa umukate n’umuvinyu, bikaba bigereranya umubiri wa Yezu n’amaraso yiwe. Abazofashanya na Yezu gutegeka mw’ijuru bararya kuri uwo mukate bakanywa no ku muvinyu. Abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera baritaba Icibutso ariko ntibarya kuri uwo mukate canke ngo banywe ku muvinyu.

Ikig. 5, ing. 21

17 IMIZIMU

Abantu benshi bemera ko iyo umuntu apfuye hari ikintu kitaboneka gisigara; ni co bita umuzimu. Bemera ko umuzimu ushobora gufasha abakiriho canke ukabagirira nabi.

Bibiliya ntivuga ko hari ikintu kitaboneka gisigara iyo umuntu apfuye. Ahubwo iratomora ko iyo umuntu apfuye ata kintu na kimwe aba agishoboye gukora. Ivuga iti: ‘Abazima barazi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba. Vyongeye, urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo vyaramaze gushira, kandi nta mugabane bagifise gushika igihe kitagira urugero mu kintu na kimwe kibwirizwa gukorwa munsi y’izuba. Nta gikorwa, canke  umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu.’ (Umusiguzi 9:5, 6, 10) Bibiliya ivuga kandi ko iyo umuntu apfuye ‘asubira mu butaka; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.’Zaburi 146:4.

Bibiliya iratomora neza ko umuntu apfa agahera. Abapfuye ntibashobora gufasha abakiriho canke kubagirira nabi.

Ikig. 6, ing. 5; Ikig. 15, ing. 17

18 IMPWEMU

Amajambo y’igiheburayo n’ikigiriki ahindurwa muri Bibiliya y’isi nshasha y’ikirundi ngo “impwemu” ashobora gusigura ibintu bitandukanye. Ariko rero, yama yerekeza ku kintu umuntu adashobora kubona, nk’umuyaga canke impwemu abantu n’ibikoko bihumeka. Ayo majambo arashobora kandi kwerekeza ku biremwa vy’impwemu no ku mpwemu nyeranda, ari yo nguvu Imana ikoresha. Bibiliya ntiyigisha ko hari ikintu kitaboneka gisigara iyo umuntu apfuye.Kuvayo 35:21; Zaburi 104:29; Matayo 12:43; Luka 11:13.

Ikig. 6, ing. 5; Ikig. 15, ing. 17

19 GEHENA (GEHINOMU)

Gehena ni izina ry’umubande wari hafi ya Yeruzalemu batuririramwo umwavu. Nta kintu na kimwe cerekana ko mu gihe ca Yezu ibikoko canke abantu vyaturirirwa muri uwo mubande bikiri bizima. Ku bw’ivyo, Gehena si ikibanza kitaboneka kirimwo umuriro abantu bapfuye bababarizwamwo ibihe bidahera. Igihe Yezu yavuga ivy’abantu batererwa muri Gehena, yashaka kuvuga ko barandurwa ubutagisubira kubaho.Matayo 5:22; 10:28.

Ikig. 7, ing. 20

 20 IGISABISHO CA DAWE WA TWESE

Iryo ni isengesho Yezu yavuze igihe yariko arigisha abigishwa biwe gusenga. Nk’akarorero, Yezu yatwigishije gusenga duti:

  • “Izina ryawe niryezwe”

    Tuba dusavye Yehova ngo akureho iceyi cose izina ryiwe ryasizwe. Ivyo bizotuma abo mw’ijuru no kw’isi bose batera iteka izina ry’Imana kandi bakaryubaha.

  • “Ubwami bwawe nibuze”

    Tuba dusavye ko intwaro y’Imana yokuraho iyi si ya Shetani, ikaganza isi kandi igatuma iba iparadizo.

  • “Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi”

    Tuba dusavye ko umugambi Imana ifitiye isi uranguka, kugira ngo abantu bagamburuka kandi batunganye babe mw’iparadizo ibihe bidahera, nk’uko nyene Yehova yabishaka igihe yarema abantu.

Ikig. 8, ing. 2

21 INCUNGU

Yehova yaratanze incungu kugira akize abantu icaha n’urupfu. Incungu ni ikiguzi cari gikenewe kugira kirihe ubuzima butunganye Adamu yatakaje no kugira abantu basubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Imana yararungitse Yezu kw’isi kugira apfire abacumuzi bose. Urupfu rwa Yezu rutuma abantu bose baronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera batagira akanenge.

Ikig. 8, ing. 21; Ikig. 9, ing. 13

22 1914 NI UMWAKA UDASANZWE

Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli ikigabane ca 4 bwerekana ko Imana yoshinze Ubwami bwayo mu 1914.

