Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

 ICIGWA CA 16

Abakozi b’ishengero bajejwe ibanga irihe?

Abakozi b’ishengero bajejwe ibanga irihe?

Muri Birmaniya

Ariko ashikiriza ikiganiro kw’ikoraniro

Umugwi wo gusohoka mu ndimiro

Kubungabunga Ingoro y’Ubwami

Bibiliya iravuga imigwi ibiri y’abagabo bakirisu bitwararika ibikorwa vyo mw’ishengero, na bo bakaba ari “abacungezi be n’abakozi b’ishengero.” (Abafilipi 1:1) Muri rusangi usanga ishengero rimwerimwe ryose ririmwo abakurambere be n’abakozi b’ishengero batari bake. Ni ibiki abakozi b’ishengero bakora ku neza yacu?

Barasahiriza inama y’abakurambere. Abakozi b’ishengero ni abagabo bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova, b’abizigirwa kandi bitwararika ibintu, bamwe bakaba bakiri bato abandi bakuze. Baritwararika ibikorwa bihambaye bibwirizwa kwama bikorwa mw’ishengero be n’ibindi bisaba inguvu bikunze gukorwa ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo biratuma abakurambere bibanda cane ku mabanga bajejwe yo kwigisha no kuragira.

Bararangura imirimo ngirakamaro. Abakozi b’ishengero bamwebamwe usanga bashingwa igikorwa co kwakira ababa baje ku makoraniro. Abandi boshobora gushingwa gukora mu vyuma biduza amajwi, gutanga ibitabu, kwitwararika ivy’amakonte y’ishengero be n’ivyo guha abagize ishengero ivyibare bamamazamwo. Barafasha kandi mu kubungabunga Ingoro y’Ubwami. Abakurambere barashobora kubasaba gufasha abageze mu zabukuru. Birabereye ko twese twubaha abo bakozi b’ishengero kubera ko bitanga babikunze bakarangura amabanga ayo ari yo yose bashingwa.—1 Timoteyo 3:13.

Ni abagabo bakirisu babera abandi akarorero keza. Abakozi b’ishengero bagenwa kubera bafise kamere nziza ziranga abakirisu. Igihe baba bariko barashikiriza ibiganiro ku makoraniro, barakomeza ukwizera kwacu. Baratuma turushiriza kugira umwete biciye ku kuba baja imbere mu gikorwa co kwamamaza. Bararemesha umunezero n’ubumwe mw’ishengero kubera ko bakora basenyera ku mugozi umwe n’abakurambere. (Abanyefeso 4:16) Haciye igihe, abakozi b’ishengero boshobora gukwiza ibisabwa bakaba abakurambere.

  • Abakozi b’ishengero ni abagabo bameze gute?

  • Abakozi b’ishengero bafasha gute mu gutuma ishengero rikora neza?

Raba n'ibindi

IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA

Amashengero y’Ivyabona vya Yehova atunganijwe gute?

Raba ukuntu turonka ubuyobozi n’inyigisho biciye kuri iyo ntunganyo.