Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Uburundi: Nolla kariko karereka Umunara w’Inderetsi ba bagabo

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Afrika

Afrika
  • IBIHUGU 58

  • ABANYAGIHUGU 1.082.464.150

  • ABAMAMAJI 1.453.694

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 3.688.959

Kwamamaza n’imoto

Bénin: Désiré arakoresha iradiyo yashize ku moto mu kubwira inkuru nziza abakiriya

Mu bisagara vyo mu bumanuko bwa Bénin, abantu bakunda kwiyunguruza na taxi-moto, muri ako karere bakaba bazita “zem.” Umutsimvyi wo gufasha yitwa Désiré yarashize iradiyo kw’ipikipiki yiwe, aca arabisha mikoro zibiri aho abakiriya bicara. Aguma avuza ibisohokayandikiro vyafashwe amajwi hamwe n’ibikino bishingiye kuri Bibiliya. Igihe umukiriya yuriye ku moto  yiwe, akenshi aca atangura kwumviriza yitonze ibiriko biravugwa. Benshi bararyoherwa cane n’ivyo bariko barumva, ku buryo bashitse iyo baja banka kwururuka gushika ibiriko biravugwa biheze. Désiré avuga ati: “Noshima ko bandiha bakagenda kugira ndondere abandi bakiriya, ariko ndazi ko kwumviriza inkuru nziza bihambaye kuruta amahera. Vyongeye, biratuma ntanga ibisohokayandikiro vyinshi.”

Akigeme gaciye ubwenge

Nolla ni agakobwa k’imyaka itandatu kaba mu Burundi kataragera kuja kw’ishure. Umusi umwe, iwabo bari batetse. Abagabo babiri bariko barakora hafi yo ng’aho baraje gusaba umucanwa. Igihe abo bagabo baza, Nolla ni ko kari gacunze inkono. Karabaretse bararahura. Haheze akanya, Nolla karagiye aho ba bagabo bari, gasanga wa mucanwa wari uwo kudomeka itabi. Ivyo vyarakababaje cane, gaca kababwira gati: “Iyo menya ko murondera umucanwa wo kudomeka itabi sinawubaha.” Kaciye kibuka ko kabonye ku Ngoro y’Ubwami ikinyamakuru gicafyeko itabi. Kaciye kiruka ku ngoro gatora iminara ibiri yo ku wa 1 Ruheshi 2014, yavuga ibijanye n’itabi. Nolla kaciye kagaruka maze kayiha ba bagabo, gaca kabasaba gashimitse ko boyisoma ubwo nyene. Mu nyuma karasubiye guhura n’abo bagabo gaca karabaha ubutumire bw’ihwaniro ry’akarere ryari ryimirije. Kubera bakozwe ku mutima n’ugukovya kw’ako kigeme, abo bagabo baritavye iryo hwaniro imisi ibiri. Mu karuhuko, Nolla karababonye gaca karabasaba ngo baze gusangira udufungurwa n’umuryango  wako. Abo bagabo baranyuzwe n’ivyo babonye be n’ivyo bumviye kw’ihwaniro, baca baratangura kwiga Bibiliya.

Kwamamaza mw’ibohero

Abakurambere bo muri Liberiya baravuga inkuru nziza y’Ubwami mu mabohero atandukanye. Umutsimvyi adasanzwe yitwa Yves wo ku murwa mukuru Monrovia asigura ati: “Muri Ntwarante, abanyororo batatu barabaye abamamaji. Ivyo vyatumye abamamaji bo mw’ibohero rikuru ry’i Monrovia baba batandatu.” None bamamaza gute? Yves avuga ati: “Imisi yose ku wa gatatu no ku wa gatandatu baragira ikiganiro co gusohoka mu ndimiro. Baca bamamaza agasho ku kandi, bakabwira abandi banyororo ubutumwa butanga icizigiro.” Abanyororo benshi ubu bariga Bibiliya kandi baritaba amakoraniro abera aho mw’ibohero. Umuvukanyi yari avuye ku biro vy’ishami yarashikirije insiguro abanyororo 79 bo muri iryo bohero. Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya vyama bitangwa no mu yandi mabohero atandatu, kandi biriko birafasha abanyororo guhinduka.

“Turakeneye cane abadufasha”

Haragizwe utwigoro dukomeye kugira abashimishijwe n’ukuri bo mu turere twa kure bitabe Icibutso. Nk’akarorero, abantu bo mu bwoko bw’aba San, abitwa kandi aba Bochimans, ni abasangwabutaka bo mu bumanuko bwa Afrika. Kera bari bafise ubuzima buciye bugufi, burangwa n’ukuza barimuka, batunzwe n’uruhigi be n’ibiterwa vyimeza. Mu 2015, umutsimvyi adasanzwe  wo mu buraruko bwa Namibiya yitwa Glenn, yaratunganije kugirira Icibutso mu kigwati kibamwo aba San kiri ku bilometero 270 mu buseruko bwa Rundu. Bwari ubugira kabiri muri ico kigwati habera Icibutso. Kuri izo ncuro zose, abatware b’ico kigwati baremereye Ivyabona vya Yehova gukoresha inyubakwa ya sentare ku buntu. Abantu 232 baritavye Icibutso naho haguye imvura nyinshi imbere y’Icibutso n’igihe cariko kiraba. Abo basangwabutaka bavuga ururimi rwitwa khwe, rwaturwa mu buryo butangaje. Insiguro yashikirijwe mu congereza ikaza irasobanurwa muri urwo rurimi. Kubera ko ata Bibiliya y’urwo rurimi ihari, ivyanditswe nka Yesaya 35:5, 6 vyaza birasigurwa mu kubereka amashusho. Muri ako karere, Glenn arafiseyo inyigisho zitari nke ziteye imbere. Avuga ati: “Maze imyaka ibiri nza ndaza ng’aha rimwe mu kwezi, nkahamara imisi nk’ingahe. Iterambere ntiryihuta kubera ingorane z’ururimi n’urugendo. Turakeneye cane abadufasha. Igihe naja ku batware ngo tuvugane ivy’Icibutso c’uno mwaka, umwe muri bo yaciye anyinginga ngo twubake urusengero muri aka karere. Yambwiye ko boduhaye ikibanza co kwubakamwo bakirihira n’amahera yo kwubaka! Twe twasabwa gusa kuzana ‘umupasitori’ canke na ho tukamenyereza umwe muri bo akaba umupasitori!”

Namibiya: Bariko barabwira inkuru nziza umugore w’umu Himba