Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Mu burengero bwa Java himbuka

Mu burengero bwa Java himbuka

Theodorus Ratu

Mu 1933, Frank Rice yarasavye Theodorus (Theo) Ratu, uno akaba ari imvukira yo mu buraruko bwa Sulawesi, ngo aze bakorane kuri depo y’ibitabu yari i Jakarta. Theo avuga ati: “Nahavuye nkunda cane igikorwa ciza c’Ubwami maze ntangura kwamamaza hamwe n’umuvukanyi Rice. Mu nyuma narajanye na Bill Hunter mw’isekeza ryo kwamamaza i Java nongera njana i Sumatra na bamwe bakorera mu Gitangamuco.” Theo ni we Munyendoneziya wa mbere yabaye Icabona, kandi yaramaze imyaka mirongo ari umutsimvyi i Java, mu buraruko bwa Sulawesi, n’i Sumatra.

Mu mwaka wakurikiye, Bill Hunter yarahaye agatabu Abapfuye bari hehe? umunyeshure yitwa Felix Tan yaba i Jakarta. Felix yarasubiye iwabo i Bandung, mu burengero bwa Java, maze yereka ako gatabu murumunawe Dodo. Bompi baratangajwe no kumenya biciye muri ako gatabu yuko umuntu wa mbere Adamu atari afise umutima w’ubwenge udapfa. (Ita. 2:7) Felix na Dodo baciye bashaka kumenya vyinshi kuri Bibiliya maze baja mu bubiko butandukanye bw’ibitabu vyakoze bwari i Bandung kurondera ibindi bitabu vyasohowe n’ishirahamwe Watch Tower. Barabwiye  n’imiryango yabo ivyo bari bamenye. Bamaze gusoma ibitabu vyose n’udutabu twose bashobora kuronka, baciye bandikira depo y’ibitabu yari i Jakarta. Baratangaye babonye Frank Rice aje kubagendera kugira abaremeshe, akaba yaje abazaniye n’ibitabu bishasha.

Umuryango wa Tan

Haciye igihe gito Rice asubiye i Jakarta, Clem Deschamp n’umukenyezi wiwe Jean, bakaba bari baherutse kurushinga, baraje gutembera i Bandung bahamara imisi 15. Felix avuga ati: “Umuvukanyi Deschamp yaratubajije uko tugize umuryango nimba twipfuza kubatizwa. Bane muri twebwe, ni ukuvuga: Jewe, Dodo, mushikanje mutoyi Josephine (Pin Nio) hamwe na mawe (Kang Nio), twariyeguriye Yehova turabatizwa.” * Umuryango wa Tan umaze kubatizwa waciye wifatanya na Clem be na Jean mw’isekeza ryamaze  imisi icenda ryo kwamamaza. Clem yaraberetse ingene bokwamamaza bakoresheje agakarata ko gushinga intahe kariko ubutumwa bwo muri Bibiliya bworoshe mu ndimi zitatu. Bidatevye, umugwi mutoyi wari i Bandung warabaye ishengero, riba irigira kabiri rivutse muri Endoneziya.

Inkofero ya pāpa

Uko igikorwa co kwamamaza cashinga imizi, abakuru b’amadini barabibona. Bo hamwe n’abo bakoresha baranditse mu bimenyeshamakuru ibiganiro vyiyamiriza igikorwa c’Ivyabona be n’ivyo bemera. Ivyo vyatumye abategetsi bo mu Rwego rujejwe amadini batumako Frank Rice kugira bamubaze ibibazo. Bamaze kunyurwa n’inyishu abahaye, baciye bareka Ivyabona barabandanya igikorwa cabo ukuri kwamye. *

Mu ntango z’imyaka ya 1930, benshi mu bategetsi bakoronije Endoneziya ntibari banezwe ivy’igikorwa co kwamamaza kandi benshi barakireka. Mugabo igihe ubutegetsi bw’Abanazi bwakomera i Buraya, hari abategetsi baciye bahindura ingendo, canecane abari abagatolika b’imena. Clem Deschamp yibuka ibi: “Umukozi umwe wa duwane w’umugatolika yarafashe ibitabu vyacu avyagiriza ngo bivuga nabi Abanazi. Igihe naja ku biro vya duwane kwisigura, uwo mukozi yatwanka urunuka nasanze ari mu karuhuko. Uwari yamusubiriye, uno akaba yari umugabo w’umutima mwiza atari umugatolika, yaciye ubwo nyene aduha vya bitabu avuga ati: ‘Twara ivyo mushoboye vyose wa mugabo ataraza!’”

Jean Deschamp na we agira ati: “Ikindi gihe, abategetsi baradusavye bashimitse ngo ducacure amafoto abiri yari mu gitabu Abansi. Bariyamirije ifoto y’uruyoka rwizinze (rugereranya Shetani) be n’iy’umumaraya yaborewe (agereranya  idini ry’ikinyoma). Vyompi vyari vyambaye inkofero ya pāpa. * Twari twiyemeje guha abantu ico gitabu. Uko twari batatu twaciye twicara ku kivuko ku zuba rimena imbwa agahanga dutangura gufuta ya nkofero ya pāpa mu bitabu ibihumbi n’ibihumbi.”

