Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Uburaya

Uburaya
  • IBIHUGU 47

  • ABANYAGIHUGU 741.311.996

  • ABAMAMAJI 1.611.036

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 847.343

Abanyeshure bagiye gutembera ku Ngoro y’Ubwami

Muri Finlande: Abanyeshure bo mu mwaka wa kane bari gutembera ku Ngoro y’Ubwami

Muri Finlande, agakobwa kitwa Ines kiga mu wa kane karumvise ko mu cigwa c’ivy’idini bari kuvuga ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, gaca karatumira abanyeshure bigana ngo baje gutembera ku Ngoro y’Ubwami. Abo banyeshure n’umwigisha wabo barashimye ico ciyumviro.

Mu ndwi yakurikiye, abanyeshure 38 baragize urugendo rw’ibilometero hafi bitanu n’amakinga  yabo bagiye ku Ngoro y’Ubwami. Bagiye bajanye n’abigisha babiri hamwe n’umuyobozi w’ishure. Aho ku Ngoro y’Ubwami bakiriwe n’abavukanyi babiri na bashiki bacu batatu. Igihe abo banyeshure bariko barafungura, barabajije ibibazo ku vyerekeye iyo ngoro hamwe n’Ivyabona, bati: “Bigenda gute ku makoraniro?” “Kariya kumba bagakoreramwo iki?” Aho bariko bavuga icumba kirimwo ububiko bw’ibitabu. “Kubera iki harya ku ruhome handitse ‘gatandatu kugabura cumi’?” Ico cari icanditswe c’umwaka, kikaba cari Matayo 6:10.

Kubera ko abo banyeshure bari bahawe agakorwa kajanye no kwirinda gusotorana kw’ishure, abo bavukanyi baraberetse ya videwo ivuga ngo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara iri kuri jw.org. Baraberetse kandi ibindi bice vy’uwo muhora wacu bongera barabavugiriza ururirimbo rw’Ubwami. Bahamaze nk’isaha imwe.

Umuyobozi w’ishure, abigisha, n’abo banyeshure bose barahimbawe n’urwo rugendo. Uwo muyobozi yarashimye cane ibintu yabonye ku muhora wacu kubera ko yabona ko vyoshobora gukoreshwa mu cigwa c’ivy’idini. Yarahimbawe no kwumva ko n’abandi banyeshure bashobora kuza gutembera ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo vyatumye bukeye uwundi mwigisha asaba ivyo Vyabona ko abanyeshure biwe na bo nyene boza gutembera ku ngoro.

Yakuye ikintu c’agaciro mu mwavu

Muri Rumaniya, Cristina ntiyigeze aca ku ntebe y’ishure, akaba rero atazi gusoma no kwandika. Yari ntahonikora kandi kugira ngo ashobore kuronka ico afungura yabwirizwa kuja gutora ibikopo n’utubido aho bata umwavu mu gisagara. Umusi umwe ariko aratora ivyo bikopo, hari ikintu yabonye. Cari igitabu gishingiye kuri Bibiliya kiriko amafoto meza cane y’abantu banezerewe. Yibwiye ati: ‘Abantu nk’aba bashobora kuba babaho kw’isi.’ Cristina  yashaka kumenya ivyanditse muri ivyo bitabu, aca araraba uwobimusomera. Yumvise ko ivyo bitabu bivuga ibintu vy’Imana, yarababajwe no kuba abantu barataye mu mwavu ibintu vyanditsemwo Ijambo ry’Imana. Cristina yarabandanije kuja aho hantu bata umwavu gutora udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza, n’ibinyamakuru.  Bimwe wasanga bigikwiye ibindi vyaratabaguritse. Yarize gusoma kugira ngo ashobore kumenya ivyaba vyanditse muri ivyo bitabu.

Mu nyuma, Cristina yarabonanye n’Ivyabona, maze inyigisho ya Bibiliya iratangura. Yarahimbawe cane no kumenya ko Yehova yari yamukwegereye kuri we biciye ku bisohokayandikiro abandi bantu batahaye agaciro. Aritaba amakoraniro y’ishengero kandi arahimbarwa cane n’ivyo yiga. Ikintu kimuhimbara cane ni uko ubu aronka ibinyamakuru, ibitabu n’udutabu bishasha. Ntakija kubirondera aho bata umwavu. Mu vy’ukuri, Cristina yarakuye ikintu c’agaciro aho bata umwavu!

Inyigisho ya Bibiliya yo mu biti

Mu Budagi: Margret ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya mu biti

Mu Budagi, imisi yose mu gitondo Margret yama aja gutembera n’imbwa yiwe ahantu hamwe hari ibiti. Avuga ati: “Ndagerageza kuvugisha uwo duhuye wese. Mbonye ko atacobabuza ko tuyaga, nca ndabayagisha ivyerekeye Bibiliya.”

