Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bavukanyi namwe bashiki bacu bakundwa,

Umuhanuzi Yesaya yaremeye yicishije bugufi ko ukuroranirwa n’ugusagamba kwose Ubwami bwa Yuda bwari bwashitseko vyavuye ku muhezagiro wa Yehova. Nk’uko tubisoma muri Yesaya 26:12, yavuze ati: ‘Ewe Yehova, ibikorwa vyacu vyose ni we wabishikije ku bwacu.’ Kuzirikana ku bintu vyose vyaranguwe mu mwaka w’umurimo uheze, biratuma tuvuga nk’ukwo kwa Yesaya. Mu vy’ukuri, Yehova ariko arakora “ibintu vy’agatangaza” bitari bwigere biboneka! (Kuv. 34:10) Raba ivyiza bimwebimwe vyavuye mu bintu bikomeye yadukoreye.

Urubuga rwacu rwa jw.org ruriko rurakora ibikora inka. Ubu ruraboneka mu ndimi zirenga 600, kandi umuntu arashobora gusoma no kuvoma ibiri kuri rwo mu ndimi zirenga 750. None urwo rubuga ruriko rufasha gute abantu banyotewe ukuri? Raba iki kintu cabaye: Hari umugabo n’umugore bari baravunitse umutima kubera ubwiyorobetsi babona mu madini. Igihe bariko bararondera icobafasha kumenya Imana, barubutse ku rubuga rwacu. Baratanguye kuza baraja kuri urwo rubuga, bagasoma ibiganiro bihari bakaraba n’amavidewo. Baranavomye agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi, baca baratangura kuza barasoma icanditswe c’umusi bari kumwe n’abana babo babiri b’imiyabaga. Nkako, igihe Ivyabona vya Yehova babagendera,  basanze bariko barasoma icanditswe c’umusi. Ivyo Vyabona baramenye ko uwo muryango wari waragize amahinduka menshi kubera ivyo wabona kuri urwo rubuga. Bari barakuye ku mubiri ibintu bari baricafyeko (tatouages), baraheba kwitobagura umubiri (piercing), barata ibishusho vy’idini bari bafise bongera barahagarika guhimbaza imisi mikuru y’isi no kuraba amasinema mabi. Ivyo vyose babigize batarabonana n’Ivyabona! Igihe iyi nkuru yandikwa, abo bavyeyi n’umwe mu bana babo bari bamaze kuba abamamaji, kandi abo bavyeyi bari bafise umugambi wo kubatizwa vuba.

Turamaze kuronka amakete menshi y’abantu bakenguruka ya televiziyo yacu yo kuri internet. Ca kiganiro cama gica kuri iyo televiziyo buri kwezi, ubu kiraboneka mu ndimi zirenga 70, n’izindi zikaba ziri inyuma. Imiryango myinshi iraraba ico kiganiro muri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Ishirahamwe rya Yehova riguma ryaguka, ariko tuguma twegera icicaro gikuru!”

Amahwaniro yama ari ikintu kidasanzwe ku basavyi ba Yehova, kandi ukwo ni ko vyagenze no kw’ihwaniro ryabaye mu mwaka w’umurimo wa 2015. Porogarama y’iryo hwaniro yarimwo amavidewo n’amashusho 42, hamwe n’imiziki itandatu iryoheye ugutwi yagiye iravuzwa mu ntango y’ikiringo kimwekimwe cose. Ku bijanye n’iyo porogarama, umuvukanyi umwe azi utuntu n’utundi yavuze ati: “Biboneka ko ata n’umwe yashaka guhaguruka mu kiringo ca porogarama, kubera batipfuza ko hagira ikintu na kimwe kibacika.” Ku bijanye n’iryo hwaniro ryo mu mwaka uheze, umumisiyonari umwe akorera mu ndimiro yavuze ati:  “Amavidewo yatumye ndushiriza gutahura ukuri no kubona ko Ubwami atari umugani.”

Yehova kandi yaraduhaye indirimbo z’Ubwami nshasha muri uyu mwaka uheze. Hari umugabo n’umugore banditse bati: “Iyo turiko turumviriza izo ndirimbo, womengo Yehova ariko aratugumbira. Zaraturemesheje cane mu bihe bigoye.” Amahwaniro yacu yaratwibukije igikorwa kitoroshe umugwi w’abaririmvyi n’abacuraranzi w’ishirahamwe ryacu urangura ku bwacu, ivyo vyose bikaba bituma Yehova arushiriza kuninahazwa!

Tubahimirije mwese kwigana Yehova mu guha ikaze n’igishika cinshi abagaruka kuri we

Ishengero ryanyu ryoba ririko riramamaza ku mugaragaro rikoresheje twa tuntu tw’amapine? Ese ingene ubwo buryo buriko buravamwo ivyiza vyinshi! Abantu bamwebamwe baba ahantu hacungerewe bariko barumva ukuri ari ryo rya mbere biciye kuri ubwo buryo. Hari n’abandi benshi, harimwo n’Ivyabona bahororokewe, bariko barabwungukirako. Muri Nzero 2015, hari umugabo wo muri Koreya y’Epfo yegereye ahantu hari ka kantu k’amapine bakoresha mu kwamamaza ku mugaragaro. Yavuze ko ata gihe kinini kihaciye atanguye kuzirikana yitonze ibijanye no kwiyegereza Imana. Yaciye atangura kwiga Bibiliya. Muri Ruhuhuma, yaritavye amakoraniro ari bwo bwa mbere; muri Ntwarante araheba itabi. Muri Ndamukiza, yaragendeye ishami ryo muri Koreya y’Epfo, kandi arabandanya gutera imbere. Ico ni kimwe gusa mu vyabonywe umuyoro twaronse hano ku cicaro gikuru.

Dusaba Imana ko ka gatabu twaronka kw’ihwaniro kofasha abantu benshi bigeze kuba bayikorera n’umwete kugaruka kuri Yehova amazi atararenga inkombe! Tubahimirije mwese kwigana Yehova mu guha ikaze n’igishika cinshi abagaruka kuri we.Ezk. 34:16.

 Mu vy’ukuri, Yehova yarakoreye ivyiza vyinshi abasavyi biwe mu mwaka w’umurimo uheze. None twitege iki mu wukurikira? Reka turindire. Nimumenye ko twebwe abagize Inama Nyobozi tubakunda cane mwese be n’uko twama tubashira mu masengesho dutura.

Tubipfurije kuroranirwa,

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova