Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

“Turakunda televiziyo yacu ga yemwe!”

“Turakunda televiziyo yacu ga yemwe!”

IGENEKEREZO rya 6 Gitugutu 2014, ishirahamwe ryaratanguye kugerageza televiziyo yo kuri internet yitwa JW Broadcasting ishikiriza ibiganiro mu congereza. * Kuva muri Myandagaro 2015, ibiganiro bikomeza ukwizera bishikirizwa kuri iyo televiziyo biramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 70 kugira ngo abavukanyi benshi bavyungukireko. Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi baravuze ko bakenguruka iyo televiziyo. None vyasavye iki kugira itangure gukora?

Hari hakenewe ikibanza kibereye. Twahavuye turonka ikibanza ciza ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova  i Brooklyn muri New York (mu nyubakwa yitwa 30 Columbia Heights). Mu ndwi imwe gusa, abavukanyi bari bamaze gukuraho ibintu vyose vyari muri ico kibanza. Urwego rujejwe kubungabunga ibikoresho rwaciye rutangura gutegura ico kibanza mu gihe umugwi w’abahinga b’imigero wariko urategura stidiyo iteye iteka ariko igezweho. Abavukanyi benshi bo muri Amerika barakoze baratama mu gutegura iyo stidiyo no mu kwiga ingene yokwubakwa mu maguru masha. Mu misi mikeyi gusa, ubushakashatsi bwari busanzwe bumara amezi n’ayandi bwari burangiye. Urwego rujejwe kugura ibikoresho rwaciye rutangura gukomanda ibikoresho amajana vyari bikenewe.

Umugwi ubijejwe warashizeho intsinga zireha n’ibilometero, ukaza urasuzuma ko ivyuma vyose bikora neza. Muri ico gihe nyene, abacuraranzi bacu bariko barafata amajwi y’akaziki k’intangamarara muri stidiyo ziri i Patterson, babifashijwemwo n’abavukanyi bo mu bihugu bitandukanye bari basanzwe baje gutegura indirimbo. Harateguwe ibisomwa bizofatwa amajwi, abazobisoma barimenyereza, imigwi ijejwe gufata amajwi n’amasanamu y’i Brooklyn, i Patterson, i Wallkill no mu bindi bihugu na yo irakora yivuye inyuma mu gutegura amavidewo azokwerekanwa. Stidiyo imaze kurangira n’ibikoresho vyose vyamaze gushirwaho, baciye batangura gutegura ibizoshikirizwa mu mezi nk’angahe ya mbere.

Stidiyo ya televiziyo yacu, i Brooklyn muri New York

Igihe twabaza umuhinga muri ico gikorwa ikiringo vyotwara mu gutegura stidiyo ingana n’iyo yacu, yavuze ko vyotwara umwaka n’igice. Ariko abavukanyi bacu babikoze mu mezi atarenga abiri!

 Ntiworaba ivyiza vyavuyemwo! Ca kiganiro gica kuri iyo televiziyo buri kwezi, akenshi kikaba gishirwa ku rubuga rwacu ku wa mbere utangura ukwezi, kirabwa incuro zirenga imiliyoni zibiri muri ukwo kwezi. Ushizemwo n’ayandi mavidewo yo kuri iyo televiziyo, vyose hamwe birabwa incuro zirenga imiliyoni cumi buri kwezi.

“Iyo televiziyo yaratumye ndushiriza kwiyegereza ishirahamwe rya Yehova n’Inama Nyobozi. Ndazi ko ndi mu muryango ukundana cane.”—Kenya

None abasavyi ba Yehova babona gute iyo televiziyo yacu? Raba amajambo yo gukenguruka bamwebamwe bashikirije:

  • “Uyu ni umwe mu migoroba y’intibagirwa mu buzima bwanje! Kuri uyu mugoroba, twe n’umukenyezi wanje twaravye ikiganiro co muri Rusama 2015. Sinumva ingene nodondora umunezero nagize. Yehova yahora aduha ingabire, ariko iyi yoyo ni agaheta. Turashimira Inama Nyobozi n’abavukanyi bose bakoze bagatama kugira turonke iyo ngabire idasanzwe.”—Endoneziya.

  • “Abavukanyi benshi ntibari bwigere bumva umuvukanyi wo mu Nama Nyobozi ariko arashikiriza insiguro. Ariko ubu ntitubumva gusa, ahubwo turanababona. Ubu turumva ko twiyegereje Inama Nyobozi n’abavukanyi bo kw’isi yose kuruta uko vyahora.”—Kenya.

  • “Kubera yuko umugabo wanje atizera, ntivyoroshe kugira ugusenga kwo mu muryango ndi kumwe n’abana banje babiri b’imiyabaga. Ku ruhande rwanje, ibiganiro vyo kuri iyo televiziyo yacu vyaramfashije cane.  Biratuma numva ko ndi mw’ishirahamwe, kandi twe n’abana banje biraturonsa indemesho tuba dukeneye cane. Emwe, ni umuhezagiro uva kuri Yehova.”—Ubwongereza.

  • “Turakunda televiziyo yacu ga yemwe! Igihe ivyo biganiro vyatangura kuboneka no mu zindi ndimi, amasengesho yacu yari yishuwe. Bavukanyi, turumva turemye cane turavye umunezero muba mufise igihe muvuga ibijanye no gusenga Yehova. Kuva iyo televiziyo yacu itanguye, twararushirije kwumva ko turi mw’ishirahamwe rya Yehova ryiza cane kandi ritangaje.”—République tchèque.

  • “Kwumviriza abagize Inama Nyobozi mu rurimi nonse biratuma ndushiriza kwiyegereza Yehova.”—Brezile.

  • “Maze imyaka 16 nkorera Yehova, ariko umunezero nagize uno musi nowugereranya n’uwo nagize igihe nabatizwa. Bavukanyi, mwarakoze cane kuturonsa iyo televiziyo.”—Brezile.

Dufashwe mu mugongo na Yehova, turizigiye ko iyo televiziyo izobandanya gukomeza abavukanyi bacu hirya no hino kw’isi, bigatuma Yehova arushiriza gushemezwa no kuninahazwa.

^ ing. 1 Iyo televiziyo uyisanga kuri tv.jw.org.