Umusi umwe yarahuye n’umugore ageze mu myaka 70 yariko aratembera n’imbwa yiwe. Margret yaratanguje ikiyago n’uwo mugore. Uwo mugore yarashimye cane ico kiyago aca arabwira Margret ko asenga Imana kandi agasoma Bibiliya buri musi. Kuva ico gihe, barahura imisi yose bakaganira ivyerekeye Imana. Umusi umwe, uwo mugore yarabajije Margret ati: “Ni kubera iki uzi ibintu vyinshi vyerekeye Bibiliya?” Margret yaramubwiye ko ari Icabona ca Yehova.

Margret yarasavye incuro nyinshi uwo mugore ko yoza aramusanga muhira kugira bige Bibiliya, mugabo uno yaranka. Ariko barabandanije kuza baraganira. Haheze amezi atari make, Margret yarasubiye gusaba uwo mugore ko  yoza aramusanga muhira kugira bige Bibiliya. Ico gihe hoho uwo mugore yaramwugurukiye aramubwira ko yatinya kwiga kubera ko umugabo babana yanka Ivyabona vya Yehova.

Ikindi gihe Margret agiye gutembera muri vya biti, yagiye yitwaje Bibiliya n’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Margret abonye wa mugore, yamubwiye abigiranye umutima rugabo ati: “Ubu hoho sindagusaba ko noza ndagusanga muhira ngo twige Bibiliya ahubwo ndagusaba ko twoza turigira Bibiliya aha muri ibi biti.” Uwo mugore yaremeye, n’amosozi mu maso. Imisi itandatu mu ndwi araza kwiga Bibiliya muri ivyo biti. Iyo ikirere cifashe nabi, Margret ayobora iyo nyigisho ya Bibiliya bipfutse umutaka bafise n’itoroshi.

Ntibatahuye ico yari ababwiye

Muri Bilgariya, mushiki wacu yitwa Delphine yariga Bibiliya n’umugore yitwa Irina. Irina yarashima cane ivyo yiga kandi yaritaba amakoraniro adahorereza. Ariko, umugabo wiwe ntiyashaka ko yiga n’Ivyabona. Yaciye yimurira umuryango wiwe mu kagwati gatoya kamwe ko muri Suwede, rero Irina ntiyasubiye kubonana na Delphine. Yamara, hari abatsimvyi babiri, Alexandra na Rebecca, bahuye na Irina, uno akaba atari azi igisuwede. Abo bashiki bacu barakoresheje ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose maze Irina arasoma ubutumwa buri muri ko mu kinyabilgariya. Mu nyuma, bifashishije ako gatabu, baramubajije nimba yoshima kuronka ibitabu mu rurimi rwiwe. Irina yarazungagije umutwe wiwe ashimitse, awuzungagiza awujana ibubamfu n’iburyo. Abo bashiki bacu baciye bagenda, babona ko atashimishijwe.

Mu nyuma, Alexandra yaributse ko Linda, mushiki wacu w’Umunyasuwede akorera muri Bilgariya, yari mu kuza kubaramutsa. Yariyumviriye ko hari aho Irina yokwemera  ukuri akubwiwe mu rurimi rwiwe. Igihe Linda yaza, we na Alexandra baragiye kuraba Irina. Irina yabwiye Linda ko yahora asenga Yehova buri joro amusaba ko yomufasha ngo asubire kwiga Bibiliya. Yama agendana igitabu ciwe Ivyo Bibiliya yigisha co mu kinyabilgariya. Yashaka kuzoca acereka Ivyabona bishitse bagahurira mw’ibarabara, ariko ntiyigeze ababona. Ese ukuntu Irina yanezerejwe no kuronka ibindi bisohokayandikiro mu kinyabilgariya!

Linda yarabajije Alexandra icatumye abona ko Irina atashimishijwe igihe babonana ari bwo bwa mbere. Alexandra yasiguye ko Irina yazungagije umutwe mu kwerekana ko atashimishijwe. Linda yaciye atwenga aca aravuga ko Abanyabilgariya baduza umutwe bongera bawumanura mu kwerekana ko banse ikintu, bakawuzunza bawujana ibubamfu n’iburyo mu kwerekana ko bemeye. Mu kurindira ko Irina amenya igisuwede, abandanya kwiga Bibiliya mu kinyabilgariya. None yiga gute? Baramurondereye Delphine, ubu bakaba biga biciye kuri bwa buhinga bwo kuri internet aho abantu bavugana babonana.

Akarorero keza k’umuvyeyi

Muri Espanye, uwitwa Jemima yigishijwe ukuri akiri umwana. Ariko igihe yari afise imyaka indwi, ubuzima bwiwe bwarahindutse rwose. Nyina wiwe yarafashe ingingo yo kuva mu Vyabona vya Yehova no kwahukana na se wiwe. Jemima afise imyaka 13 yarahagaritse kwifatanya n’Ivyabona yongera aranka ko se wiwe agira ikintu na kimwe amufashije mu vy’impwemu.

