Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

 IKIGABANE CA 1

Imana ni nde?

Imana ni nde?

1, 2. Ni ibiki abantu bakunda kubaza?

ABANA barakunda kubaza ibibazo. Urashobora kubasigurira ikintu ariko bagaca bakubaza ngo ‘Kubera iki?’ N’igihe ugerageje kubishura, boshobora guca basubizayo ngo ‘Kubera iki?’

2 Twaba turi bato canke dukuze, twese turabaza ibibazo. Twoshobora kubaza inzira canke isaha. Canke na ho, twoshobora kubaza ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima na kazoza. Ariko igihe tutaronse inyishu nziza kuri ivyo bibazo, twoshobora guca tureka kubibaza.

3. Kubera iki abantu benshi biyumvira ko badashobora kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye twibaza?

3 Bibiliya yoba irimwo inyishu z’ibibazo bihambaye duhora twibaza? Bamwe biyumvira ko Bibiliya irimwo izo nyishu, ariko bakabona ko igoye cane gutahura. Bibaza ko abamenyeshamana, abapadiri n’abapasitori ari bo bonyene bokwishura ivyo bibazo. Abandi na bo baragira isoni zo kwemera ko batazi inyishu z’ivyo bibazo. Wewe uvyibazako iki?

4, 5. Ni ibibazo bihambaye ibihe ushobora kwibaza? Kubera iki ukwiye kuguma ubironderera inyishu?

4 Nta gukeka ko wipfuza kuronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: Ni kubera iki turiho? Iyo umuntu apfuye aja he? Imana imeze gute? Yezu wa Mwigisha rurangiranwa yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora,  muzokwugururirwa.” (Matayo 7:7) Nugume urondera gushika uronse inyishu nyazo.

5 Emwe, ‘niwaguma urondera,’ uzoronka inyishu muri Bibiliya. (Imigani 2:1-5) Izo nyishu ntizigoye gutahura. Ubumenyi uzoronka buzotuma ugira ubuzima bwiza ubu hamwe n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Reka twihweze ikibazo catesheje umutwe abantu benshi.

IMANA YOBA ITUBABAYE?

6. Kubera iki hari abiyumvira ko Imana itatubabaye?

6 Abantu benshi babona ko Imana itatubabaye. Biyumvira ko ibintu bitaba vyifashe gutya kw’isi iyaba Imana itubabaye. Isi yuzuyemwo intambara, urwanko n’amarushwa. Abantu bararwara, bakamererwa nabi, kandi bagapfa. Hari abibaza bati: ‘Nimba Imana itubabaye, kubera iki itadukurako izi ngorane zose?’

7. (a) Ni gute abakuru b’amadini bigisha abantu ko Imana itagira ikigongwe? (b) Ni igiki kitwereka ko Imana atari yo yobazwa ingorane zishika?

7 Rimwe na rimwe, abakuru b’amadini baratuma abantu biyumvira ko Imana itagira ikigongwe. Igihe umuntu ashikiwe n’ivyago, bavuga ko ari igomba ry’Imana, ko ari yo yashatse ko biba. Iyo bavuze gutyo baba begetse ayo mabi ku Mana. Ariko Bibiliya yigisha ko Imana itigera itera ibibi. Muri Yakobo 1:13 herekana ko ata muntu n’umwe Imana igerageresha ibibi. Hagira hati: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” Ivyo bisobanura ko Imana itigera iduteza ingorane naho itazitangira  ngo ntizidushikire. (Soma Yobu 34:10-12.) Tubitangire akarorero.

8, 9. Kubera iki twoba turenganije Imana hamwe twoyegekako ingorane zidushikira? Tanga akarorero.

8 Niwiyumvire umusore akibana n’abavyeyi biwe. Se wiwe aramukunda cane kandi yaramwigishije gufata ingingo nziza. Umusi uri izina, uwo musore aragararije se maze aromotse. Ng’uyo atanguye gukora ibintu bibi maze ashikirwa n’ingorane. None ivyashikiye uwo muhungu vyoca bija ku gahanga ka se ngo ni uko atamutangiriye igihe yomoka? Eka data! (Luka 15:11-13) Cokimwe n’uwo muvyeyi, Imana ntiyatangiriye abantu igihe bahitamwo kugarariza no gukora ibibi. Igihe rero dushikiwe n’ingorane, turakwiye kwibuka ko atari Imana iziduteza. Twoba tuyirenganije hamwe twoyegekako ingorane zidushikira.

9 Imana irafise igituma yabaye irareka ibintu bibi bikabandanya. Uzobona ico Bibiliya ibivugako mu kigabane ca 11. Ariko, numenye neza ko Imana idukunda be n’uko itigera idutera ingorane. Kanatsinda, ni yo yonyene ishoboye kuzikuraho.Yesaya 33:2.

10. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Imana izokuraho ingaruka z’ibibi abantu bakora?

