Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

 IKIGABANE CA 18

Noba nkwiye kubatizwa?

Noba nkwiye kubatizwa?

1. Ni ikibazo ikihe wokwibaza uravye aho ugejeje iki gitabu?

URAMAZE kwiga ibintu vyinshi muri iki gitabu. Nk’akarorero, waramenye ko Imana yadusezeraniye ubuzima budahera, uramenya ukuntu abapfuye bamerewe be n’icizigiro c’izuka. (Umusiguzi 9:5; Luka 23:43; Yohani 5:28, 29; Ivyahishuwe 21:3, 4) Ushobora kuba waratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova kandi ukaba wemera ko ari ryo dini ry’ukuri. (Yohani 13:35) Vyongeye, ushobora kuba waratanguye kugiranira ubucuti somambike na Yehova, kandi  ukaba warafashe ingingo yo kumukorera. Woshobora rero kwibaza uti: ‘Nokora iki kugira nkorere Yehova?’

2. Kubera iki Umunyetiyopiya umwe yashatse kubatizwa?

2 Hari umugabo w’Umunyetiyopiya wo mu gihe ca Yezu yibajije ico kibazo. Haciye igihe gitoyi Yezu azutse, Filipo umwigishwa wa Yezu yarabwiye inkuru nziza uwo mugabo. Filipo yaramweretse ko Yezu yari we Mesiya. Uwo mugabo yarakozwe ku mutima n’ivyo Filipo yari ahejeje kumubwira, aca amubarira ati: “Ehe ikidengeri c’amazi; ni igiki kimbuza kubatizwa?”Ivyakozwe 8:26-36.

3. (a) Ni itegeko irihe Yezu yahaye abigishwa biwe? (b) Umuntu akwiye kubatizwa gute?

3 Bibiliya iratomora ko umuntu yipfuza gukorera Yehova ategerezwa kubatizwa. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza.” (Matayo 28:19) Yezu na we nyene yarabatijwe. Yaribijwe mu mazi wese; ntibamusutseko utuzi dukeyi ku mutwe. (Matayo 3:16) Muri iki gihe, igihe umukirisu abatijwe, na we nyene ategerezwa kwibizwa wese mu mazi.

4. Ibatisimu yerekana iki?

4 Igihe ubatijwe, uba weretse abandi ko wipfuza vy’ukuri kuba umugenzi w’Imana no kuyikorera. (Zaburi 40:7, 8) Woshobora kwibaza uti: ‘Hasabwa iki kugira mbatizwe?’

UBUMENYI N’UKWIZERA

5. (a) Utegerezwa gukora iki imbere yo kubatizwa? (b) Kubera iki amakoraniro ahambaye?

5 Imbere y’uko ubatizwa, utegerezwa kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova na Yezu. Ivyo waratanguye  kubigira mu kwiga Bibiliya. (Soma Yohani 17:3.) Ariko ivyo ntibihagije. Bibiliya ivuga ko utegerezwa “[kwuzuzwa] ubumenyi butagira amakosa” bwerekeye ivyo Yehova agomba. (Abakolosayi 1:9) Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova azogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana. Iyo ni imvo ikomeye yotuma udasiba amakoraniro.Abaheburayo 10:24, 25.

Utegerezwa kwiga Bibiliya imbere yo kubatizwa

6. Bisaba ko uba uzi ibintu bingana iki imbere yo kubatizwa?

6 Ariko ntiwumve, Yehova ntiyiteze ko umenya Bibiliya yose imbere yo kubatizwa. Ntiyasavye ko wa Munyetiyopiya amenya ibintu vyose imbere y’uko abatizwa. (Ivyakozwe 8:30, 31) Ntituzigera duheza kwiga ivyerekeye Imana. (Umusiguzi 3:11) Ariko imbere y’uko ubatizwa, urakeneye n’imiburiburi kumenya inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya kandi ukazemera.Abaheburayo 5:12.

7. Kwiga Bibiliya vyagufashije iki?

7 Bibiliya ivuga iti: ‘Ata kwizera ntibishoboka guhimbara Imana.’ (Abaheburayo 11:6) Ku bw’ivyo, urakeneye kugira ukwizera imbere y’uko ubatizwa. Bibiliya itubwira ko hari abantu bo mu gisagara ca kera c’i Korinto bumvise ivyo abigishwa ba Yezu bigisha, baca “batangura kwemera, barabatizwa.” (Ivyakozwe 18:8) Muri ubwo buryo nyene, kwiga Bibiliya vyaragufashije kwizera imihango y’Imana n’ububasha incungu ya Yezu ifise bwo kudukiza icaha n’urupfu.Yosuwa 23:14; Ivyakozwe 4:12; 2 Timoteyo 3:16, 17.

NUBWIRE ABANDI UKURI KWO MURI BIBILIYA

8. Ni igiki cotuma wipfuza kubwira abandi ivyo umaze kwiga?

8 Uko ubandanya kwiga Bibiliya kandi ukibonera  ukuntu igufasha mu buzima, ukwizera kwawe kuzorushiriza gukomera. Uzoca wumva ushatse kubwira abandi ivyo uriko uriga. (Yeremiya 20:9; 2 Abakorinto 4:13) Ariko none wobibwira bande?

Ukwizera kuratuma ubwira abandi ivyo wemera

9, 10. (a) Ni bande wotangura kubwira ivyo umaze kwiga? (b) Ukwiye gukora iki nimba wipfuza kubwira abandi inkuru nziza wifatanije n’ishengero?

9 Woshobora kubibwira abo mu muryango, abagenzi, ababanyi canke abo mukorana. Kubibabwira ni vyiza, ariko urama ubigirana ubuntu n’urukundo. Mu nyuma, woshobora gutangura kubwira abandi inkuru nziza wifatanije n’ishengero. Niwumva ugeze gutera iyo ntambwe, uraca ubimenyesha Icabona akwigisha Bibiliya. Nimba abona ko ugeze gutera iyo ntambwe be n’uko ubaho wisunga ivyo Bibiliya ivuga, uzoca ubonana n’abakurambere babiri b’ishengero uri kumwe n’uwo akwigisha Bibiliya.

10 None muzoyaga ibiki n’abo bakurambere? Bazoganira nawe kugira barabe ko utahura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya be n’uko uzemera. Bazoraba kandi ko ubaho wisunga ivyo Bibiliya ivuga be n’uko wipfuza kuba Icabona ca Yehova. Uribuka ko abakurambere bitwararika abagize ishengero bose, na wewe udasigaye inyuma. Ntiwitinye rero kubayagira. (Ivyakozwe 20:28; 1 Petero 5:2, 3) Muhejeje kuganira, abo bakurambere bazokumenyesha ko wotangura kubwira abandi inkuru nziza wifatanije n’ishengero canke ko hataragera.

11. Kubera iki bihambaye kugira ivyo uryohoye imbere y’uko utangura kubwira abandi inkuru nziza wifatanije n’ishengero?

11 Abakurambere boshobora kukubwira ko hari ibindi bintu ukeneye kuryohora imbere y’uko utangura  kubwira abandi inkuru nziza wifatanije n’ishengero. Kubera iki bihambaye ko ugira ivyo uryohoye? Kubera yuko igihe tubwira abandi inkuru nziza, tuba turiko duserukira Yehova, tukaba rero dukwiye kubaho mu buryo bumutera iteka.1 Abakorinto 6:9, 10; Abagalatiya 5:19-21.

NIWIGAYE WONGERE UHINDUKIRE

12. Kubera iki abantu bose bakeneye kwigaya?

12 Hariho ikindi kintu utegerezwa gukora imbere yo kubatizwa. Intumwa Petero yavuze ati: “Nimwigaye rero, muhindukire kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe.” (Ivyakozwe 3:19) Kwigaya bisobanura iki? Bisobanura kwicuza cane kubera amakosa twakoze. Nk’akarorero, urakeneye kwigaya nimba wahora ufise ingeso z’ubuhumbu. Ariko naho woba wari usanzwe wigenza neza, urakeneye kwigaya kubera ko twese turi abacumuzi, tukaba dukeneye gusaba Imana imbabazi.Abaroma 3:23; 5:12.

13. ‘Guhindukira’ bisobanura iki?

13 None kwicuza kubera amakosa twakoze vyoba bihagije? Habe namba. Petero yavuze kandi ko dukeneye ‘guhindukira.’ Ivyo bisobanura ko ukeneye guheba ingeso mbi woba wari ufise, ugatangura gukora ibigororotse. Tubitangire akarorero: Dufate ko ugiye ahantu ari bwo bwa mbere. Haciye akanya, uciye ubona ko wazimiye. None woca ukora iki? Nta gukeka ko woca uhagarara, ugahindukira maze ugafata iyindi nzira igushikana iyo uriko uraja. Muri ubwo buryo nyene, uko ugenda uriga Bibiliya, woshobora kubona  ko hari ingeso canke ibindi bintu ukeneye guhindura mu buzima. Ntugonanwe ‘guhindukira,’ ni ukuvuga guhindura ibikenewe.

NIWIYEGURIRE IMANA

Woba warasezeraniye Yehova ko uzomukorera?

14. Wiyegurira Imana gute?

14 Iyindi ntambwe ihambaye ukeneye gutera imbere yo kubatizwa, ni ukwiyegurira Yehova. Wiyegurira Yehova mu kumutura isengesho umusezeranira ko ari we wenyene uzokwama usenga be n’uko ivyo agomba ari vyo uzoshira imbere mu buzima bwawe.Gusubira mu vyagezwe 6:15.

15, 16. Ni igiki kivyurira umuntu umutima wo kwiyegurira Imana?

15 Gusezeranira Yehova kumukorera wenyene ni nko gusezeranira umuntu ukunda ko muzobana ubuzima bwose. Iyumvire umusore n’inkumi bareshanije. Uko nya musore agenda aramenya neza uwo mwigeme, urukundo amukunda rurongerekana agaca yipfuza ko babana. Naho iyo ari ingingo ikomeye, uwo musore ntatinya kuyifata kubera ko akunda uwo mukobwa.

