Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Urudandaza rw’ibirungo

Urudandaza rw’ibirungo

MU KINJANA ca 16, urudandaza rw’ibirungo rwari rukomeye cane kw’isi kuruta urudandaza rw’igitoro muri iki gihe. Ibirungo bimwebimwe nka nutmeg canke cloves vyari bizimvye cane i Buraya, bikaba vyava mu mazinga azwi cane mu kurima ibirungo (ubu zikaba ari intara za Maluku na Maluku ya Ruguru muri Endoneziya).

Abahinga mu vyo kurondera uturere dushasha ari bo Christophe Colomb, Vasco de Gama, Ferdinand Magellan, Samuel de Champlain, na Henry Hudson bose bararondeye amayira yobashikana muri ayo mazinga yavamwo ibirungo. Ukwo kurondera ibirungo vyo muri Endoneziya rero kwaratumye abantu batangura gutahura ingene umubumbe w’isi umeze.