10 Imana ni nyeranda. (Yesaya 6:3) Ivyo ikora vyose biratyoroye kandi ni vyiza. Turashobora rero kuyizigira. Abantu bobo si ukwo bameze. Birashika bagakora ibintu bibi. Mbere n’umutware mwiza kurusha abandi bose, usanga adashoboye gukuraho ingaruka z’ibibi abantu bakora. Nta n’umwe anganya ububasha n’Imana. Irashobora gukuraho ingaruka z’ibibi abantu bakora, kandi izobigira. Izokuraho ikibi ubutakigaruka.—Soma Zaburi 37:9-11.

 IMANA IMERERWA GUTE IGIHE ABANTU BARI MU NGORANE?

11. Imana yiyumva gute igihe uri mu ngorane?

11 Imana yiyumva gute iravye ibintu biba mw’isi hamwe n’ingorane ziriko ziragushikira? Bibiliya yigisha ko Imana “[i]kunda ubutungane.” (Zaburi 37:28) Ku bw’ivyo, irarazwa ishinga cane n’ivyerekeye ikibi n’iciza. Irababara igihe abantu bari mu ngorane. Bibiliya ivuga ko Imana ‘vyayibabaje mu mutima’ igihe yabona ububi bwari bwuzuye mw’isi mu bihe vya kera. (Itanguriro 6:5, 6) Imana ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Bibiliya ivuga ko Imana ikubabaye vy’ukuri.—Soma 1 Petero 5:7.

Bibiliya ivuga ko Yehova ari Umuremyi munyarukundo w’ibiriho vyose

12, 13. (a) Kubera iki dukunda abandi, kandi tumererwa gute igihe tubonye ingorane ziri mw’isi? (b) Kubera iki twokwizigira ko Imana izokuraho ingorane zose n’akarenganyo?

12 Bibiliya ivuga kandi ko Imana yaturemye mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:26) Ivyo bisobanura ko yaturemanye kamere nzizanziza nk’izo ifise. Ku bw’ivyo, nimba bikubabaza igihe ubonye abantu ata co bazira bariko baramererwa nabi, numenye ko Imana yoyo ibabara gusumba! Ivyo tuvyemezwa n’iki?

13 Bibiliya itwigisha ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ibintu vyose Imana ikora ibitumwa n’urukundo. Rero, turakundana kuko Imana ikundana. Iyumvire iki kintu: Iyaba wari ufise ububasha, ntiwokuyeho ingorane zose n’akarenganyo tubona mw’isi? Nta gukeka ko wobikuyeho kubera ukunda abantu. Imana yo bite? Irafise ububasha, kandi kubera yuko idukunda, izokuraho ingorane zose hamwe n’akarenganyo. Urashobora kwizigira udakeka ko ibintu vyose Imana yasezeranye bivugwa mu  ntangamarara y’iki gitabu bizoranguka! Ariko kugira ushobore kuvyizigira, urakeneye kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana.

IMANA ISHAKA KO UYIMENYA

Igihe ushaka ko umuntu akubera umugenzi, uramubwira izina ryawe. Imana iratubwira izina ryayo muri Bibiliya

14. Izina ry’Imana ni irihe? Ni igiki cerekana ko dukwiye kurikoresha?

14 Igihe ushaka ko umuntu akubera umugenzi, ni igiki ubanza kumubwira? Izina ryawe. None Imana yoba ifise izina? Amadini menshi yigisha ko izina ryayo ari Imana canke Umukama, mugabo ayo si amazina y’uruharo. Ni amazina y’icubahiro, nka kurya kw’“umwami” na “prezida.” Imana yatubwiye ko izina ryayo ari Yehova. Muri Zaburi 83:18 hagira hati: “Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Abanditse Bibiliya baranditse izina ry’Imana incuro ibihumbi. Yehova ashaka ko umenya izina ryiwe kandi ukarikoresha. Arakubwira izina ryiwe kugira ube umugenzi wiwe.

15. Izina Yehova risobanura iki?

15 Izina ry’Imana, ari ryo Yehova, rifise insobanuro ikomeye. Risobanura ko Imana ishobora gushitsa ikintu cose isezeranye kandi ikarangura umugambi wose yishingiye.  Nta na kimwe gishobora kuyitangira. Yehova wenyene ni we abereye kwitwa iryo zina. *

16, 17. Aya mazina asobanura iki: (a) “Mushoboravyose”? (b) “Umwami w’ibihe bidahera”? (c) “Umuremyi”?

16 Nk’uko twabibonye, muri Zaburi 83:18 havuga ku vyerekeye Yehova hati: “[Ni] wewe wenyene Musumbavyose.” Mu Vyahishuwe 15:3 na ho hagira hati: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza,  Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera.” Izina “Mushoboravyose” risobanura iki? Risobanura ko Yehova ata n’umwe banganya ububasha kw’isi no mw’ijuru. Izina “Umwami w’ibihe bidahera” na ryo risobanura ko yamyeho. Muri Zaburi 90:2 havuga ko ari uwo kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero. None ivyo ntibitangaje?

