Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Tanzaniya: I Dar es-Salaam, abahita barashimishwa n’ibiri kuri twa tuntu tw’amapine

 IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Gushikira abo bitoroshe gushikira

Gushikira abo bitoroshe gushikira

KWAMAMAZA inzu ku nzu ni bwo buryo nyamukuru Ivyabona vya Yehova bakoresha mu gutangaza ukuri kwo muri Bibiliya. Ariko ntiwumve, kwamamaza ku mugaragaro hakoreshejwe utumeza na twa tuntu tw’amapine na vyo nyene vyaragaragaye ko ari uburyo bwiza cane bwo kumenyekanisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Mat. 24:14) Abamamaji b’Ubwami barakoresheje utugege, utumeza be n’udukiyoske kugira bamamaze mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Vyongeye, amashengero yo hirya no hino kw’isi aramaze kurungikirwa twa tuntu tw’amapine 250.000. None havuyemwo iki?

Kuva batanguye kwamamaza ku mugaragaro i Dar es-Salaam muri Tanzaniya mu 2014, abantu nka 700 barasavye  kwiga Bibiliya. Abantu benshi bashimishwa n’ukuri baritaba amakoraniro kandi bariko bariyegereza Imana. Mu mwaka umwe, abantu baturuka hirya no hino muri Afrika canke mu tundi turere tw’isi baratoye ibisohokayandikiro birenga 250.000 kuri twa tuntu tw’amapine.

Mu Mazinga ya Salomo hari abamamaji badashika 2.000 kandi bafise icibare kinini kigizwe n’amazinga arenga 300. Muri ayo mazinga, ya ntunganyo idasanzwe yo kwamamaza ku mugaragaro mu bisagara bininibinini iriko irafasha cane mu kubiba imbuto z’ukuri. Ku murwa mukuru Honiara, abavukanyi baratanze ibinyamakuru birenga 104.000 n’udutabu turenga 23.600, vyinshi bakaba babihaye abantu baturuka mu mazinga no mu bigwati vya kure bitarimwo Ivyabona. Ku muhingamo umwe gusa, baratanze ibitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? 400 kandi abantu 60 barasavye kwiga Bibiliya.

Umusi umwe mu gitondo, abatsimvyi basanzwe Michael na Linda bariko barashira akagege k’ibisohokayandikiro ku nkengera y’ikiyaga mw’izinga rya Margarita muri Venezuwela. Hari umugabo yitwa Aníbal yegereye aho bari maze yakira igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Yababwiye ko hari haheze imyaka indwi se wiwe apfiriye kuri iyo nkengera, kandi kuva ico gihe nyina wiwe yaciye arwara akabonge. Mu ndwi yakurikiye, Aníbal yaragarutse maze abwira Michael na Linda ko uwo wari umusi wo kwibuka urupfu rwa se. Yaciye aterefona nyina wiwe, aca asaba Michael ko yomuremesha, kandi yarabikoze. Kuva ico gihe, nyina wa Aníbal aramaze guterefona kenshi Michael na Linda, kandi baramuremesha  bakoresheje ivyanditswe. Muri mesaje imwe nyina wa Aníbal yabarungikiye, yababwiye ati: “Ubu numva ari mitende kubera ko mwandemesheje kandi mugakomeza ukwizera kwanje.”