Ya mafoto abiri yo mu gitabu Abansi yabuzwa n’abategetsi

Intambara yariko iramota i Buraya, ariko ibitabu vyacu ntivyaretse gushira ahabona ata kurya umunwa uburyarya bw’amadini y’ikinyoma be n’ukuntu yisuka mu vya politike. Ico vyavuyemwo, abakuru b’amadini baciye barushiriza kwosha abategetsi ngo bahagarike igikorwa cacu, kandi vyinshi mu bitabu vyacu vyarabujijwe.

Naho vyari ukwo, abavukanyi bari biyemeje kuguma bateza imbere igikorwa kandi barakoresheje neza imashini yo gucapura yavuye muri Ostraliya. (Ivyak. 4:20) Mu kudondora amwe mu mayeri bakoresha, Jean Deschamp agira ati: “Igihe cose twaba ducapuye agatabu gashasha canke  ikinyamakuru gishasha, twategerezwa kubishira abategetsi kugira bavyemeze. Igikorwa co kubicapura no kubirungikira amashengero caba mu ntango z’indwi. Maze mu mpera z’indwi tugaca dutwara ikopi imwe ku biro vy’umushikirizamanza. Ico gitabu acanse, twarababara cane tugaca dusubira inyuma ningoga gucapura igikurikira.”

Abavukanyi batanga ibitabu vyari vyarabujijwe, barinyegezanya n’abapolisi nka kurya kw’inyabu n’imbeba. Nk’akarorero, igihe Charles Harris yariko aramamaza i Kediri, mu buseruko bwa Java, yaradodoye atabizi ku rugo rw’umukomiseri mu gipolisi.

Uwo mukomiseri yamubwiye ati: “Uzi ukuntu namaze umusi wose ndabarondera? Guma aho mbanze nzane urutonde rw’ibitabu vyanyu bibujijwe.”

Charles yigana ati: “Igihe yariko arasanzaza ibintu mu nzu arurondera, naciye nyegeza ibitabu bibujijwe mu mipfuko y’ikoti ryanje. Agarutse naciye ndamuha udutabu 15 tutari tubujijwe. Yarampaye intererano yavyo agonanwa maze bimwe bibujijwe nca nja kubitanga kure y’aho yaba.”

Gucapura mu bihe bitoroshe

Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari ikomeye i Buraya, ibitabu vyahora biva mu Buholande ntivyari bikiza. Ariko rero abavukanyi barabonye ko ibintu bigiye gukomera, baca baratunganya babigiranye ubugenge ivy’uko ishirahamwe ry’ivy’ubudandaji ricapura ibinyamakuru i Jakarta. Inomero ya mbere ya Consolation (ubu ni Be maso!) mu kinyendoneziya yasohotse muri Nzero 1939, Umunara w’Inderetsi muri urwo rurimi na wo usohoka inyuma yaho gatoyi. Abavukanyi baraguze akamashini ko gucapura maze batangura kwicapurira ibinyamakuru. Mu 1940 bararonse imashini nini ivuye muri Ostraliya, bakaba barayikoresheje mu gucapura udutabu n’ibinyamakuru mu kinyendoneziya no mu kinyaholande, kandi ni bo ubwabo batanga amahera bakoresha.

Ibikoresho vya mbere twakoresheje mu gucapura bishika kuri depo y’i Jakarta

 Amaherezo, ku wa 28 Mukakaro 1941, abategetsi barabujije ibitabu vyose vy’ishirahamwe Watch Tower. Jean Deschamp yibuka ibi: “Umusi umwe nari mu biro ndiko ndandika maze bukwi na bukwi nza mbona imiryango irasunuwe haca hinjira abapolisi batatu bari kumwe n’indongozi yabo y’Umunyaholande yuzuye imidari, yambaye n’ama gants yera, inkota be n’inkofero. Ivyo ntivyadutangaje. Imisi itatu imbere y’aho, twari twaronse amakuru yo kwizigirwa atubwira yuko ibitabu vyacu bigiye kubuzwa. Nya ndongozi yaciye isoma itegeko rirerire ica isaba ngo tuyijane aho ducapurira kugira ihugare. Ariko umugabo wanje yaciye amubwira ko hari harengeranye kuko imashini yari yaraye igurishijwe!”

Ariko Bibiliya yoyo ntiyabujijwe. Abavukanyi rero babandanije kwamamaza inzu ku nzu bakoresheje Bibiliya yonyene. Barayobora n’inyigisho za Bibiliya. Mugabo kubera vyaboneka ko intambara iri mu kwaduka muri Aziya, abatsimvyi b’abanyamahanga baciye basabwa gusubira muri Ostraliya.

^ ing. 1 Mu nyuma se wa Felix na batoyi biwe batatu na bo nyene barabaye Ivyabona. Mushikiwe Josephine yubakanye na André Elias kandi baritavye Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Inkuru yiwe y’ubuzima yasohotse muri Be maso! yo muri Nyakanga 2009.

^ ing. 1 Intambara ya kabiri y’isi yose imaze guhera, Frank yarasubiye muri Ostraliya maze arashinga umuryango. Yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1986.

^ ing. 3 Ayo mafoto yari ashingiye ku bivugwa mu Vyahishuwe 12:9 na 17:3-6.