Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Afrika

Afrika
  • IBIHUGU 58

  • ABANYAGIHUGU 994.839.242

  • ABAMAMAJI 1.421.375

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 3.516.524

Barakurikiye umwigisha wabo

Muri Angola, José ni umuvukanyi w’umutsimvyi akiri muto aba ku mpera y’igisagara ca Luanda. Yigisha kw’ishure riri hafi y’Ingoro y’Ubwami. Kubera ko agaragaza kamere za gikirisu kandi akaba yigisha neza, abanyeshure biwe 86 baramukunda kandi baramwubaha. Mw’ishengero iwabo amakoraniro yo mu ndwi hagati atangura isaha cumi zo ku mugoroba, rero baramuhaye uruhusha rwo kuva  ku kazi kare kuri uyo musi. Avuye ku kazi, aca atera aja ku Ngoro y’Ubwami.

Hari abanyeshure bibajije igituma José ava kw’ishure kare n’iyo aba agiye. Umusi umwe, kugira ngo bamenye iyo aba agiye, babiri mu banyeshure biwe baramukurikiye kandi baritavye amakoraniro. Ikindi gihe, hari abandi banyeshure batatu bitavye amakoraniro ku musi José yari afise ikiganiro mw’Ikoraniro ry’umurimo. Ivyo ntivyatevye kumenyekana mu banyeshure. Mu ndwi zakurikiye, abanyeshure bitaba amakoraniro bariyongereye bava kuri 5 bashika kuri 21. Abamamaji bo muri iryo shengero barasavye abo banyeshure ko bobigisha Bibiliya, kandi nka bose baremeye. Igihe abo banyeshure bazana ibinyamakuru kw’ishure, abandi baciye bashimishwa baca baratangura kwitaba amakoraniro. Gushika mu mpera z’umwaka w’ishure, abanyeshure 54 muri 86 bari bamaze kwitaba amakoraniro. José yavuze ko 23 muri abo banyeshure biwe bariko baratera imbere mu vy’impwemu kandi ko babandanya kwitaba amakoraniro.

Ngo nta cibare gikwiye kihari?

Muri Nijeriya: Joseph na Evezi bariko barakoresha mu busuku akuma gasoma DVD

Muri Nijeriya, igihe abatsimvyi badasanzwe Joseph na Evezi bashika mu cibare cabo gishasha, abamamaji benshi bari baracitse intege bababwiye bati: “Nta cibare gikwiye dufise. Twaragikoreyemwo cane rwose.” Inyuma y’umwaka umwe, Joseph yandikiye ibiro vy’ishami ati: “Imisi yose turakorera mu cibare cacu kandi biriko biratuma abantu bareka kutwinuba no kutanerwa ubutumwa tubabwira. Tugenda mu ndimiro tujanye akuma gasoma ama DVD tukereka amavidewo abana, imiyabaga, n’abakuze. Ico vyavuyemwo: Buri kwezi, twe n’umukenyezi wanje  tuyobora inyigisho za Bibiliya 18, kandi birashika ntiduheture inyigisho zacu za Bibiliya zose. Vyongeye, abana baguma badusaba ngo tubereke ‘amavidewo ya Kalebu.’”

Baritabarije

Muri Kongo (Kinshasa): Bariko barabwira inkuru nziza umurovyi

Muri Kongo (Kinshasa), muri Ndamukiza 2014, ibiro vy’ishami vyararonse ikete rikora ku mutima ryanditswe n’abarovyi bamwe bo mw’izinga ryitwa Ibinja riri mu Kiyaga Kivu. Abo barovyi akenshi barava mw’izinga iwabo  bakaja mu bindi bisagara kudandaza. Umusi umwe bagiye i Bukavu, barahuye n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo Vyabona barababwiye inkuru nziza bongera barabaha Bibiliya n’ibisohokayandikiro.

Abo barovyi barashimishijwe cane n’ivyo basomye maze barabwira abandi muri iryo zinga ivyo bari bize. Kubera ko hashimishijwe benshi, abo barovyi baciye barungika umwe muri bo i Bukavu kurondera vya Vyabona kugira ngo abasabe kuza i Ibinja. Uwo muntu yarababuze, aca yandikira ibiro vy’ishami ati: “Turabasavye murungike Ivyabona badufashe kugira tumenye Bibiliya nk’uko na bo nyene bayizi twongere twige ingene twobaho ibihe bidahera. Tuzobaha indaro. Nzotanga itongo ryo kwubakamwo urusengero. Ivyanditswe vyo muri Bibiliya twasomye mu bitabu vyanyu vyaratweretse ko abapadiri n’abapasitori batwigisha ibinyoma. Twarajijutse ko twubuye idini ry’ukuri. Hariho benshi ng’aha i Ibinja boshima kwiga Bibiliya kandi bakaba Ivyabona vya Yehova.”

