Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

 ENDONEZIYA

Hashika abandi bamisiyonari

Hashika abandi bamisiyonari

Ku wa 9 Mukakaro 1964, Urwego ruraba ivy’amategeko muri Endoneziya rwaremeye ko Ivyabona vya Yehova bakora ku mugaragaro. Ariko imbere yuko abavukanyi baronka umwidegemvyo ukwiye mu bijanye no gusenga, bategerezwa kubanza kwandikwa mu Rwego rujejwe amadini. Urwo rwego rwabanje guhanuza Ubuyobozi bujejwe amadini y’abakirisu, bukaba bwari buhagarikiwe n’abaporoti baterekwa Ivyabona vya Yehova.

Umusi umwe, hari umuvukanyi yahuye n’umutegetsi yakorana n’umushikiranganji ajejwe amadini. Bompi basanze bava hamwe, baca batangura kuganira baryohewe mu rurimi rwabo. Igihe uwo muvukanyi yabwira uwo  mutegetsi ingorane ziriko zishikira Ivyabona bivuye ku Buyobozi bujejwe amadini y’abakirisu, uwo mutegetsi yaciye atunganya ivy’uko abavukanyi batatu bibonanira n’umushikiranganji, uno akaba yari umwisilamu w’umutima mwiza. Ku wa 11 Rusama 1968, uwo mushikiranganji yaciye asohora itegeko rivuga yuko Ivyabona vya Yehova bemewe n’amategeko muri Endoneziya.

Nya mutegetsi w’umutima mwiza yaremeye kandi gufasha kugira ngo abamisiyonari baronke impapuro zo kuba mu gihugu batarinze guca mu Buyobozi bujejwe amadini y’abakirisu. Ivyo vyatumye mu myaka nk’ingahe yakurikiye, abamisiyonari 64 bemererwa kwinjira muri Endoneziya.

Mu 1968, abamisiyonari be n’abatsimvyi badasanzwe bashika 300 be n’abamamaji barenga 1.200 ni bo bariko baramamaza muri Endoneziya yose. Abo bamisiyonari baramenyereje abavukanyi mu buryo ngirakamaro. Ivyo vyatumye batera imbere mu vy’impwemu ningoga. Uko kumenyerezwa kwaje hageze kubera ko uruhamo rukomeye rwari rwegereje.

Ingabire ya Noweli yahawe abakuru b’amadini

Mu 1974, Ubuyobozi bujejwe amadini y’abakirisu bwarasubiye guhagurukira Ivyabona vya Yehova kugira babuzwe. Umuyobozi mukuru yarandikiye abaserukira Urwego rujejwe amadini mu ntara ababesha yuko Ivyabona vya Yehova batemewe n’amategeko. Yabasavye ashimitse kurwanya Ivyabona uko bishoboka kwose. Benshi nta vyo bashize mu ngiro. Ariko hari abaciye bafatira kuri ako karyo barabuza amakoraniro be n’igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu.

Ku wa 24 Kigarama 1976, iki kinyamakuru caratangaje ko Ivyabona vya Yehova batacemewe n’amategeko

Muri ico gihe nyene, Inama nkuru y’amashengero yo kw’isi yariko irategura ikoraniro mpuzamakungu i Jakarta, abisilamu bo ng’aho bakaba babona ko ako ari agasomborotso.  Kubera ko imishamirano ishingiye ku madini yariko iragwira, iyo Nama nkuru yaciye isivya iryo koraniro. Ariko rero, ivyo gukoka abakirisu ngo binjire mu rindi dini vyari bisigaye ari ikibazo gikomeye mu gihugu kandi abanyapolitike benshi vyari bibahagaritse umutima. Abakuru b’amadini baciye batangura kwegeka amakosa ku Vyabona vya Yehova bidogera igikorwa cabo co kwamamaza. Ivyo vyatumye abategetsi benshi batangura kubona nabi Ivyabona.

Muri Kigarama 1975, naho indyane z’amadini zaguma zigwira, Endoneziya yarateye Timor yo mu buseruko (ubu ni Timor Oriental), ahahora hatwarwa n’Abanyaportigale. Inyuma y’amezi indwi, Endoneziya yarahigaruriye bituma abanyagihugu baho bagumuka. Abavukanyi bobo ntibigeze baja muri politike, mu bikorwa vya gisirikare canke ngo bemere kuramutsa idarapo, ivyo bikaba vyatumye abategetsi mu gisirikare bashavura cane. (Mat. 4:10; Yoh. 18:36) Abakuru b’amadini baciye batangura kwosha abategetsi bivuye inyuma kugira barwanye Ivyabona. Amaherezo, muri Kigarama 1976 Leta yarasohoye itangazo rivuga ko Ivyabona vya Yehova batemewe mu gihugu, ba bakuru b’amadini baba bararonse ico twokwita ingabire ya Noweli bipfuza.