Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Endoneziya yigarurirwa n’Abayapani

Endoneziya yigarurirwa n’Abayapani

Mu ntango z’umwaka wa 1942, abasoda isinzi b’Abayapani barateye Endoneziya maze barahigarurira. Abavukanyi benshi barahaswe gukora ibikorwa vy’agahato nko kwubaka amabarabara canke gusibura imifurege. Abandi baratawe mu mabohero ameze nabi bongera barasinzikarizwa ubuzima kubera banse kugira uruhara mu ntambara. Abashika kuri batatu barahasize ubuzima.

Johanna Harp, abakobwa biwe babiri be na Beth Godenze, umugenzi wabo (hagati)

Hari mushiki wacu w’Umunyaholande yitwa Johanna Harp yaba mu kigwati ca kure mu buseruko bwa Java, yamaze imyaka ibiri atarapfungwa kuva intambara itanguye. We hamwe n’abana biwe batatu b’imiyabaga, barakoresheje  ako karyo mu guhindura igitabu Agakiza be n’Iminara y’Inderetsi mu kinyaholande babikuye mu congereza. * Bamaze kubihindura baca babigwiza maze bakabirungikira mu mpisho Ivyabona bari hirya no hino muri Java.

Ivyabona bakeyi batari bwapfungwe barakoranira mu migwi mitomito kandi bakamamaza babigiranye ukwiyubara. Josephine Elias (atarubaka yitwa Tan) yiganye ati: “Naguma ndaba ko noronka umuntu nobwira inkuru nziza akaryo kizanye. Igihe naba nsubiye kugendera abashimishijwe, nitwaza urubaho bakinirako dame kugira abatubona biyumvire ko turiko turikinira.” Felix Tan n’umukenyezi wiwe Bola, mu kwamamaza inzu ku nzu bamera nk’abadandaza amasabuni. Felix avuga ati: “Kenshi wasanga abo mu rwego rw’iperereza rwitwa Kempeitai bariko baradukurikirana. Kugira ngo ntidutume abantu batwikeka, twaja kuraba inyigisho zacu za Bibiliya mu myanya itandukanye. Batandatu muri izo nyigisho barateye imbere maze barabatizwa mu gihe c’intambara.”

Haba ugucanamwo i Jakarta

Abavukanyi batanguye kumenyera amagume, baciye bashikirwa n’ikindi kigeragezo gikomeye. Abategetsi b’Abayapani bategetse abanyamahanga bose (ushizemwo n’Abanyendoneziya bamuka mu Bushinwa) kwiyandikisha no gutora karangamuntu iriko indahiro y’uko batazohemukira inganji y’Abayapani. Abavukanyi benshi baribajije nimba bokwemera canke batokwemera kwiyandikisha no gusinya kuri iyo karangamuntu.

Josephine Elias na musazawe Felix

Felix Tan yasiguye ati: “Abavukanyi b’i Jakarta barahimirije ab’i Sukabumi kudasinya kuri iyo karangamuntu. Twarasavye abategetsi nimba vyokunda ko ahanditse ngo  ‘nyene gusinya yiyemeje ko atozohemukira’ igisirikare c’Abayapani hahinduka hakavuga ngo ‘nyene gusinya ntazobangamira’ igisirikare c’Abayapani. Twagiye tubona bavyemera tutari tuvyiteze maze twese turatora iyo karangamuntu. Aho abavukanyi b’i Jakarta bumviye iyo ngingo twafashe, baciye bavuga ko turi abahuni maze baraduca.”

Ikibabaje, benshi mu bavukanyi bakavya b’i Jakarta barafashwe baca barata ukuri. Umwe muri bo yaranse gusinya kuri iyo karangamuntu naho amajambo yari yahindutse maze aca arapfungwa asangayo André Elias. André yigana ati: “Twarazirikanye turi kumwe ku kibazo kijanye no kwiyandikisha nongera ndamufasha kubona ibintu mu buryo bubereye. Yarasavye ikigongwe yicishije bugufi kubona baraduciye. Twarahimbawe no kumarana igihe turemeshanya, ariko ikibabaje yahavuye apfa kubera ubuzima bubi bwo mw’ibohero.”

Merdeka!

Intambara irangiye mu 1945, abavukanyi bari bashashaye kubandanya igikorwa co kwamamaza. Hari umuvukanyi yari yarapfunzwe yongera arasinzikarizwa ubuzima  yandikiye ishami ryo muri Ostraliya ati: “Naho haciye imyaka ine ndi mu makuba, ndacari wa wundi sinahemutse. Mu makuba yose naciyemwo, sinigeze nibagira abavukanyi. Mwomfasha mukandungikira udutabu na dukeyi?”

Ibitabo yipfuza vyahavuye bishika mu gihugu. Mu ntango haje bike ariko mu nyuma vyarongerekanye. Hari umugwi w’abamamaji cumi b’i Jakarta waciye utangura guhindura ibisohokayandikiro mu kinyendoneziya.

Ku wa 17 Myandagaro 1945, indongozi z’umuhari waharanira ukwikukira kwa Endoneziya, zaratangaje ko yikukiye bituma haduka imigumuko yamaze imyaka ine yo kwiyamiriza intwaro y’abakoroni y’Abanyaholande. Abantu ibihumbi mirongo barapfiriye muri izo ntureka, abarenga imiliyoni indwi na bo barata izabo.

Muri ico kiringo cose abavukanyi bagumye bamamaza inzu ku nzu. Josephine Elias yigana ati: “Aba haranira ukwikukira baragerageje kuduhata ngo dusemerere duti: ‘Merdeka,’ kikaba cari icivugo cabo c’intambara gisobanura ‘Umwidegemvyo,’ ariko twarababwiye ko ata ho duhengamiye muri izo ndyane za politike.” Mu 1949, Ubuholande bwarahaye intahe y’ukwikukira Leta zunze ubumwe za Endoneziya (ubu ikaba yitwa Leta ya Endoneziya) inyuma y’imyaka myinshi y’ubukoroni. *

Amaja mu 1950, abavukanyi bo muri Endoneziya bari bamaze imyaka yababa cumi mu magume. Ariko rero hari igikorwa amahero cari kibarindiriye. Boshoboye gute kubwira inkuru nziza amamiliyoni y’Abanyendoneziya? Ivyo vyasa n’ibidashoboka! Yamara, barizigiye yuko Yehova ‘yorungitse abakozi mw’iyimbura ryiwe’ maze baraja ku kivi. (Mat. 9:38) Kandi Yehova yarabarungitse.

^ ing. 2 Umukobwa mutoyi wa Harp ari we Hermine (Mimi), yaritavye ishure rya Gileyadi intambara imaze kurangira maze arungikwa kuba umumisiyonari muri Endoneziya.

^ ing. 3 Gushika mu 1962, Ubuholande bwari bugitwara Papouasie yo mu burengero (ico gihe ikaba yitwa Nouvelle-Guinée yo mu burengero).

Raba n'ibindi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja muri politike?

Boba bageramira umutekano w’igihugu?