Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Kwubura

Kwubura

 Ukuri gutangura kwuburwa

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ndamukiza 1945, abamisiyonari basohotse Ishure rya Gileyadi ari bo Lennart Johnson n’umugore wiwe Virginia barashitse i Ciudad Trujillo (ubu hitwa Saint-Domingue), umugwa mukuru wa République dominicaine. Ni bo babaye Ivyabona ba mbere baje muri ico gihugu cahoze kirangwamwo indyane n’intambara. * Igitabu c’umwaka co mu 1946 cagize giti: “Ico gihugu ni icibare kitari bwakorerwemwo vy’ukuri. Nkako abo bamisiyonari babwirijwe kumena umushike.” Iyumvire nawe: Nta biro vy’ishami vyari bihari, nta Ngoro z’Ubwami, kandi nta n’amashengero yari ahari. Abo bamisiyonari nta muntu n’umwe bari bazi, bari bazi igisupanyoli gikeyi cane, kandi ntibagira aho baba eka mbere nta gikoresho na kimwe co mu nzu bari bafise. None bobigenjeje gute?

Lennart aravuga ivyo yibuka ati: “Twaragiye kw’ihoteli yitwa Victoria tuhafata icumba, twempi tukaba twariha amadolari atanu ku musi harimwo n’ibifungurwa. Kuri uwo muhingamo nyene twarayoboye inyigisho ya mbere ya Bibiliya. Ng’uku ukuntu vyagenze: Hari abagore babiri b’imvukira zo muri République dominicaine twahora twigana Bibiliya i Brooklyn baduhaye amazina y’incuti n’abagenzi babo. Rimwe muri ayo mazina baduhaye ryari iry’umuganga Green. Igihe twamugendera twaranabonanye n’umubanyi wiwe yitwa Moses Rollins. Tumaze kubabwira ukuntu twamenye amazina yabo na aderese zabo, barumvirije bitonze ubutumwa bw’Ubwami bongera baremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Budakeye na kabiri,  Moses yarabaye umwamamaji, akaba ari we yabaye umwamamaji wa mbere wo ng’aho.”

Mu ntango za Ruheshi 1945, abandi bamisiyonari bane barashitse, kandi mu misi mikeyi bari bamaze gutanga ibitabu vyinshi no gutanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi. Nko muri Gitugutu vyaragaragaye ko hari hakenewe ikibanza co kugiriramwo amakoraniro. Rero, abo bamisiyonari baragize ivyo bahinduye ku nzu babamwo kugira ngo haboneke Ingoro y’Ubwami y’imfatakibanza. Amakoraniro yitabwa n’abantu nka 40.

Umwe mu bantu ba mbere bemeye ukuri yari Pablo Bruzaud, uwo benshi bita Palé. Yatwara ibisi yakorera i Santiago n’i Ciudad Trujillo, akaba rero yarakunda kugira ingendo aja aho ku mugwa mukuru. Umusi umwe Palé ari i Ciudad Trujillo, yaraganiriye n’Ivyabona vya Yehova, maze arakira igitabu “Ukuri kuzokugira uwidegemvya.” Yaratanguye kwigana na bo Bibiliya buri musi. Bidatevye Palé yaratanguye kwamamaza ari kumwe n’abamisiyonari kandi yaza arabatwara muri bisi yiwe. Mu nyuma, Palé yaramenyanye na Lennart Johnson maze baragira urugendo bari kumwe bava i Ciudad Trujillo baja i Santiago, bongera baraduga imisozi bashika mu gisagara co ku nkengera citwa Puerto Plata. Bari bagiye kuraba abantu bashimishijwe bari barandikiye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova c’i Brooklyn, muri New York, basaba abobagendera.

Umuvukanyi Knorr na Franz bagendera République dominicaine

Muri Ntwarante 1946, Nathan Knorr na Frederick Franz, abari bavuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, baragendeye République dominicaine. Abantu bari biteganye umushasharo abo bashitsi, kandi uretse abavukanyi, abantu 75 bari barashimishijwe ni bo bumvirije insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Knorr. Ico gihe umuvukanyi  Knorr yaratunganije ivy’uko hashingwa ibiro vy’ishami muri République dominicaine.

Umuvukanyi Knorr na Franz bari ku Ngoro y’Ubwami ya mbere yo muri ico gihugu i Ciudad Trujillo

Abamisiyonari bariyongereye, kandi mu mpera z’umwaka w’umurimo wa 1946 muri ico gihugu hari abamamaji 28. Kubera ko inkuru nziza ariho yari igishinga imizi muri ico gihugu, abamisiyonari baramaze igihe ku migoroba bacapa bitonze ico cibare kugira ngo bashobore kucamamazamwo mu buryo buri ku rutonde kandi bunogangije.

Igikorwa gitera imbere

Mu 1947, hari abamamaji barenga 59. Muri uwo mwaka nyene, hari abamisiyonari bahora bakorera muri Kiba bimuriwe muri République dominicaine. Muri bo harimwo Roy Brandt n’umukenyezi wiwe Juanita. Umuvukanyi Brandt yaragenywe kuba umusuku w’ishami kandi yamaze imyaka cumi akora ico gikorwa.

 Nko mu mpera y’umwaka w’umurimo wa 1948, hariyo abamamaji bashika nka 110 bamamaza inkuru nziza bari kumwe n’abamisiyonari, bano bakaba barakora bagatama. Ariko, abo bose ntibari bazi yuko hari hagiye kubaho ibihe bigoye cane.

^ ing. 1 Ibisohokayandikiro vya Watch Tower vyaratangwa muri République dominicaine kuva mu 1932, ariko abantu batanguye kugirirwa inyigisho za Bibiliya mu 1945, igihe abo bamisiyonari bashika.