Ubwo buhanuzi: Biciye ku ndoto, Yehova yareretse Umwami Nebukadinezari igiti kinini cari ciciwe. Muri iyo ndoto,  igishitsi c’ico giti caraboheshejwe imigozi y’icuma n’iy’umujumpu kugira ntigisubire kunaga mu kiringo c’“ibihe indwi.” Inyuma y’ico kiringo, ico giti cosubiriye kunaga.Daniyeli 4:1, 10-16.

Ico busobanura: Ico giti kigereranya ubutegetsi bw’Imana. Yehova yaramaze imyaka myinshi akoresha abami b’i Yeruzalemu mu kuganza ihanga rya Isirayeli. (1 Ngoma 29:23) Ariko abo bami barahemutse, ubutegetsi bwabo buca burahagarara. Yeruzalemu yaratikijwe mu 607 imbere ya Kristu. Ca kiringo c’“ibihe indwi” cari gitanguye. (2 Abami 25:1, 8-10; Ezekiyeli 21:25-27) Igihe Yezu yavuga ngo “Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe vy’amahanga birangutse,” yariko yerekeza kuri ivyo “bihe indwi.” (Luka 21:24) Ivyo “bihe indwi” rero ntivyarangiye igihe Yezu yari kw’isi. Yehova yasezeranye ko yociye yimika Umwami ivyo “bihe indwi” birangiye. Ubutegetsi bw’uwo Mwami mushasha, ari we Yezu, bwozaniye abasavyi b’Imana bo kw’isi yose imihezagiro myinshi, ibihe bidahera.Luka 1:30-33.

Ingene ivyo “bihe indwi” bireha: Ivyo “bihe indwi” bingana n’imyaka 2.520. Duharuye imyaka 2.520 kuva mu 607 imbere ya Kristu, dushika mu mwaka wa 1914. Ico gihe ni ho Yehova yimika Yezu Kristu ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana mw’ijuru.

None iyo myaka 2.520 ivuye he? Bibiliya ivuga ko ibihe bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260. (Ivyahishuwe 12:6, 14) “Ibihe indwi” rero bica bingana n’imisi 1.260 x 2, ni ukuvuga imisi 2.520. Imisi 2.520 ingana n’imyaka 2.520 twisunze ubuhanuzi buvuga ko “umusi uhwana n’umwaka.”Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6.

Ikig. 8, ing. 23

 23 MIKAHELI WA MUMARAYIKA MUKURU

Bibiliya ivuga ko hari umumarayika mukuru umwe gusa, akaba yitwa Mikaheli.Daniyeli 12:1; Yuda 9.

Mikaheli ni we Kizigenza w’ingabo z’Imana zigizwe n’abamarayika b’intahemuka. Mu Vyahishuwe 12:7 havuga hati: “Mikaheli n’abamarayika biwe barwana na ca gisato . . . n’abamarayika baco.” Igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko Kizigenza w’ingabo z’Imana ari Yezu. Mikaheli rero ni irindi zina rya Yezu.Ivyahishuwe 19:14-16.

Ikig. 9, ing. 4

24 IMISI YA NYUMA

Iyo mvugo yerekeza ku kiringo cobayemwo ibintu bikomeye ng’aha kw’isi imbere gatoyi y’uko Ubwami bw’Imana bukuraho isi ya Shetani. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burakoresha izindi mvugo zisa n’iyo mu kwerekeza kuri ico kiringo nyene. Nk’akarorero, burakoresha imvugo ngo “insozero y’ivy’isi” hamwe n’“ukuhaba kw’Umwana w’umuntu.” (Matayo 24:3, 27, 37) “Imisi ya nyuma” yatanguye igihe Ubwami bw’Imana bwatangura kuganza mw’ijuru mu 1914. Izorangira isi ya Shetani niyakurwaho kuri Harumagedoni.2 Timoteyo 3:1; 2 Petero 3:3.

Ikig. 9, ing. 5

25 IZUKA

Bavuga ko umuntu azutse igihe yari yarapfuye maze Imana ikamusubiza ubuzima. Bibiliya iravuga abantu icenda bazuwe. Abo Imana yakoresheje mu kuzura abo bantu ni Eliya, Elisha, Yezu, Petero na Paulo. Yehova asezerana ko azozura “abagororotsi n’abatari abagororotsi” kugira babe kw’isi. (Ivyakozwe 24:15) Bibiliya kandi iravuga ko hari abazukira kuba mw’ijuru. Ni abo Imana yatoye ngo bazoganze  bari kumwe na Yezu mw’ijuru.Yohani 5:28, 29; 11:25; Abafilipi 3:11; Ivyahishuwe 20:5, 6.

