Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya itwigisha iki?

 IKIGABANE CA 2

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana

1, 2. Kubera iki Bibiliya ari ingabire iteye umunezero Imana yaduhaye?

WOKWIYUMVA gute hamwe umugenzi yokugabira ikintu utari uvyiteze? Emwe, ntiwobura kucakira kandi woryoherwa cane kubera yakuzirikanye. Ntiworeka kumushimira.

2 Bibiliya ni ingabire Imana yaduhaye. Iratubwira amakuru ata handi twoyasanga. Nk’akarorero, iratubwira ko Imana yaremye ijuru, isi hamwe n’umugabo n’umugore ba mbere. Iratubwira ingingo ngenderwako zodufasha igihe turi mu ngorane. Bibiliya iratwereka ingene Imana izoshitsa umugambi ifise wo guhindura isi ikaba nziza cane. Bibiliya ni ingabire iteye umunezero cane!

3. Kwiga Bibiliya bizogufasha kumenya iki?

3 Kwiga Bibiliya bizogufasha kumenya ko Imana ishaka ko uba umugenzi wayo. Uko ubandanya kwiga ibiyerekeye, ni ko ubucuti mufitaniye burushiriza gukomera.

4. Bibiliya yakwiragiye ku rugero rungana iki?

4 Bibiliya iramaze guhindurwa mu ndimi nka 2.600, kandi haramaze gucapurwa Bibiliya amamiliyaridi. Abantu amamiliyaridi kw’isi barashobora gusoma Bibiliya mu rurimi rwabo. Vyongeye, buri ndwi abantu barenga umuliyoni bararonka Bibiliya. Emwe, nta kindi gitabu kimeze nka yo!

5. Ni kubera iki twovuga ko Bibiliya yavuye ku Mana?

 5 Bibiliya “[ya]humetswe n’Imana.” (Soma 2 Timoteyo 3:16.) Ariko hari abobaza bati: ‘Bibiliya iva ku Mana gute kandi yanditswe n’abantu?’ Bibiliya yishura iti: “Abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:21) Ni nka kurya umutama yosaba umwuzukuru wiwe ngo amwandikire ikete. None iryo kete ryoba ari irya nde? Ryoba ari iry’uwo mutama, ntiryoba ari iry’uwo mwuzukuru wiwe. Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya ikomoka ku Mana, ntikomoka ku bantu yakoresheje mu kuyandika. Imana yarabayoboye maze bandika ivyiyumviro vyayo. Mu vy’ukuri, Bibiliya ni “ijambo ry’Imana.” 1 Abatesalonika 2:13; raba akajambo ko ku mpera ka 2.

Bibiliya y’isi nshasha iraboneka mu ndimi nyinshi

BIBILIYA IVUGA UKURI

6, 7. Bibiliya yoba yivuguruza? Sigura.

6 Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka 1.600. Abayanditse babayeho mu bihe bitandukanye. Bamwe muri bo bari barize. Nk’akarorero, umwe yari umuganga. Abandi na bo bari abarimyi, abarovyi, abungere, abahanuzi, abacamanza n’abami. Naho abo banditsi bari batandukanye, Bibiliya yose ivuga rumwe. Ntivuga ikintu mu kigabane kimwe ngo ice ivuga igihushane caco mu kindi kigabane. *

7 Ibigabane vya mbere vyo muri Bibiliya birasigura ingene ingorane zatanguye kw’isi. Ibigabane vya nyuma na vyo biratwereka ingene Imana izozitorera umuti mu guhindura isi ikaba iparadizo. Bibiliya iravuga ivyabaye mu myaka ibihumbi abantu bamaze babayeho, kandi irerekana ko imigambi y’Imana yama iranguka.

8. Tanga uburorero bwerekana ko Bibiliya ivuga ukuri mu bijanye n’ubuhinga.

8 Naho Bibiliya atari igitabu c’ubuhinga canke igitabu gikoreshwa mw’ishure, ivyo ivuga mu bijanye n’ubuhinga vyama ari ukuri. Ivyo ni vyo twokwitega ku gitabu kiva ku Mana. Nk’akarorero, igitabu c’Abalewi kirimwo amategeko Imana yahaye Abisirayeli ajanye no kwirinda gukwiragiza indwara zandukira. Ivyo vyanditswe kera cane abantu bataramenya ingene imigera  n’imikorobi bitera indwara. Bibiliya kandi iravuga itihenda ko isi iri mu kirere, ko yenetse ku busa. (Yobu 26:7) Vyongeye, Bibiliya yaravuze ko isi ari umuzingi igihe abantu benshi wasanga bemera ko ifyase.Yesaya 40:22.

