Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

 ICIGWA CA 9

Uburyo bwiza bwo gutegura amakoraniro ni ubuhe?

Uburyo bwiza bwo gutegura amakoraniro ni ubuhe?

Muri Kamboje

Muri Ukraine

Niba uriko uriga Bibiliya ubifashijwe n’umwe mu Vyabona vya Yehova, ushobora kuba uhora wihweza ivyo mwiga imbere y’uko aza kukwigisha. No ku bijanye n’amakoraniro y’ishengero, ni vyiza ko umuntu abigenza gutyo nyene. Igihe tugize mwene urwo rutonde rwiza biravamwo ivyiza.

Nuhitemwo igihe co kwiga be n’ikibanza wokwigiramwo. Ni ryari wokworoherwa no kwiga? Hoba ari mu gatondo ka kare imbere y’uko uja ku bikorwa, canke ni mw’ijoro abana bamaze kuryama? Naho utoshobora kumara umwanya muremure uriko uriga, niwishingire umwanya womara hanyuma ugerageze kwirinda ikintu cose cokuburabuza. Nurondere ahantu hatekanye maze wirinde ikintu cose cogusamaza, nk’akarorero iradiyo, televiziyo na telefone. Gutura isengesho imbere y’ukwiga birakurinda kwiyumvira imyitwarariko y’uwo musi maze ugashobora kwitunira cane kw’Ijambo ry’Imana.—Abafilipi 4:6, 7.

Nuce akarongo ku nyishu wongere witegurire kuzotanga iyo nyishu. Nuhere ku gutahura iciyumviro nyamukuru c’ico cigwa. Nuzirikane ku mutwe w’ico kiganiro canke w’ico kigabane, urimbure ukuntu buri gatwe gatoyi gafitaniye isano n’umutwe-shimikiro wongere uzirikane ku mafoto be no ku bibazo vy’isubiramwo bishimika ku vyiyumviro nyamukuru. Nuce usoma buri ngingo, urondere inyishu y’ikibazo cabajijwe. Nusome ivyanditswe vyatanzwe wongere uzirikane ingene bifitaniye isano n’ayo mayagwa. (Ivyakozwe 17:11) Ubonye ahari inyishu, nuce uca akarongo ku majambo makeyi canke ku mungane makeyi azogufasha kwibuka iyo nyishu. Hanyuma, umaze gushika ku makoraniro, urashobora kuduza ukuboko nimba uvyipfuza kugira ngo utange insasanuro ngufi mu majambo yawe.

Ugiye urihweza amayagwa atandukanye azorimburwa ku makoraniro buri ndwi, uzoronka ivyiyumviro bishasha bizoza vyiyongera ku “bubiko bw’itunga” ryawe ry’ubumenyi bushingiye kuri Bibiliya.—Matayo 13:51, 52.

  • Ni urutonde uruhe wokwishingira kugira ngo uze urategura amakoraniro?

  • Wokwitegurira gute kuzotanga insasanuro ku makoraniro?