Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Iteraniro ryabaye igihe igikorwa cari kibujijwe; bamwe mu baryitavye barikurikira bari mu bwato

 ENDONEZIYA

Biyemeje gutera baja imbere

Biyemeje gutera baja imbere

Igihe abavukanyi bo ku biro vy’ishami bumva ko igikorwa cacu cabujijwe, baciye bagira ico bakoze. Ronald Jacka yavuze ati: “Twaciye tuja kunyegeza inyandiko z’ibanga, ibitabu n’amahera y’ishami mu bibanza bitandukanye vy’i Jakarta. Twarimuriye kandi ibiro vy’ishami ahantu hatazwi, duca turagurisha mw’ibanga inyubakwa vyahoramwo.”

Abavukanyi nka bose bagumye bakorana umwete umutima uri mu nda. Bari barihanganiye ibigeragezo vyinshi imbere y’uko igikorwa kibuzwa, kandi babandanije kwizigira Yehova. Ariko hari abavukanyi bamwebamwe babaye nk’abatewe batiteguye. Abakurambere bakeyi baragize ubwoba baratera umukono ku rwandiko rwemeza ko bahagaritse kwamamaza. Abandi na bo baratanze amazina y’abagize ishengero. Ibiro vy’ishami vyararungitse abavukanyi bahumuye kugira bakomeze amashengero bongere bafashe abari bataye umurongo. Vyongeye, umuvukanyi John Booth, umwe mu bari bagize Inama Nyobozi, yaragendeye Endoneziya arashikiriza abavukanyi impanuro za kivyeyi bari bakeneye cane.

Vy’ukuri, Yehova wa Mwungere Mukuru yariko arakomeza abasavyi biwe yongera abahumuriza. (Ezk. 34:15) Abakurambere baciye barushiriza kwitaho ubusho, abamamaji na bo baratora uburyo bushasha bwo kwamamaza batiriwe barakwega amaso y’abantu. (Mat. 10:16) Abavukanyi benshi baraguze amabibiliya atazimvye yasohowe n’ishirahamwe ry’ivya Bibiliya ryo muri Endoneziya bakaza barayaha abantu, bagaca bababwira inkuru nziza ku rwenge igihe bishobotse. Abandi na bo babanza  gutabura mu bitabu vyacu urupapuro rwerekana ababisohoye, bakabona kubiha abantu bashimishijwe. Abatsimvyi benshi barabandanije kwamamaza mu kwigira nk’abantu bagenda baradandaza utuntu ku mihana, nk’uko bagenzi babo babigize igihe Abayapani bari bigaruriye Endoneziya.

Margarete na Norbert Häusler

Mu 1977, Urwego rujejwe amadini rwaratoye uwundi mukenyuro: rwaranse kwongera abamisiyonari b’Ivyabona ikiringo co kuba mu gihugu. Abamisiyonari nka bose baciye barungikwa gukorera mu bindi bihugu. * Norbert Häusler, umumisiyonari yakoreye i Manado muri Sulawesi ya Ruguru ari kumwe n’umukenyezi wiwe  Margarete yavuze ati: “Abavukanyi na bashiki bacu amajana baraje kudusezera ku kibuga c’indege. Turiko tururira mu ndege twarahagaze turahindukira. Twaciye tubona amaboko menshi ariko aradupepera, duca twumva amajwi yabo asamirana muri ico kibanza batubwira ngo: ‘Mwarakoze. Mwarakoze cane kuba mwaraje kudushigikira.’ Twaciye twinjira mu ndege turaturikisha turarira.”

Ibara mw’izinga rya Sumba

Amakuru y’uko igikorwa cacu kibujijwe yarakwiragiye muri Endoneziya. Ihuriro ry’amadini yo muri Endoneziya ryaciye risaba abanywanyi baryo kubwira abategetsi akantu kose Ivyabona bakoze. Ivyo vyatumye abavukanyi bo mu mazinga menshi baza barafatwa bagasambishwa.

I Waingapu mw’izinga rya Sumba, umukomanda w’akarere ka gisirikare yararengukije abavukanyi 23 mw’ikambi, aca abasaba gutera umukono ku rwandiko ruvuga ko bihakanye ukwizera. Abo bavukanyi baranse, komanda aca abasaba ko bogaruka bukeye, rukaba rwari urugendo rw’ibilometero 14 n’amaguru, kugenda no kugaruka.