9. Ukuba abanditse Bibiliya bavugisha ukuri, bitwereka iki?

9 Bibiliya ntiyigera yihenda igihe ivuga ibijanye na kahise. Ariko ibitabu vyinshi vya kahise ntibivuga ukuri kwuzuye kubera ko abavyanditse batavugishije ukuri. Nk’akarorero, ntibanditse incuro zose ihanga ryabo ryaneshejwe mu rugamba. Ariko abanditse Bibiliya bobo, baravugisha ukuri n’igihe ihanga ryabo rya Isirayeli ryaba ryaneshejwe. Baranditse mbere n’amakosa yabo. Nk’akarorero, mu gitabu co Guharūra, Musa arivugira ko yakoze ikosa rikomeye bigatuma Imana imuhana. (Guharūra 20:2-12) Ukuba abanditse Bibiliya bavugisha ukuri, biratwereka ko Bibiliya iva ku Mana. Ivyo biratuma tuyizigira.

IGITABU CUZUYEMWO IMPANURO NZIZA

10. Kubera iki impanuro zo muri Bibiliya zidufitiye akamaro?

10 Bibiliya “[ya]humetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.” (2 Timoteyo 3:16) Egome, impanuro zo muri Bibiliya ziradufitiye akamaro. Yehova arazi ukuntu turemwe. Ku bw’ivyo, aratahura ukuntu twiyumvira n’ukuntu twiyumva. Aratuzi kuruta uko twiyizi, kandi ashaka ko duhimbarwa. Arazi ivyotubera vyiza n’ivyotubera bibi.

11, 12. (a) Ni impanuro izihe dusanga muri Matayo ikigabane ca 5-7? (b) Ni ibiki kandi Yehova atwigisha muri Bibiliya?

11 Muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7, turahasanga impanuro nziza Yezu yatanze zijanye no kuronka  agahimbare, kubana neza n’abandi, gusenga no kubona amahera mu buryo bwiza. Naho haheze imyaka 2.000 atanze izo mpanuro, n’ubu ziracahambaye kandi ziracari ngirakamaro.

12 Muri Bibiliya, Yehova aratwigisha kandi ingingo ngenderwako zidufasha kugira ubuzima bwiza mu muryango, kuba abakozi beza no kubana n’abandi mu mahoro. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora gufasha umuntu uwo ari we wese, aho yoba aba hose no mu ngorane izo ari zo zose.Soma Yesaya 48:17; raba akajambo ko ku mpera ka 3.

NIWIZIGIRE UBUHANUZI BWO MURI BIBILIYA

Umwanditsi wa Bibiliya Yesaya yaravuze ko igisagara ca Babiloni cokwigaruriwe

13. Yesaya yavuze ko ari ibiki vyoshikiye igisagara ca Babiloni?

13 Ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya buramaze kuranguka. Nk’akarorero, Yesaya yaravuze yuko igisagara ca Babiloni cotikijwe. (Yesaya 13:19) Yaravuze ido n’ido ingene ico gisagara cokwigaruriwe. Ico gisagara cari gikingiwe n’inzugi nininini hamwe n’uruzi. Ariko Yesaya yavuze yuko urwo ruzi rwokamijwe, inzugi na zo zikaguma zuguruye. Ingabo zoteye ico gisagara zogifashe zitarinze kurwana. Yesaya mbere yavuze ko umugabo yitwa Kuro ari we yokwigaruriye ico gisagara ca Babiloni.Soma Yesaya 44:27–45:2; raba akajambo ko ku mpera ka 4.

14, 15. Ubuhanuzi bwa Yesaya bwarangutse gute?

14 Haciye imyaka 200 ubwo buhanuzi bwanditswe, hari igitero c’ingabo zaje ziteguriye gutera Babiloni. Ni nde yari azirongoye? Yari Kuro umwami w’Ubuperesi, nk’uko ubuhanuzi bwari bwarabivuze. Inzira yari iteguye kugira ibisigaye muri bwa buhanuzi bwa Yesaya biranguke.

