Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

 ICIGWA CA 18

Dufasha gute abavukanyi bacu bashikiwe n’ivyago?

Dufasha gute abavukanyi bacu bashikiwe n’ivyago?

Muri République dominicaine

Mu Buyapani

Muri Hayiti

Igihe hateye icago, Ivyabona vya Yehova baca ubwo nyene batunganya ivyo gufasha abavukanyi babo baba bashikiwe n’ico cago. Utwo twigoro turagaragaza ko dukundana vy’ukuri. (Yohani 13:34, 35; 1 Yohani 3:17, 18) None ivyo tubigira mu buryo butandukanye ubuhe?

Turatanga intererano z’amahera. Igihe ikigoyi gikomeye catera i Yudaya, abakirisu bo mu ntango b’i Antiyokiya bararungikiye abo basangiye ukwemera imfashanyo y’amahera. (Ivyakozwe 11:27-30) No muri iki gihe, iyo tumenye ko abavukanyi bacu bo mu gace kanaka k’isi bariko barashikirwa n’ibintu bitoroshe, turarungika intererano z’amahera biciye kw’ishengero turimwo kugira ngo haboneke ivyo gufashisha ababa bari mu nkenero idasanzwe.—2 Abakorinto 8:13-15.

Turafasha mu buryo buboneka. Abakurambere bo mu karere kaba katewe n’icago bararondera abagize ishengero bose kugira ngo bamenye umwe wese muri bo aho ari be n’uko akomeye. Komite ijejwe gutabara iratunganya ivyo kubaronsa imfungurwa, amazi meza yo kunywa, ivyambarwa, aho bakika umusaya be n’imiti. Ivyabona batari bake bafise ubuhanga bukenewe baritanga bakirihira urugendo bakaja gufasha mu bikorwa vyo gutabara no mu gusanura amazu be n’Ingoro z’Ubwami. Ubumwe dufitaniye uko tugize ishirahamwe be n’ubuhanga tuba twarakuye mu gukorana n’abandi biratuma duca tunyaruka kuhaseruka. Naho dufasha “incuti zacu mu kwizera,” turafasha n’abandi igihe bishoboka, naho boba bari mw’idini irihe.—Abagalatiya 6:10.

Turabafasha mu vy’impwemu tukongera tukabahumuriza. Ababa bashikiwe n’icago baba bakeneye canecane guhumurizwa. Muri ivyo bihe, turakura inkomezi kuri Yehova, ya “Mana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3, 4) Turahimbarwa no kubwira ababa bihebuye imihango dusanga muri Bibiliya, tukabakura amazinda ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho ibintu vyose bitera umubabaro be n’amarushwa.—Ivyahishuwe 21:4.

  • Ni igiki gituma Ivyabona baca banyaruka kuhaseruka igihe hateye ivyago?

  • Ni indemesho izihe zo mu Vyanditswe twoshobora kubwira ababa barokotse?