Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Ubuzima bwiwe bugira intumbero

José Estévez

Ubuzima bwiwe bugira intumbero
  • YAVUTSE 1968

  • YABATIJWE 1989

  • IVYIWE MURI MAKE José akiri muto yarimukiye mu gisagara agiye kurondera ubuzima. Ari aho mu gisagara, yarize ukuri, kandi aramaze imyaka ashira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere abigiranye umwete.

IGIHE José yari afise imyaka 11 yarimukiye i Santo Domingo. Kugira ngo aronke ikimubeshaho yarasigira abantu ibirato, akagurisha amabarafu n’imicungwe. Mbere n’igihe yari umusore, yari azwi ko ari umukozi nyawe. Haciye imyaka nk’ingahe, mwene wabo, uwari Icabona ca Yehova, yaramusavye ko yoza kumufasha akazi ko mu nzu. José yarabonye ku meza bafungurirako igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, aca amara ijoro ryose ariko aragisoma. Yarabonye ko yari yubuye ikintu catumye agira intumbero mu buzima.

Ku ndwi yakurikiye, José yaragiye ku Ngoro y’Ubwami yari hafi maze yidondora ko ari Icabona ca Yehova. Yabwiye abavukanyi ko yize yuko akwiye kwitaba amakoraniro akongera akamamaza inkuru nziza. Yarabamenyesheje kandi ko igihe yariko arasoma igitabu Kubaho Ibihe Bidashira, yamenye ibintu abakirisu badakwiye gukora, yongera arabamenyesha ko  ata kintu na kimwe muri ivyo yakora. Haheze imisi 15, José yaremerewe kuba umwamamaji. Yabatijwe haheze amezi atandatu, afise imyaka 21.

Kubera ko akazi José yakora ico gihe katuma bitamworohera kwitaba amakoraniro, yaragahevye aja gukora ako yahembwa ica kane c’umushahara yahora ahembwa. Vyaciye bimworohera kwitaba amakoraniro no gukora ubutsimvyi busanzwe. Ariko mu nyuma, amaze kwubaka urwiwe no kuvyara abahungu babiri, yarahagaritse ubutsimvyi.

José yari yiyemeje kwigisha abahungu biwe ukuri kuva mu buhinja. Ku bw’ivyo, igihe umugore wiwe Josefina yari afise inda y’amezi atatu y’umuhungu wabo w’imfura, ari we Noé, José yarasoma n’ijwi ryumvikana Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, kuko yari azi ko uwo mwana ari mu nda amwumva. Noé yavutse José amaze kumusomera ico gitabu cose. Ukwo nyene ni ko yabigenjeje no ku muhungu wabo agira kabiri yitwa Neftalí.

Mu nyuma, José yarabaye umuyobozi ajejwe kugenzura ibikorwa mw’ishirahamwe rimwe, umushahara yaronka ico gihe ukaba waruta incuro cumi uwo yaronka mu kazi yahorana. Yamara, mu 2008, igihe abahungu biwe bari bafise umwe imyaka 10 uwundi 13, yarahagaritse kuba umuyobozi aca arasubira gukora ubutsimvyi busanzwe, ico gihe hoho akaba yabukorana n’umugore wiwe n’abana babo. Kubera ko umushahara wiwe wagabanutse cane, bose mu muryango babwirizwa gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo bakoreshe amahera neza. Uko ari bane bayobora inyigisho za Bibiliya nka 30 buri kwezi. Yezu adusezeranira ko dushize Ubwami imbere, Yehova azoduhezagira. (Mat. 6:33) José n’umuryango wiwe barizigiye uwo muhango kandi bariboneye ko Yehova ashitsa ivyo asezerana.