 15 Mw’ijoro ico gisagara caterwa, Abanyababiloni bari bibereye mu musi mukuru. Bumva ata co binona kuko bari bakingiwe n’ibihome amahero be n’uruzi. Inyuma y’ico gisagara, Kuro n’ingabo ziwe barimvye umuvo kugira bakevye amazi y’urwo ruzi. Amazi yaragabanutse bihagije ku buryo ingabo z’Abaperesi zishobora guca muri urwo ruzi. None zari kurengana  gute ibihome vy’ico gisagara? Nk’uko ubuhanuzi bwari bwarabivuze, Abanyababiloni baribagiye kwugara inzugi z’ico gisagara. Izo ngabo zaciye zicigarurira zitarinze kurwana.

16. (a) Yesaya yavuze iki ku bijanye na kazoza ka Babiloni? (b) Ni igiki kitwemeza ko ivyo yavuze vyarangutse?

16 Yesaya yavuze ko ata muntu yokwongeye gusubira kuba i Babiloni. Yanditse ati: “Nta wuzokwigera ahaba, . . . uko iyaruka rikurikira irindi.” (Yesaya 13:20) Ivyo vyoba vyararangutse? Ahantu hahoze igisagara ca Babiloni, nko ku bilometero 80 mu bumanuko bwa Bagdad muri Iraki, hasigaye ari umusaka gusa. Gushika n’ubu nta n’umwe ahaba. Yehova yarakubuye Babiloni n’“umukubuzo w’agatikizo.”Yesaya 14:22, 23.

Ibisigarira vy’igisagara ca Babiloni

17. Kubera iki twokwizigira imihango yose Imana yatanze?

17 Kubera yuko ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bwamaze kuranguka, turashobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azoshitsa umuhango yatanze  wo guhindura isi ikaba iparadizo. (Soma Guharūra 23:19.) Ego cane, turizigiye kuronka “ubuzima budahera, ubwo Imana idashobora kubesha yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.”Tito 1:2. *

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

18. Paulo yavuze iki ku vyerekeye “ijambo ry’Imana”?

18 Twabonye ko ata kindi gitabu kimeze nka Bibiliya. Ntiyivuguruza, kandi yama ivuga ukuri mu bijanye n’ubuhinga canke mu bijanye na kahise. Vyongeye, iraduha impanuro nziza kandi irimwo ubuhanuzi bwinshi bwamaze kuranguka. Ariko si ivyo gusa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” Ivyo bisobanura iki?—Soma Abaheburayo 4:12.

19, 20. (a) Bibiliya yogufasha gute kumenya ingene umeze vy’ukuri? (b) Wokwerekana gute ko ukenguruka Bibiliya?

19 Bibiliya irashobora guhindura ubuzima bwawe. Irashobora kugufasha kumenya ingene umeze vy’ukuri. Irashobora kugufasha gutahura ibiri imbere mu mutima wawe. Nk’akarorero, twoshobora kwiyumvira ko dukunda Imana. Ariko kugira twerekane ko tuyikunda, dukwiye gushira mu ngiro ivyo Bibiliya itubwira.

20 Bibiliya ni igitabu vy’ukuri kiva ku Mana. Yehova ashaka ko uyisoma, ukayiga ukongera ukayikunda. Nukenguruke ku bw’iyo ngabire wongere uyige witonze. Bizotuma utahura umugambi Imana ifitiye abantu. Mu kigabane gikurikira, tuzobona vyinshi ku bijanye n’uwo mugambi.

^ ing. 6 Hari abantu bavuga ko Bibiliya yivuguruza, mugabo ivyo si vyo. Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2012, urupapuro rwa 7.

^ ing. 17 Ugutikizwa kwa Babiloni ni akarorero kamwe gusa k’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse. Amakuru ajanye n’ubuhanuzi bwerekeye Yezu Kristu araboneka mu kajambo ko ku mpera ka 5.

Raba n'ibindi

Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Nimba Bibiliya ikomoka ku Mana, itegerezwa kuba ata ho isa isana n’ibindi bitabu vyanditswe.

Ukuri kwo muri Bibiliya kwasubiye kwuburwa gute?

Dushobora gute kumenya ko dufise ugutahura nyakwo ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha?