Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Woba ushaka kumenya Ukuri?

Woba ushaka kumenya Ukuri?

UKURI kwerekeye iki? Ukuri kwerekeye ibibazo bimwebimwe bihambaye abantu bama bibaza. Kumbure uramaze kwibaza ibibazo nk’ibi:

  • Imana yoba itubabaye koko?
  • Intambara n’ugucumukura vyoba bizokwigera bihera?
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
  • Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?
  • Nosenga gute kugira Imana inyumve?
  • Noshobora gute kuronka agahimbare mu buzima?

Ni hehe woronderera inyishu z’ivyo bibazo? Ugiye aho bashingura ibitabu canke babigurishiriza, woshobora kuhasanga ibitabu ibihumbi n’ibihumbi bivuga ko bitanga inyishu z’ivyo bibazo. Ariko rero, kenshi usanga biguma bivuguruzanya. Ibindi usanga bitanga inyishu zisa n’izumvikana mu gihe kinaka, mugabo ntibitebe guta igihe maze bigasubirwamwo canke bigasubirizwa.

Mugabo, hariho igitabu kimwe kirimwo inyishu umuntu yokwizigira. Ni igitabu kivuga ukuri. Mw’isengesho Yezu Kristu yatuye Imana, yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Muri iki gihe, turazi ko iryo Jambo ari Bibiliya Nyeranda. Mu mpapuro zikurikira, uraza kuronka muri make inyishu zitomoye kandi z’ukuri ziva muri Bibiliya, kuri ivyo bibazo vyabajijwe.

Imana yoba itubabaye koko?

Umugabo akikujwe n’isinzi ry’abantu

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Turi mw’isi yuzuye ububisha n’akarenganyo. Amadini menshi yigisha ko igihe imibabaro idushikiye aba ari Imana yabishatse.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Imana ntiyigera na rimwe iteza ibintu bibi. Muri Yobu 34:10 havuga hati: “Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ukugabitanya.” Imana ifitiye abantu umugambi urangwa urukundo. Ni co gituma Yezu yatwigishije gusenga duti: “Data wa twese uri mw’ijuru,…Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Imana iratubabaye bimwe bigera kure ku buryo yashitse n’aho itanga ikintu c’agaciro kanini kugira ngo umugambi wayo uranguke ata kabuza.—Yohani 3:16.

Raba kandi Itanguriro 1:26-28; Yakobo 1:13 na 1 Petero 5:6, 7.

Intambara n’ugucumukura vyoba bizokwigera bihera?

Abasoda

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Intambara irabandanya guhitana abantu batagira uko bangana. Ugucumukura kw’abantu, kuragira ico gukoze kuri umwumwe wese muri twebwe.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Imana iravuga ivyerekeye igihe izosasagaza amahoro kw’isi yose. Mu gihe c’Ubwami bwayo, ubwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru, abantu “ntibazokwiga kurwana ukundi.” Ahubwo riho, “inkota zabo bazozivunjamw’amasuka.” (Yesaya 2:4) Imana izokuraho akarenganyo kose be n’ugucumukura kwose. Bibiliya itanga uyu muhango ugira uti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera [harimwo n’akarenganyo be n’ugucumukura vyo muri kino gihe] vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Raba kandi Zaburi 37:10, 11; 46:9 na Mika 4:1-4.

Bitugendera gute iyo dupfuye?

Itongo ry’abapfuye

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Menshi mu madini yo muri iyi si yigisha yuko imbere mu muntu hariho ikintu kibandanya kubaho iyo apfuye. Bamwebamwe bemera yuko abapfuye bashobora kugirira nabi abakiriho canke yuko Imana ihana ababisha mu kubacira urwo kubabarizwa ibihe vyose mu muriro udahera.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Umuntu apfuye, aca areka kubaho. Mu Musiguzi 9:5 havuga hati: “Abapfuye nta co baba bakizi.” Kubera ko abapfuye badashobora kumenya ikintu na kimwe, kwumva ikintu na kimwe canke gukora ikintu na kimwe, ntibashobora kugirira nabi abakiriho canke kubafasha.—Zaburi 146:3, 4.

Raba kandi Itanguriro 3:19 na Umusiguzi 9:6, 10.

Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?

Umwana atuntujwe n’ukubura uwiwe

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Turipfuza kubaho, kandi twipfuza kunezererwa ubuzima turi kumwe n’abo dukunda. Kwipfuza gusubira kubona abacu bapfuye, ni ikintu cumvikana rwose.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Benshi mu bantu bapfuye, bazozurwa. Yezu yasezeranye yuko “abari mu mva…ba[zo]zivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Mu buryo buhuye n’umugambi Imana yari ifise mu ntango, abazozuka bagasubira kuba bazima, bazoronka akaryo ko kubaho mw’isi y’iparadizo. (Luka 23:43) Ivyo bintu vyo muri kazoza vyasezeranywe birimwo kandi ivy’uko abantu bagamburuka bazogira amagara atagira agahaze be n’ubuzima budahera. Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:29.

Raba kandi Yobu 14:14, 15; Luka 7:11-17 na Ibikorwa 24:15.

Nosenga gute kugira Imana inyumve?

Umugabo ariko arasenga

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Abantu bo mu madini nka yose barasenga. Yamara rero, benshi babona umengo amasengesho yabo ntiyishurwa.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Yezu yatwigishije kwirinda kuza turasubiramwo amasengesho kanaka twafashe ku mutwe. Yavuze ati: “Igihe usenga, ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi.” (Matayo 6:7) Nimba dushaka ko Imana yumva amasengesho yacu, dutegerezwa gusenga mu buryo yemera. Kugira ngo ivyo tubigire, dukeneye kumenya ivyo Imana igomba, maze tugasenga mu buryo buhuye na vyo. Muri 1 Yohani 5:14 hasigura hati: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba [kw’Imana], i[ra]twumva.”

Raba kandi Zaburi 65:2; Yohani 14:6, 14 na 1 Yohani 3:22.

Noshobora gute kuronka agahimbare mu buzima?

Umukenyezi arondera agahimbare mu gusoma Bibiliya

IGITUMA ABANTU BIBAZA ICO KIBAZO: Abantu benshi bibaza yuko amahera, ukuba rurangiranwa canke ubwiza bwo ku mubiri ari vyo bizotuma bahimbarwa. Ku bw’ivyo, barirukanga inyuma y’ibintu nk’ivyo, yamara bagasanga ata gahimbare babikuyemwo.

ICO BIBILIYA YIGISHA: Yezu yarerekanye ikintu nyamukuru kizana agahimbare igihe yavuga ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” ni ukuvuga abazi ko bakeneye kumenya ivyerekeye Imana. (Matayo 5:3) Dushobora kuronka agahimbare nyakuri mu gihe gusa dukoze ibintu turondera kwironsa ikintu nyamukuru dukenera, ico na co kikaba ari uguheza akanyota dufise ko kumenya ukuri kwerekeye Imana be n’imigambi idufitiye. Ukwo kuri tugusanga muri Bibiliya. Kumenya ukwo kuri birashobora kudufasha gutahura neza ikintu vy’ukuri gihambaye be n’ikidahambaye. Kureka ukuri kwa Bibiliya kukatuyobora mu ngingo dufata be no mu vyo dukora, bituma tugira ubuzima buri n’ico buvuze koko.—Luka 11:28.

Raba kandi Imigani 3:5, 6,13-18 na 1 Timoteyo 6:9, 10.

Iyo yari incamake gusa y’inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bitandatu. Woba wipfuza kumenya n’ibindi? Nimba uri mu bazi ko bakeneye kumenya ivyerekeye Imana, nta nkeka ko wipfuza kumenya n’ibindi. Woshobora kuba wibaza n’ibindi bibazo nk’ibi: ‘Nimba Imana itubabara, ni kubera iki yaretse muri kahise kose hakaba ibibi n’ugucumukura vyinshi ukuraho? Nokora iki kugira ngo ubuzima bwo mu rugo iwacu burushirize kumera neza?’ Bibiliya iratanga inyishu zitomoye kandi zishimishije kuri ivyo bibazo be no ku bindi bitari bike.

Ariko rero, hari benshi muri iki gihe bagonanwa gusoma Bibiliya. Bayibona nk’igitabu amahero, rimwe na rimwe kigora gutahura. Woba wipfuza kuronka icogufasha gutora izo nyishu muri Bibiliya? Ivyabona vya Yehova baratanga ibintu bibiri ushobora gukoresha bikagufasha.

Ica mbere kidufasha ni igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kigenewe gufasha abantu bafise umwanya muto gutohoza inyishu zitomoye zo muri Bibiliya ku bibazo vy’inkoramutima. Ica kabiri ni porogarama igirwa ku buntu yo kwigira Bibiliya ku muhana. Ata co urinze kuriha, Icabona ca Yehova wo mu kibano ashoboye kwigisha ivya Bibiliya, arashobora kuza iwanyu canke ahandi hantu hakworohereza, maze ku ndwi ku ndwi akaza aramara akanya gatogato muhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye Bibiliya. Kw’isi yose abantu amamiliyoni baramaze kwungukira kuri iyo porogarama. Benshi muri bo baramaze gushika kuri iki ciyumviro giteye umunezero: “Emwe natoye ukuri!”

Nta butunzi umuntu yoronka bwoza buruta ubwo. Ukuri kwo muri Bibiliya kuratubohora tukava mu vyo kwemera ibintazi, kukadukura mu bibazo bivuruga ubwenge hamwe n’ubwoba ata ho bushingiye. Kurahuda icizigiro, intumbero mu buzima be n’umunezero. Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”—Yohani 8:32.

1. Umugabo ariko ariga ivyo Bibiliya yigisha; 2. Umukenyezi ariko ariga ivyo Bibiliya yigisha

Raba n'ibindi

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Bibiliya ivuga yuko Imana yaremye ibintu vyose, mugabo yoba itubabara?

Bigenda gute iyo upfuye?

Abapfuye boba bamenya ibiriko birabera iruhande yabo?

Izuka ni iki?

Woshobora gutangazwa no kumenya abazosubira kuba bazima muri kazoza.

Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

Kugira yishure isengesho ryawe canke ntiryishure, ahanini bivana na wewe.