Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu
  • IBIHUGU 48

  • ABANYAGIHUGU 4.315.759.010

  • ABAMAMAJI 703.271

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 732.106

Yarabajije nimba yozanana n’abandi

Muri Endoneziya, hari umuvukanyi yahaye ubutumire bw’Icibutso umugabo umwe yacunga imiduga kuri parikingi imwe hasigaye imisi ibiri ngo Icibutso kibe. Uwo mugabo, uno akaba yari umwisilamu, yarabajije nimba yozanana n’abandi naho yari ahawe agapapuro kamwe k’ubutumire. Uwo muvukanyi yaramubwiye ko ata ngorane. Uwo mugabo yavuze  ko umuryango wabo wari munini, aca asaba utundi dupapuro tw’ubutumire. Uwo muvukanyi yaciye amuha udupapuro tw’ubutumire 20 yongera aramusigurira ko urwo rubanza rwari urwo kwibuka urupfu rwa Yezu kandi ko abantu bose, baba abakirisu canke abisilamu, bashobora kuruzamwo. Uwo mugabo yavuze ko azozanana n’abantu bari hagati ya 60 na 70.

Haheze akanya gatoyi insiguro y’Icibutso itanguye, ico gihe hakaba hari hamaze gushika abantu 248, wa mugabo yaraje ari kumwe n’abantu nka 100 bagizwe n’abagabo, abagore, n’abana, harimwo n’abageze mu zabukuru hamwe n’umukenyezi yari afise inda y’imvuka. Bari bakose imiduga kugira ngo ibashikane kw’ihoteli yaberamwo ico Cibutso. Aho abarinzi b’iryo hoteli baboneye iryo sinzi, babanje kubabuza kwinjira. Baribajije igituma abisilamu bangana gutyo bashaka kuja mu musi mukuru w’abakirisu. Aho abo bantu berekeye abo barinzi udupapuro twabo tw’ubutumire, baciye babajana ahariko harabera Icibutso. Abantu nka 60 muri bo ni bo bashoboye kuronka aho baja muri ico kibanza cari cuzuye abantu.

Haheze imisi mikeyi, wa muvukanyi yarasubiye kuraba wa mugabo maze aramubaza nimba bamwe bazanana barahimbawe n’Icibutso. Yaravuze ko naho bose bari bagize isoni, bakozwe ku mutima no kubona ukuntu abari aho bari bameze neza, bakabaramutsa n’igishika cinshi. Uwo muvukanyi yaciye amutumira ku nsiguro idasanzwe yari kuba ku wa mungu wakurikira. Ico gihe yaje azananye n’abantu 40 bagizwe n’abo mu muryango wabo hamwe n’ababanyi biwe. Kubera ko bashitse amakoraniro agira arangire, abakurambere baciye bafata ingingo yo gusubira  gutanga iyo nsiguro. Umuhagarikizi yarasubiye guha ikaze umushikirizansiguro, arasigura muri make ivy’iyo porogarama, bararirimba kandi barasenga. Kugira umushikirizansiguro afashe abo bantu bari bakuriye mw’idini ry’abisilamu, muri iyo nsiguro yakoresha imvugo bamenyereye, akavuga ngo “Igitabu ceranda” aho kuvuga “Bibiliya” canke “umuhanuzi Isa” aho kuvuga “Yezu.”

Mu nyuma, hari umukurambere yagendeye uwo mugabo muhira iwe maze baratangura kuganira kuri Bibiliya bakoresheje agatabu Niwumvirize Imana. Abandi bantu 12 baraje kwumviriza, muri bo hakaba harimwo abagore b’abisilamu n’abana bakeyi.

Ibisohokayandikiro vyashizwe mu mabisi

Muri Mongoliya: Abamamaji, babiherewe uruhusha, barashira ibisohokayandikiro mu mipfuko y’intebe za bisi

Muri Mongoliya, amabisi ava ahitwa Oulan-Bator agira ingendo mu mihingo yose y’ico gihugu. Ayo mabisi arashobora kumara amasaha 48 ku rugendo. Ingenzi usanga zigenda ziraraba uduhita mw’idirisha canke zigasinzira. Nta kintu na kimwe co gusoma kihari naho Abanyamongoliya basanzwe bakunda gusoma. Bafise ico kintu ku muzirikanyi, abavukanyi bamwe bo mw’ishengero ry’ahitwa Songinokhairkhan barayaze n’abashoferi b’ayo mabisi bababwira bati: “Twagomba kubaha igitabu ciza cane. Mu ndege, usanga mu mipfuko y’intebe hama hariyo ibintu vyo gusoma. Nimba mwibaza ko abakiriya banyu boshima kuronka ikintu bagenda barasoma, twoshobora kubashirira ibitabu mu mipfuko y’intebe.” Abashoferi umunani baravyemeye. Abo bavukanyi barashize muri iyo miduga ibinyamakuru 299 n’udutabu 144. Baratunganije kandi ivy’uko baza barasubiriza ivyo binyamakuru n’ibiba biheruka gusohoka.

