Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

“Tuzobamenya”

“Tuzobamenya”

“Umusi uri izina tuzobamenya”

Nko mu 1935, mu karere kitwa Cibao Valley, uwitwa Pablo González yaratanguye gusoma Bibiliya. Yaramaze imisi mikeyi ari mu mugwi umwe w’Abaporoti, ariko yahavuye abavamwo igihe yabona ko inyifato yabo itari ihuye n’ivyo yari yarasomye muri Bibiliya. Yamara, yarabandanije kwiyigisha Ijambo ry’Imana maze aratangura kubwira abandi ivyo yiga. Yahereye ku muryango wiwe n’ababanyi biwe, maze mu nyuma abwira n’abandi bo mu kibano. Yaragurishije itongo n’inka, ayo mahera aca aza arayakoresha mu kugira ingendo zo kuja kwamamaza.

Mu 1942, Pablo yagendera imiryango nka 200 yo mu turere dutandukanye kandi akagirisha amakoraniro adahorereza, naho atari bwigere abonana n’Ivyabona vya Yehova. Yararemesha abantu kwiga Bibiliya no kubaho bisunga  ivyo biga. Abatari bake barashize ku mutima ivyo yavuga bongera barahagarika kunywa itabi no kwabira abagore benshi.

Mu bumvirije ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya Pablo yamamaza harimwo umwigeme yitwa Celeste Rosario. Yavuze ati: “Igihe nari mfise imyaka 17, musazabo na mawe yitwa Negro Jiménez yari mu migwi yayoborwa na Pablo González. Yaraje kuturamutsa aradusomera ivyanditswe vyo muri Bibiliya, kandi kuri jewe ivyo vyari bihagije kugira ngo mfate ingingo yo kuva muri Gatolika. Ntitwatahura ivyavugwa mu misa kuko babisoma mu kilatini. Haciye igihe gito, Pablo González yaratugendeye araturemesha. Yavuze ati: ‘Nta dini na rimwe turimwo muri aya madini menshi tuzi, ariko turafise abavukanyi hirya no hino kw’isi. Ntituramenya abo ari bo n’ingene bitwa, ariko umusi uri izina tuzobamenya.’”

Pablo yari yarashinze imigwi y’abatohoji ba Bibiliya i Los Cacaos Salcedo, i Monte Adentro, i Salcedo, n’i Villa Tenares. Mu 1948, igihe yari yururutse ibisi i Santiago agira yurire iyindi, yarabonye Ivyabona bariko baramamaza kw’ibarabara, kandi baramuhaye Umunara w’Inderetsi.  Ikindi gihe Pablo ari ku rugendo, hari mushiki wacu yamuhaye ibitabu bibiri yongera aramutumira ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu i Santiago. Kuri ico Cibutso, yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yahumviye maze aca arabona ko agiye yubura ukuri kandi ko abari bakoraniye ng’aho bari ba bandi yari yizigiye ko yohavuye amenya.

Abamisiyonari baragendeye abo Pablo yigisha. Muri kimwe mu bibanza Pablo yagirishirizamwo amakoraniro, bahasanze abantu bakuze 27 babarindiranye igishika. Bamwe muri bo bari bagize urugendo rw’ibilometero 25 n’amaguru; abandi na bo ibilometero 50 bari ku mafarasi! Mu kindi kibanza bagiyemwo, bahasanze abantu 78, mu kindi na co bahasanga abantu 69 bari baje ku makoraniro.

Pablo yarahaye abamisiyonari amazina y’abantu bashika 150 bari barashimishijwe n’ukuri. Abo bantu bicisha bugufi kandi bitwararika ivy’impwemu bari basanzwe biga Bibiliya kandi bagashira mu ngiro ingingo ngenderwako zayo. Bari bakeneye kuja mw’ishirahamwe ry’Imana no kuronswa ubuyobozi. Celeste yavuze ati: “Abamisiyonari baratugendeye, kandi twaragize amakoraniro. Haratunganijwe ivy’uko abantu babatizwa. Ni jewe nabaye uwa mbere kubatizwa mu muryango wacu. Kw’ikoraniro ryabaye mu nyuma, mawe Fidelia Jiménez, na mwene wacu Carmen, barabatijwe.”

Iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere ryabereye i Santiago muri République dominicaine kuva ku wa 23 gushika ku wa 25 Nyakanga 1949, ryaratumye igikorwa co kwamamaza kirushiriza gutera imbere. Abantu benshi baraje kuraba ivyariko biraba, kandi abitavye iryo teraniro bariyongereye cane ku wa mungu mu gihe c’insiguro y’icese, bashika ku bantu 260. Habatijwe abantu 28. Iryo teraniro ryamaze imisi itatu ryaratumye abashasha benshi bajijuka ko iryo ryari ryo shirahamwe Imana yariko irakoresha kugira ngo ishitse ivyo igomba.