16 Uko ugenda uramenya Yehova, ni ko urushiriza kumukunda ugaca wipfuza kumukorera wivuye inyuma. Ivyo bizokuvyurira umutima wo kumutura isengesho umusezeranira kumukorera. Bibiliya ivuga ko umuntu wese ashaka gukurikira Yezu ategerezwa ‘kwiyanka.’ (Mariko 8:34) None ivyo bisigura iki? Bisigura ko kugamburukira Yehova ari vyo ushira imbere mu buzima bwawe. Gukora ivyo Yehova agomba ni vyo biza imbere y’ivyipfuzo vyawe n’imigambi yawe.Soma 1 Petero 4:2.

 NTUTINYE NGO NTUZOBISHOBORA

17. Kubera iki hari abatinya kwiyegurira Yehova?

17 Hari abatinya kwiyegurira Yehova kubera biyumvira ko batazoshitsa indagano bagize yo kumukorera. Baratinya ko bohava bamuhemukira. Canke na ho, boshobora kwiyumvira ko Yehova atazobabaza ivyo bakora kubera yuko batamwiyeguriye.

18. Ni igiki kizotuma udatinya kwiyegurira Yehova?

18 Urukundo ukunda Yehova ruzotuma udatinya kumwiyegurira. Kubera yuko umukunda, uzokwigora ushitse ivyo wamusezeraniye. (Umusiguzi 5:4; Abakolosayi 1:10) Ntuzobona ko gukora ivyo Yehova agomba ari amananiza. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”1 Yohani 5:3.

19. Kubera iki udakwiye gutinya kwiyegurira Yehova?

19 Kugira wiyegurire Yehova, si ngombwa ngo ube uri umuntu adakora agakosa na kamwe. Ntiyigera adusaba gukora ivyo tudashoboye. (Zaburi 103:14) Azogufasha gukora ibigororotse. (Yesaya 41:10) Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, na we “azogorora iminyuro yawe.”Imigani 3:5, 6.

KWATURA ICESE KUGIRA URONKE UBUKIRIRO

20. Umaze kwiyegura, ni intambwe iyihe uca utera?

20 Woba ubona ko ugeze kwiyegurira Yehova? Umaze kwiyegurira Yehova, hariho iyindi ntambwe uba ukeneye gutera. Iyo na yo ni ukubatizwa.

21, 22. Ni gute ‘watura icese’ ukwizera kwawe?

21 Numenyeshe umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ko wiyeguriye Yehova be n’uko wipfuza  kubatizwa. Azoca atunganya ko murabira hamwe n’abakurambere inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Basanze ukwije ibisabwa, bazoca bakumenyesha ko uzobatizwa kw’iteraniro canke kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryimirije. Kuri ayo materaniro harashikirizwa insiguro yerekana ico ibatisimu isobanura. Uwutanga iyo nsiguro arabaza abagiye kubatizwa  ibibazo bibiri vyoroshe. Igihe wishuye ivyo bibazo, uba ‘watuye icese’ ukwizera kwawe.Abaroma 10:10.

22 Uzoheza uce ubatizwa. Mu kukubatiza, bazokwibiza mu mazi wese. Ibatisimu irereka abari ng’aho  bose ko wiyeguriye Imana be n’uko ubaye Icabona ca Yehova.

IBATISIMU IGERERANYA IKI?

23. Bisobanura iki kubatizwa “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda”?

23 Yezu yavuze ko abigishwa biwe bobatijwe “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” (Soma Matayo 28:19.) None ivyo bisobanura iki? Bisobanura ko wemera icese ubukuru bwa Yehova, uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana hamwe n’ukuntu Imana ikoresha impwemu yayo nyeranda mu gushitsa ivyo igomba.Zaburi 83:18; Matayo 28:18; Abagalatiya 5:22, 23; 2 Petero 1:21.

Igihe ubatijwe, uba werekanye ko wipfuza gukora ivyo Imana igomba

24, 25. (a) Ibatisimu igereranya iki? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane ca nyuma?

24 Ibatisimu igereranya ikintu gihambaye. Igihe wibijwe mu mazi, ni nk’aho uba upfuye ku bijanye n’ubuzima bwa kera, ni ukuvuga ko uba ubuhevye. Igihe wiburutse, ni nk’aho uba utanguye ubuzima bushasha bugizwe no gukora ivyo Imana igomba. Vyerekana ko ugiye kubaho ukorera Yehova. Uribuka ko utiyegurira umuntu, ishirahamwe canke igikorwa kanaka. Wiyegurira Yehova.

25 Ukwiyegura kwawe kuzogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana. (Zaburi 25:14) Ivyo ntibisobanura ko umuntu azoca arokoka ngo ni uko yabatijwe. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.” (Abafilipi 2:12) Ibatisimu ni intango gusa. None woshobora gute kuguma wiyegereje Yehova? Ikigabane ca nyuma kirishura ico kibazo.