Ico gikorwa nyene caratunganijwe mu bibanza 127 vyo mu bisagara 14 vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu mezi indwi ya mbere y’umwaka w’umurimo wa 2015, haratangujwe inyigisho za Bibiliya 8.445! Ubwo buryo kandi bwarafashije kugaruka mu kuri abantu benshi bahoze bifatanya n’ishengero. Nk’akarorero, umugabo yitwa Terry yariko araraba akameza kariko ibisohokayandikiro i Los Angeles muri Kaliforniya. Abavukanyi bari ng’aho baciye bamubaza ko yoba yari amaze gusoma ibitabu vyacu. Yaciye ababwira ko ari Icabona ca Yehova, mugabo ko yari amaze imyaka ine yarahororokewe. Baciye bamusomera muri Ezekiyeli 34:11, aho Yehova avuga ati: “Jewe ubwanje . . . nzorondera intama zanje, ndaziteho,” baca barahaganirako. Baramubwiye ivyerekeye rwa rubuga rwacu na ya televiziyo yacu. Bukeye, Terry yarandikiye umwe muri abo bavukanyi, amubwira ko imbere gatoyi y’uko abona ka kameza, yari yatakambiye Yehova ngo amubabarire kubera yahevye kwitaba amakoraniro. Yari yamusavye kandi ngo amufashe kumwiyegereza. Terry yongeyeko ati: “Ni ho waca undamutsa n’igishika. Waciye unsomera icanditswe kiremesha wongera urambwira amakuru nkeneye kugira ngaruke mw’ishirahamwe rya Yehova. Iyo yari inyishu y’isengesho ryanje.”

I Addis Abeba muri Etiyopiya hari ibibanza bine bamamarizamwo ku mugaragaro. Mu mezi atatu, abavukanyi baratanze ibisohokayandikiro 37.275, kandi abantu 629 barasavye ko Ivyabona bobagendera. Mu bantu benshi batoye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, harimwo  umutama umwe yaciye atangura kugisoma ubwo nyene. Yari yarigeze kwiga mw’iseminari, kandi yari afise ibibazo ku vyerekeye Yezu n’Ubwami bw’Imana. Bukeye, yaragarutse hamwe yatora ico gitabu kugira bamuhe inyishu z’ibibazo yari afise. Ku musi wakurikiye, yaremeye kwiga Bibiliya, kandi ku mpera y’iyo ndwi  yaritavye amakoraniro ari bwo bwa mbere. Ubu ntasiba ku makoraniro kandi ariko aratera imbere neza.

Etiyopiya: Ibitabu vy’igi amharic biri kuri ka kantu k’amapine i Addis Abeba

Muri Megizike, hari umugabo w’Umuyahudi yegereye abavukanyi babiri bariko baramamaza bakoresheje akagege bashirako ibisohokayandikiro, maze ababaza ko boba bafise agatabu kavuga ibijanye n’urupfu. Bamubwiye ko ibinyamakuru bari bafise bivuga ibijanye n’urupfu vyari vyaheze, baca bamuha ikivuga ibijanye na kazoza. Nya mugabo yaciye afata ukuboko umwe muri abo bavukanyi maze amubwira ati: “Nta kazoza nshaka. Nta kindi nshaka atari ukwiyahura.” Yaciye atangura kurira. Abo bavukanyi baramubajije ikimurijije, na we aca abishura yiyuha iryosozi ati: “Umuhungu wanje aherutse gupfa.” Baciye bamwereka ikigabane ca 7 mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Baramusomeye ingingo zibiri zitangura munsi y’agatwe kavuga ngo “Igihe uwacu apfuye” hamwe n’ibivugwa mu mpera y’ico kigabane bijanye n’icizigiro c’izuka. Uwo mugabo yarakozwe ku mutima cane, aca yongera gufata ukuboko nya muvukanyi maze amubaza ati: “Ivyo ni ukuri?” Nya bavukanyi baramusubirije umutima mu nda ko Yehova atayaga abiri. Yaciye ababaza ati: “Nokora iki kugira nzosubire kubonana n’umuhungu wanje?” Baciye bategekanya kumugendera imuhira. Igihe bashika muhira iwe, basanze abarindiriye, ashashaye gutangura kwiga Bibiliya.

Umucungezi w’umuzunguruko yafashije gutanguza ya ntunganyo idasanzwe yo kwamamaza ku mugaragaro i New York yavuze ati: “Yehova yarahezagiye cane iyo porogarama! Ntiyadufashije gusa gushikira abantu ibihumbi mirongo, ariko kandi yaradufashije kugarura ‘intama zari zaratakaye,’ ni ukuvuga abantu benshi bahororokewe hamwe n’abaciwe, ubu bakaba bariko barafashwa kugaruka mu ruhongore.”Ezk. 34:15, 16.