Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Ishengero ry’i Surabaya mu 1954

 ENDONEZIYA

Abamisiyonari basohotse Gileyadi bashika

Abamisiyonari basohotse Gileyadi bashika

Muri Mukakaro 1951, abagize ishengero ritoyi ry’i Jakarta barahuriye hamwe kugira bakire Peter Vanderhaegen, umumisiyonari wa mbere yaje gukorera muri Endoneziya asohotse ishure rya Gileyadi. Mu mpera z’uwo mwaka, hari abandi bamisiyonari 13 baje bava muri Ostraliya, mu Budagi no mu Buholande, ivyo bikaba vyatumye abamamaji bose mu gihugu bigwiza na kabiri.

Umumisiyonari w’Umunyaholande yitwa Fredrika Ren­skers yigana ati: “Niyumvira ko nzokwamamaza inzu ku nzu nkoresheje ibimenyetso. Mugabo kubera ko abantu benshi bavuga ikinyaholande, mu ntango namamaza ahanini muri urwo rurimi.” Ronald Jacka wo muri Ostraliya na we yigana ati: “Bamwe muri twebwe bakoresha agakarata ko gushinga intahe kariko insiguro ngufi mu kinyendoneziya. Imbere yo kudodora kuri buri nzu, nabanza gutereza akajisho kuri ako gakarata nkagerageza gusubiramwo ayo majambo ku mutwe.”

Kubera ko abamisiyonari bafata iya mbere mu kwamamaza, igitigiri c’abamamaji caraduze bwampi kiva kuri 34 gishika kuri 91 mu mwaka umwe gusa. Ku wa 1 Nyakanga 1951, harashinzwe ibiro vy’ishami mu rugo kwa André Elias mu gisagara ca Jakarta Centrale. Ronald Jacka ni we yagenywe kubihagarikira.

Inkuru nziza ishika mu tundi turere

Muri Munyonyo 1951, Peter Vanderhaegen yarungitswe gukorera i Manado, mu buraruko bwa Sulawesi, aho Theo Ratu n’umukenyezi wiwe bari bashinze umugwi mutoyi. Benshi mu baba aho hantu bari mu madini y’abakirisu kandi barubaha cane Ijambo ry’Imana. Abatari bake barakira Ivyabona bakabasaba ngo babigishe Bibiliya. Kenshi bayaga n’umugwi ugizwe n’abantu cumi. Haciye iminuta 15 wasanga hariko humviriza abantu nka 50. Mw’isaha imwe baca basohoka bakaja mu rugo kandi wasanga hari abantu bashika 200.

Mu ntango za 1952, Albert na Jean Maltby ni bo babaye abamisiyonari ba mbere bagiye gukorera i Surabaya mu buseruko bwa Java, ico kikaba ari igisagara kigira kabiri mu bunini muri Endoneziya. Bashiki bacu batandatu b’abamisiyonari ari bo Gertrud Ott, Fredrika Renskers, Susie Stoove, Marian Stoove, Eveline Platte na Mimi Harp bahavuye babasangayo. Fredrika Renskers yigana ati: “Abantu baho  benshi bari abisilamu badakavya kandi b’umutima mwiza. Benshi basa n’abanyotewe inkuru nziza, bikaba vyari vyoroshe gutanguza inyigisho za Bibiliya. Mu myaka itatu ishengero ry’i Surabaya ryari rifise abamamaji 75.”

