Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Ivyizigiro biteye umunezero

Ivyizigiro biteye umunezero

Barazwi neza

Ubu Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka nka 70 muri République dominicaine. Muri ico kiringo cose, baramenyekanye neza cane. Abantu barakunda gusaba ibinyamakuru abamamaji bari mu ndimiro, kandi abantu bo mu cibare barakunze kuvuga ngo: “Ndakunda iri dini” canke ngo “Mwebwe vy’ukuri mubaho mwisunga Bibiliya.”

Nk’akarorero, raba ivyabaye igihe bariko barubaka Ingoro y’Ubwami mw’itongo ryari ryatanzwe n’umuvukanyi umwe. Igihe uwo muvukanyi yaja kwandikisha iryo tongo, yasanze hariho umuntu yaryiyandikishijeko ku manyanga, kandi uwo muntu yagirije uwo muvukanyi ko yashaka kurimunyaga. Baciye bitura sentare. Urwo rubanza ntirwari rworoshe kubera ko uwo muntu yari afise impapuro zerekana ko iryo tongo ari rwiwe.

Harageze aho umucamanza asaba umushingwamanza w’uwo muvukanyi ngo avuge uwo yariko araburanira. Igihe uwo mushingwamanza yavuga ko ariko aburanira ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova, uwo mucamanza yaciye avuga ati: “Nimba ari ukwo, ivyo vyose muvuga ni vyo. Ndazi Ivyabona vya Yehova, kandi ndazi neza ko batabesha. Ntibokwigera banyaga umuntu ngo batware ibitari ivyabo.”

Igihe bereka sentare ibimenyamenya, vyaragaragaye ko uwo muntu yari afise impapuro za magendo, Ivyabona baba baratsinze. Uwo mushingwamanza w’Icabona yavuze ati: “Iryo si ryo rya mbere. Mu masentare yose yo mu gihugu, igihe cose havuzwe ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, vyama bigaragara ko babubaha cane.”

Kazoza katubikiye iki?

Nta wuzi igitigiri c’abandi bantu b’imitima igororotse bazokwiga ukuri kwa Bibiliya maze babe abasavyi b’Imana y’ukuri. Reka turindire. Mu kurindira, hariko haragirwa  utwigoro two gushikira mwene abo bantu. Nk’akarorero, mu 2013 Ivyabona vya Yehova bo muri République dominicaine bamaze amasaha arenga imiliyoni 11 bariko baramamaza, kandi bayoboye inyigisho za Bibiliya 71.922. Vyararemesha cane kandi kuba abamamaji 9.776 baragize uruhara mu muce kanaka w’umurimo w’ubutsimvyi. Muri uwo mwaka nyene, muri Myandagaro, abamamaji 35.331 ni bo bagize uruhara n’umwete mu busuku. Vyongeye, turizigiye cane ko muri kazoza hazoba iyongerekana kubera ko abantu 127.716 ari bo bitavye Icibutso.

Igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa muri République dominicaine kiraremvye. Ico gikorwa catanguye kuri wa musi wa mungu muri Ndamukiza 1945, igihe Lennart Johnson n’umukenyezi wiwe Virginia bashika maze bagatangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ivyabona vya Yehova bo muri République dominicaine baraha agaciro intoranwa yabo y’agaciro yo mu vy’impwemu. Baraha agaciro utwigoro turanga umutima rugabo twagizwe n’abasavyi b’Imana b’ukuri babitangiye imbere. N’ikiruta ivyo, baraha agaciro agateka batewe ubu ko “gushinga intahe inogangije ku vyerekeye ubwami bw’Imana.” (Ivyak. 28:23) Si bo bazobona umusi urageze aho abantu bose bo muri iryo zinga hamwe na bagenzi babo basangiye ukwizera bo hirya no hino kw’isi bazohuriza amajwi hamwe mu kuririmba bati: “Yehova ubwiwe acitse umwami! Isi nigire akanyamuneza. Ya mazinga menshi nanezerwe.”Zab. 97:1.