Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Yaraha agaciro ivy’impwemu

Thio Seng Bie

Yaraha agaciro ivy’impwemu
  • YAVUTSE 1906

  • YABATIJWE 1937

  • IVYIWE MURI MAKE Umukurambere w’umwizigirwa yihanganiye ubugizi bwa nabi bushingiye ku moko.—Nk’uko vyavuzwe n’umukobwa wiwe Thio Sioe Nio.

MURI Rusama 1963, haradutse akaguma k’abantu barwanya Abashinwa mu burengero bwa Java. Sukabumi ni co gisagara casinzikaye cane kandi aho ni ho umuryango wacu wadandariza. Umugwi w’abantu amajana basa n’abariye amavubi, harimwo na bamwe mu babanyi bacu, twagiye tubona baduturako amaguru muhira. Twaritunye ubwoba bwatwishe igihe bariko baramenagura bongera basagata ivyo dutunze.

Ako kagwi kamaze kugenda, abandi babanyi baciye baza kuturemesha. Dawe yaciye yicarana na bo hasi muri salo. Mu bintu vyari vyamenaguritse, yarahabonye Bibiliya yiwe yo mu rurimi rw’igisundaneze. Yarayizinguruye maze abwira abo babanyi bacu ko ibintu nk’ivyo Bibiliya yari yarabivuze. Yaciye rero abasigurira icizigiro giteye umunezero cerekeye Ubwami bw’Imana.

Dawe ntiyigeze atwarwa n’ivyo kwirundaniriza ubutunzi mw’isi. Yakunda kutwibutsa ati: “Ivy’impwemu bitegerezwa kuja mu kibanza ca mbere!” Bivuye ku mwete yari afise, mawe, abo tuvukana batandatu, na sokuru w’imyaka 90 be n’izindi ncuti n’ababanyi baremeye ukuri.

Raba n'ibindi

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye amacakubiri ashingiye ku moko?

Amoko yose yoba angana? Amacakubiri ashingiye ku moko yoba azoteba agahera?