Igihe abo bavukanyi bagaruka mu gitondo, komanda yaciye aza arahamagara umwumwe akamutegeka gusinya kuri rwa rwandiko. Uwugize ngo aranka, abasoda baca bamukubita inkoni y’amahwa. Abo basoda bararakaye, barakubita abavukanyi bamwebamwe gushika aho bata ubwenge. Muri ico gihe, abandi baba barindiriye ko bashikirwa. Vyakabaye kera, umuvukanyi akiri muto yitwa Mone Kele yarigiye imbere arandika kuri urwo rwandiko. Abandi bavukanyi baracitse inkokora ariko komanda yaciye ashangashirwa. Mone yari yanditse ati: “Nzorinda mpfa ndi Icabona ca Yehova!” Baciye bamukubita arakomereka cane ku buryo yaruhukiye mu  bitaro, ariko yagumye adora mu vy’impwemu.

Uwo mukomanda yamaze imisi 11 agerageza kubagondoza ngo bahemuke. Yarabategetse kumara umusi wose bahagaze ku ruzuba. Yarabategetse kandi kugenda ibilometero bitari bike bavura no kwiruka ahantu harehare bikoreye imizigo iremereye. Yaranabategetse kuramutsa ibendera abafatiye imbugita mw’izosi, mugabo baranka. Yaciye ategeka ko bakubitwa izindi nkoni.

Buri gitondo, abo bavukanyi bazindukira mw’ikambi, bakagenda bariyandaza bibaza amahano abarindiriye. Bari mu nzira barasengera hamwe bakongera bakaremeshanya kuguma ari intahemuka. Bugorovye baca bataha, bakagenda baravirirana kubera inguma, ariko banezerewe kubera bagumye ari intahemuka kuri Yehova.

Igihe abavukanyi bo ku biro vy’ishami bamenya ayo mabi ariko arakorwa, ubwo nyene baciye bandikira amakete uwo mukomanda w’i Waingapu, umukomanda amukurira w’i Timor n’uw’i Bali, kizigenza wabo w’i Jakarta be n’abandi bategetsi bakurubakuru. Uwo mukomanda yumvise ko amabi yariko arakora yamenyekanye muri Endoneziya yose, yaciye areka gutoteza abo bavukanyi.

“Ivyabona vya Yehova bameze nk’imisumari”

Mu myaka yakurikiye, Ivyabona benshi cane bo hirya no hino muri Endoneziya barapfunzwe, barasambishwa bongera barakubagurwa. Umumisiyonari yitwa Bill Perrie yavuze ati: “Mu karere kamwe, abavukanyi benshi bari barabahongoye amenyo y’imbere. Igihe baba bahuye n’umuvukanyi agifise amenyo y’imbere, baca bamubaza  bifyinira ngo: ‘Ubwo wewe nturi mushasha? Canke warahemutse?’ Naho abo bavukanyi bahamwe, ntibigeze batakaza umunezero n’umwete wo gukorera Yehova.”

“Gupfungwa vyaranyigishije kurushiriza kwiheka kuri Yehova kandi vyarankomeje mu vy’impwemu”

Mu kiringo c’imyaka 13, Ivyabona 93 baraciriwe umunyororo uri hagati y’amezi abiri n’imyaka ine. Aho kubaca intege, vyarakomeje umwiyemezo wabo wo kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Musa Rade ahejeje umunyororo wiwe w’amezi umunani, yaragendeye abavukanyi bo mu karere iwabo kugira abaremeshe kuguma bamamaza. Yavuze ati: “Gupfungwa vyaranyigishije kurushiriza kwiheka kuri Yehova kandi vyarankomeje mu vy’impwemu.” Ntibitangaje kubona hari abavuze bati: “Ivyabona vya Yehova bameze nk’imisumari. Uko ubahonda ni ko barushiriza gushinga imizi.”

Abamamaji bagiye kwamamaza i Ambon mw’izinga rya Maluku

^ ing. 1 Peter Vanderhaegen na Len Davis bari abamisiyonari ba kera bamaze kurenza imyaka yo gukukuruka. Marian Tambunan na we (uwahoze yitwa Stoove) yari yubakanye n’Umunyendoneziya. Ku bw’ivyo, abo batatu baremerewe kuguma muri Endoneziya. Bose bagumye ari abanyamwete mu ndimiro kandi bararoraniwe naho igikorwa cari kibujijwe.