Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Guhimbaza Icibutso—Ku wa 5, itariki 3 Ndamukiza 2015

Guhimbaza Icibutso—Ku wa 5, itariki 3 Ndamukiza 2015

KU WA gatandatu itariki 7 Ntwarante 2015, amashengero yo hirya no hino kw’isi yaratanguye isekeza ryamaze indwi zine. Intumbero yari iyo gutumira abantu benshi bashoboka kugira bifatanye natwe mu guhimbaza urupfu rwa Yezu Kristu bongere bumvirize insiguro yerekana akamaro urupfu rwiwe rudufitiye. Abantu amamiliyoni barahawe ubwo butumire iminwe mu yindi, abandi na bo batumirwa biciye kuri telefone no mu makete. None havuyemwo iki? Ku wa gatanu itariki 3 Ndamukiza, Ivyabona vya Yehova barahimbawe no kwakira abantu 19.862.783 kuri urwo rubanza rweranda. Ubu bariko barihatira gufasha abitavye urwo rubanza bose kugira babandanye kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, basenge Imana y’ukuri bongere bibonere urukundo ibakunda n’imihezagiro myinshi itanga.Mika 4:2.