Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Baratangaza izina rya Yehova banezerewe

Baratangaza izina rya Yehova banezerewe

Mu myaka yose uruhamo rwamaze, abavukanyi bo muri Endoneziya barakurikije impanuro ya Yezu idusaba ‘kwiyubara nk’inzoka no kuba intungane nk’inuma.’ (Mat. 10:16) Ariko igihe uruhamo rwahera, benshi bari bakeneye kwiga kwamamaza “n’ubutinyutsi.”Ivyak. 4:31.

Nk’akarorero, abavukanyi bamwebamwe baratinya kwamamaza inzu ku nzu, bakibanda gusa ku masubirayo no ku nyigisho za Bibiliya. Abandi baragonanwa kuyagisha Abisilamu. Mu kwidondora, benshi bavuga ko ari abakirisu aho kuvuga ko ari Ivyabona vya Yehova, kandi bakoresha Bibiliya zasohowe n’ayandi madini aho gukoresha Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyendoneziya. * Abandi na bo baratinya guha abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

Ku ruhande rumwe, ivyo vyari vyatewe n’uruhamo. Ku rundi ruhande, vyaterwa n’imico kama yo muri ico gihugu: abantu baho bahitamwo kwihorera aho kwirirwa barahazuka, kandi barigengesera cane. None abo bavukanyi bari kubogorwa gute?

Yehova yaratunganije izo ngorane biciye ku mpanuro ziranga urukundo zatanzwe n’abavukanyi bahumuye mu vy’impwemu. (Ef. 4:11, 12) Nk’akarorero, mu 2010, umuvukanyi Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi yaragendeye ico gihugu, araremesha abavukanyi kuburanira izina ry’Imana mu gukoresha mu ndimiro Bibiliya y’isi nshasha batitinya. Umumisiyonari yitwa Misja Beerens yavuze ati: “Insiguro y’umuvukanyi Lett yarakoze ku mutima abamamaji benshi. Baratahuye ko bakwiye kwemanga yuko ari  Ivyabona vya Yehova kandi bakaburanira Ijambo ry’Imana banezerewe.”

Kubera ko Abisilamu bo muri Endoneziya bakunze kwiyumvira ko Ivyabona vya Yehova bameze nk’ayandi madini ya gikirisu, Igikorwa dukorera Ubwami co mu kinyendoneziya catanze impanuro igira iti: “Vyama ari vyiza gutomora ko uri Icabona ca Yehova mugitangura kuganira n’umuntu. . . . Turahimbarwa no guserukira Yehova, kandi twipfuza kumenyekanisha izina ryiwe n’imigambi yiwe mu cibare cacu!” Umuvukanyi Shinsuke Kawamoto wo ku biro vy’ishami vyo muri Endoneziya avuga ati: “Ubwo buryo burashe kandi burimwo ukwiyubara buravamwo ivyiza. Abisilamu benshi baripfuza kumenya ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Bashaka kumenya igituma dutandukanye n’ayandi madini. Ivyo biraduha akaryo ko gushinga intahe.”

Abamamaji bararemeshejwe kandi kwijukira gutanga Umunara w’Inderetsi na Be maso! mu ndimiro. Lothar Mihank, umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami, agira ati: “Kugira abantu batumenye, barakeneye gusoma ibinyamakuru vyacu. Ibinyamakuru birategura imitima, bigatuma abantu boroherwa no kwakira ukuri. Tubikwiragije hose, tuba duhaye abantu benshi akaryo ko kumenya Yehova.”

Kwamamaza ku mugaragaro

Mu 2013, ishami rya Endoneziya ryaratanguje uburyo bushasha bwo kwamamaza bwemejwe n’Inama Nyobozi: kwamamaza ku mugaragaro mu bisagara bininibinini no kwamamaza ku mugaragaro mw’ishengero. Ubwo buryo bubiri buriko buratuma abandi bantu benshi bo muri Endoneziya bumva inkuru nziza.

Aka mbere muri twa tumeza dukoreshwa mu kwamamaza mu bisagara bininibinini kashizwe mu kibanza kinini  badandarizamwo ivyuma vy’ubuhinga bwa none mu ntara ya Jakarta y’Uburengero. Amashengero na yo yaciye atangura gukoresha utwo tumeza na twa tuntu tw’amapine mu vyibare vyayo. Mu mwaka umwe, mwene utwo dukoresho turenga 400 ni two twakoreshwa mu bisagara bitandukanye vyo muri Endoneziya. None havuyemwo iki?

