Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Umukuru w’inkozi z’ikibi aba umunyagihugu mwiza

Hisar Sormin

Umukuru w’inkozi z’ikibi aba umunyagihugu mwiza
  • YAVUTSE 1911

  • YABATIJWE 1952

  • IVYIWE MURI MAKE Yahoze atwara akagwi k’inkozi z’ikibi mu nyuma aba uwo mu bagize Komite y’ishami.

IGIHE kimwe, umuvukanyi Sormin yarahamagawe n’umukuru w’iperereza mu biro vy’umushikirizamanza kizigenza.

Uwo mutegetsi yamubwiye ati: “Ndazi ko uri Umunyendoneziya, tuvugane ukuri rero. Ivyabona vya Yehova bariko bakora iki vy’ukuri muri Endoneziya?”

Umuvukanyi Sormin yamwishuye ati: “Reka ndakubwire kahise kanje. Nahoze ndi umukuru w’akagwi k’inkozi z’ikibi. Ariko ubu nigisha abantu Bibiliya. Ico ni co Ivyabona vya Yehova bariko barakora muri Endoneziya. Bariko barafasha abantu b’inkozi z’ikibi kuba abanyagihugu beza.”

Wa mukuru w’iperereza yaciye avuga ati: “Mpora numva hari abidogera Ivyabona vya Yehova. Ariko ubu ndamenye ko ari idini ryiza kuko ryafashije umushingantahe Sormin guhinduka.”