Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Uburyo bakoresha mu kwamamaza mu ntango

Uburyo bakoresha mu kwamamaza mu ntango

Iradiyo

MU 1933, abavukanyi barashinze iradiyo i Jakarta kugira basamirize insiguro zo mu congereza za Rutherford zafashwe amajwi. Izindi nsiguro zo mu kinyaholande zarasomwa kw’iradiyo n’umugabo yari yarashimishijwe n’ukuri. Ubwo buryo bwaratumye benshi bashimishwa bwongera burafasha abavukanyi gutanga ibisohokayandikiro vyinshi mu ndimiro.

Igihe cose iradiyo yasamiriza insiguro ya Rutherford yavuga ngo “Ingaruka z’umwaka mweranda ku mahoro n’ugutunganirwa,” vyarababaza cane indongozi za gatolika. * Biciye ku bayoboke babo, baragirije umuvukanyi De Schumaker, akaba ari we yazanye ayo majwi, ko “yambika ibara abandi, akabatyoza kandi ko akorereza urwanko.” De Schumaker yarabeshuje ivyo birego yivuye inyuma mugabo aruhira gucibwa amande angana n’amanyaholande 25  * yongera aratanga ihadabu. Hari ibinyamakuru bitatu vyanditse ivy’urwo rubanza, ivyo bikaba vyaratumye hashingwa intahe ikomeye.

 Igitangamuco

Ku wa 15 Mukakaro 1935, ubwato bwa Watch Tower Society bureha n’imetero 16 bwitwa Igitangamuco bwarashitse i Jakarta inyuma y’urugendo rw’amezi atandatu bwagize buvuye i Sydney muri Ostraliya. Bwarimwo abatsimvyi b’abanyamwete  indwi bari biyemeje gukwiragiza inkuru nziza muri Endoneziya, Singapour na Maleziya.

Mu myaka irenga ibiri, abatsimvyi bo muri ubwo bwato baragendeye ibivuko binini na bito vyo muri Endoneziya, bakagenda barasiga ibitabu vyinshi. Jean Deschamp yavuze yuko igihe cose ubwo bwato bwaba bushitse ku kivuko gitoyi “baca batsa icuma gisohora amajwi maze bakavuza imwe mu nsiguro za J. F. Rutherford, akaba ari we yari perezida wa Watch Tower Society. Iyumvire ingene abanyagihugu baba iyo catawe muri Maleziya batangaye cane babonye ubwato bunini ukuraho ku kivuko cabo bakwumva n’ijwi rikomeye ukuraho risamirana. Emwe barakubiswe n’inkuba.”

Kubera ko indongozi z’amadini zashavujwe cane n’ubutumwa abo bavukanyi bashikiriza babigiranye ubutinyutsi, zahavuye zosha abategetsi ngo babuze ubwo bwato ntibuze busubire kwinjira ku bivuko vyinshi vyo muri Endoneziya. Muri Kigarama 1937, ubwo bwato bwarasubiye muri Ostraliya mugabo busiga bukoze igikorwa gikomeye muri Endoneziya.

Abari bagize umugwi wagendera mu Gitangamuco

^ ing. 2 Iyo nsiguro ya Rutherford yarashira ahabona ukuntu Ekleziya gatolika y’i Roma yononekaye mu bijanye no gusenga, mu vya politike no mu vy’ubudandaji.

^ ing. 2 Angana n’amarundi hafi 500.000.