Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ENDONEZIYA

Kugamburuka vyaradukijije!

Blasius da Gomes

Kugamburuka vyaradukijije!
  • YAVUTSE 1963

  • YABATIJWE 1995

  • IVYIWE MURI MAKE Umukurambere yitayeho ubusho mu gihe c’indyane z’amadini mw’izinga rya Ambon, riri mu mazinga ya Maluku.

KU WA 19 Nzero 1999, urwanko rwari hagati y’abakirisu n’abisilamu rwatumye batana mu mitwe nko ku bilometero bitatu uvuye aho naba. Ibintu vyahavuye bikomera. *

Maze guhungisha umuryango wanje, naciye nterefona abandi bamamaji kugira numve uko bamerewe. Nabasavye kuguma batekanye no kwirinda ahantu hateye akaga. Mu nyuma abakurambere baragendeye abavukanyi kugira babakomeze bongere babaremeshe kugira amakoraniro mu migwi mitomito.

Ibiro vy’ishami vyaradusavye guhimiriza abamamaji bose baba mu turere duteye akaga ngo baveyo. Ubwo buyobozi twaciye tubumenyesha imiryango itari mike. Umuvukanyi umwe yanse kuvayo yahavuye yicwa n’akagwi kitwaje ibirwanisho. Ariko abantu bose bagamburutse ubuyobozi bw’ibiro vy’ishami bararokotse.

^ ing. 1 Izo ndyane zamaze imyaka irenga ibiri zibica bigacika mu ntara ya Maluku, zituma abantu ibihumbi mirongo bata izabo.