Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

 IKIGABANE CA 3

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?

1. Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?

IMANA ifitiye abantu umugambi mwiza cane. Yaremye umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva kugira babe mw’itongo ry’akaroruhore. Yashaka ko bibaruka abana, bagahindura isi yose ikaba iparadizo bakongera bakabungabunga ibikoko.Itanguriro 1:28; 2:8, 9, 15; raba akajambo ko ku mpera ka 6.

2. (a) Ni igiki kitwereka ko Imana izoshitsa umugambi wayo? (b) Imana ishaka ko isi ibako abantu bameze gute, kandi mu kiringo kingana iki?

2 Woba wibaza ko tuzokwigera tuba mw’iparadizo? Yehova avuga ati: “Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa.” (Yesaya 46:9-11; 55:11) Emwe, azoshitsa umugambi wiwe kandi nta na kimwe kizomutangira. Yehova avuga ko yaremye isi ku bw’umugambi kanaka. ‘Ntiyayiremeye ubusa gusa.’ (Yesaya 45:18) Ashaka ko isi yose ibako abantu. None Imana ishaka ko isi ibako abantu bameze gute, kandi mu kiringo kingana iki? Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi [canke, abagamburuka] bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zaburi 37:29; Ivyahishuwe 21:3, 4.

3. Ko turwara kandi tugapfa, ni ibibazo ibihe umuntu aca yibaza?

3 Ariko muri iki gihe abantu bararwara kandi bagapfa. Mu mihingo myinshi, abantu bararwana kandi bakicana. Emwe, ivyo si vyo Imana yashaka. None ni igiki cabaye? Ni kubera iki umugambi w’Imana utarangutse? Bibiliya yonyene ni yo ishobora kutwishura.

 UMWANSI W’IMANA

4, 5. (a) Ni nde yavuganye na Eva akoresheje inzoka muri Edeni? (b) Umuntu ameze neza ashobora gute gucika igisuma?

4 Bibiliya iratubwira ko Imana ifise umwansi “yitwa Mubesheranyi na Shetani.” Shetani yarakoresheje inzoka mu kuvugana na Eva mw’itongo rya Edeni. (Ivyahishuwe 12:9; Itanguriro 3:1) Yagize nk’aho umengo inzoka ni yo iriko iravuga.—Raba akajambo ko ku mpera ka 7.

5 None Imana yoba ari yo yaremye Shetani? Oya! Umwe mu bamarayika bari mw’ijuru igihe Imana yategurira isi Adamu na Eva yarahindutse acika Shetani. (Yobu 38:4, 7) Ivyo vyashobotse gute? None bigenda gute ngo umuntu yari ameze neza acike igisuma? Ntaba yavutse ari igisuma. Ahubwo atangura kwipfuza ikintu kitari rwiwe. Iyo agumye aciyumvira, ico cipfuzo kibi kirakomera. Mu nyuma aronse akaryo, aca yiba ico kintu. Ni we aba yigize umusuma.—Soma Yakobo 1:13-15; raba akajambo ko ku mpera ka 8.

6. Umumarayika yacitse gute umwansi w’Imana?

6 Ivyo ni vyo vyashikiye uwo mumarayika. Yehova amaze kurema Adamu na Eva, yababwiye ngo bavyare abana kandi ‘buzure isi.’ (Itanguriro 1:27, 28) Uwo mumarayika ashobora kuba yiyumviriye ati: ‘Abo bantu bose boshobora kunsenga aho gusenga Yehova!’ Uko yaguma avyiyumvira, ni ko yaguma yipfuza ukwo gusengwa kwari kugenewe Yehova. Uwo mumarayika yashaka ko abantu bamusenga. Yaciye ahenda Eva. (Soma Itanguriro 3:1-5.) Ico gihe yaciye aba Shetani, umwansi w’Imana.

7. (a) Kubera iki Adamu na Eva bapfuye? (b) Kubera iki dusaza kandi tugapfa?

7 Adamu na Eva baragambarariye Imana maze bararya  icamwa yari yarababujije. (Itanguriro 2:17; 3:6) Baracumuye kuri Yehova maze mu nyuma barapfa, nk’uko nyene Yehova yari yarababwiye. (Itanguriro 3:17-19) Abakomoka kuri Adamu na Eva na bo nyene barabaye abacumuzi, kikaba ari co gituma bapfa. (Soma Abaroma 5:12.) Raba akarorero kadufasha gutahura ingene abakomoka kuri Adamu na Eva na bo nyene babaye abacumuzi. Dufate ko uriko urafyatura amatafari ukoresheje iforoma ihengamye. Amatafari ufyatura na yo nyene aca aza ahengamye. Igihe Adamu yagambararira Imana yaciye aba umucumuzi. Kubera ko dukomoka kuri Adamu, twese turi abacumuzi nka we. Ku bw’ivyo, twese turasaza kandi tugapfa.Abaroma 3:23; raba akajambo ko ku mpera ka 9.

