Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Mva ku kuba umuhakanamana nkaba umusavyi w’Imana

Juan Crispín

Mva ku kuba umuhakanamana nkaba umusavyi w’Imana
  • YAVUTSE 1944

  • YABATIJWE 1964

  • IVYIWE MURI MAKE Ni uwahoze ari umuhakanamana, ubu akaba amaze imyaka 50 asukurira Yehova.

IGIHE nari nkiri umusore, nari naravunywe umutima n’urwanko rwarangwa mw’idini. N’ikindi kandi, sinatahura igituma Imana idakuraho ubukene n’akarenganyo n’igituma abantu benshi bo mu madini badakora ivyo Bibiliya ivuga. Ku bw’ivyo naciye mba umuhakanamana, nkemera gusa ko amahinduka mu vya politike ari yo yonyene azotuma ibintu bimera neza kw’isi.

Mu 1962, naratanguye gusoma ikinyamakuru citwa Be maso! Mu nyuma, mu 1963, naremeye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo nize vyaragize ikintu gikomeye bigize kuri jewe. Naratahuye ko Imana atari yo yobazwa amabi y’agahomerabunwa yakozwe n’amadini atandukanye be n’uko ifitiye abantu umugambi mwiza cane. Haheze amezi abiri ntanguye kwiga, naratanguye kubwira abandi ko Ubwami bw’Imana buzosubirira ivy’iyi si yononekaye. Nabatijwe mu 1964, ngenwa  kuba umutsimvyi adasanzwe mu 1966. Ndemera ko ukuri ari kwo kwandokoye, kubera ko benshi mu bakiri bato twari dusangiye ivyiyumviro bapfuye urupfu rubi, abandi barapfunzwe, abandi na bo barahunga igihugu. Ndakengurukira Yehova kuba yarampinduye nkava ku kuba umuhakanamana atagira icizigiro nkaba umusavyi w’Imana isezerana isi nshasha igororotse.

Umuvukanyi Crispín ahagarikiye ugusenga kwo mu gitondo kuri Beteli