Muri iryo kete bavuze ko hari abantu 40 bashimishijwe. I Ibinja haba abantu 18.000, ariko nta Cabona n’umwe yariyo. Ibiro vy’ishami vyaciye ubwo nyene birungika muri iryo zinga abatsimvyi babiri badasanzwe bavuga ururimi rwaho.

Ubu asigaye yumviriza

“Sinzokwigera nsubira gusiba Icibutso.” Ivyo vyavuzwe n’umupasitori wo mw’idini rimwe ry’abaporoti rizwi cane ryo muri Afrika y’Epfo. Ni igiki catumye iyo ndongozi y’idini yitaba Icibutso muri Ndamukiza 2014? Vyose vyatanguye igihe abavukanyi babiri badasangiye ibara ry’urukoba bari kumwe mu busuku maze bakadodora ku muhana w’uwo mupasitori. Bafatiye ku vyari vyarabaye bari bazi ko uwo mupasitori ashobora kuba atari kubakira ngo baganire. Adaine, umwe muri abo bavukanyi, aravuga ingene  vyagenze ati: “Tutari tuvyiteze, twagiye tubona atwugururira umuryango turinjira. Twamaze umwanya munini turiko turaganira. Yaratangajwe no kubona umuzungu ariko aramamaza mu karere kabamwo abirabure kandi akamuvugisha mu rurimi rwiwe. Uwo mupasitori yaciye atangura kwiga Bibiliya adahorereza.”

Adaine abandanya ati: “Uwo mugabo yari amaze imyaka 40 ari umumisiyonari akaba n’umupasitori, ariko yagiye kuronka inyishu z’ibibazo vyose yari afise ageze ku myaka 80. Arakunda igitabu Niwigane ukwizera kwabo. Iyo turiko turiga, arafata ku mutwe ivyiyumviro bimwebimwe akabikoresha mu kwigisha mu rusengero. Yareretse abari mw’idini yarimwo igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yababwiye ati: ‘Ivyabona vya Yehova nibaza iwanyu bafise iki gitabu, muze mubahe ikaze mwumvirize ivyo bababwira kuko iki gitabu cuzuyemwo itunga ryo mu vy’impwemu.’”

Uwo mupasitori yabwiye Adaine ko indongozi zo mw’idini yarimwo zari zimaze kumukarira no kumugabisha kenshi ko yoreka kwigisha ivy’Ivyabona vya Yehova mu rusengero. Ntiyari azi ico yokora. Adaine yaributse inkuru imwe y’umumenyeshamana wo muri Birmaniya yiganwa mu Gitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2013. Igihe Adaine yasomera uwo mupasitori iyo nkuru, uno yaciye avuga ati: “Ivyanje bisa n’ivyo! Ndakwiye gufata ingingo ikomeye, kandi ntatebaganye.”

Uwo mupasitori yaritavye Icibutso ari bwo bwa mbere ku wa 14 Ndamukiza 2014, kandi yaciye avuga ko atazokwigera agisiba. Yaravuze ko yiyemeje kuvavanura n’idini ry’ikinyoma.

 Kwamamaza mu karere barimamwo cocoa

Muri Gana: Baffour na Aaron bariko baramamaza ku murimyi wa cocoa

Baffour na Aaron ni abatsimvyi badasanzwe i Bokabo, aho hakaba ari ahantu harimwa ibiti vyitwa cocoa mu burengero bwa Gana. Kugira ngo umuntu ashike mu cibare cabo kigizwe n’utuzu dukwiragiye hirya no hino, agenda aranyuragira mu tuyira duca mu bipimo vy’ivyo biti. Biroroshe ko umuntu azimira iyo aciye mu yindi nzira! Umusi umwe, Baffour na Aaron aho guca mu kayira bari basanzwe bacamwo, bahisemwo guca mu yindi nzira, baca baserukira ku tuzu batari bwigere bamamazako. Ng’aho barabwiye inkuru nziza Michael na Patience, bano bakaba barashimishijwe baca baremera kwiga Bibiliya. Mu nyuma, Michael yababwiye ati: “Haraheze imyaka ibiri tutaja gusenga kubera ko twabonyeyo ibintu bidahuye n’ivyo Bibiliya yigisha. Kuva ico gihe, imisi yose ku mugoroba twe na Patience turiyigisha Bibiliya, tukarondera inyishu z’ibibazo dufise. Turamaze igihe dusenga dusaba ko tworonka icodufasha kumenya ukuri.” Naho babwirizwa kugira urugendo rurerure baca muri ivyo bipimo, ubwo nyene baciye batangura kwitaba amakoraniro. Mu mwaka uheze, uwo mugabo n’umugore bubakanye barabatijwe kandi baratanguye ubutsimvyi busanzwe. Ubu na bo nyene baranyuragira mu tuyira tutabona duca mu bipimo vya cocoa barondera abandi boba ‘bamaze igihe basenga basaba ko boronka icobafasha kumenya ukuri.’

Michael na Patience bariko baraca mu biti vya cocoa