Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

“Nararwanye nk’intambwe”

Luis Eduardo Montás

“Nararwanye nk’intambwe”
  • YAVUTSE 1906

  • YABATIJWE 1947

  • IVYIWE MURI MAKE Yahoze ari umutegetsi mu mugambwe wa Rafael Trujillo. Yarize ukuri kwo muri Bibiliya, kandi yarasukuriye Yehova adahemuka gushika apfuye mu 2000.

LUIS, uno akaba yari incuti ya Trujillo, yari umunyabigega mu mugambwe wari ku butegetsi witwa Partido Dominicano (umugambwe wa République dominicaine). Ariko Luis ntiyerekwa ukuntu Trujillo yategeka kandi naho yagerageje kenshi guheba ico kibanza c’umunyabigega, iyo ntwazagikenye ntiyabimwemereye.

Igihe Trujillo yicisha benewabo na Luis babiri, Luis yaragerageje incuro zibiri kwicisha iyo ntwazagikenye. Yamara, ntibigeze bamenya ko ari we yagomba kumwicisha. Luis yaranagiye ku bapfumu, arondera ko bomufasha kwica uwo mugabo, uwo yadondoye ati: “Ameze nk’igikoko kandi yibona ko ata wumusumba.” Ari kuri umwe muri abo bapfumu, yarabonye ku meza igitabu “Ukuri kuzokugira uwidegemvya” aca atangura kugisoma. Ico gitabu caramuryoheye cane ku buryo yaciye agenda agitwaye, kandi mu nyuma yarabonye ko yari yubuye idini ry’ukuri yari amaze igihe arondera.

 Igihe Luis yagenda i Ciudad Trujillo, yaritavye amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova kandi yararonse ibitabu n’ibinyamakuru vyinshi. Yaraye arasoma nya bisohokayandikiro kandi mu nyuma yarasavye ko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya. Mu gihe Luis yariko aratera imbere, yarafashe ingingo yo kuva mu ntwaro ya Trujillo. Trujillo abimenye, yaciye aha Luis akazi gakomeye ko kuja guserukira République dominicaine muri Porto Riko. Ariko Luis yaranse, naho yari azi ko ivyo vyari gutuma ahamwa.

Luis yavuze ati: “Nta ko batagize kugira ngo bankureko agashambara kandi Leta nta ko itagize kugira ngo inkwegakwege. Ariko nari niyemeje guheba ibinezereza vyo muri iyi si.” Luis yarabaye umwamamaji w’inkuru nziza atarya umunwa ku buryo abapadiri b’abagatolika bamutaziriye “umuvugabutumwa.” Kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 1947 Luis yarabatijwe, aho hakaba hari haciye amezi atandatu yitavye amakoraniro ari bwo bwa mbere.

Inyuma y’aho Luis abatirijwe yarahizwe buhongo, arapfungwa, kandi yarapfungiwe mu gasho ka wenyene. Akatari gake bararondeye kumwica. Yamara, igihe cose bamufata bakamujana mu bucamanza, yaca aboneraho akaryo ko kwamamaza. Luis yavuze ati: “Nararwanye nk’intambwe ndwanira ukwizera kwanje, kandi iyo ndavyibutse biranezereza.”

Abantu bo mu kibano bariboneye ukuntu Luis yari umusavyi w’Imana w’intahemuka. Mu 1994, ikinyamakuru kimwe co muri République dominicaine (El Siglo) cavuze ku bimwerekeye giti: “Umushingantahe Luis Eduardo Montás arazwi muri San Cristobal ko yari umuntu yitwararika ibintu. Ni ingabirano y’umugabo, umuntu yitaho abandi kandi yitonda. Ikintu nyamukuru kivugwa kuri uwo muntu muri San Cristobal ni uko ari umukirisu w’ukuri.”