Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Umukobwa wa Sara

Titi Koetin

Umukobwa wa Sara
  • YAVUTSE 1928

  • YABATIJWE 1957

  • IVYIWE MURI MAKE Mushiki wacu yafashije umugabo wiwe yamurwanya kumenya ukuri.—Nk’uko vyavuzwe n’umuhungu wiwe Mario Koetin.

MAWE yari umuntu w’igishika, akundana cane agakunda na Bibiliya. Igihe yahura n’umumisiyonari yitwa Gertrud Ott, i Manado mu buraruko bwa Sulawesi, yaciye yemera kwiga Bibiliya kandi bidatevye yarabaye Icabona. Mugabo dawe Erwin, akaba yari umukozi wo muri banki akomeye cane mu nyuma na ho akaba yarabaye umuyobozi w’isoko ry’imitahe i Jakarta, yaramurwanije cane.

Umusi umwe dawe yaramugabishije.

Yaramukankamiye ati: “Hitamwo kimwe: idini canke umugabo.”

Mawe yaramaze umwanya yiyumvira cane maze aca amwishurana umutima mwiza ati: “Nshaka vyompi, umugabo wanje na Yehova.”

Dawe ntiyaronse ico asubizayo, kandi ishavu ryiwe ryaciye rihwama.

 Dawe yahavuye yoroha kuko yakunda mawe kandi akamwemera cane kubera ubukerebutsi bwiwe.

Mawe yashaka ko na dawe amenya ukuri. Amaze gusenga cane ku bw’ico kibazo, yaributse ko dawe akunda indimi. Yaciye akwiragiza mu nzu ivyanditswe biri mu congereza aca amubwira ati: “Ndiko ndiga icongereza.” Kubera ko yakunda ibiganiro bishikirizwa imbere y’abantu, mawe yamusavye ngo aze aramufasha gusubiramwo ibiganiro vyo mw’Ishure rya gitewokarasi. Yaremeye. Kubera yari umwakiranyi, mawe yaramusavye indaro y’umucungezi w’umuzunguruko yari hafi kubagendera. Yaravyemeye. Vyongeye kubera ko dawe yadukunda cane, mawe yaramusavye n’ubugwaneza ko twicarana mu mahwaniro tugira kandi yaravyemeye.

Ukwihangana kwa mawe be n’utwigoro yagize abigiranye ubwenge vyaratumye dawe ahinduka. Mu nyuma, igihe twimukira mu Bwongereza, yaritavye amakoraniro hama aba umugenzi wa John Barr, uwahavuye aja mu Nama Nyobozi. Muri uwo mwaka nyene dawe yarabatijwe. Ivyo vyatumye mawe arengerwa n’umunezero. Mu myaka yakurikiye, dawe yaramukundwakaje.

Abari bamuzi bose baramukunda kuko yari umuntu w’imico myiza, yubaha kandi yakunda cane Yehova

Hari abagenzi bacu bagereranya mawe na Lidiya wa mugore wo mu kinjana ca mbere w’umwakiranyi bidasanzwe. (Ivyak. 16:14, 15) Mugabo jewe mbona umengo ni Sara uwayobokera umugabo wiwe Aburahamu abikunze. (1 Pet. 3:4-6) Abari bamuzi bose baramukunda kuko yari umuntu w’imico myiza, yubaha kandi yakunda cane Yehova. Akarorero kiwe ni ko katumye dawe aba Icabona. Jewe novuga ko yari umukobwa wa Sara.

Raba n'ibindi

IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA

Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?

Ivyabona vya Yehova akatari gake baragirizwa ko basambura ingo. Boba ari bo vy’ukuri bakwega ingorane mu rugo?