17 Yehova wenyene ni we Muremyi. Mu Vyahishuwe 4:11 hagira hati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” Emwe, ibintu vyose woshobora kwiyumvira, baba abamarayika bo mw’ijuru, inyenyeri ubona mu kirere, ivyamwa vyo ku biti, amafi yo mu biyaga, ivyo vyose vyaremwe na Yehova!

 WOBA USHOBORA KUBA UMUGENZI WA YEHOVA?

18. Kubera iki hariho abantu biyumvira ko batokwigera baba abagenzi b’Imana? Bibiliya ibivugako iki?

18 Igihe abantu bamwebamwe basomye ivyerekeye kamere ziteye akoba za Yehova, baca bagira ubwoba, bakibwira bati: ‘Iyo Mana y’inyabubasha, ihambaye kandi iri kure cane, yoba imbabaye?’ None ukwo kwoba ari ko Imana ishaka ko twiyumva? Habe namba. Yehova ashaka kutwiyegereza. Bibiliya ivuga ko Imana “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Imana ishaka ko uyiyegereza kandi isezerana ko na yo ‘izokwiyegereza.’Yakobo 4:8.

19. (a) Ushobora gute kuba umugenzi w’Imana? (b) Muri kamere za Yehova, ni iyihe iguhimbara cane?

19 Ushobora gute kuba umugenzi w’Imana? Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Niwabandanya kwiga ivyerekeye Yehova na Yezu, uzobamenya neza. Ivyo bizotuma ushobora kuronka ubuzima budahera. Nk’akarorero, twamaze kubona ko “Imana [ari] urukundo.” (1 Yohani 4:16) Ariko irafise n’izindi kamere nziza. Bibiliya ivuga ko Yehova ari Imana y’“inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuvayo 34:6) Yehova ni “mwiza kandi [yi]teguriye kubabarira.” (Zaburi 86:5) Imana irihangana kandi ntihemuka. (2 Petero 3:9; Ivyahishuwe 15:4) Niwabandanya gusoma Bibiliya, uzomenya n’ibindi vyinshi ku vyerekeye kamere nziza zayo.

20, 21. Wokwiyegereza Imana gute kandi udashobora kuyibona?

 20 None wokwiyegereza Imana gute kandi udashobora kuyibona? (Yohani 1:18; 4:24; 1 Timoteyo 1:17) Igihe usomye ivyerekeye Yehova muri Bibiliya, uca umenya ukuntu ameze. (Zaburi 27:4; Abaroma 1:20) Uko uzorushiriza kwiga ivyerekeye Yehova, ni ko uzorushiriza kumukunda no kwumva ko umwiyegereje.

Umuvyeyi arakunda abana biwe, ariko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru wewe aradukunda kuruta

21 Uzotahura ko Yehova ari Dawe wa twese. (Matayo 6:9) Ni we yaduhaye ubuzima, kandi yipfuza ko tugira ubuzima bwiza bushoboka. Ivyo ni vyo sebibondo akunda abana biwe yobipfuriza. (Zaburi 36:9) Emwe, Bibiliya yigisha ko ushobora kuba umugenzi wa Yehova. (Yakobo 2:23) Ibaze nawe: Yehova, Umuremyi w’ibiriho vyose, ashaka ko umubera umugenzi!

22. Wokora iki hagize abipfuza ko uhagarika kwiga Bibiliya?

22 Hari abantu bamwebamwe bokwipfuza ko uhagarika kwiga Bibiliya. Boshobora gutinya ko uzohava uhindura idini. Ariko ntureke ngo hagire umuntu n’umwe akubuza kuba umugenzi wa Yehova. Ni we Mugenzi aruta abandi bose woshobora kugira.

23, 24. (a) Kubera iki ukwiye kuguma ubaza ibibazo? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

23 Igihe uriko uriga Bibiliya, hari ibintu ushobora kudatahura. Ntutinye kubaza. Yezu yavuze ko dukwiye kwicisha bugufi nk’abana batoyi. (Matayo 18:2-4) Turazi ko abana bakunda kubaza. Imana ishaka ko uronka inyishu. Ku bw’ivyo, niwige Bibiliya witonze kugira wiyemeze neza ko ivyo wiga ari ukuri.—Soma Ivyakozwe 17:11.

24 Uburyo bwiza cane bwo kumenya ivyerekeye Yehova ni ukwiga Bibiliya. Mu kigabane gikurikira, tuzobona igituma Bibiliya itandukanye n’ibindi bitabu vyose.

^ ing. 15 Nimba Bibiliya ukoresha itarimwo izina Yehova canke ukaba ushaka ayandi makuru yerekeye insobanuro y’izina ry’Imana n’ukuntu ryaturwa, raba akajambo ko ku mpera ka 1.

Raba n'ibindi

Imana yoba ifise izina?

Imana irafise amazina menshi y’icubahiro. Amwamwe muri yo ni Mushoboravyose, Umuremyi, hamwe n’Umukama. Ariko izina ry’uruharo ry’Imana rikoreshwa incuro zirenga 7000 muri Bibiliya.