Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Brezile: Valdira ariko ariga Bibiliya kw’ibuji biciye kuri telefone

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Amerika

Amerika
  • IBIHUGU 57

  • ABANYAGIHUGU 982.501.976

  • ABAMAMAJI 4.102.272

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.345.532

Yigira Bibiliya mw’ishamba kw’ibuji

Umugabo n’umugore b’abatsimvyi badasanzwe bo mu cibare ca kure muri Brezile barumvise ivyerekeye Valdira, umugore hari haciye imyaka 13 atiga Bibiliya. Abo batsimvyi bamaze kugira urugendo rurerure mw’ibarabara ry’ibivu bongera bajabuka inzuzi ziteye akaga, baratevye barashikira Valdira, uno akaba yari ashashaye gusubira kwiga. Kubera yuko yaba kure cane, haratunganijwe  ibintu bidasanzwe. Naho Valdira yari afise telefone, kugira ifate vyasaba ko aja mw’ishamba riri kure y’aho aba. N’ikindi kandi, inyuma ya satatu z’ijoro ni ho gusa Valdira yashobora kwiga. Iyumvire nawe: Umugore akiri muto yicaye mw’ishamba wenyene mw’ijoro, ariko ariga Bibiliya kw’ibuji biciye kuri telefone.

Amakoraniro yo ku wa mungu na yo nyene Valdira ayakurikirana kuri telefone. Araja muri iryo shamba afise Bibiliya, Umunara w’Inderetsi n’igitabu c’indirimbo. Iyo imvura iriko iragwa, aca atwara umutaka.

Muri Ntwarante, Valdira yaragize urugendo rw’ibilometero birenga 90 agiye ku Ngoro y’Ubwami kwitaba ikoraniro ridasanzwe. Kuri iryo koraniro harasohowe Bibiliya y’isi nshasha y’igiportigale yasubiwemwo. Yararyohewe cane aronse iyo Bibiliya nshasha. Igihe bamukeza kubera utwigoro agira mu kwiga Bibiliya, Valdira yaciye yivugira ati: “Ntibigoye namba!”

“Nari nzi ko umusi uri izina mwoje”

Aba Yukpa ni Abahindi baturuka muri Amerika baba muri Kolombiya. Imbere y’uko umutsimvyi adasanzwe yitwa Frank agendera kimwe mu bigwati vyabo, abantu baramugabishije ku bijanye n’umutware w’ico kigwati yitwa John Jairo. Uwo mutware yari yarirukanye abavugabutumwa bo mu madini atandukanye bagomba kwigisha ng’aho. Umusi umwe John yasanze umuvugabutumwa umwe ariko aratoza ibigiracumi, aca aramukinagiza agenda ararasa hejuru.

Kolombiya: Frank ariko arigisha Bibiliya aba Yukpa

Frank yigana ati: “Igihe twashika muri ico kigwati, umuntu wa mbere yatwumvirije yari umukobwa wa John Jairo! Tumaze kumwereka igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya  yigisha iki? yaciye avuga ati: ‘Iri ni ryo dini nshaka kujamwo!’ Yaciye yiruka kubwira se wiwe ko turi ng’aho. Se wiwe yaciye adutumako. Twaragiye aho ari umutima uri mu kirere. Tutaravuga ijambo na rimwe, yaciye avuga ati: ‘Ndazi ko muri mw’idini ry’ukuri. Haraciye imyaka umunani ntoye mu nyabarega y’i Becerril igitabu gisa na kirya mwahaye umukobwa wanje. Naragisomye, kandi kuva ico gihe nagumye ndindiriye ko muza. Nari nzi ko umusi uri izina mwoje. Ngomba ko munyigisha Bibiliya, mukigisha umuryango wanje, mukigisha n’abantu bose bo muri iki kigwati. Imiryango iruguruye!’

“Ayo majambo yatumye dukorora amosozi. Ikigwati cose caciye gikoranira hamwe kugira cumvirize ivyo  twigisha, John Jairo akaza arabasigurira mu rurimi rwabo. Igihe twavayo, yaradutije indogobwa idutwarira imizigo. Ubu tuyoborera inyigisho za Bibiliya imigwi 47 igizwe n’aba Yukpa 120 bo mu bigwati bitandukanye, ushizemwo John Jairo n’umukobwa wiwe.”

Uwahoze arwanya Ivyabona ahindura ingendo

José yahoze ari umugatolika w’imena, akaba aba muri Équateur. Yanditse ati: “Ivyabona vya Yehova narabanka urunuka. Namaze imyaka cumi ndabarwanya. Naratunganya imigwi yo kubarwanya, tukabakubita tubagiriza ko ari abasuma. Tubashikanye ku gipolisi, nashirwa ari uko jewe ubwanje nugaye n’igufuri agasho barimwo. Igihe kimwe twaraturiye imodoka y’Icabona.  Ikindi gihe na ho, twarahenuriye mu mwonga ipikipiki yabo.

“Mu 2010, nararwaye akamangu k’ingurube. Umuganga yantegetse kuva mu karere k’imisozi nabamwo nkimukira ahantu hashushe kugira ndabe ko nosubirana. Naciye nja kuba mw’itongo ry’incuti yanje ryari ku nkengera y’ibahari, kandi nasanze ari jewe jenyene mbwirizwa kuryitwararika. Kubera yuko nari jenyene, sinaronka abo tuganira. Ndagufinze: ni bande bansanze aho hantu? Ivyabona vya Yehova! Kubera irungu ryari rinyishe, naremeye kuganira na bo kandi naratangajwe cane n’ukuntu bakoresha Bibiliya. Naremeye kwiga Bibiliya kugira gusa ndabe ivyo ari vyo. Igihe nari maze amezi atandatu niga, naritavye amakoraniro ari ryo rya mbere. Narakozwe ku mutima n’ubuntu be n’urukundo bangaragarije ku buryo nibaza nti: ‘Ubwo aba si bo bari mw’idini ry’ukuri?’ Narateye imbere maze mbatizwa muri Ndamukiza 2014.

“Nariyagirije kubona nararwanije Ivyabona. Ariko rero, Yehova yarampaye akaryo ko kubereka ko nicuza. Kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryabaye ku wa 4 Gitugutu 2014, nariganye ukuntu nahora ngwanya Ivyabona. Bambajije bati: ‘Uwoguha akaryo ko gusaba imbabazi abo warwanije, ni nde woherako?’ Naciye nishura ko ari umuvukanyi Edmundo, ariko ko ntari nzi iyo nomukura. Sinari nzi ko umucungezi w’umuzunguruko yari yamunyegeje inyuma y’umukiruruko. Abari aho bararize babonye twe na Edmundo turiko turagumbirana ku mukiruruko, dukorora n’amosozi.”

“Yehova, ntabara undungikire Ivyabona vyawe”

Paraguay: Umugore yarabajije bashiki bacu ko boba ari Ivyabona

Hari ku ruzuba rumena imbwa agahanga rwa sasita. Bashiki bacu b’i Asunción muri Paraguay bari bahejeje gukorera mu cibare bari bahawe. Ariko rero, baciye bafata  ingingo yo kwinanata ngo bamamaze mu mazu makeyi yari hafi yo ng’aho. Umwe muri bo yavuze ati: “Wosanga hari umuntu ariko arasenga.” Bashitse kw’ikorosi, hari umugore akiri muto yari imbere y’inzu yiwe yabaramukije abamwenyurira aca arababaza ko boba ari Ivyabona vya Yehova. Yababwiye ko hari haheze ukwezi yimukiye aho muri Paraguay avuye muri Boliviya ku mvo z’akazi. Yahora yiga Bibiliya muri Boliviya. Mu babanyi biwe nta n’umwe yashoboye kumurangira Ivyabona. Yaciye asenga Yehova ati: “Yehova, ntabara undungikire Ivyabona vyawe.” Kuri uwo musi nyene, abo bashiki bacu baciye bamugendera baca barahana isango ryo gutangura kwiga Bibiliya.