Aho abamisiyonari baba i Jakarta

Muri ico gihe, umugabo w’umwisilamu yitwa Azis yava i Padang, mu burengero bwa Sumatra, yarandikiye ibiro vy’ishami asaba ko bomwigisha Ijambo ry’Imana. Azis yari yariganye Bibiliya n’abatsimvyi bava muri Ostraliya mu myaka ya 1930 mugabo igihe Abayapani bigarurira Endoneziya ntiyasubiye kubabona. Mu nyuma yarubutse ku gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Yanditse ati: “Nariruhukije igihe nabona aderese y’i Jakarta kuri ako gatabu.” Ibiro vy’ishami vyaciye birungika i Padang umucungezi w’umuzunguruko yitwa Frans van Vliet. Yasanze Azis yarabwiye inkuru nziza umubanyi wiwe Nazar Ris, uno akaba yari umukozi wa leta yari anyotewe ukuri. Abo bagabo bompi be n’imiryango yabo barabaye Ivyabona. Umuvukanyi Azis yahavuye aba umukurambere w’umwizigirwa. Nazar Ris na we yabaye umutsimvyi adasanzwe kandi abana biwe benshi baracari Ivyabona b’abanyamwete.

Frans van Vliet na mushikiwe Nel

Inyuma y’aho gatoyi, Frans van Vliet yaragendeye umuvukanyi w’Umunyaholande yari yarahororokewe, uno akaba yariko arubakisha ihinguriro ry’ibitoro ry’i Balikpapan, mu buseruko bwa Kalimantan ryari ryarasambuwe n’intambara. Frans yarajanye n’uwo muvukanyi mu ndimiro yongera aramuremesha kwigisha Bibiliya abantu benshi bavyipfuza. Imbere y’uko uwo muvukanyi asubira mu Buholande yari amaze gutanguza umugwi mutoyi i Balikpapan.

Mu nyuma, mushiki wacu yari aherutse kubatizwa yitwa Titi Koetin, yarimukiye i Banjarmasin, mu bumanuko bwa Kalimantan. Yarabwiye inkuru nziza incuti ziwe zo mu bwoko bw’abadayake, arafasha benshi muri bo kumenya ukuri. Bamwe muri bo barasubiye mu bigwati  bakomokamwo i Kalimantan maze barashinga imigwi yahavuye ivamwo amashengero akomeye.

Gucapura ibinyamakuru mu kinyendoneziya

Kubera ko igikorwa carushiriza gutera imbere, abavukanyi bari bakeneye ibitabu vyinshi vyo mu kinyendoneziya. Mu 1951, igitabu “Imana iboneke ko ari inyakuri” carahinduwe mu kinyendoneziya ariko kubera ko abategetsi bahinduye inyandiko y’ikinyendoneziya vyaciye biba ngombwa ko ibiro vy’ishami bisubiramwo ico gitabu. * Igihe ico gitabu cateba kigasohoka Abanyendoneziya benshi baragikunze.

Mu 1953, ibiro vy’ishami vyaracapuye amakopi 250 y’Umunara w’Inderetsi mu kinyendoneziya, hakaba hari haciye imyaka 12 ata Munara wo muri urwo rurimi ucapuwe. Mu ntango bacapuye Umunara w’impapuro 12 warimwo gusa ibiganiro vy’ukwiga. Haciye imyaka itatu wagiye ku mpapuro 16, kandi icapuriro rimwe ry’ivy’ubudandaji ryaducapurira amakopi 10.000 ku kwezi.

Ikinyamakuru Be maso! mu kinyendoneziya catanguye  gusohoka buri kwezi mu 1957. Budakeye na kabiri hari hasigaye hasohoka amakopi 10.000. Kubera ko impapuro zakoreshwa mu gucapura zari zikenye mu gihugu, vyabaye ngombwa ko abavukanyi barondera uruhusha rwo kuzigurira hanze. Umutegetsi yari afise iyo dosiye yababwiye ati: “Mbona ko Menara Pengawal (Umunara w’Inderetsi) ari kimwe mu binyamakuru vyiza kuruta ibindi muri Endoneziya kandi ndahimbawe no kubafasha kugira muronke uruhusha ngo mucapure ibindi binyamakuru.”

^ ing. 1 Kuva mu 1945 inyandiko y’ikinyendoneziya yarahinduwe bimwe bikomeye incuro zibiri, mu ntumbero yo gusubiriza inyandiko y’ikinyaholande.