8, 9. (a) Shetani yashaka ko Adamu na Eva bemera iki? (b) Kubera iki Yehova ataciye yica abo bagarariji?

8 Igihe Shetani yosha Adamu na Eva ngo bagambararire Yehova, yari atanguje ubugarariji. Yashaka ko Adamu na Eva bemera ko Yehova ari umubeshi, ko ari umutware mubi atabipfuriza ineza. Shetani yashatse kwerekana ko abantu badakeneye yuko Imana ibategeka ico bakwiye gukora, be n’uko Adamu na Eva bari bakwiye kwihitiramwo iciza n’ikibi. None Yehova yari gukora iki? Yari gushobora guca yica abo bagarariji, ubugarariji bwabo bugaca bugarukira aho. Ariko none, ivyo vyoba vyari kwerekana ko Shetani ari umubeshi? Habe namba.

9 Ku bw’ivyo, Yehova ntiyaciye yica abo bagarariji. Ahubwo, yararetse abantu baramara igihe bitegeka. Ivyo vyokwerekanye neza ko Shetani ari umubeshi be n’uko Yehova azi icobera ciza abantu. Tuzobona vyinshi kuri ivyo mu kigabane ca 11. Wewe ubona  gute ingingo Adamu na Eva bafashe? Boba bari bakwiye kwemera ivyo Shetani ababwiye maze bakagambararira Imana? Yehova ni we yari yarahaye Adamu na Eva ibintu vyose bari bafise. Yari yarabahaye ubuzima butagira akanenge, ahantu heza cane ho kuba be n’igikorwa  ciza cane. Ariko Shetani nta ciza na kimwe yari bwigere abakorera. Iyaba ari wewe wari gukora iki?

10. Ni ihitamwo rihambaye irihe umwe wese ategerezwa kugira?

10 Muri iki gihe, twese dutegerezwa kugira ihitamwo risa n’iryo, kandi ubuzima bwacu buhagaze kuri iryo hitamwo. Turashobora guhitamwo ko Yehova atubera Umutware, tukaba twerekanye ko Shetani ari umubeshi, canke na ho tugahitamwo ko Shetani atubera umutware. (Zaburi 73:28; soma Imigani 27:11.) Muri iyi si, abantu bake cane ni bo bagamburukira Imana. Kanatsinda si yo mutware w’isi. Ariko nimba Imana atari yo mutware wayo, ni nde ayitwara?

NI NDE ATWARA ISI?

Iyaba ubwami bwose bwo kw’isi atari ubwa Shetani, yoba yari kubwemerera Yezu?

11, 12. (a) Ivyo Shetani yemereye Yezu bitwereka iki? (b) Ni ivyanditswe ibihe vyerekana ko Shetani ari we atwara isi?

11 Yezu yari azi umutware w’iyi si uwo ari we. Igihe kimwe, Shetani “[yaramweretse] ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.” Yaciye abwira Yezu ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga.” (Matayo 4:8, 9; Luka 4:5, 6) Zirikana iki kintu: Iyaba ubwami bwose atari ubwa Shetani yoba yari kubwemerera Yezu? Oya. Intwaro zose rero ni iza Shetani.

12 Woshobora kwibaza uti: ‘Shetani yoba umutware w’isi gute kandi Yehova Imana Mushoboravyose ari we yaremye ibiriho vyose?’ (Ivyahishuwe 4:11) Ego ni we yabiremye, ariko Yezu yaratomoye ko Shetani ari we “mutware w’iyi si.” (Yohani 12:31; 14:30; 16:11) Intumwa Paulo yavuze ko Shetani ari “imana y’iki gihe.” (2 Abakorinto 4:3, 4) Intumwa Yohani na we yanditse ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”1 Yohani 5:19.

 ISI YA SHETANI IZOKURWAHO GUTE?

13. Kubera iki dukeneye isi nshasha?

13 Iyi si iguma irushiriza kuba nabi. Yuzuye intambara, ibiturire, ubwiyorobetsi be n’ubugizi bwa nabi. Abantu ntibashobora gukuraho izo ngorane zose, naho bagerageza uko bashoboye kwose. Ariko Imana igiye gukuraho iyi si mbi ku ntambara yayo ya Harumagedoni maze iyisubirize n’isi nshasha igororotse.Ivyahishuwe 16:14-16; raba akajambo ko ku mpera ka 10.