Ikig. 9, ing. 13

26 UBUPFUMU

Ubupfumu ni ukugerageza kwivuganira n’amadayimoni canke kuvugana na yo biciye ku wundi muntu, nk’umupfumu. Abaja mu vy’ubupfumu babigira kubera bemera inyigisho y’ikinyoma ivuga ko hariho imizimu y’abapfuye ifise ububasha bukomeye. Amadayimoni kandi aragerageza kwosha abantu ngo bagambararire Imana. Ukuragura, maji, ukuroga, kwemera ibintazi hamwe n’ubundi bubasha nsigabwenge na vyo nyene birafitaniye isano n’ubupfumu. Ibitabu vyinshi, amasenema, amakarata, ibicapo barabirako ibizoshikira umuntu (horoscopes), mbere n’indirimbo usanga vyerekana ko maji, amadayimoni n’amageza ari ibintu biryoshe kandi ata co bitwaye. Imigenzo myinshi ijanye n’abapfuye, nko kubashikanira ibimazi, imigenzo ijanye n’amaziko, ibirori vyo kwibuka abapfuye n’imanza zijanye n’abapfuye, na yo nyene irafitaniye isano n’amadayimoni. Akenshi abantu barafata ibiyayuramutwe iyo bagomba gukoresha ububasha bw’amadayimoni.Abagalatiya 5:20; Ivyahishuwe 21:8.

Ikig. 10, ing. 10; Ikig. 16, ing. 4

27 YEHOVA NI WE SEGABA

Yehova ni Imana Mushoboravyose, kandi ni we yaremye ibiriho vyose. (Ivyahishuwe 15:3) Ni co gituma ari we aganza vyose akaba na we Segaba, ni ukuvuga ko afise ubukuru ntayegayezwa bwo gutegeka ivyaremwe vyose. (Zaburi 24:1; Yesaya 40:21-23; Ivyahishuwe 4:11) Yarashingiye amategeko ibintu vyose yaremye. Yehova kandi arafise ububasha bwo kugena abandi ngo bategeke. Igihe  dukunda Yehova kandi tukamugamburukira, tuba twerekanye ko twemera yuko ari we Segaba.1 Ngoma 29:11.

Ikig. 11, ing. 10

28 GUKORORA INDA

Ugukorora inda ni ukwica n’ibigirankana umwana ataravuka. Si ikintu kiba bitumwe n’isanganya canke ingorane umuntu asanganywe mu mubiri. Kuva habaye agasamo, umwana ntaba ari ikindi gihimba c’umubiri wa nyina wiwe. Aba ari uwundi muntu yikwiye.

Ikig. 13, ing. 5

29 GUTERWA AMARASO

Ni ubuhinga bw’ukuvura aho umurwayi aterwa amaraso y’uwundi muntu canke amaraso yabitswe. Ashobora kuba ari amaraso yose uko yakabaye canke kimwe mu bihimba bine nyamukuru bigize amaraso. Ivyo bihimba ni plasma, utugingo ngengabuzima dutukura, utugingo ngengabuzima twera hamwe n’ivyitwa plaquettes.

Ikig. 13, ing. 13

30 GUTOZA INDERO

Muri Bibiliya, ijambo “indero” ntirisobanura gusa igihano. Gutozwa indero birimwo ugucishwa ubwenge, kwigishwa no gukosorwa. Yehova ntiyigera akavya igihe atoza indero. (Imigani 4:1, 2) Yehova ni akarorero keza abavyeyi bokwigana. Atoza indero mu buryo bwiza ku buryo uwo ayitoje asigara ayikunda. (Imigani 12:1) Yehova arakunda abasavyi biwe akongera akabigisha. Inyigisho abaha irabogora ivyiyumviro vyabo kandi ikabafasha kwiyumvira no gukora ibintu bimuhimbara. Ku bavyeyi, gutoza indero abana babo  birimwo kubafasha gutahura igituma bakwiye kugamburuka. Birimwo kandi kubigisha gukunda Yehova n’Ijambo ryiwe Bibiliya no gutahura ingingo ngenderwako ziri muri ryo.

Ikig. 14, ing. 13

31 AMADAYIMONI

Ni ibiremwa vy’impwemu bitaboneka. Birakora ikibi kandi bifise ububasha burengeye ubw’abantu. Amadayimoni ni abamarayika babi. Babaye babi igihe bagambararira Imana bagaca bacika abansi bayo. (Itanguriro 6:2; Yuda 6) Barifatanije na Shetani mu kugarariza Yehova.Gusubira mu vyagezwe 32:17; Luka 8:30; Ivyakozwe 16:16; Yakobo 2:19.

Ikig. 16, ing. 4

^ ing. 40 M.K. bisobanura imbere ya Kristu, N.K. inyuma ya Kristu.