Uko Jemima yagenda arakura, yagiye araja mu mihari y’abanyagihugu n’iya politike ngo aronderera ubutungane abantu batoyi. Mu nyuma, igihe yabura akazi, se wiwe Domingo yaramusavye ko yoza bagakorana mu vyo gusiga amarangi.

 Umusi umwe bariko barakorana, Domingo yarasavye Jemima ko bokwiga Bibiliya. Yaranse, ariko amubwira ko niyumva yokwiga azobimubwira. Domingo yarumviriza Bibiliya n’ibinyamakuru vyafashwe amajwi igihe yaba ariko arasiga irangi, ariko umukobwa wiwe wewe yashima kwumviriza imiziki bita pop muri telefone yiwe.

Muri Munyonyo 2012, Domingo, uno akaba yari yarasubiye kwubaka urwiwe, yararonse ubutumire bwo kwitaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye. Jemima yaratangajwe no kuba se wiwe azomara amezi abiri muri iryo shure, kandi mu nyuma akazosiga ibintu vyiwe vyose agiye gukorera aho azorungikwa hose. Ari ryo rya mbere, Jemima yarabonye ukuntu ukuri kwari kwarashinze imizi mu mutima wa se, aca aripfuza kumenya igituma.

Jemima yarahevye kuza arumviriza ya miziki yiwe aca atangura kuza arumviriza ivyo se wiwe yumviriza. Yaratanguye no kuza arabaza ibibazo. Umusi umwe Domingo ari hejuru ku ngazi ariko arasiga irangi, Jemima yamubwiye ati: “Woba wibuka igihe nakubwira ko ninumva nokwiga Bibiliya nzokubwira? Ubu rero ndabishaka.”

Domingo yarahimbawe no kwumva ico kintu. Muri Nzero 2013, baratanguye kwiga kabiri mu ndwi. Ishure ryatangura muri Ndamukiza, kandi barabandanije kwiga bakoresheje bwa buhinga bwo kuri internet aho abantu bavugana babonana. Jemima yaraje igihe se wiwe yaronka urupapuro rw’umutsindo, kandi yarashimye cane ivyashikirijwe. Ku wa 14 Kigarama 2013, Jemima yarabatijwe.

Jemima avuga ati: “Yehova yaranyihanganiye cane kandi ndazi ko atigeze ampeba. Yarampaye ikintu ntigeze ndonka mw’isi, na co akaba ari abagenzi nyakuri. Abavukanyi bakwiye hirya no hino kw’isi baratuma ndushiriza gukenguruka urukundo rukomeye Yehova yangaragarije.”

 Akamaro ko kwubaha

Mu Burusiya, hari umuvukanyi yitwa Vasilii amaze igihe kirekire muri Beteli. Kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante 2014, igihe uwo muvukanyi yariko aramamaza hafi y’ibiro vy’ishami akoresheje ka kantu gafise amapine bashirako ibisohokayandikiro, hari imodoka y’abapolisi yahagaze aho yari. Umupolisi yarasohotse muri iyo modoka asaba Vasilii n’urupfasoni ngo areke kwamamariza ng’aho, kubera ko ababanyi bari bamwidogeye. Igihe bariko baraganira, hari uwundi mupolisi yariko arabakamera. Vasilii yarabonye ko vyoba vyiza agamburukiye uwo mupolisi akareka guharanira agateka kiwe. Muri ico gihe hari abantu bariko bararengana bahagaze kugira barabe ibiriko biraba. Vasilii yaciye agenda, ariko haheze imisi ibiri yarasavye umubonano ku mukuru w’abo bapolisi. Yaremerewe uwo mubonano. Mu kiyago bagiraniye, Vasilii yarashimiye uwo mukuru w’abapolisi kubera igikorwa gihambaye abapolisi bakora mu kibano yongera arashima urupfasoni bagaragaje igihe bavugana na we, aho hakaba hari haciye imisi ibiri. Uwo mukuru yaciye ahindukira araraba icegera ciwe maze amubwira ati: “Mu myaka 32 maze ndi umupolisi, sinari bwigere numva umuntu adushimira kubera igikorwa dukora!” Muri ico kiganiro, uwo mukuru w’abapolisi yarafashijwe gutahura ko igikorwa cacu co kwamamaza ku mugaragaro cemewe n’amategeko. Uwo mukuru yarabajije Vasilii igituma naho yari azi ko yari afise uburenganzira bwo kwamamaza, atanse kwemera ivyo abapolisi bari bamusavye. Vasilii yishuye ati: “Ndubaha abapolisi. Iyumvire ingene abantu bose bari ng’aho bari kuvyakira iyo nagiriza abapoIisi ko batazi amategeko.” Uwo mukuru n’icegera ciwe baratangaye cane, baca baremerera Vasilii ko ata ngorane azosubira kugira igihe azoba ariko aramamaza akoresheje ka kantu gafise amapine bashirako ibisohokayandikiro.