14. Ni nde Imana yatoye ngo abe Umwami w’Ubwami bwayo? Ni ibiki Bibiliya yavuze ku vyerekeye Yezu?

14 Yehova yatoye Yezu Kristu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru, ni ukuvuga intwaro yiwe yo mw’ijuru. Haraciye imyaka ibihumbi Bibiliya ivuze ko Yezu yobaye “Umuganwa w’amahoro” be n’uko ubutware bwiwe butazogira iherezo. (Yesaya 9:6, 7) Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba iyo ntwaro igihe yavuga ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Mu kigabane ca 8, tuzobona ukuntu Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro zo mw’isi. (Soma Daniyeli 2:44.) Ubwami bw’Imana buzoca butuma isi iba iparadizo nziza cane.—Raba akajambo ko ku mpera ka 11.

ISI NSHASHA IRI HAFI!

15. “Isi nshasha” ni iki?

15 Bibiliya isezerana iti: “Turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13; Yesaya 65:17) Rimwe na rimwe iyo Bibiliya ivuze “isi,” iba ishaka kuvuga abantu bari kw’isi. (Itanguriro 11:1) Ku bw’ivyo, “isi nshasha” igororotse ni abantu bose bagamburukira Imana kandi bashimwa na yo.

16. Ni ingabire nziza iyihe Imana izoha abazoba mw’isi nshasha? Dutegerezwa gukora iki kugira tuzoyironke?

 16 Yezu yasezeranye ko abazoba mw’isi nshasha y’Imana bazoronka “ubuzima budahera.” (Mariko 10:30) None dutegerezwa gukora iki kugira tuzoronke iyo ngabire? Turagusavye usome muri Yohani 3:16 no muri Yohani 17:3 kugira uronke inyishu. None Bibiliya ivuga ko ubuzima buzoba bumeze gute mw’isi y’iparadizo? Reka tubirabe.

17, 18. Ni igiki kitwereka ko mw’isi nshasha hazoba harangwa amahoro n’umutekano?

17 Ububisha, intambara, ubwicanyi n’ubukozi bw’ikibi ntibizoba bikiriho. Nta nkozi z’ikibi zizoba zikiri kw’isi. (Zaburi 37:10, 11) Imana “[izo]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9; Yesaya 2:4) Isi izoba yuzuyeko abantu bakunda Imana kandi bayigamburukira. Hazoba hari amahoro ibihe bidahera.Zaburi 72:7.

18 Abasavyi ba Yehova bazokwibera mu mutekano. Mu bihe vya kera, igihe cose Abisirayeli baba bagamburukiye Imana, baca biberaho mu mutekano kubera ko yabakingira. (Abalewi 25:18, 19) Mw’iparadizo ntituzotinya ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe. Tuzokwama mu mutekano!Soma Yesaya 32:18; Mika 4:4.

19. Ni igiki kitwereka ko mw’isi nshasha hazoba hari ibifungurwa vyinshi?

19 Hazoba hari ibifungurwa vyinshi. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.” (Zaburi 72:16) Yehova “Imana yacu, [a]zoduhezagira,” kandi “isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo.”Zaburi 67:6.

20. Ni igiki kitwereka ko isi izoba iparadizo?

20 Isi yose izoba iparadizo. Abantu bazoba bafise  amazu mezameza akikujwe n’amashurwe aryoheye ijisho. (Soma Yesaya 65:21-24; Ivyahishuwe 11:18.) Isi yose izoba nziza nka rya tongo rya Edeni. Yehova azokwama aturonsa ivyo dukeneye vyose. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Upfumbaturura ikiganza cawe ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”Zaburi 145:16.

21. Tubwirwa n’iki ko ibikoko n’abantu bizobana mu mahoro?

21 Ibikoko n’abantu bizobana mu mahoro. Ibikoko ntibizosubira kugirira nabi abantu. Abana ntibazotinya ibikoko, mbere na birya usanga bikaze cane.Soma Yesaya 11:6-9; 65:25.

22. Yezu azokorera iki abarwaye?

22 Nta n’umwe azosubira kurwara. Igihe Yezu yari kw’isi yarakijije abantu benshi. (Matayo 9:35; Mariko 1:40-42; Yohani 5:5-9) Kubera ko ari we Mwami w’Ubwami bw’Imana, azokiza abantu bose. Nta wuzoba akivuga ngo: “Ndarwaye.”Yesaya 33:24; 35:5, 6.

23. Imana izokorera iki abapfuye?

23 Abapfuye bazozuka. Imana isezerana ko abantu amamiliyoni bapfuye bazozuka. Bibiliya ivuga iti: “Hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”Soma Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.

24. Woba ushashaye kuba mw’iparadizo?

24 Twese turihitiramwo. Turashobora guhitamwo kwiga ivyerekeye Yehova no kumukorera canke tugahitamwo gukora ivyo dushaka. Duhisemwo gukorera Yehova tuzogira kazoza keza cane. Igihe umugabo umwe yari ku mpfiro yasaba Yezu ngo azomwibuke, Yezu yaciye amusezeranira ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Reka ubu na ho twige vyinshi ku vyerekeye Yezu Kristu hamwe n’ukuntu azoshitsa imihango Imana yatanze.