Yusak Uniplaita, umukurambere w’i Jakarta, avuga ati: “Imbere y’uko dutangura gukoresha ubwo buryo, ishengero ryacu ryasaba ibinyamakuru 1.200 ku kwezi. Inyuma y’amezi atandatu, twari dusigaye dusaba 6.000. Ubu dusaba 8.000. Turatanga kandi udutabu n’ibitabu vyinshi.” I Medan muri Sumatra ya Ruguru, hari abatsimvyi bashize twa tuntu tw’amapine mu bibanza bitatu. Mu kwezi kwa mbere, batanze ibitabu 115 n’ibinyamakuru nka 1.800. Haheze amezi abiri, abatsimvyi 60 bo mu bibanza indwi batanze ibitabu birenga 1.200 n’ibinyamakuru 12.400. Umumisiyonari yitwa Jesse Clark avuga ati: “Ubwo buryo bwo kwamamaza buraryohera abavukanyi kandi burerekana ko muri Endoneziya hazoba iterambere. Emwe, nibwibereho!”

Gukoresha ururimi rushika abantu ku mutima

Endoneziya iherereye hagati na hagati muri kamwe mu turere tuvugwamwo indimi nyinshi kw’isi. * Naho ikinyendoneziya ari rwo rurimi abanyagihugu batari bake bahuriyeko, benshi usanga bavuga urundi rurimi bivanye n’ubwoko bwabo, kandi usanga ari rwo rubashika ku mutima.

Abahinduzi b’ururimi rwitwa batak-toba muri Sumatra ya Ruguru

Mu 2012, ibiro vy’ishami vyarafashe ingingo yo kuraba ko vyosohora ibitabu no muri izo zindi ndimi. Tom Van Leemputten avuga ati: “Twahereye ku guhindura mu ndimi 12 zivugwa n’abantu nk’imiliyoni 120. Igihe abahinduzi b’ikijava babona agapapuro k’inkuru nziza ka mbere k’ikijava,  barakoroye amosozi kubera umunezero. Bari bagiye baronka ibifungurwa vy’impwemu mu rurimi bonse!”

Yamara rero, amashengero menshi yabandanije kugira amakoraniro mu kinyendoneziya, mbere no mu turere tuvugwamwo izindi ndimi. Lothar Mihank yigana ati: “Mu 2013, twe n’umukenyezi wanje Carmen twaritavye iteraniro ry’imisi ibiri ryabereye mw’izinga rya Nias muri Sumatra ya Ruguru. Benshi mu bantu 400 bari bitavye iryo teraniro bavuga ikiniyasi, ariko insiguro zose zatangwa mu kinyendoneziya. Tumaze kuvugana n’abashikirizansiguro, twaciye tumenyesha abari ng’aho ko bukeye iteraniro ryobaye mu kiniyasi. Bukeye, abantu barenga 600 ni bo bitavye iryo teraniro.” Carmen yongerako ati: “Vyaraboneka ko abitavye iteraniro bakurikira neza porogarama mu kiniyasi kuruta uko vyari ku musi w’imbere y’aho, igihe insiguro zashikirizwa mu kinyendoneziya.  Barahimbawe no kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi rwabo kandi bakabutahura neza.”

Bariko barabwira inkuru nziza umuragi

Mbere n’abaragi bo muri Endoneziya bariko barumva ukuri mu rurimi rwabo. Kuva mu 2010, abahinduzi b’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Endoneziya baramaze guhindura udutabu indwi n’udupapuro tw’inkuru nziza umunani. Vyongeye, ibiro vy’ishami vyarigishije ururimi rw’ibimenyetso imigwi 24 igizwe n’abantu barenga 750. Muri iki gihe, amashengero n’imigwi 23 bikoresha ururimi rw’ibimenyetso biriko birafasha abaragi bo muri Endoneziya bababa imiliyoni zitatu.

Ubu Urwego rw’ubuhinduzi rugizwe n’imigwi 37 y’abahinduzi. Hari abahinduzi 117 hamwe n’abandi bantu 50 babunganira, bakaba bakorera mu bibanza 19 hirya no hino muri Endoneziya.

^ ing. 2 Bibiliya y’isi nshasha yuzuye yasohowe mu 1999 mu kinyendoneziya. Abahinduzi bamaze imyaka indwi bakora ico gikorwa mu gihe c’uruhamo. Haciye imyaka nk’ingahe, barasohoye mu kinyendoneziya vya bitabu bibiri vy’ubushakashatsi (Étude perspicace des Écritures) hamwe na ka kadisiki kariko amayagwa yo mu bitabu vyacu (CD-ROM Watchtower Library). Uca wumva ko abahinduzi bakoze bigashimwa!

^ ing. 2 Muri Endoneziya havugwa indimi 707, mu gihugu kibanyi ca Papouasie-Nouvelle-Guinée na ho hakavugwa 838.