Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Kanada: Ikigwati c’aba Inuit i Kangirsuk mu buraruko bwa Québec

 IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Kubwira inkuru nziza Abanyakanada bose

Ya videwo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? iramaze guhindurwa mu ndimi kavukire umunani kugira ifashe abantu bo mu cibare c’ishami rya Kanada. Mw’isekeza ry’imisi cumi abavukanyi bagize i Nunavik muri Gitugutu 2014, bareretse iyo videwo abantu nka bose baba mu bigwati 14 mu rurimi rwitwa inuktitut ruvugwa n’abantu barenga 12.000.

Uwujejwe ikibuga yarumiwe

Muri Nyakanga 2014, ku kibuga c’inkino c’i Sangam i Séoul muri Koreya y’Epfo harabereye ihwaniro mpuzamakungu. Iryo hwaniro ryitabwe n’abantu barenga  56.000. Uwujejwe ico kibuga yarashimye inyifato nziza y’Ivyabona mu gihe c’iryo hwaniro be n’ukuntu bakoranye neza. Yavuze ati: “Bose barangwa n’urupfasoni. Naratangajwe n’ukuntu basukuye iki kibuga neza gusumba abakozi bacu b’abahinga mu vy’isuku. Ese abakozi bacu bokwigana umutima bakorana. Dukwiye kumera nk’Ivyabona vya Yehova nimba dushaka gukorera Imana neza.”

Koreya y’Epfo: Ihwaniro mpuzamakungu ryo mu 2014, i Séoul

Yehova yaraducishije ubwenge

Muri Rusama 2012, leta ya Suwede yarankiye Ivyabona vya Yehova kwungukira ku turusho duhabwa ayandi madini. Inama Nyobozi yaremeye ko abavukanyi bitura Sentare ica imanza za leta.

Iyo sentare yafashe ingingo y’uko urwo rubanza ruburanishwa mu ntahe y’icese imbere yo kugira ico  ipfunditse. Abavukanyi batari bake bo mu bihugu bitandukanye barahuriye hamwe kugira barabe ingene bokwishura ibibazo boshobora kubazwa. Bahuriye ku Ngoro y’Ubwami y’i Stockholm.

Igihe bari ng’aho ku ngoro, bagiye bumva umuntu adodoye. Umuvukanyi yaruguruye, aca asanga ni udukobwa tubiri, kamwe k’imyaka 13, akandi 14. Utwo dukobwa twavuze ko hari ibibazo vyerekeye Ivyabona vya Yehova twipfuza kubaza. Uwo muvukanyi yigana ati: “Narashatse kubabwira ngo bazogaruke uwundi musi, kuko twari dufatiriwe, tukaba ata mwanya wo kwishura ivyo bibazo twari dufise.”

Yamara rero, uwo muvukanyi yahisemwo kuganira n’utwo dukobwa. Twari dufise ibibazo vyinshi, bimwe muri vyo bikaba vyari ibibazo bitomoye bijanye n’imibano hamwe n’amatora. Mu nyuma, uwo muvukanyi yarasubiye aho abandi bari, arababwira ibibazo nya dukobwa twamubajije n’ingene yatwishuye.

Bukeye, abo bavukanyi baratangaye mu gihe c’urubanza kubera ko sentare yababajije vyinshi muri vya bibazo nyene twa dukobwa twari twababajije. Umuvukanyi yari yaserukiye ishirahamwe avuga ati: “Nari ntekanye cane, naho vyari vyoroshe ko ngira ubwoba kubera nari mpagaze imbere y’abashingwamanza bakomeye cane bo mu gihugu. Ariko narabona ko Yehova yari yamaze kutwereka ko adushigikiye mu kuducisha ubwenge buca urubanza ruba.”

Sentare yaradushigikiye, ica isaba leta ngo ihindure ingingo yari yafashe.

Ikiroro c’umuceri ca Ken

Ken ni agahungu k’imyaka itandatu kaba muri Hayiti. Kararyohewe kumvise ko ishengero ryabo ryari mu  kwubakirwa Ingoro y’Ubwami. Kaciye karondera agasandugu k’intererano maze kakanyegeza mu cumba. Igihe abavyeyi bagahaye amahera karira kw’ishure, kaca kayashira muri ako gasandugu. Ivyo kagumye kabigira gushika abubatsi baje gutangura igikorwa. Kaciye kabaha ka gasandugu kari karanyegeje, bakaba basanzemwo amahera yogura ikiroro c’umuceri. Haraheze imisi myinshi kw’ishantiye barya uwo muceri wa Ken sasita.

Itegeko rya jenerali

Mu gice kinini c’umwaka uheze, vyasaba uruhusha rudasanzwe kugira umuntu yinjire mu turere two muri Sierra Leone twari twatewe n’ikiza ca ebola. Nk’akarorero, abacungezi b’imizunguruko basabwa kuba bafise ibaje n’uruhusha rwo kwinjiza imodoka muri utwo turere. Ivyo ni ko vyari no ku batwara amakete n’ibisohokayandikiro. Abari muri Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago bari bakeneye kujana muri utwo turere utwuma dupima umuntu ubushuhe utiriwe uramukorako, umuti wica imigera hamwe n’ibifungurwa. Igitangaje, bama baronswa ibisabwa kugira binjireyo.

Hari ikintu gikomeza ukwizera cabaye. Abavukanyi baranditse basaba utubaje 34 n’impusha z’imodoka 11, ariko bategerezwa kubonana n’umujenerali kugira bemererwe kwinjirayo. Abavukanyi babiri bo ku biro vy’ishami barabonanye n’uwo mujenerali ku musi bari bizigiye gutora utwo tubaje n’izo mpusha. Ariko bararondeye ikete ry’abo bavukanyi bararibura. Baciye babasaba ngo baryironderere mu birundo vy’amakete vyari ng’aho, mugabo bararibura. Nya mujenerali yaciye abwira umunyamabanga wiwe ko agira yugare, kandi  ko azosubira kwakira amakete inyuma y’indwi zibiri. Abo bavukanyi baciye basenga Yehova mu gacerere ngo abafashe. Nya mujenerali yaciye araba abo bavukanyi, ababaza ati: “Mushaka ibaje zingahe n’impusha zingahe?” Bamubwiye igitigiri, yaciye ahaguruka arakankama ati: “Ivyo ni vyinshi cane!”

Abo bavukanyi baramusiguriye igikorwa dukora n’ukuntu imfashanyo dutanga zariko zirafasha kurwanya ico kiza. Nya mujenerali yaciye aturura, araba wa munyamabanga wiwe maze amubwira ati: “Bahe ivyo bakeneye vyose.”

Guinée na Sierra Leone: Ku Ngoro z’Ubwami hose haratunganijwe amazi yo gukaraba arimwo umuti wica imigera