Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Israyeli: Bariko bakoresha tablette mu kwamamaza Ubwami

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu
  • IBIHUGU 49

  • ABANYAGIHUGU 4.409.131.383

  • ABAMAMAJI 718.716

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 766.364

Amasaha ijana ku myaka ijana

Mu gihugu kimwe co muri Aziya, umugore azwi cane akina ibikino kuri televiziyo akaba n’umunyamideli yaremeye kwiga Bibiliya. Yaciye atangura gushira mu ngiro ivyo yiga yongera arata ibitabu vy’ubupfumu n’ibigirwamana vy’Ababuda yari afise.

Umwe mu bo bakorana yaramwinginze ati: “Aho ntiworeka  kwiga imyaka itatu gusa kugira witunire ku mwuga wawe? Uzoheza usubire kwiga.”

Uri uwundi ati: “Nari maze imyaka 24 ndindiriye Yehova. Wumva nomara iyindi myaka itatu nahagaritse kwiga ibimwerekeye?”

Mu ndwi nyene yari gushikiriza ikiganiro ca mbere mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, hari ishirahamwe ry’amasinema ryaje kumurondera. Bamusavye ko bogiranira kontara y’imyaka ine ahembwa umushahara ufadika, ariko akemera gukina uruhara urwo ari rwo rwose bomuha. Yaravyanse. Muri Rusama 2014, yarabaye umwamamaji. Ukwezi kwa Myandagaro kuriko kuregereza, yarafashe ingingo y’uko muri ukwo kwezi yokoze amasaha 100. Igihe bamubaza igituma, yishuye ati: “Ngomba guhimbaza imyaka 100 Yezu amaze aganza mu kwamamaza isaha imwe kuri buri mwaka!” Ntiyayaze amasigaracicaro. Muri Nzero 2015 yarabatijwe, kandi ubu ni umutsimvyi mufasha.

Ijoro bamaze mw’ibohero ntiryijanye

Muri Sri Lanka, bashiki bacu bane barafashe ibisi baja kwamamaza mu cibare kidafise abagikoreramwo ciganjemwo Ababuda. Ku musi ugira kabiri bariko baramamaza, hari umumonaki w’Umubuda hamwe n’umushoferi w’itagisi babahambariye. Mu kanya gatoyi, bari bakikujwe n’abantu bashika 30 bashangashiwe. Abapolisi baciye bahashika, baratwara abo bashiki bacu maze babaraza mu gasho naho ata caha na kimwe bagirizwa. Bapfungiwe hamwe n’inkozi z’ikibi katwa zaguma zibatuka zongera zibabwira ibijambo bibi, ariko kuba bari ng’aho vyarabahaye akaryo ko gushinga intahe. Umwe  muri bo yavuze ati: “Nari mpfungiwe hamwe n’abicanyi, ariko narashoboye kubabwira ukuri. Baratangajwe no kuba nari ng’aho kandi barambajije ibibazo vyinshi ku bijanye n’ivyo nemera. Hari mbere n’uwambabije ati: ‘Kubera iki unezerewe?’”

Sri Lanka: Bashiki bacu bane baragiye n’ibisi kwamamaza mu cibare kidafise abagikoreramwo

Sentare ntahinyuzwa yo muri Sri Lanka yarakiriye urubanza rwacu rwo kwitwarira igipolisi kubona carapfunze abantu ata co bagirizwa, ariko urwo rubanza ntiruraburanishwa.

Yarafashije umugore atava ku musego

Mushiki wacu w’umutsimvyi wo mu Buyapani yitwa Michiko yariko arigisha Bibiliya umutamakazi umwe mu bitaro mu rurimi rw’ibimenyetso. Yarabajije abakozi bo ng’aho ko ata bandi barwayi yoganiriza. Michiko yahavuye abonana na Kazumi. Kazumi arumva ariko ntavuga. Kuva agize isanganya afise imyaka 23, ntava ku musego kandi ntashobora kumira ibifungurwa canke kunywa amazi. Yari afise ibibazo vyinshi kandi yaciye yemera kwiga Bibiliya.

Ubuyapani: Kazumi arakunda kwandika amakete aremesha

Michiko yaramubaza ikibazo, Kazumi na we agaca ashira urutoke ku nyishu canke akayandika. Igihe Kazumi yaronka telefone, Michiko yaciye aza ararimburira hamwe na we icanditswe c’umusi buri gitondo. Naho amagara ya Kazumi yaguma ayonga, yagumye atera imbere mu vy’impwemu gushika aho avuga ko yipfuza kuba Icabona ca Yehova. Kazumi ashikanye imyaka 61 yahavuye aba umwamamaji, amaze imyaka 13 yiga.

Kubera ko Kazumi atava ku musego, ishengero ryaratunganije ko aza arakurikira amakoraniro n’amateraniro  yose kuri telefone. Mu gihe c’amakoraniro, bashiki bacu batandukanye baza barasoma insasanuro Kazumi aba yateguye.

Umwe wese mu batohoji bitaba amakoraniro, Kazumi aramwandikira agakete karemesha gahuye n’uko ivyiwe vyifashe. Arabwira inkuru nziza abakozi bo ku bitaro hamwe n’abaza kumusuhuza. Kazumi ababwira ati: “Niwiga Bibiliya uzogira agahimbare.”

Umumonaki yiga ukuri

Mu gihugu kimwe co mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya, hari mushiki wacu yagiye kwivuza ku muganga w’amaso, aca ahahurira n’uwihebeye Imana bita umumonaki. Uwo mushiki wacu yamubajije ati: “Woba woshima kubaho ibihe bidahera ufise amagara  meza kandi wibera ahantu heza cane?” Barayaze bahuza, maze aramuha agatabu Niwumvirize Imana. Uwo mumonaki yaramuhaye inomero ziwe za telefone, na we aca aziha umuvukanyi wo mw’ishengero. Bidatevye, uwo muvukanyi yaramuterefonye, aramutumira ku nsiguro idasanzwe. Uwo mumonaki yararyohewe cane n’amakoraniro, canecane indirimbo z’Ubwami, kandi yarakozwe ku mutima n’ukuntu bose bamwakiriye n’igishika.

Igihe uwo mumonaki yabaza ko Ivyabona boba bafise kaminuza yigisha ivy’Imana canke iseminari, uwo muvukanyi yaciye amubwira ko twigisha abantu Bibiliya aca aramusaba ko yomwigisha. Mu ndwi yakurikiye, uwo mumonaki yari yahejeje gutegura ikigabane ca 1 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yarabandanije kwiga, aratangura kwitaba amakoraniro, agatanga n’inyishu mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi.

Igihe uwo mumonaki yitaba iteraniro ry’umuzunguruko, uwari yaserukiye ibiro vy’ishami yaramutumiye ngo azoze kugendera Beteli. Mu ndwi yakurikiye, yaragize urugendo rw’amasaha cumi agiye kuri Beteli, akaba yarahawe ikaze n’igishika cinshi. Mu mpera za Ruhuhuma 2015, yaratanze imihoho mu mabanga yiwe kandi arabandanya kwiga Bibiliya no kugira uruhara mu makoraniro.

Yarasubiye kubonana n’Ivyabona

Hari abatsimvyi baherutse kurungikwa mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubuhindi, hakaba hari haciye imyaka myinshi inkuru nziza itamamazwa muri ako karere. Abantu benshi barashimishijwe n’ukuri, nya batsimvyi baca biyumvira kurondera ahantu heza boza baragirira amakoraniro. Bariko baragenda ku nyigisho ya  Bibiliya, barabonye inzu iriko irubakwa baca biyumvira kubaza ivyayo. Bigiye imbere gatoyi, vyarabanse mu nda baca barasubira inyuma. Inyuma y’iyo nzu bahasanze umutamakazi umwe, baca baramubwira ko ari Ivyabona vya Yehova. Yaciye ababwira atangaye ati: “Na jewe ndi Icabona ca Yehova,” maze arabaha ikaze mu nzu. Yaciye abereka ibitabu vyo mu myaka ya 1970 na 1980 yari yarabitse. Yari yahoze yiga Bibiliya n’abatsimvyi mu myaka 30 iheze, kandi yari yaritavye amakoraniro gakeyi naho umugabo wiwe yamurwanya. Yari yarajijutse ko yubuye ukuri ariko ntiyasubiye kubonana n’Ivyabona igihe abo batsimvyi bava muri ako karere. Abana  biwe bose baragiye mu madini atandukanye, ariko wewe yaranse kuja mw’idini na rimwe.

Ubuhindi: Ariko arabereka ibitabu vyo mu 1970 na 1980 yari yarabitse

Abana biwe baramugobereye ngo aje muri Gatolika kugira ngo niyapfa baze bamusomere imisa. Mutoyi wiwe mbere yarashimitse gushika n’aho amujana ku rusengero kwiyandikisha, ariko bari mu nzira basanga imiduga ni myinshi cane ku buryo baheba bagasubira inyuma. Yamubwiye ko bazosubirayo bukeye, ariko aca ararwara. Kuri uwo musi nyene ku muhingamo ni ho abo batsimvyi babonana n’uwo mutamakazi! Ubu yarasubiye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro, kandi aguma aremesha abana biwe n’abuzukuru biwe ngo na bo nyene bige.