Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe

Alisten Lumare

Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe
  • YAVUTSE 1927

  • YABATIJWE 1962

  • IVYIWE MURI MAKE Uwahoze ari umukuru mu gipolisi yarakoze ubutsimvyi budasanzwe imyaka irenga 50.

MU 1964, nararungitswe kuba umutsimvyi adasanzwe mw’ishengero ritoyi ry’i Manokwari, mu burengero bwa Papouasie. Abakuru b’amadini b’aho barahama cane iryo shengero. Haciye igihe gito nshitse, hari umupasitori w’umuporoti nagiye mbona anteye muhira.

Nagiye numva akankama ati: “Ngira mbomore iyi nzu, nomore n’Ivyabona vya Yehova i Manokwari.”

Kubera ko nigeze kuba umupolisi, iryo terabwoba ryiwe ntiryankanze. Ariko ntiwumve namwishuranye ubwitonzi, maze asubira inyuma ata co yononye.1 Pet. 3:15.

Ico gihe i Manokwari hari abamamaji umunani. Ubu inyuma y’imyaka 50, hariyo amashengero indwi. Abantu barenga 1.200 baritavye ihwaniro ryabereye muri ako karere mu 2014. Iyo mbonye ivyo Yehova yakoze vyose aha hantu hari iyo catawe, numva mpimbawe vy’ukuri.