Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti

Kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti

Batangura kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti

Igikorwa co kwamamaza mu gisupanyoli cariko kiratera imbere cane. Ariko, hari abantu bavuga izindi ndimi bagiye barimukira muri ico gihugu, kandi na bo nyene bariko barakira neza ubutumwa bwiza butanga icizigiro. Mu gihugu kibanyi, ari co Hayiti, ururimi rwaho nyamukuru ni igikrewole co muri Hayiti. Naho imigenderanire hagati ya République dominicaine na Hayiti vyashika ikaza iratosekara, Abanyahayiti ibihumbi ni bo bagize igice kinini c’abakozi bo muri République dominicaine, kandi bariyongereye cane mu bihe vya vuba.

Abantu bavuga igikrewole co muri Hayiti baba bashimishijwe n’ukuri haraheze imyaka baza bararungikwa mu mashengero y’igisfupanyoli kugira ngo basahirizwe mu vy’impwemu. Ariko, kugira ngo abo bantu bafashwe neza mu vy’impwemu, mu 1993 Inama Nyobozi yarasavye ishami ryo muri Gwadelupe ko ryorungika abatsimvyi badasanzwe bo mu cibare caryo ngo baje kwamamaza ku bantu bavuga igikrewole co muri Hayiti muri République dominicaine. Barnabé Biabiany n’umukenyezi wiwe Germaine ni bamwe mu bubakanye batatu bitanze barimukira muri ico gihugu. Barnabé avuga ati: “Mu ntango twari dufise udutabu tubiri gusa two mu gikrewole co muri Hayiti. Ibindi vyose vyari mu gifaransa, tukaba rero twabwirizwa kuza turahindura ivyanditse muri ivyo bitabu vyose tubishira mu gikrewole co muri Hayiti.”

Muri Nzero 1996, hari abamamaji icenda b’i Higüey hamwe n’abandi cumi b’i Santo Domingo bitanze gufasha umugwi w’igikrewole co muri Hayiti. Rero, muri kimwekimwe cose muri ivyo bisagara harashinzwe umugwi, kandi mu nyuma iyo migwi yompi yahavuye icika amashengero.  Ariko, ayo mashengero yarasubiye inyuma, kubera ko vyaboneka ko Abanyahayiti benshi bipfuza kwiga igisupanyoli, ivyo bikaba vyatuma bahitamwo kuja mu mashengero y’igisupanyoli. Barnabé avuga ati: “Twaraganiriye n’abavukanyi bo mu Rwego rujejwe umurimo kandi vyarabonetse ko vyoba biranga ubukerebutsi tubaye turabangira kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti.”

Basubira kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti

Mu 2003, Inama Nyobozi yaragenye abamisiyonari Dong Bark n’umukenyezi wiwe Gladys, ngo baje kwamamaza muri République dominicaine ku bantu bavuga igikrewole co muri Hayiti. Baramaze imyaka ibiri bamamaza i Higüey kandi baratanguye kubona ivyiza vyavamwo. Kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2005, harashinzwe ishengero ry’igikrewole co muri Hayiti. Dong Bark, Barnabé Biabiany, n’uwundi mumisiyonari yitwa Steven Rogers, baragira ingendo badatezura mu gihugu cose bagiye kuremesha abavukanyi kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti.

Igikorwa caratera imbere neza, kandi harashinzwe ayandi mashengero. Kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2006, harashinzwe umuzunguruko wa mbere w’igikrewole co muri Hayiti. Ico gihe hari amashengero indwi n’imigwi ibiri, kandi Barnabé Biabiany ni we yari umucungezi w’umuzunguruko.

Mu myaka yagiye irakurikira, hari abandi bamisiyonari benshi barungitswe muri République dominicaine kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti. Eka mbere hari n’abandi bitanze baraza kwamamaza bavuye i Buraya, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ahandi. Umugwi ugizwe n’abavukanyi babishoboye warashinzwe ngo utegure amayagwa yo gukoresha mu kwigisha abavukanyi na bashiki bacu b’abanyamahanga hamwe n’imvukira ururimi rw’igikrewole co muri Hayiti.

Abantu benshi babona ko umuntu wese avuga igikrewole co muri Hayiti kandi atari Umunyahayiti aba ari Icabona ca Yehova

Kuba abavukanyi bo muri République dominicaine benshi bariko baragira utwigoro bakiga igikrewole co muri  Hayiti biriko birakwegera Abanyahayiti. Ubu, igihe umwamamaji wo muri République dominicaine ariko arasigura ukuri kwo muri Bibiliya mu gikrewole co muri Hayiti, birakuraho umwikeko maze bigatuma vyoroha ko bayaga inkuru nziza y’Ubwami. Abavukanyi bacu benshi barize urwo rurimi ku buryo abantu benshi babona ko umuntu wese avuga igikrewole co muri Hayiti kandi atari Umunyahayiti aba ari Icabona ca Yehova.

Kugira ngo tubone ivyiza biva ku kwitaho abantu tudasangiye imico kama, raba ikintu cashikiye mushiki wacu w’umutsimvyi wo muri République dominicaine yakurikiranye ivyigwa vy’igikrewole co muri Hayiti. Igihe yari mu busuku, yaraganiriye n’umugabo n’umugore bubakanye b’Abanyahayiti maze barashimishwa. Yarasubiye kubaraba kugira ngo atanguze inyigisho ya Bibiliya. Yigana ati: “Igihe nashika, mu kuramutsa nya mugore naramusomye, nk’uko abagore bo muri République dominicaine basanzwe baramukanya. Uwo mugore yaciye arira. Naramubajije nti: ‘Kubera iki uciye urira?’ Yishuye ati: ‘Mu myaka yose maze mba muri iki gihugu, ni ryo rya mbere mbona umuntu ansoma mu kundamutsa.’”

Kuba Yehova yariko arahezagira utwigoro tudasanzwe two kwamamaza muri urwo rurimi vyaratumye haba iterambere ridasanzwe. Kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2009, hari amashengero 23 y’igikrewole co muri Hayiti hamwe n’imigwi 20, rero haciye hashingwa umuzunguruko ugira kabiri. Igitigiri c’abitavye Icibutso mu 2011 carerekanye ko muri kazoza horushirije kuba iterambere. Nk’akarorero, abamamaji 11 bo mu gasagara gatoyi ka Río Limpio barahimbawe no kuba ku Cibutso bari abantu 594. Kandi igihe  hatunganywa ivyo kugirira Icibutso mu gisagara ca Las Yayas de Viajama, aho hakaba ata mwamamaji n’umwe yariho, abantu 170 ni bo bitavye ico Cibutso. Muri Nyakanga 2011, hari amashengero 33 n’imigwi 21 y’igikrewole co muri Hayiti. Gutyo, mu 2012 harashinzwe uwundi muzunguruko.

Ishami ryo muri République dominicaine ryarasenyeye ku mugozi umwe n’iryo muri Hayiti mu kumenyereza abavukanyi bo muri ivyo bihugu vyompi. Harabaye Amashure y’ivya Bibiliya y’abavukanyi batubatse atanu mu gikrewole co muri Hayiti hamwe n’ayandi ane y’abakirisu bubakanye.

Bariko bariga igikrewole co muri Hayiti