 Barihenze aderese

Mu gihugu kimwe co muri Aziya, hari abakurambere babiri basabwe kugendera mushiki wacu umwe yari amaze imyaka umunani ahororokewe. Kubera ko abo bavukanyi batari bwigere bakubita ijisho uwo mushiki wacu, baramuterefonye baravugana ingene bobonana bamusanze mu kibanza yacururizamwo mw’isoko imwe nini cane. Inyuma y’aho bazungurukiye mu tuyira twinshi two muri iyo soko, bahavuye babona ikibanza gisa n’ico wa mushiki wacu yari yababwiye ko akoreramwo. Binjiye muri ico kibanza, bakiriwe n’umukenyezi yari afise akabibiliya gatoyi ku meza. Abo bavukanyi bamubajije izina ryiwe, aho yaba n’imyaka abana biwe babiri bari bafise, baciye babona ko ari wa mushiki wacu yahororokewe. Bamubwiye bati: “Turi abavukanyi bawe, Ivyabona vya Yehova.”

Yabishuye azazaniwe ati: “Jewe ndi umukirisu.” Ukwo kuntu yabishuye vyarateye amakenga abo bavukanyi. Ariko, baramusigiye ibisohokayandikiro, na we arahimbarwa cane. Yamara, igihe abo bavukanyi bariko barava kuri uwo mukenyezi, barabonye ko bari bagiye mu kibanza kitari co! Bari kuja ku kibanza No. 2202, ariko bari bagiye kuri No. 2200. Umwe muri abo bavukanyi yavuze ati: “Sinacitse intege kuko nabona ko abamarayika ari bo batuyoboye kuri ico kibanza. Uwo mugore n’uwo mushiki wacu baritiranwa, baba mu gisagara kimwe, kandi n’abana babo bagomba kunganya imyaka! Iyo uwo mugore aza kuba atitiranwa n’uwo mushiki wacu kandi bakaba bataba mu gisagara kimwe,  twari guca tumenya ko atari we.” Abo bavukanyi barenganye ikibanza kimwe, baciye babona wa mushiki wacu yari yarahororokewe, uno akaba yari abarindiriye.

“Narumvise vy’ukuri ko mfise agaciro kubera ko naho nari maze igihe kirekire narahororokewe, Yehova ntiyigeze anyibagira”

Bivuye kuri ukwo kuba abo bavukanyi barihenze, wa mugore yaratanguye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Umwe mushiki wacu yari yarahororokewe na we yaratanguye kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu busuku adahorereza. Yavuze ati: “Narumvise vy’ukuri ko mfise agaciro kubera ko naho nari maze igihe kirekire narahororokewe, Yehova ntiyigeze anyibagira.”

Bararungika ubutumwa igihe ikirere kitifashe neza

Muri Filipine: Greg ariko ararungika ubutumwa

Greg na Alma barimukiye mw’izinga ryitwa Catanduanes ryo muri Filipine gukorera ahari hakenewe cane abamamaji b’Ubwami. Muri iryo zinga hari uduce tumwetumwe usanga tugizwe n’imisozi, rero Greg na Alma babwirizwa kugenda n’amaguru ibilometero 19 kugira bashike mu vyibare bimwebimwe. Mu bindi bihe naho, baramara amasaha abiri basoza ubwato bagiye kwamamaza mu yandi mazinga. Mu gihe c’imvura, kugira mwene izo ngendo birababera urugamba. Aho kuguma muhira batariko baramamaza, bafashe ingingo yo kuza bararungikira abantu ubutumwa kuri telefone bakoresheje akarusho gatangwa n’ishirahamwe rya telefone barimwo ko kurungika ubutumwa bwose umuntu yipfuza ku mahera make.

Greg avuga ko mu kwandika ubwo butumwa ahera ku kwidondora. Aca yongerako ati: “Nagomba kukubwira ubutumwa bwo muri Bibiliya.” Kimwe mu vyanditswe yabonye ko ari ngirakamaro ni Yohani 17:3. Amaze kugisubiramwo mu majambo, aca abaza ibibazo bibiri: Imana y’ukuri ni nde? kandi Yezu Kristu ni nde? Aca asaba uwo muntu ngo amwishure. Uwo muntu yishuye, Greg aca amuha ikindi canditswe, nka Zaburi 83:18. Uwo muntu agumye yishura, Greg aca amubaza nimba yoshima  ko babandanya kuyaga biciye kuri telefone. Greg na Alma bavuga ko abantu benshi bavyakira neza.

Hari umugore umwe Greg na Alma bandikiye. Uwo mugore yari afise ibibazo vyinshi vyerekeye Bibiliya, ku buryo bandikiraniye cane. Ukwo kwandikiranira kwahavuye kuvamwo inyigisho ya Bibiliya. Uwo mugore yarabwiye ivyo yariko ariga umusengezana wiwe n’uwundi muntu bakorana. Abo bose uko ari batatu bahavuye babatizwa.